Inganji ya Yesu Kristo mu gihugu cacu ije guhindura ibintu vyose kw’isi. Ni ubuntu butangaje.

INSOBANURO Y’UMUVUGISHWA N’IMANA DANIYELI IGIYE KURANGIRANA N’URU RUNGANWE .

Daniyeli 2:31-45, Inganji y’Umwami n’Umukiza Yesu Kristo n’iyo ije gusenyura no gukomvomvora ubgami bw’ivyuma n’ibumba aribgo butegetsi bga « Nouvel Ordre Mondial »bugizwe n’umusukiranyo w’amaleta ( Nations Unies, Organisation Mondiale de la Santé) amadini (oeucumenisme)… Ibuye ritarekuwe n’amaboko y’umuntu rije kumenagura ivyo vyose ni umugambi w’isezerano ry’Imana rihagaze kuri Yesu Kristo/Ihanga Ryera.

31 Nuko mugenzi, wabonye igishushanyo kinini; ico gishushanyo gihambaye, gikayangana birenze urugero, cari gihagaze imbere yawe; kand’ ishusho yaco yar’ iteye ubgoba. 32 Ico gishushanyo, umutwe waco war’ izahabu nziza, kand’ igikiriza n’amaboko vyar’ ifeza, inda n’ibibero vyar’ imiringa, 33 amaguru yar’ ivyuma, ibirenge vyar’ ikivange c’ivyuma n’ibumba. 34 s Nawe uravyitegereza, ushitsa ah’ ibuye ryaziye, ridasituwe n’amaboko, ryikubita ku birenge vy’ivyuma n’ibumba vy’ico gishushanyo, rirabimenagura. 35 t Nukw icuma n’ibumba n’umuringa n’ifeza n’izahabu bica bimenagurikira rimwe, bicika nk’umuguruka wo ku mbuga basekurirako mu ci; umuyaga urabitumura, maz’ aho vyahora ntihaba hakiboneka: maz’ iryo buye ryikubise kur’ ico gishushanyo ricika umusozi munini, ryuzura isi yose. 36 Nuko, inzozi n’izo; kandi turakumenyesha mwami ingene zisobanurwa. 37 u Nuko mugenzi, wewe ur’ umwami aganza abami; Imana yo mw ijuru yaguhaye ubgami n’ububasha n’inganji n’icubahiro; 38 v kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikoko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirere, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe. 39 w Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose. 40 x Arik’ ubgami bga kane buzokomera nk’icuma: kukw ivyuma ari vyo bimenagura ibintu vyose, bikabijanjagura; kandi nk’ukw ivyuma bifyonyora ivyo vyose, ni k’ubgo bgami buzomenagura bukajanjagura burtyo. 41 Kandi nk’uko wabonye ibirenge n’amano ar’ ikivange c’ibumba n’ivyuma, ni k’ubgo bgami buzoba ubgami butandukanye; muri bgo hazoba inkomezi nk’iz’ ivyuma, nk’uko wabonye ivyuma bivanze n’ibumba. 42 Kandi nk’ukw amano yar’ ikivange c’ivyuma n’ibumba, ni k’ubgo bgami buzomera: igice kimwe kizokomera, ikindi kibe urujo. 43 Kandi nk’uko wabonye ivyuma bivanze n’ibumba, ni ko bazokwabirana n’abandi bantu: ariko ntibazofatana, nk’ukw ivyuma bitavangika n’ibumba. 44 y Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangura, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’ abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose. 45 Uko wabonye ibuye ryasituwe ku musozi ata maboko arisituye, rikamenagura ivyuma n’imiringa n’ibumba n’ifeza n’izahabu, nuko mugenzi, Imana ihambaye yakumenyesheje ibizoba mu gihe kizoza; kand’ izo nzozi n’iz’ ukuri, insobanuro yazo ntizohinduka.

Umwami Yesu yamamare.