Mu minsi ibiri musigaranye mw’iyeze kugira ngo muzotange amashimwe kandi mugire isangira Ryera.

ABERA BOSE BARIBUKIJWE AMASENGESHO YO GUSHIMA IMANA YO KUWA 15/01/2022. AHO URI HOSE UZOYAKORE.

[Ivyahishuriwe Yohana 8:3] « Haza umumarayika wundi, ahagarara ku gicaniro, afise icotezo c’izahabu, ahabga imibavu myinshi ngo ayishire ku gusenga kw’Abera bose kuri ku gicaniro c’izahabu kir’imbere y’iyo ntebe. »
Amakoraniro yose, abakozi b’Imana bose, abasenzi, abavugishwa, abenyengabire mwese, musabge kwinengesera ku bikorwa bitegekanijwe uwo munsi arivyo gutazira mu gushima Imana, gufungurira hamwe no gukora imeza y’Umwami Yesu. Ni umunsi wo kwozanya ibirenge mu mubiri no mu Mpwemu. Umunsi w’akataraboneka.
Hasigaye iminsi ibiri gusa. Ni mwiyeze maze mukore ico Uhoraho Imana yabategetse kandi mu gikore uko yabivuze.
Umwami Yesu Kristo Yamamare!