Dusengere abakubagurwa n’impwemu zihumanye babohorwe.

IMPWEMU ZIHUMANYE ZIKUBAGURA UMUNTU IMBERE Y’ABANDI BOSE.
“Nico gituma ndabamenyesha yuko ata muntu avugishwa na Mpwemu w’Imana yovuga ngo Yesu Kristo ni ikivume, kandi ata muntu yoshobora kuvuga ati Yesu Kristo n’Uhoraho atabivugishijwe na Mpwemu Yera.” [1ABIKORINTO 12:3]
Hariho ibintu turaba n’ivyo twumva tukabirenzako amaso kandi kaba ari akaranda kadutse mu gihugu. Aha ni nk’uyu muntu Lambert Muhimpundu yatanguye akwegesha abantu ico yise ijambo ry’imana arivanga no kugabanganya abantu ibibanza mu gihugu, bamwe abagira abategetsi b’uturere dutandukanye abandi abashikirangoma maze abantu bagakwerwa n’utwo bakamukondokera inyuma. Yahavuye yiyimika 1, 2, 3 aryoherwa no kuba umwami w’uburundi kugira ngo avuge ryijane kandi atsimbataze intwaro yiwe yo kuri Facebook no whatsapp azobone kuja mu gihugu yarwijije abanywanyi.
Yahavuye yiha uburenganzira bgo guhindura izina ry’igihugu c’Uburundi acita ubukiriro, ahindura ibendera ry’uburundi ashinga iryiwe maze anatangura kuvuga amajambo (discours) nk’umukuru nyene yifata amajwi n’amasanamu. Ntiyarinya gufata amafoto y’abantu akandikako amateshwa kugira ngo bikunde abambike urubga. Ubahanuye, we n’abayoboke biwe, bagutonderako icarimwe bose nk’ibga za mijeri basa n’abagomba kugushiha kandi bataguhamvya. Ni abo gusengerwa.
Uwo impwemu zihumanye zikubagura nti zimubabarira. Yahavuye avuga yuko Bibiliya Yera itabaho ahubgo ari igitabo c’ivyagezwe kandi ntiyemere isezerano rishasha kugira ngo aronke ingene atyoza izina rya Yesu Kristo. Harageze aho amavugako amajambo y’ibiterasoni ata muntu akomeye yoyasubiramwo kandi n’ubu abo yaroze baracabibandanya ku mbuga ziwe za whatsapp. Uwigishijwe inyigisho z’ibinyoma asa n’uwariye uburozi. Twizigire yuko uyo Lambert Muhimpundu aho ari mw’ibohero azotahuzwa yuko umuntu wese avuga yuko Kristo Yesu ari ikivume abivugishwa n’abadayimoni maze azoce arogora abo yaroze. Umwami Yesu Kristo Yamamare !