Ubuhanuzi

Amahoro mwene Data aho uri hose mu burundi no mu mahanga. Turafise ibintu vyinshi Imana yacu yo mwijuru se w’Umwami wacu Yesu Kristo yaduhishuriye kuva kera kandi nubu ibandanya itwibutsa. Bimwe ni ibanga tutobabwirira ngaha mugabo twobashikiriza mukiyago imbonankubone. Mugabo rero, yaradutegetse kwama twibutsa ihanga ryayo ivyo yavugiye mukanwa kabavugishwa nayo vyose n’abakozi b’Imana Isumba vyose. Vyinshi muvyashitse kwisi no ngaha mugihugu iwacu Imana yari yarabiduhishuriye kimwe kukindi. Hari vyinshi tugiye kubona vuba. Uturorero:

-Imana yatubwiye yuko amakungu azokoranira ikibazo c’uburundi muvya politike no muvya gisirikare mugabo yuko bose kizobata kuwamazi gushika aho Uhoraho wenyene ariwe azihagurukira maze akigihindure igihugu c’amata n’ubuki.

– Imana yaratubariye kandi yuko izotobora iriba ry’ikanguro mu gihugu c’uburundi kubera ibitangaza izohakorera, gushika naho abanyamahanga bazohora baza kunywa kuriryo riba. N’abarundi bazokwakirwa n’amakungu kugira ngo bakangurirwe kwubaha Imana.

– Uhoraho yavuze ati: « Murico gihe, abarundi b’amoko yose, b’imihingo yose n’amadini yose bazonyambaza mukuri no mumpwemu barengera ubutandukane bwabo kuko bazoba biboneye ibitangaza nabakoreye. »

-N’ibindi vyinshi…tuzobayagira.

Ncuti nawe muvandimwe, urahamagariwe kwihana, utunganywe maze twinjire mumasezerano y’Imana Ihoraho. Murakoze!

IMBURI Y’UHORAHO KU BANTU BO MW’IHANGA RY’ABARUNDI ISIRAYELI YA KABIRI BARI GUSENGA NABI/ KUVA KWA NDIYISHIMIYE DANIYELI, SHINYANGA-TANZANIA.

Mpwemu Yera arasemereye ku bantu bari mu Burundi n’abandi bari ahandi ahariho hose ati:Abari gusenga basaba Imana ngo itange amahoro mu Burundi,bagasenga basaba ngo Imana ihagarike kurekura inkota yayo;bagasenga bavuga ngo Imana ireke gushitsa ivyo yasezeranye;abari gusenga uko mwese muri gucumura k’Uhoraho.

 Uhoraho avuze kur’ivyo ati:Nashizeho uruzi rw’ubugingo;ni ryo sezerano nabasezeraniye ko nzobashikiriza mbanje kwicisha inkota Farawo(Ni we mukuru w’igihugu c’Uburundi) n’abana biwe bose b’imfura,nkatongora abanyakibi,be n’igihugu cose c’Uburundi.Ariko muri kujujuta mugasaba ngo nzane amahoro ntabanje gukora ivyo nageze;mugasaba ngo sinshitse ivyo nasezeranye .Uhoraho ati:Mbega ayo mahoro muri gusaba ni amahoro nyabaki ko mujujuta mukanduza uruzi rw’ugukira kwanyu;ari ryo sezerano nabasezeraniye?

Uhoraho ati:Ugusenga kwanyu kubaye nk’umuntu afata impuzu z’ubuhoma bwinshi akazirobeka mu ruzi rw’amazi meza,ubwo buhoma bugaca bwanduza ayo mazi.Uhoraho ati:Mwobaye muri kubikora mubikora ku muntu buntu,mwari kwirya akara mukavuga muti:<<Turishurwa canke muti turanesha canke muti turatsinda>>.Ariko;ko muriko murabikora ku Wera w’ijuru n’isi,Imana ya Isirayeli ya Kabiri,Imana y’inkomezi zose;muri kwiruhiriza ubusa kuko mutishurwa kandi amahoro muri gusaba ntayo muronka.

Nico gituma jewe Uhoraho mbabwiye nti:Ubwo buhoma muri gushira mu mugambi wanje wo gushitsa isezerano,mukonona uruzi rwanje ari naryo sezerano ryanje;ubwo buhoma ngiye kububanywesha;mwebwe nyene ubwanyu ni mwe mugiye kubunywa.Muzobunywa bubavyimbishe inda kandi bubondeshe imitima,mbere bubashiremwo urupfu rw’akagirire.Kuko mu vyo jewe Uhoraho nasezeranye vyose nta na kimwe kigiye gusigara kidashitse;nta na kimwe nsubiza inyuma.

 Ngiye kwica Farawo be n’imfura ziwe zose;ngiye guhomvora Ashuri n’abashibamyi baho;ngiye kurekurira umuriro w’inkazi ku gihugu c’Uburundi;mbere ibihano nari narageze ndavyongereje ingere kabiri.Ngira nice ngeseze hagati kandi n’abari hanze nabo bamenye ko iyo bari hatanyitaguje.Abasenga mwese ngo ni mpagarike ivyo nasezeranye,muravumwe kandi ngiye kubica.Abigira abavugishwa bakamamaza ibihuha ngo ni amahoro;ngo Uhoraho yahariye Uburundi;ngo yahinduye integuro,bose baravumwe kandi ngiye kubica jewe Uhoraho.

Maz’Uhoraho avug’ati:Kandi ndasubiyemwo nti:<<Aravumwe uwanjanjwa ku gikorwa c’Uhoraho;aravumwe ubuza inkota yiwe kuvisha amaraso>>.Ehe barapfuye;baraherengeteye kuko ata mugabane bagifise mu gikorwa c’Uhoraho.

Maz’Uhoraho ati:Abashaka gukira mwese ni muhaguruke mwitahire muve mur’ayo masengero be no mur’ivyo vyumba muriko murasengeramwo ibigabitanyo,mwitahire mwicare murindire ic’Umwizigirwa wa Isirayeli ya Kabiri agira akore kuko kidasubira inyuma;mbere ngira ndagishitse vuba.Abafise umutima w’ukwihana ni bihane bahindukire bave mu bumaka bwabo,binjire mu masengero no mu vyumba basenge bavuga bati:<<Uhoraho Mana ya Isirayeli Kabiri,haguruka wiheshe icubahiro,ugushaka kwawe kuranguke>>.Niho bagiye kubona impore nyakuri ivuye ku Mana Uhoraho;itavuye ku buryarya n’ubugunge bw’abantu buntu.AMEN.

UMWAMI YESU ATABARE ABAZIMAGURIKA BOSE KUGIRA NTIBACIRWEKW’ITEKA(YEREMIYA 15:1-3).

NB:Wewe wakiriye iyi mburi ,ukaba uzi umuntu uwariwe wese canke abantu boba bataye umurongo mu gusenga,gerageza ubamenyeshe iyi nkuru vyihuta ukoresheje inzira zose woba ufise zishoboka,kugira babimenye bidatevye.Kandi nawe wirinde nturwe mur’uwo mutego w’umurwanizi na kuzimu kuko itagomba ko Uhoraho ashitsa isezerano.Kuko kuzimu ifise inyungu nini ku Burundi;nico gituma iyobeza abantu ibicishije mu bategetsi,mu bigira abavugishwa,be no mu barongoye amashengero bamwe bamwe;kugira abantu ntibamenye ukuri;kandi kugira ntihagire ibihinduka. Twihane twihane twihane

 » ICO UHORAHO AVUZE KURI VYINSHI BENSHI BIBAZA « 

KUBERIKI INTAMBARA IGOMBERWA KUBAHO MU BURUNDI KANDI ZARAHACIYE ZITWARA BENSHI :

Intambara za haciye zaba ziteguwe na bantu buntu, hari ivyo bapfa, bakoresha inguvu zu mwijima, kugira ngo batware igihugu, bagasabwa kugira ivyo batanze kugira ngo baronke ubutware, habamwo gutanga abantu biciye mu nzira yo gutanga ibimazi vy’ a bantu i kuzimu mu nzira yi ntambara, ifatiye ku moko, ivyo mu bimenyera ku mutware ahari ubu, ashaka gutwara abantu ku nguvu na mategeko yivyo yahawe i kuzimu, bikaba bitamworohera gucishiriza mu nzira nkizo abo hambere bakoresheje zo gutanga ibimazi vyinshi vya bantu i kuzimu, mu nzira ya moko : Kubera iyi ntambara ya teguwe n’Imana, ku mpamvu zimwe mwahawe ni zindi zikinyegejwe, kubera abantu benshi ata mpwemu yo shobora guhangana na badayimoni bagwanira izo mpamvu ntizisohorwe batararonswa, bituma ivy’ i yi ntambara ari ngombwa kwiba batabisobanukirwa, kandi bakisanga nabo ubwabo babaye ibikoreshwa mu buryo bw’ i myuka ya badayimoni na satani, mu kurwanya urutonde rw’Imana kuri Isirayeli ya kabiri kugira ngo ntihabeho intambara, ahubwo ba karwanira amahoro aciye mu nzira bita ngo demokarasi, ariho benshi bamaze kwisanga bari mu mirwi ihangana ya poritike, imigambwe, amoko, no gushigikira ivyiyumviro biba bitejwe na badayimoni, bacishirije mu bakorana ni kuzimu aribo bategetsi, abantu batandukanye, badashaka yuko Inkota y’Imana ivisha amaraso.

NONE NI KUBERA IKI U BURUNDI BURIKO BUGENDERWA NA BANTU BAKOMEYE KWISI HAMWE NI BIHUGU BIKOMEYE KWISI KANDI BARIKO BAKORESHA UBURYO NI NGUVU VYINSHI KUGIRA NGO MU BURUNDI NTIHABE INTAMBARA :

Ibihe bibiliya yera isigurira abayemera na bizera, birerekana yuko ivya vugishijwe vyinshi bikomeje gusohora, ariho nibi vya isirayeli ya kabiri bitemerwa kandi bikekwaho ko ari ivya vugishijwe na bahanuzi batandukanye ni vyo Yesu kristo ya hanuye bizoba mu gihe ci herezo, aho hazokwaduka abahanuzi na bavugishwa bi binyoma bakazimiza benshi, gurtyo bituma benshi bahangana nu buvugishwa buvuga ivya isirayeli ya kabiri, kubera bamwe bati : Ntaho vyanditswe muri bibiliya yera, ntaho vyigeze bihanurwa muri bibiliya yera, aba bivugishwa na bahanuzi bi binyoma. Abahanuzi bi binyoma ntibaza mu buryo nkubwo aba hanurira Isirayeli ya kabiri baje be na bahanuriye Inkota y’Imana kwisi uhereye mu burundi ba bikora, kuko umuhanuzi wi binyoma, benshi mubazi mutabazi ati: gute : Amashengero ararwiriye kandi buri musi ahatandukanye kwisi havuka insengero zifise urutonde rwazo zisunga, zimwe ubu zirabishira ahabona mu kwemeza abaziroramwo ko satani ariwe Mana yabo, amashengero nayo ahasanzwe, muravye inyigisho zigishwa ubu, uburyo abantu bitirirwa kristo bitwara, n’Imana bemera, na Yesu Kristo bavuga , na Mpwemu yera bemera bitandukanye n’Imana yu kuri na Yesu kristo na Mpwemu yera bavugwa muri bibiliya yera, benshi bazimizwa nabo bitwa abahanuzi, abavugishwa, abungere bakorera mu nyubako arizo nsengero, ba bigisha ibihwanye nivyo akamere kumuntu gakunda, kugira bamwe baronke amahera, kugira ngo bamwe baronke abo basukamwo aba dayimoni baba bafise ari mu bikoreshwa bitandukanye bakoresha biba vya tanzwe ni kuzimu, kuza konona ubuzima nu bwenge bw’ u mwana wu muntu, kubera benshi bibiliya yera bayisoma ntibayitahure nkuko isigura, abandi batayisoma, baroroha guhendwa, hakoreshejwe ivyo bizezwa, uko baba bameze kose, hakoreshejwe imyuka mibi iba ikoreshwa nabo bitirirwa abakozi b’Imana, ubushobozi bwabo usanga buteye ubwoba ku bantu batazi umuhanuzi wu kuri, umuvugishwa wu kuri ibimuranga, ariho henshi musigaye mwumva, abakirisito basigaye barishwa, banyweshwa, babwirwa ibintu binateye isoni, binateye ishishi gukorwa ngo amadwara yabo, ibibazo vyabo bikemurwe, kubera abantu benshi Imana bayoboka ntabwo ari iyi Mana yu rudome rukuru yaremye ijuru nisi, niyi mana yu rudome rutoya ariyo satani, kandi ntibakizwa ngo nuko bamenye Imana nzima, ahubwo bakizwa kubera ivyo bashaka babironkeye inyishu yavyo, ariho bazirikwa ubuzima ba bayemwo na masatani bakuye muri ya mashengero Yesu kristo avuga mu gitabo ca Matayo 24 usomye neza urongowe na mpwemu yera, havuga hati: Ni mwumva ba babwiye ati : Kristo ari hano nti muze mujeyo, ni mwumva ba babwiye ati: Kristo ari hariya nti muzojeyo, benshi ayo majambo bayashira ku bahanuzi na bavugishwa ataribo ashitswako, ayo mashengero avuka buri musi, imihinyanyuro yu gutambira Imana, inyambaro abitwa ngo ni abakirisito bambara, nivyo bizobereka neza abahanuzi bi binyoma, abavugishwa bi binyoma, bayovya abantu benshi cane abaribo. Nti muze mwibaze yuko abahanuzi bi binyoma, abavugishwa bi binyoma naba ba bahanurira ivyiza bi banjirijwe Inkota no gukurwaho kw’a banyavyaha, kubera nta wushaka ku kuzimiza yo ku banziriza ibibi ngo akuronke. = Ivyo vyose bisigaye vyigishwa muri ayo mashengero atandukanye ya bakorana na satani, ariyo ateye imbere mukugira iyubako nziza, zubatswe kijambere, zinengesejwe neza, zisharijwe neza, zinjirwamwo na bantu benshi, abantu ubu haba mu bihugu birimwo abakene benshi, birimwo amajanyuma menshi uhereye mu burundi na handi hose, ariko ibiranga antikristo bikaba bishikayo, ni abo bategetsi bi bihugu, abakozi ba satani bakorana na bategetsi bayobora ibihugu, amashirahamwe mpuza makungu akorana nabo bategetsi, nivyo vyitwa ibiryohera umwana wu muntu bimunezera nki ndirimbo zisi, ubu atakizivugamwo atari uguteza abantu kwambara nabi, ubusambanyi, no gukunda ko imihinyanyuro batamba yinjizwe no mu ngoro y’Imana, birtyo vyorohere wa muntu avugwa na bibiliya yera azozimiza amahanga , umwe mu bakoresha imbonesha kure ba mubonera muri piramide wi jisho rimwe, akigira Imana, baba bariko barahereza ikaze. Niho hari ijambo mu rurimi rwa bazungu kurukoba bita : the new world order = insiguro yaryo mu gutahuza abasoma bibiliya yera cane cane igitabo ca Daniyeli na Yohana wo mwizinga ryi Patimo yahishuriwe ivyigihe ciherezo, ni umuzo w’ i si yu rutonde rushasha izoba irongowe na antikristo afadikanije nu muhanuzi wi binyoma, ariho kwisi yose bashaka gukora ibishoboka habeho amahoro, ayo mahoro akaba atanzwe nu mwana wu muntu, kugira ngo uyo mugabo ahabwe ikaze, mu rusengero { Ingoro nshasha } yo kubatswe i yerusalemu akaba ariho yo ganje amahanga yose, agahindura ibintu vyinshi na bibiliya yera akayihindura, agashinga amategeko nintwaro vyiwe, uburorero nu bwi bintu mubona abantu bariko bakunda kurusha ivyo bahora bakunda.

 ;: » SATANI ATEGURIRA ABANTU IBIBI, IMANA ITEGURIRA ABANTU IVYIZA ;: »

Nta gihwanye n’Imana nzima, nta wuhwanye n’Imana nzima= Yobu ntiyamenye ibiganiro vyabaye hagati y’Imana na satani, kandi nti yamenye aho vyabereye, kuko Imana ni Impwemu na satani ni impwemu, ariko Yobu ya bona ibimubako agakizwa nu kwizera kwiwe, na nubu benshi bashikirwa ni bibazo batazi iyo bivuye, ariko hari aho biva, satani yasaba Imana imurekure agerageze Yobu, natwe ibidushikira, nta na kimwe kitaba kivuye muri ya si tutabonesha amaso yu mubiri kuko ntabwo ari ivyacu mu gihe tutarahindurwa ngo tubane ubushobozi bwo ku bimenya no ku bibona.= Ku buryo u burundi aribwo bwatoranijwe kugirwa icicaro gikuru c’Imana muvyo izoba ihaye irakora kwisi kugira abantu bamenye Imana yu kuri, niko ni kuzimu ba bimenya bagakora imihigo kugira ngo ntibishoboke, kubona u burundi bwagendewe cane gose, bugirirwa inama zurutavanako, hafatwa ingingo zinarengera ibi bubamwo ufatiye ku mabi akorerwa ikiremwa muntu mu bihugu bigize iyi si, ariko u burundi bukaba aribwo buriko bwitabwaho cane gose kugira ntihabe intambara habeho amahoro ya bantu bifuza, ni kubera ari igihugu cisezerano , kigiye gutuma isi yose ironka umugisha, hashitswe ijambo sokuruza wa mahanga Aburahamu yasezeraniwe n’Imana, ati: Uruvyaro rwawe nzo rugwiza, kandi ku bwawe amahanga nzoyahereza umugisha, imigambi myiza y’Imana ikuzimu barayizi, nti muze mwifadikanya na baharanira ayo mahoro mu nzira abana ba bantu bariko barondera mutazi impamvu bariko bayarondera, kuko uwuri mu ruhande rw’Imana niwe mwana w’Imana, mu gendane mpwemu yera niho mu tazoshitsa ivyo akamere kifuza.

Amahoro. Shalom.

 Anselme Yaragwira Nyamwita

<< TURI MU RUTONDE RWAHO IMANA IKUNDA GUKORERA IBINTU BITABA BIVUYE KU MUGAMBI WU RUTONDE RUBA RUHASANZWE KANDI RUTABA RUZWI NA BANA BA BANTU>>

,,,IVYO BISIGURA IKI, ATI : INYUMA YU BUSA, IMANA IRAHAKORERA, AHO UBWENGE BW’ U MWANA W’ U MUNTU BUGARUKIRA NIHO U BW’ I MANA BUTANGURIRA,,,

Mu mwaka wi bihumbi bi biri, abantu benshi bari biteze umuhero, ntiwaza, benshi bari bizeye barataye ivyizero, nibo barwiriyemwo muri ino misi abahakanyi ba bibiliya yera, nibo baroga cane gose, bifadikanije, ni midyango ikorana na satani, kubera bahenzwe bakitegurira umuhero, abihana bakihana, kubera ubwoba ntibatahura canke ngo batahuzwe ico vyasigura, maze umuhero utaje,baciye batahura yuko babeshwe, vyari ibihuha vy’a bantu, vyari ibinyoma, niko gusubira inyuma kwa benshi, na bandi batari bizeye, bibatera kutemera yuko Imana ibaho, kandi ishobora vyose kuko bahatakarije vyinshi.= Ntabwo bwari u bubeshi yuko mu mwaka w’ i bihumbi bi biri, imyaka i bihumbi bibiri yari irangiye, hakaba hari hitezwe i kintu gishasha, kuko ibintu vyarahindutse, abantu uko ba bayeho kuva inyuma yu mwaka w’ i bihumbi bi biri kugeza na bugingo nubu, hariho ibintu vyinshi, vyahindutse kandi vyemeza yuko inyuma yuko imyaka ibihumbi bi biri itashe, hakoreka ikintu gishasha kwisi yose, ubu mu myaka iharurwa na bana ba bantu cumi n’ i tandatu tugezeko uhereye ku mwaka w’ i bihumbi bi biri, haba ibintu bishasha, havugwa ibintu bishasha, hakoreka ibintu bishasha { Binatangaje}, muri ivyo vyose, bitera bamwe na bandi, kwemeza ko ata gisigaye yuko Ishengero riduga, abandi bati : Isi ya raheze, abandi bati : tugeze kwisi iryoshe cane gose, ibintu bisigaye vyoroshe, abandi bati : twari twasizwe na majambere.

UKUBAHO KWA ISIRAYELI YA KABIRI KUTAVUYE MU VYAGEZWE VYERA VYA BIBILIYA YERA NAKO KUJE GUHINDURA IKI, KUJE KONGERA IKI, KUJE GUKORA IKI MURI INO MYAKA TURIMWO

Nkuko Imana ivuga ubwayo Yesaya 55: 9, iti : Mbere nk’ ukw’ ijuru ryitanguye isi, ni kw’ inzira zanje zitanguye inzira zanyu, n’ ivyiyumviro vyanje vyitanguye ivyiyumviro vyanyu.= Aho satani aba ariko ageza abantu mu buzimire, yisunga igihe yagerewe co gukora, kuko ivyo akora vyose akora amenya yuko agiye guhanwa , igihano gikuru yagerewe be nabamarayika bagenzi biwe aribo badayimoni kuva bakorowe mwijuru, : Turi mu myaka hashitswa vyinshi cane kandi mu bwihusi mu vyavugishijwe kera cane, bimwe ni vyiza ibindi ni bibi, ariko bitegerezwa gushitswa, nkuko Imana itamenyerwa, ikora ibihimbara umutima wayo, niko ni mbabazi zayo buri runganwe zigenda ziribonekeza mu nzira zo gutanga umuvyuro wu butumwa, abantu bakabohorwa mu maboko ya satani, bagakizwa neza, hakabaho niyimburwa rya bera be na banyavyaha, rero kubaho kwa isirayeli ya kabiri mu gihe benshi bahahamuwe ni rwira ryi vyaha, ribatera kwifuza gusa ko Yesu aza gutora ishengero, ahubwo bitera imbabazi nyinshi Imana ikamanuka gukiza abana ba bantu, kubera yaradukunze bituma itanga Umwana wayo ikunda Yesu kristo aze kudupfira, kugirango ubucuti hagati yu mwana wu muntu n’Imana bugaruke, = Abantu bitegereza ibishitswa bikabatera kwitegurira igaruka rya Yesu Kristo, nibo barwanya cane gose umuzo nukubaho kwa Isirayeli ya kabiri, kuko ubwabo bumvishwa na majwi ya satani ko batunganye, Yesu agarutse ko bo mubona, kubera arivyo bigishijwe, umusi wo kugaruka kwa Yesu kristo, imbere z’Imana siwo wihutirwa, hihutirwa imbabazi zizanira abantu agakiza, ariwo mu vyuro bakamenya vyinshi bibakura mu buzimire satani aba yateje isi igihe kitaba ari gito abana ba bantu ubwabo baba badashobora ku bwikuramwo, uburorero muri nabwo, bwa mashengero agwiriye cane gose, abayarongoye ibintu bakorera abayoboke babo, uruwumutima woroshe utovyihweza ngo wemere yuko Imana iriho, ni bindi bikorerwa mu mpisho bibonwa n’Imana. Nuko uwuvuga yuko akunda Imana ariko atarongorwa na Mpwemu wayo ngo amenyeshwe ivyo Imana iba itegura gukorera abantu, nubwo yo kwigisha abantu bagakizwa, agasengera abantu mw’Izina rya Yesu kristo, dayimoni zikumva izina rya Yesu Kristo zikava mu muntu, imbere z’Imana uyo nuwo gutsindwa nurubanza, kubera aba ari antikristo nkabandi, none wokunda gute Imana, kandi udashaka ko izana urutonde rwayo rukiza abantu benshi, urwo muba mwisunga ruba rwatewe na satani akaba arirwo akorerako mukuzimiza abantu benshi na wewe urimwo, maze ukirya akara yuko utunganye uri mu ruhande rwukuri kandi urwanya intumbero nziza y’Imana, ati : Hambonye abatari babisa, hamenye abatari bakwiriye kumenya.= Ico Isirayeli ya kabiri ije gukora, ije guhindura, izanye, igikuru muri vyose bidakenewe kuvugwa muri uno mwanya, ni agakiza ku bantu bazimijwe na satani, akoresheje abiyitira abakozi b’Imana, kuko nta muntu numwe ya hambiriwe kuba umushumba wa mugenzi wiwe, bisigura iki : Nimba usengera mwishengero runaka, ukoranira mwikoraniro rirongowe nu muvuga butumwa, ukwaba ari kose, ntakwiriye kuganza agakiza kawe, ntarekuriwe ku gutegeka uko ukwiriye kwizera kuko nawe imbere z’Imana aharurwa co kimwe na we kuko na we ufise Impano ya Mpwemu yera wagerewe yo gukora nkawe mu kuzana abantu kuri Kristo, iyo habonetse ubuhanuzi, ubutumwa, ubuvugishwa, imburi, nimba we agendana ivyaha utazi bimutera kutavyemera, ntuce wemera ivyaba akubariye, ja kukarago wihererane na Data wo mwijuru, bitayeko wisonzeshe usiguze, urabe ko so wo mu mpisho atakwishura, benshi muriko muzimizwa, nabamaze kuruhira mu murimo w’Imana, hasigaye ko bahanwa bakimburwa, nicogituma ubugararwa bwagwijwe kubera benshi, bashize ivyizigiro ku bantu buntu, nayo Imana ikabareka irabe aho bibageza, kuko nta muntu itinya, ngo yasezeranye gutya, ireke kugwiza uburake canke kongera igitigiri ca bazohanwa, kuko Imana ntiraba intango yu muntu muvyo gukizwa, iraba iherezo ryiwe.

Amahoro, Shalom.

Anselme Nyawita Yaragwira …………………………………………………

 Ubuhanuzi na indemeshanyo

Yesu Nashimwe , harageze Gusenga Nyagusenga Bwoko , Uwusengera Mu mpwemu , Abibere Maso , Eherabe Burije Kandi Burakeye , Twiyambure Ivyovyose Bitugora , Twiyegereje Imana. Ndabinginga Twiyubare Ntitwibuke Kuyora Twamaze Gusesa , Bana B’Imana Basi Uwudatahura Ivyimana Yavuze Canke Ivuga Nubu , Kuko Yatubwiyeko Ataco Izokora Itatwibiye Akabanga, Yiherere Mucumba Ciwe , Canke Ahariho Hose Ayibaze Ati Mana Inyuma Yiri Kanguro rigiye gushika Hazobiki ? Icotwomenya Inyonga z’Uhoraho Zirikubagororotsi kandi Amatwi Yiwe Ayabangira Ugutakamba Kwacu.

Ubuvugishwa: Igihe Niki Cuko Intwari Zambuka , Imana Harikintu Yigeze Kuvugako:

1.Icungu zizobaho , Inyuma Yicungu

2.Haphe Umuntu Umwumwe , Inyuma Yivyo,

3.Hameneke Amaraso Ateye Ubwoba ,

4.Imana Iravugako Amaraso Tuzoyavogeramwo Atugera Kumavi ,

5.Kandi Imana Yaravuzeko Izohagurutsa Umurwi Wabasenzi Niwo Uzoza Kubangurukanya ,muburundi ,

6. Imana Iravugako Igihugu Umuntu Azogihagararira Atamuntu Numwe Azomumenya , Ariko Azoba Arumuntu Mutoya , Abantu Bataziga , Egorero Ikinigihe Citwari Itwari Zemeye Ziguma Kubikorwa , Itwari Zemeye Ziratubika Uwavubi , Itwari Zitigeze Zitinya Amajambo Yubwishi , Itwari Zihanganye , Harageze Ahumuntu Wese Asengera Intahe Irimuriwe Kugira Azoyishingire Abandi Irimwamavuta ,

7.Kuko Ndibuka Imana Ivugako Abanyamahanga Bazoza Kuvoma Muburundi , Bazoza Kurahura , Kubana Bamasezerano , Numugabo Yesu Jewe Ndamwemera , Murakoze Murindwe Bwoko Bw ‘ Imana.

Indemeshanyo: Humure Ntimubabare , Abantu Si Mana Ntibabatere Ubwoba , Kuba Mwisi Nugushikama Ugashinyiriza , Ukarwana Urugamba , Kuko Umwasi Ntiyiphuza Kukubona , Ariko Ijuru Ricarikoranya Inama Yihuta Ingabo Zi Juru Zigatonda Urugamba Rwokukurwanira , Bakundwa Akarimunda Yingoma Kamenywa Nuwayibavye Akayitanaga , Humure Inda Irakwijije Amezi Yokuvuka , Imana Irikwiharura Imisi , Imana Yamaze Kumanika Isaha Urushinge Rusigaye Gutarukira Kukaburungu , Umumalayika Ifirimbi Irimukanwa , Umumalayika Yamaze Kubangura Ukuboko , Arindiyeko Rwarushinge Rwisaha ,rurwa Kukaburungu , Yafirimbi Ivuzwe , Yankoni Ikubitwe Hagati Nahagati Mugihugu , Hanyuma Natwe Abana Bamasezerano Twigarurire Ivyotwaritwararenganijwe , Mwitegure Kwakira Umwana , Oya Oya Ntabwari Banga Kandi Ntabwaramajambo Imana Yamaze Kwinyiganza Kuntebe Ntishobora Guteba , Kuko Jewe Ndiko Ndumva Ibimenyetso , Ndikondumva Guhumurizwa , Ndikondumya Imirindi Yogutabarwa , Imana Iraje Intambara Zihere , Amahanga Yose Agiye Gusanganira Abana Bisezerano . Ni mwitegure rero, Yesu abahezagire!

Milliam Vyukusenge

Imana ikomeje kubwira abasenzi batandukanye ibigiye kuba kugihugu c’Uburundi

Bene data bakundwa b’Imana muragahezagirwa n’Imana data watwese kwiteka yabateye ryokuba abakozi bayo.Ububuhanuzi mutwandikira mutwibutsa ivy’Imana yavuze k’Uburundi burimwo ukuri kwinshi. Benhsi barabwumvise ariko bukaba bwaciye inyuma yamatwi. Mbega uyumusi mwene,data wewe,wigeze kwumva ubuhanuzi ugakekeranya, kuri iyi isaha amakenga ufite ntarahera?nimb’atarahera hoba,habuze iki muvy’Imana yavuze k’Uburundi?Reka tubandanye kwibukanya ivy’Imana yavuze k’Uburundi:
-Mumwaka wibihumbi2 nacumi (2010) Imana yatanze icirwa kidasanzwe iravugango mbega imodoka irashobora gutwarwa numushoferi umwe gusa kuva ikozwe gushika isaze? Benshi mubari kumusozi w’Imana ntibatahuye ic’Imana yagomvye kuvuga. kuri uwo musozi nyene kandi kuriyo saha yahavugiye amajambo akomeye cane nayo naya, Imana yaratanze inyishu ivuga iti: « imodoka ntishobora gutwarwa numushofiri umwe oya. Arapfa canke akagenda hakazuwundi nuwundi nawe nyene akayivako hakazuwundi. Gutyo gutyo. Mugabo rero inyuma yaho hakaz’uwuyitwara kugeza kwiherezo ryayo. Mwene data,ncuti yumusalaba mukundwa utwo dufindo twubwenge Imana yabwiye ubwoko bwayo harico tukwigisha kuvyabaye mw’ihanga ry’Imana? Hari ikindi kidasanzwe Imana yerekanye naconiki: » herekanywe umuriro mwinsi utwarwa numuyaga ukwir’igihugu cose mukiringo cumwanya muto. » Benedata nimba twemera yuko ubwo buvugishwa kobuva k’Umana icokimenyetso kirakubwir’iki? Kuruyo mwanya nyene habaye iyerekwa ridasanzwe habonekanye indege nyinsi mukirere c’igihugu cacu zitikiza abantu bakuze abana bato,zikabareka. Kandi abantu bagerageza kwinyegeza zikabanyegurura. Nabagerageza guhunga ngobahungire hakurya yigihugu mumahanga, ntawabishoboye kuko barubura kigongwe baciye batangirira kumbibe zigihugu bica kandi batongora. Uwo Imana yakoresheje muri iryo yerekwa yaciye imutuma kugenda kubwire abarongozi bigihugu c’Uburundi. Uwomukozi w’Imana yaragiye ajanye ubwo butumwa akibushikiriza uwo bugenewe, uyo yaciye ararika ingabo ziwe gufata uyo mukozi w’Imana. Hanyuma amaze kubona kwamaramaje kugomba kumugirira nabi icoyakoze yasengeye mumutima akokanya nyene ijuru riravyumva rica riramutabara. Niho wamutegetsi yaciye amuhamagara akubaza ati: »None Imana yakubwiye ngo dukoriki kugirango ivyovyago vyoye kudushikira ? » Yamwishuye yuko bakwiriye kwihana vyukuri, bakagororoka maze bakarongora nkuko Imana ibigomba, mugabo ntiyumviwe. Uyo mukozi w’Imana yaciye asaba Imana ngo imuhe kuvugira mumasengero yayo yose. Uhoraho yaciye amubwira ati: » ihute ujane ayamajambo mugihugu cose kuko ntihobura nabakeya bayumvira nkabakiza inkota ngiye guteza mugihugu. » Ncuti yanje birashoboka ukaba warumvise ubu butumwa. Bubwire abandi bafashwe muri runo rugendo.
Ibuka kandi yuko Imana yabajije iti : »Mbega wohitamwo gutangura kuba munzu nziza hama ugaherukira kub’amunzu yubwatsi kuva hejuru gusika hasi canke wohitamwo guhera mumushonge mugabo ugahereza kuba mwigorofa? » Ico wohitamwo kiragaragara. Rema rero murayo magorwa urimwo y’ubukene, inzara, uruhungo, uguhamwa, ubushomeri, umutekano muke, ugutotezwa, ugupfungwa, intuntu,… Kuko ugiye kwirurwa bidatinze. Birashika ukaba wafase minenerwe ubu buhanuzi, Ehe ikangure wibuke ic’Imana yavuze kugihugu c’Uburundi ureke kuba muri ba benshi bizeye inguvu zabana babantu, ariko weho wizere ugutabarwa kwawe ku Mana Yehova yaremye ijuru n’isi.Amen!

Désiré Irakoze

Niwabona agacu kaziririnze nturanduke umutima, ahubwo umenye yuko ugutabarwa kwawe kuri hafi.

<<IVYAVUZWE KERA BIMWE VYARASHITSE,IBISIGAYE NAVYO BIGIYE GUSHIKA VUBA>>. IMBURI KW’IHANGA RY’ABARUNDI. Ncuti

z’umusaraba,bakundwa,soma iyi mburi y’ivyo Umuvugabutumwa BEBA yeretswe ari i Gatumba mu mwaka w’1992.

1.BEBA ari Gatumba yasavye Imana kw’akwiye kuja i Burundi,aravyemererwa,mugabo Imana imubwirako atazoba mu Burundi. 2.Imana iramubwira iti:hazoba amatora mu Burundi,ariko umukuru w’igihugu azotorwa bazomwica,uwuzokurikira nawe nyene bazomwica,uwa gatatu bazomwirukako.

3.Hanyuma y’ivyo Imana izohagurutsa imisore yanyu bahabwe inkomezi zo kurwana,indya bazorya,inka n’impene kandi bazogwana baba mw’ishamba. 4.Bazogwana gose,ariko Imana ntizokunda ko bafata igihugu kuko bohava bakuraho intumbero y’Imana. 5.Ico gihe impunzi aho zizoba ziri hose zizoca zihebura cane mbere zizokwicisha bugufi imbere y’Imana zihebuye. 6.Hanyuma y’ivyo hazoc’igihe,Imana ihagurutse umugwi uvuye inyuma y’igihugu witwa <<RUBURAKIGONGWE>>,bazokwinjirira mu bice bitatu vy’Uburundi batere amabombe mu gisagara ca Bujumbura,igisagara kizomera nk’ikibuga c’umupira,kizubakwa gusha.

7.Ico gihe abasoda b’Uburundi bazokwiyoberanya bambare impuzu z’ikigore bicare hasi bakome amashi.Abo nabo bazokira iyo ntambara. 8.Umuntu azoba arikw’ikimenyetso co gupfa azova iyo yahungiye atahuke kugira ngw’ivyo yagerewe bimushikeko.

9.Hanyuma y’ivyo,Imana izoca itora uwo yateguriye kuzotwara igihugu c’Uburundi imukuye mu buhungiro kubera ko abantu bazoba barapfuye ari benshi,abazomufasha gutwara azobarondera hanze y’igihugu.

10.Ico gihe nta ndyane z’amatongo zizoba zikiriho,umuntu azogerera aho agomba. 11.Amaraso azoseseka mu Burundi azoba ari menshi cane.Imana izogwisha imvura y’imisi 3 ikumure ayo maraso.

12.Ico gihe Abarundi b’impunzi bamwe bazoba barasabagiye mu bindi bihugu vya kure baratwawe n’INKUKUMA bazoca bahunguka bagaruwe n’Inkukuma. 13.Reka dusuzume buno BUHANUZI: Mu mwaka w’1993 amatora BEBA yavuze yarabaye NDADAYE aba umukuru w’igihugu inyuma y’amezi 3 baramwica.Hakurikiye NTARYAMIRA,inyuma y’ukwezi 1 arapfa.Hakurikira NTIBANTUNGANYA, BUYOYA amwirukako,ariko ntiyapfuye.Imisore ya CNDD-FDD na FNL yarahagurutse iragwana,ariko ntibafashe igihugu binjijwe n’AMASEZERANO YA ARUSHA.Ubu naho haravugwa umugwi hanze y’igihugu ushobora kuba ari ùwo RUBURAKIGONGWE ugira uze.Uwo nta vyinshi tuwuvugako (mugabo mwumvise abiyemerera guturira amasasoko, amadandarizo, kwica ababikira no gutera amagrenades mubanyagihugu)turindire ubuhanuzi. Bantu b’Imana Nzima, murahamagariwe kwama murikanuye mureretse ugusohozwa kw’isezerano ryanyu kuko ugutabarwa kwanyu kuregereje.AMEN!

Akajambo kubasomyi bacu.

Yesu ashimwe mukunzi nawe musomyi wa site yacu abisezerano.com. Tubanje kubashimira kuvyiyumviro vyanyu mwama na ntaryo mudahengeshanya guterera kugirango ibikorwa site yanyu abisezerano.com yiyemeje birusheho kugenda neza. Nkuko twabibamenyesheje, imigambi yacu niyo kubashikiriza no kubibutsa ivyo Uhoraho Imana yatugeze, ubuvugishwa butandukanye bwaciye mubakozi bayo eka mbere n’ijambo ry’Imana rishikirizwa n’abavugabutumwa butandukanye.

Hambavu yivyo rero, turabashikiriza amakuru avurwa hirya no hino mugihugu kugira ngo mwebwe nyene mwirabire uko ibimenyetso vy’ibihe bigenda birashika. Ivyo tubikora kandi muntumbero yo kubereka neza yuko ivyo Imana yacu yadusezeraniye vyose izobishitsa. Mwame mugavye rero kandi ntimuranduke imitima kubera amakuru adahumuriza kandi atera urujiji mwama mwunva. Ntimuzotsitazwe nivyo musomye canke mwumva, ahubwo bizorusheho kubaha ingoga zo kubohoza amasezerano yanyu. Kandi ntimezotinye kwandika munsi yivyo mwasomye ico mwiyumvira.

Imana ibahezagire.

Imburi Imburi Imburi

Ubu ntihageze aho umuntu canke abantu bavuga ngo ntibizoba canke bizoba kuko bigiye kuba giturumbuka atanuwaravyiteze,aho Bose baba babona kwari amahoro niho ivyago bibageraho.

Rero s’abatukanye ,abavuze nabi Abavugishwa n ‘Imana babambika ibara ngo n ‘abibinyoma ,ngo ivyo bavuze chose barabeshe ngo nta kuri kurimwo ,s’uwavuze ivyo yishakiye ,yakoze ivyo yishakiye,umuntu wese agiye guhanwa bivanye nivyo yakoze,yavuze kandi Iraje Iraje Iraje Inkota itongora izoba ikarishe cane ,izoza gutongora itababariye .

S’uwatutse abavugishwa n ‘Imana,S’uwavuze ibitajantibize,s’uwakoze ibitaroranye,s’uwanse kwemera Isarayeri y’a kabiri avuga ngo muri bibiliya yanditse hehe?s’uwanse kwemera ubuvugishwa ,Imburi,ubuhanuzi ku gihugu cacu c ‘Uburundi,s’uwambara nabi nk’uko ab’isi bambara bidashemeye ,s’uwutsiba imishatsi,s’uwusambana ,s’uwusenga ibishusho canke ibigirwamana,s’uwubesha,s’uwiba,s’uwica ,s’abasenga nabi basaba amahoro kandi atayo bariko barabona,abatumvira Imana ,abo Bose inkota ira je kubatongora izoza ikarishe cane ,iteye ubwoba

Umwanya wo kwumva ubuvugishwa ,wo kubwira abantu bihane uriko urarangira ,aho benshi aho bokwihanye bashima kuvugavuga ibidashemeye ,bagenda ukutariko,bapinga ubuvugishwa eka banagirako banabatuka,aho bohindutse ,bokwihanye ,umwanya wabo bawuta cane cane ku vyabo ,ku vyo bakora bibanezera gusa,Imana yabaremye bakayibagira ariko bakibaza Ko bigiye guherera aho ,umwanya w’akarihuko iriko urarangira ,aho umwe wese zina Murundi wese aho abarizwa mû mihingo yose y’isi agiye guhanirwa ivyo yakoze vyose bidatunganye imbere y’Imana

Inkota iraje ntisubira inyuma ,abacibaza kenshi ngo sivyo abavugishwa n ‘ Imana barabeshe bagiye kuvyibonera amaso ku maso , aho bazobona ibiteye ubwoba cane , aho bazonatabaza izina ry’ Imana ryera ntibumvirwe , ntibatabarwe kuko umwanya wakaruhuko waheze hasigaye aho guhanwa bimwe bikomeye Imana Ikihesha icubahiro.

Abagihakana ,abatemera , abatukanye bagiye kwibonera ivyo batigeze babona bibatera ubwoba, umwanya wo kuvuga uriko urarangira aho hasigaye KO ivyavuzwe vyose bishika atagisubiye inyuma. Abatutse abavugishwa n ‘ Imana amazina yose mabi abanse kwemera ubuvugishwa Bose,abanse kwemera Isarayeri ya kabiri, abanse kwumvira Imana , impera yabo irabarindiriye , aho wa munsi uzoza nk ‘igisuma wegereje ,aho ivyago bizoza giturumbuka atanumwe yaravyiteze .Rero bantu b’ Imana murondera Imana bigishoboka kwabonywa,ni mumwambaze akiri hafi(Yesaya 55:6)

7:umunyavyaha n ‘areke inzira yiwe,ugabitanya areke ivyiyumviro vyiwe : agaruke k’ Uhoraho , nawe aramugirira ikigongwe agaruke ku Mana yacu kukw’ikunda guharira. Nayahandi inkota iraje ntisubira inyuma kandi ntawuzoba acihanye canke ahinduke murico gihe c’ibihano n’ivyago

Umuntu wese azohanwa bivanye nivyo yakoze vyose mwihane , mwihane , mwihane bigishoboka kuko umwanya uriko urarangira Hinduka, hinduka , hinduka rondera Imana bigishoboka, rekana n ‘ ibibi chose Kuko inkota iraje iraje iraje

Imana Ibane namwe mwese ab’ Isarayeri. Murakoze!

Le 8 .02.2016/Nijimbere Cynthia

Uburundi tweretswe mwisezerano 

  
  
  
 Ivyo twahishuriwe.

Ntanguye gushimira Imana data watwese yatuzigamye kuva tukiva munda yabatwibarutse.

1:Bene data hari inyandiko ziriko zirakwiragira hiryanohino mugihugu aho umugwi witwa RED-TABARA usaba umugwi FOREBU koboja hamwe nabandi bagatanguza urugamba rw’umuheto mwokwibaza muti iyo migwi niyande?

-RED-TABARA niyo kwa Alexis SINDUHIJE wa MSD. (Fronabu-Tabara, 2011)

-FOREBU nayo niyo kwa Major Pierre BUYOYA yarongoye uburundi kabiri.

2:Igihe Mose yararongoye abisirayeli yaguma abibutsa ivyo UHORAHO ya bakoreye canke yababwiye.

3:Nkuko turubwoko bwakabiri bwa bisirayali nagira twibukanye Ivyo Uhoraho yavugiye mukanywa kabavugishwa n’Imana ati:

-muri ihanga ryera natoranije kandi murubwoko bwanje ntimuze mwifatanye nabanyamahanga, batizera.

-nibabahungirako muze mubakire, mubakingire.

-mugufata igihugu twese tuzoba turi kumwe kuko Imana izotwegeranya nk’uko inkoko yegeranya imiswi yayo.

-kandi tuzobanguranya inkoko zibiri zizoba zihanganye mwibuke wamunana wibuye uwariwo rero.

-igihugu tuzogifata canke tuzocaka abagifashe bakimazeko imisi itatu.

-mwibuke ko Imana yavuze ko KAGAME azopfira kubutaka bw’Uburundi ngwaje gutabara.

– intambara izosutama muri CONGO, mu RWANDA no mu BURUNDI.

-mwibuke kandi ko tuzofata igihugu ingabo mvamakungu ziraha I Burundi zitwa ngo zaje kugarukana amahoro.

4:dusabwe gusenga cane twisonzesheje kandi dusaba imbabazi Uhoraho duhebe icodutandukanya n’Imana.
5: Barundi barundikazi namwe ncuti zuburundi, uravye ibihe turimwo, dusabwe kwitegura mumitima, kumibiri no kuvyambarwa kuko ifirimbi y’Imana umwanya numwanya yovuga.
Imana data watwese izigame uburundi nabarundi.
Bigiriwe i Bujumbura kuwa 12 ruhuhuma 2016

Emmanuel Kamenge

Les vents qui etendent les feux partout

Ecoutez le message prophétique en rapport avec ce qui va arriver bientôt au pouvoir actuel de Bujumbura. Il y a deux ans et demi que j’ai été ordonné de faire une large diffusion de ce message dans les églises sans mâcher les mots. C’était en date du 27 et 28/ 3/2010 quand Dieu m’a ordonné de me précipiter pour diffuser ce message. Le balance va arriver Le pays va être détruit à cause des péchés qui se sont multipliés même dans mes églises. Dieu a un plan sur son peuple burundais du fait qu’il a l’intention de moissonner ses fideles. Je leur injecterai une piqure et se retrouveront dans ma gloire.

Il dit qu’il a vu un feu apparaitre au Burundi et transporté par le vent dans tous le pays. J’ai vu beaucoup des drones et chars de combats encercler le Burundi en massacrant les adultes mais laissant les enfants. Les gents ont voulu se cacher mais en vain à cause de ces avions de guerre. J’ai vu des gens sans pitié qui bloquaient les frontières pour que personne ne s’échappe et personne n’est parvenu à s’évader. J’ai vu des forces de défense se divisant et s’entretuant les uns les autres en criant. Après cela, j’ai vu les survivants incapables d’enterrer leurs morts péris dans cette guerre. J’ai vu à la fin de ce pouvoir tout le pays s’obscurcir. J’ai vu comment les faits se succéderont à ce pouvoir jusqu’ au jour de ces fléaux. A la fin, j’ai vu le ciel ouvert et les fidèles enlevés vers les cieux. Que Dieu nous aide.

Alexi

Imburi Imburi Imburi

———————

Ubu ntihageze aho umuntu canke abantu bavuga ngo ntibizoba canke bizoba kuko bigiye kuba giturumbuka atanuwaravyiteze,aho Bose baba babona kwari amahoro niho ivyago bibageraho.

Rero s’abatukanye ,abavuze nabi Abavugishwa n ‘Imana babambika ibara ngo n ‘abibinyoma ,ngo ivyo bavuze chose barabeshe ngo nta kuri kurimwo ,s’uwavuze ivyo yishakiye ,yakoze ivyo yishakiye,umuntu wese agiye guhanwa bivanye nivyo yakoze,yavuze kandi Iraje Iraje Iraje Inkota itongora izoba ikarishe cane ,izoza gutongora itababariye .

S’uwatutse abavugishwa n ‘Imana,S’uwavuze ibitajantibize,s’uwakoze ibitaroranye,s’uwanse kwemera Isarayeri y’a kabiri avuga ngo muri bibiliya yanditse hehe?s’uwanse kwemera ubuvugishwa ,Imburi,ubuhanuzi ku gihugu cacu c ‘Uburundi,s’uwambara nabi nk’uko ab’isi bambara bidashemeye ,s’uwutsiba imishatsi,s’uwusambana ,s’uwusenga ibishusho canke ibigirwamana,s’uwubesha,s’uwiba,s’uwica ,s’abasenga nabi basaba amahoro kandi atayo bariko barabona,abatumvira Imana ,abo Bose inkota ira je kubatongora izoza ikarishe cane ,iteye ubwoba

Umwanya wo kwumva ubuvugishwa ,wo kubwira abantu bihane uriko urarangira ,aho benshi aho bokwihanye bashima kuvugavuga ibidashemeye ,bagenda ukutariko,bapinga ubuvugishwa eka banagirako banabatuka,aho bohindutse ,bokwihanye ,umwanya wabo bawuta cane cane ku vyabo ,ku vyo bakora bibanezera gusa,Imana yabaremye bakayibagira ariko bakibaza Ko bigiye guherera aho ,umwanya w’akarihuko iriko urarangira ,aho umwe wese zina Murundi wese aho abarizwa mû mihingo yose y’isi agiye guhanirwa ivyo yakoze vyose bidatunganye imbere y’Imana

Inkota ira je ntisubira inyuma ,abacibaza kenshi ngo sivyo abavugishwa n ‘ Imana barabeshe bagiye kuvyibonera amaso ku maso , aho bazobona ibiteye ubwoba cane , aho bazonatabaza izina ry’ Imana ryera ntibumvirwe , ntibatabarwe kuko umwanya wakaruhuko waheze hasigaye aho guhanwa bimwe bikomeye Imana Ikihesha icubahiro.

Abagihakana ,abatemera , abatukanye bagiye kwibonera ivyo batigeze babona bibatera ubwoba, umwanya wo kuvuga uriko urarangira aho hasigaye KO ivyavuzwe vyose bishika atagisubiye inyuma

Abatutse abavugishwa n ‘ Imana amazina yose mabi abanse kwemera ubuvugishwa Bose,abanse kwemera Isarayeri ya kabiri, abanse kwumvira Imana , impera yabo irabarindiriye , aho wa munsi uzoza nk ‘igisuma wegereje ,aho ivyago bizoza giturumbuka atanumwe yaravyiteze

Rero bantu b’ Imana murondera Imana bigishoboka kwabonywa,ni mumwambaze akiri hafi(Yesaya 55:6)

7:umunyavyaha n ‘areke inzira yiwe,ugabitanya areke ivyiyumviro vyiwe : agaruke k’ Uhoraho , nawe aramugirira ikigongwe agaruke ku Mana yacu kukw’ikunda guharira.

Nayahandi inkota iraje ntisubira inyuma kandi ntawuzoba acihanye canke ahinduke murico gihe c’ibihano n’ivyago
Umuntu wese azohanwa bivanye nivyo yakoze vyose, mwihane , mwihane , mwihane bigishoboka kuko umwanya uriko urarangira. Hinduka, hinduka , hinduka rondera Imana bigishoboka, rekana n ‘ ibibi chose. Kuko inkota iraje iraje iraje

Imana Ibane namwe mwese ab’ Isarayeri b’ukuri. Murakoze!

Nijimbere Cynthia

IYEREKWA KUGIHUGU C’UBURUNDI
Bene Data ncuti ,zumusaraba ngomba nsangire namwe iyerekwa nagize kugihugu cacu c Uburundi twanye twiyumvira kandi dusenga kubwigihugu cacu abenshi bakisonzesha abandi bagasengana umubabaro hamwe nagahinda kubwigihugu cacu ariko bakabona umengo ntahinduka rihari ariko nagomba ndabemenyeshe ko IMANA atar’umuntu ngo ikore nkabantu yo ngo yitwa ADONAI RISIGURA NGO IMANA IKORA IVYIGOMBA,
Ngomba ndabahe urugero kugira mumenye ko niyo yari ibona ibihe igihugu caciyemwo

1Ingabo z Uburundi musazwe muzizi ingene zemewe kurugamba umuntu wese yokwibaza mbega zari zinaniwe gukuraho ubutegetse ?

2 abarundi hamwe nincabwenge ziri mugihugu mbega zari zinaniwe no kunga ubumwe ngo zikureho ubwo butegetsi?
3mbega amakungu yarananiwe kubikora ?

Ivyo vyose umuntu yovyibazako inyishu yonyene,dushobora kuyisanga mu ( 2 Ingoma 7:13-15)kubwanje nipfuza cane ko UMURUNDI wese ahasoma,umurongo wa 13haravuga ngo « Ni naramuka nkinze Ijuru,imvura ntigwe,canke ni narekura inzige zikona mu gihugu,canke ni narekurav ikiza kikaja mu bantu banje,

Nagomba gusigura iri jambo gato ibihe bibaye kugihugu biteye ubwoba ariko ikituremesha nuko twumvise ko vyari vyarahanuwe kubantu batandukanye nkumwe Mu bakozi b Imana batazira BEBE muri za 90 yahanura mugihe yaragarutse mugihugu azanwe nubwo butumwa bwo kuburira igihugu.igihugu giciye mugihe ca gacerere k Imana umuntu wese yokwibaza ngo yarihoze canke ngo yibagiye ariko mwibuke ko mubihe vya kere imbere yuko ubwoko bw Imana butangura isezerano risha bwaciye mu mwaka 400ans yitwa iyagacerere aho tubwigwa ko atamuhanuzi yariho ariko suko Imana yari yarahoze canke ngo yibagire ivyo tubisanga mubitabo vyakahise nka za (1Maccabees9:27 igitabo Bene Data bakunze gusoma kuri muri Tobi bible canke bible de jerusalm )ababifise bovyisomera bandiko ibiriko biraba mugihugu ariko hariho abagabo Imana yaganiriza mugihe nkico nka Simoni Luka 2:25-26hariho abagororotsi Imana yaganira nabo mugihe nkico nigihugu cacu hariho abayigororokeye yaganira nabo,

Nagomba nsangire namwe iyerekwa nagize mukanya gato bisa nako wokubitamwo urugohe ariko nerekwamwo ibintu bikomeye igihugu kigira gicemwo,

Nabonye imvura nyishi igwa mugihugu cose isa niyiriko irandura ivyameze mugihugu cose ariko mbonamwo harimwo ivyameze bindi iyo mivo adashobora kubirandura, iyomvura itangaza abantu benshi kuko batigeze babona iyo izananye haheze akanya mbona irahise hasa nahatse akazuba gake mumwanya muto mbona kavanze nakavura kari kurugero gwapimwe muricogihe mbona ivyameze bisubiye gutotahara,nkiriko ndihweza ivyo neretswe ndi mbona umugore areze umwana ariko aramugaburira amwigisha ivyagezwe no kwitondera Uhoraho ,umwana agashaka kwigaburira ariko nyina akomeza amugaburira nkikomeza kuraba icuwo mugore numwana wiwe barimwo ,numva igihinda gikomeye caane mumabarabara ndavye mbona ingabo nyinshi zitembera mugihugu ndavye hejuru mbona niyo ziriko zirava, mbaza umwe murizo ibibaye anyishura ngo turungitswe n Uhoraho kubw Abantu banje bemeye guca bugufi bakansenga ngo twiteguye gukura no guhangara ikibi cose kiri mugihugu,ngo icumu ryumu nyakibi ntirizokwigera ryama rishinze mumahema yabagororotsi. aca akomeza agenda muricogihe mbona ingabo zihagaze muri vyabiduga vyingwano bicira Umuriro hama nsubira kubona wamwana nyina amushize hasi ngo yige kugenda genda ,muricogihe mbona igicapo ngo: UBURUNDI BUSHA numva iri jambo 2ingoma7:15 uhereye ubu ,nzokwama ntereza inyonga zanje numve amasengesho asengerwa aha hantu.

UMWAMI MANA AHEZAGIRE UWE WESE YASENGEYE IGIHUGU,UWATANZE ICO IMANA YAMUHAYE COSE KUBWIGIHUGU UWATANZE UBUHANUZI UKUNTU TWOSENGERA IGIHUGU CACU KUMUNSI WO KWINJIRA MUMWAKA WA 2016 MWARAKOZE CANE UHORAHO Imana idapfa yama itunganye abagirire neza abakomeze abahe kurya kuri cagiti c ‘ubugingo,aduhe kuramba kugira ngo tuze tubone ivyo benshi muri twebwe beretswe ,MWABAYE INGABO MUREMESHA BENE WANYU BACITSE IMITIMA UMWAMI AZOKIBAMBIKIRE IGITSIBO,MURAKOZE CANE TWIZERA KO vuba cane tubona ihinduka hana hana ubu butumwo ngo umurundi wese areme,Uhoraho abahezagire ,ahezagire nigihugu cacu

Mwene Data musangiye urugendo gwo kuja iwacu heza cane ariho(mw Ijuru)amen

Ishengero ry’abisezerano

Intambara y’Uburundi

Iyi ntambara si igisida canke icaduka. Ni intambara y’Imana. N’inzira yayo yafashe kugira Uburundi bwogorore. Aha nyene niho turiko turacishwa, tutabishaka. Kandi niryo banga. Mbega vyokoroha gute ? Umuntu yokwemera guca mu mahwa, n’ibisuti, n’ibinogo ? Guca mu ntambara vyokwerekanwa gutyo. Ariko no kuvyumva twonavyumva kuko Ijambo ry’Imana risanzwe rivuga ko inzira ija mw’ijuru ari inzira yaga. Mat 7 :13-14 « Muce mw’irembo ripfunganye… ». Ntuturi mu ntambara kuko turi babi mw’isi yose rero, ariko si n’uko turi beza mw’isi yose namba, ahubwo, n’uko twahiswemwo, mu mahanga yose, nk’uko na Isirayeli yari yarahiswemwo ataco yarusha ibindi bihugu. Mbere ahubwo n’ububi dufise bwotumye tutohitwamwo ni bwinshi, burenze n’urugero, nico gituma turiko ducishwa aho kubuhanirwa, mu ntumbero yo kwezwa, no gutunganywa gose. Bi muvyumve neza rero, muri ino ntambara, Abarundi bavyifatamwo neza bariko baratunganwa. Bagereranijwe n’izahabu. Ikiva mu kinogo kiba cari ikibuye. Kugira ihinduke impeta yo ku rutoke umugeni ayambare, ibanza gukurwa inkamba. Inkamba nazo izikurirwako mu muriro. Emera kuwinjiramwo, muhanirwe ibigabitanyo vyanyu vyose nk’uko ijambo ryayo rivuga, maze muterekwe aho Imana yavuze : kwezwa mugakoreshwa ibikomeye vy’impwemu vy’Imana mu mahanga hamwe n’iterambere ry’umubiri rizozanana n’uko kugororoka. Turagwana cane ngo dutere imbere, ariko hari aho tutashobora gushika, mbere dusa nk’abatava aho turi kubera inkamba zitaratuvamwo : nazo ni ubusuma, ububeshi bukabije, ubusambanyi, ubwicanyi, ubugunge bwo mu buryo butandukanye, n’ibindi. Ubusuma n’ububeshi n’ubwicanyi n’ubugunge bwaranze intwaro zakurikiranye ntivyari gukundira abarundi ngo bimbe ipeteroli n’izahabu, na nikeli n’ayandi mabuye y’agaciro bufise, vyotumye butunga ku rugero rumwe n’igihugu c’Ubuswise. Ivyo ni ivyo namwe muzi. Ariko ntimutangazwe ko abapfa bapfa. Mu ntambara abantu barapfa, ababi n’abagororotsi. Kuva na kera bibiriya yerekana ko amasezerano ku gihugu ari ay’amasigarira. Abapfa rero bari mu buryo bubiri : aba mbere, ababi bakurwa mu nzira kugira ntibabere intambamyi umugambi w’Imana, kandi banahanirwe ibigabitanyo vyabo, aba kabiri abagororotsi, igihe cabo co gutaha, ku mvo z’Imana, kiba kigeze. Ariko rero no mu masigarira habo iyo mice ibiri : Aba mbere barasigazwa kugira mu bugarariji bwabo babone ko Imana itariko irabesha igihe yavugisha abavugishwa bayo. Abo baca baja muri ba bandi bavugwa ngo muzobirabisha amaso ariko ntimuzobirya. Usanga basigaye ari ibimuga, abasazi, canke abatagira umugisha wo gutambukira mu vyiza kanaka. Aba kabiri nabo binjira umwe umwe muvyo yabwiwe. Ihane neza utangure kumva ijwi ry’Imana kuvyo uzobamwo. Imvo y’intanmbara ni iyo, bene Data. /Eric ShimaIntambara y’Uburundi.-


Publicités