Iryavuzwe riratashe. Ngabo abazungu bo mumihingo yose yisi za amerika, za Europe, za Aziya uburusiya n’ubushinwa ibihugu vyose vyahagurukiye uburundi. Habaye iki? Ni ryasezerani ry’Imana ryasohojwe. Ibihugu vya afurika vyose ngaho ngo mama birungike ingabo zavyo , mama ngo birungike abakuru bibihugu vyabo iburundi. Ibaze nawe! Na inama nkuru ya ONU ngiyo irisidukiye ituma intumwa zurutavanako, abagize inama nkuru yumutekano kwisi yose ngabo basidukanye niyonka kabiri kose atanumwaka urahera. Ego mbere n’umunyamabanga mukuru wa ONU kwokuko. Ni ibitangaza vyakumiza vyatanguye mugabo benshi baguma mukayombekere ntibabona yuko Imana yonyene yihagurukiye ngo ihagurutse ihanga ryayo kugirango ishitse ryasezerano. Mwene Data uriteguye? Wihane, witunganye, wezwe turwane urugamba rwiteka. Yafirimbi y’Imana yavuze. Haguruke umunsi ni uyu!
Raba abarundi nabo ayo barimwo. Baterana amagrenade mubunywero, kubituro vya bisi, mwisoko eka nahandi hose hakoranira abantu benshi kandi banyarucari. Ngabo bikinga agahumbezi bagakerera bene burundi, bakababoha maze bakabica bunyamaswa eka n’ayandi mabi.
Muvya politike, imigambwe yacitse ubunywenywe, za Frodebu, za Fnl, za Uprona. Abandi banyapolitike babura aho bata imitwe bagakora za Ikibiri, za Cnared, za Amizero eka nibindi biri munzira. Ugirango Arusha bagiye kuzana imigambi myiza yo kurongora uburundi mumahoro ? Haba namba. Bagiye nyabuna kugabura ibibanza ngo buzuze imifuko yabo. Amahoro arama ava ku Imana yo mwijuru. Umugambwe Cndd-Fdd niyo bicuditse vyarayinaniye gutunganya igihugu nkuko bari babisezeranye ahubwo birara mugusahura, mukwica n’ugutoteza abarundi. Ka nkunzi, ka mwana wa mama, ugukimirana, ukwangaza ni ayandi mabi yose nkubutegetsi bwigitugu aca yaka indaro mugihugu. Abanyagihugu benshi batekewe n’ubwoba babura ayo bacira nayo bamira bicwa nintuntu n’akabonge. Abaryogoye nabo babaciriye kubuhomba abandi barahunga. Petero Nkurunziza nabamushigikiye bakoze nka Petero Buyoya, Yohani Batisita Bagaza na Micheli Micombero. Bose bihagiye ubutegetsi kunguvu. Ico Nkurunziza atandukaniyeko nabandi, nuko wewe yakoresheje iyindi nzira yise amatora mugabo yibagiyeko ibihe biha ibindi. Ivyo vyabaye muri politike ni kimwe mu bimenyetso vyibihe atashobora gusimba, kandi twebwe abisezerano ntitwobirenzako uruho rwamazi.
Ngubwo ubuhojojo bw’imirwi irwana yiyitirira aba canke bariya ihagarara mubihugu duhana imbibe. Nimirwi itanabaho, abayitirira bagakoresha amajwi nubundi buhinga ngurukana bumenyi bakavugako bariko bararwana intambara. Ntimuranduke imitima. Ivyo vyose twari twarabwiwe yuko bizoshika.
Ikibabaje ubu nuko bateranya abanyagihugu atanico bariko barabamarira. Baba abari kubutegetsi barica abanyagihugu, yaba niyo mirwi irica abanyagihugu nyene. None babaye abande ga yemwe?
Ubwo buhojojo bw’imirwi yiyitirira intambara buvugako ngo burondera kwirukana kubutegetsi Petero Nkurunziza nakarwi kiwe. Iryo ryoba ari ihangiro ry’ukuri? Haba namba muriyo mvugo harimwo akarigangamuhogo. None mukwirukana Petero Nkurunziza nakarwi kiwe utera amagrenade mwisoko, mubanyagihugu banze amatomati, kugituro ca bisi, mubunywero canke ahandi? Reke kwanguha!
Twebwe abisezerano turi ngaha mugihugu, turi abanyagihugu mubandi. Turi mubisagara, turi no kumisozi hose kuko niho twagerereye. Dufise ingabo zikwije, zigizwe ni inararibonye, inshirwarimenetse, inzirabwoba, inserukarukamvye naba bikovongo. Muntambara turwana ntiduhiga kwica abantu, uyu canke uriya. Umwansi wacu si ubwoko , umugambwe canke intara. Turwanya ubutegetsi bubi na benebwo. Nti duhiga aba canke bariya nkuko abo banyeturwi bobo babiririmba. Turondera guhindura ibintu dushireho intwaro ibereye maze Imana yo mwijuru ize yiganzire I Burundi. Uwitambitse munzira shahuli yake. Umwansi wacu si Nkurunziza nakarwi kiwe nkuko abo babivuga. Mbe akarwi kiwe nibarya bamutoye? Canke barya bubatse amazu meza meza mugisagara ca Bujumbura? Umwansi wacu si Radjabu na bamushigikiye , si Niyombare na Sinduhije nimirwi yabo, si Nzabampema canke Nyambariza nabo barikumwe. Umwansi wacu si abantu canke ibintu mugabo ni Umwansi Satani ni ubutegetsi bubi n’abamukorera bose. Nti turwana intambara yabinyama n’amaraso. Turwana intambara yurwanko, inzigo yinzikira, ubugunge, igono, nubwicanyi bwagahomera munwa. Turwana intambara yatanguye kwiyerekana kuva uburundi bwikukiye bakica Louis Rwagasore bikijana, bakica Petero Ngendandumwe, Remy Gahutu, Melchior Ndadaye, Cyprien Ntaryamira nabandi benshi mugabo ukamengo ntacabaye. Turwana intambara yuko abantu basasika inganda mu 1965, 1969, 1972, 1988, 1991, 1993 gushika nuyu munsi ariko ukamengo hapfuye utuyabo. Hariho amashirahamwe yagerageje kuraba yuko ukuri kwoja ahabona nka za AC Genocide Cirimoso canke Collectif des survivants et Victimes du Genicide de 1972 et d’autres atrocités d’avant et après. Bose akigoro kabo kabaye impfabusa. Uburundi ntibuzokwama bwubakira kumivyimba yabenebwo. Turwana intambara yakarenganyo nikinyoma. Uburundi bwuzuye ibinogo rusangi bahamvyemwo beneburundi, benshi barishwe abandi barangazwa kandi nubu bakiriko mugabo kaba akamizwe ningoma. Turwana intambara y’Imana. Ababi bose bazihonya hasigare abatoranijwe bashaka kwubuka igihugu c’amata nubuki nkuko Imana yakidusezeraniye. Mwebwe murwanya Nkurunziza canke naka na naka murazi aho batuye naho bagendera. Begere murwane.Basange aho bari mureke kwica umunyagihugu atazi icazira. Ntiwotera grenade mwisoko canke kugituro ca bisi ngo uhindukire uvuge yuko urwanya Nkurunziza nakarwi kiwe. Ntibanda amatomati, ntibadandaza uburobe, ntibafata bisi canke ngo bicare mubunywero busanzwe. Guhagarara ku misozi ugatera ibombe mugisagara uba uyiteye nde? Nkurunziza nakarwi kiwe? Umenya ihitana nde? Uba uriko urarwana na nde? Canke uba ugomba yuko babazungu ukorera bamenya yuko ufise abantu batatu binjiye mugihugu. Mbega iyi leta yoyo ipfunga, igahohotera abantu, ikabangaza ndetse ikanabicira ubusa mutaniye hehe? Ve ibuzimu muje ibintu, ikinyoma ntaho kizobashikana , guhonya amoko wikinze imvugo ifobetse ntaho bizobashikana namba. Ntawuzodusamaza kuruyu mugambi w’Imana. Twebwe urugamba turimwo nurwo Imana yaduhamagariye rwo gukingira umunyagihugu uwariwe wese, Intara zose, ubwoko bwose, amadini yose, ndetse nimigambwe yose. Turi ingabo zanyu. Ibirwanishwa bikwiriye turabifise kandi duhanganye numwansi ngaha mugihugu. Umugambi w’Imana utera uja imbere. Murakoze!
Kuro M. Abisezerano