Umukuru w’Igihugu Evariste NDAYISHIMIYE yasivye urubanza ry’umunsi mukuru wahariwe ugukunda igihugu n’imboneza yitaba urundi rubanza.

Ababonye urutonde rw’ibirori bakongera bakabona itangazo rivuga yuko umukuru w’igihugu yigiriye kwitaba inama ya COMESA aho yatowe kuba icegera c’uwurongora irya shirahamwe, bagize bati burya turabonye igisumba ikindi. Bamwe bagize bati yashize ukumenyekana n’ubudandaji imbere abandi bati ivyo yakoze ni igitutsi ku Barundi kandi ni ugutesha agaciro umunsi wahariwe imboneza yamaho Président Petero Nkurunziza yashengeye kw’igenekerezo rya 8/7 no kwerekana yuko ivyo vyo gukunda no gukundisha igihugu bitarita urwo rubanza yashize imbere.

Mu gihugu haravugwa cane ihindugwa ry’inoti z’amafaranga y’amarundi

Abantu benshi baguma bahanahana utureresi tw’amajambo yavuzwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi kuvyerekeye guhindura ibikaratasi ababitse amafaranga menshi mu mazu yabo. Impande yo gusakaka mu mazu y’abategetsi bamwe bamwe bakoranye cane na Président Nkurunziza ngo barondera gufata ayo mafaranga babitse mu mazu hanyuma iryo saka rikaba rishobora kuba ritatoye ayo mafaranga, Ibanki Nkuru y’igihugu yatangaje yuko ihinduye inoti z’ibihumbi icumi n’izibihumbi bitanu.

Bikaboneka yuko izo ngingo zifatwa ari inyinyurana ry’abafise uburyo bginshi batazwi neza hamwe na leta y’Uburundi. Umuntu arahava akobaza ati ni nde ahungukira ni nde ahahombera. Benshi bavuga yuko ingingo nk’izo abenegihugu batazungukiramwo abandi bati dutegereze turabe iyo bigarukira.

Inzuzi zirageramiye amazu y’ abenegihugu ahatari hake.

« Magara : Uruzi rurabangamiye amazu y’ abanyagihugu »

Amazi y’ uruzi #Ruzibazi arabangamiye amazu yo ku gacimbiri #Mabāho ko ku mutumba #Magara ya kabiri. Ni muri komine Bugarama muri Rumonge Province .

Ayo mazi aguma satira inkombe z’ urwo ruzi zigaca zisiduka. Vyatumye amazu ashika atandatu asenyuka, bene yo barimuka, baja gusembera.

Urwo ruzi rwataye inzira rurageramiye imihana ishika itandatu. Ababa muri ako gace basaba abajejwe gukingira ibidukijije muri iyo komine gufata ico kibazo mu minwe.

Butoyi Berchimas aserukira ikigo #OBPE muri komine #Bugarama aremeza ko ico kibazo akizi. Amenyesha ko hariko harategurwa gutera ibiti vy’ imisuna n’ ibindi bishobora gushigikira inkombe z’ urwo ruzi mu ntumbero yo gukinga.

Ariko, uwo ajejwe gukingira ibidukikije yibutsa ko abanyaguhugu bokwama bibuka ko hari imetero zitubakwamwo ku nkengera z’ inzuzi.

Umusuma bukabije mu gihugu c’Uburundi.

Abagore baturuka mu Kamenge bivye muri bus ku mutanga

Haraciye iminsi hibonekeza ubusuma mu mirima, mu mazu, mu butare, ku mabarabara no mu miduga. Kenshi na kenshi turumva abantu bibge amasakoshi n’ibiyagenderamwo vyose co kimwe n’abantu banyuruzwa kugira ngo bibge urukombamazi.

Ubusuma mu gihugu cacu bgatanguye kwibonekerewa mu bategetsi batandukanye nko mu buyobozi, mu mashirahamwe, mu bushikiranganji no ubu naho ngo bugeze mu biro vy’Umukuru w’igihugu aho umuriyaridi w’amarundi waraye ugiye amazimayongo.

Igihugu kirakwiriye gutunganywa kundi gusha kugira ngo ivyo bintu bituzwe.

Umuntu yicumise muri commune Rugombo ngo bamwimye umugore yagiye gucura

Abarundi, hariho ibintu vyinshi turaba tugatwenga, bamwe bakobaza yuko bikorwa n’ubunyentege nke abandi bakibaza yuko ari ibintu bisanzwe cane mugabo ari akaranda gikwiriye gutuzwa mu gihugu.

Kugira ngo urugo rusambuke umukenyezi aje buje haba hariho imvo zihambaye zibitera. Kandi kugira ngo ivyo birinde bishika, iyo uyo muryango ufise abana haba hariho ingaruka mbi cane zizoba kubana bavuka mur’uyo muryango. Bishitse aho umugabo yiyahura yicumise inkota naho ivyo biba vyararenze ihaniro. Uko biri kwose ni ingorane z’umutyango ziba zihambaye.

Mu gihugu c’Uburundi, harakenewe gufatwa ingingo zo gufasha gukingira ingo n’imiryango mu gufasha mu mubano w’abubakanye, gukingira abana no gufasha abantu bose mu kubungabunga amagara yabo yo mu mutwe. Ivyo vyofasha mu kwubaka igihugu gifise intumbero yo kwiteza imbere igihugu cose muri rusangi. Ibihugu vyose bitera imbere kw’isi bibanje kwitaho abenegihugu babo mu ndero, amagara n’ibikorwa.

Mwitegutire umunsi uhambaye kuko ugiye kuza

Abantu benshi ntibizera ivyo bumva n’ivyo bo nyene bigisha. Ariko mweho mukomeze kwizera ntimuhungabanywe n’ivyo vy’abigira abigishwa.

MUZOBAMENYERA KUVYAMWA

« Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand’ igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza.
Nuko muzobamenyera ku vyo bama.
Matayo 7:18, 20″.

Turi mugihe abizera bamwe bamwe bari murujijo,bibaza ab’ukuri n’abatarab’ukuri abaribo.

Hanyuma, Yesu yatanze inyishu ati  » muzobamenyera kuvyo bama ».Ngo igiti ciza ntigishobora kwama ibibi,n’igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza.

Mubisanzwe umuntu wese akiri mumubiri ashobora kwisanga hari aho yakoze ibitari mubugombe bw’Imana,ariko ben’uyo iyo yahisemwo Yesu yigarura vuba,ntabaho ubuzima bw’Ivyaha.

Ariko abandi bo,babaho ubuzima butarimwo ukuri, bagendera muvyaha,nubwo boba bagaragara ko bazi Imana.Ivyamwa vyabo, nivyo bigaragaza abo bari bo.

Hanyuma, iyo igiti ari ciza,biragaragazwa n’ivyamwa.Kitari ciza naho nyene biragaragara.Ikibazo rero si ubwoko bw’ ivyamwa,ahubwo n’ubwoko bw’igiti,kuko nico kigena ubwoko bw’ivyamwa.

Hanyuma,Yesu yatwibiye ibanga ryotuma twama,yavuze ngo uwuguma muri jewe, uwo niwe yama cane, kuko ataco mushobora gukora mutamfise.

Muyindi mvugo,gutera intambwe ukaba mw’ijambo ry’Imana,mugusenga,
kwirinda,…ukiga kurihindura ubuzima, nivyo bizana kwama.

Ico dukwiye gukora,dukwiye gusenga Imana dukobeje,kugira idufashe gushira mungiro ijambo ryayo tuzi,nayo izotera intambwe idushoboze,niyabona koko ko dufise umutima wipfuza kuyubaha. Muhezagirwe.

Igihugu cacu c’Uburundi kirakeneye gusubira kwubakwa gushasha

Ayo masanamu uko ari abiri arivugira

Iyo abantu bumvise yuko igihugu cacu c’Uburundi gikwiriye gusubira kwubakwa gushasha, benshi biyumvira yuko ari ukujanayo imitahe bakadandaza kugira ngo ubutunzi butere imbere. Hariho abandi biyumvira yuko ari ukunagura inzego z’ubutungane n’izindi nzego zubakiye ku biturire, ku macakubiri y’amoko n’intara, ku macakubiri y’imigambge n’amadini; ariko s’uko biri.

Ukwibaka igihugu neza bigera ku kwubaka ubuntu n’iteka mu gihugu, uguha umwana wese w’igihugu urufatiro rw’ubumenyi n’akaranga runtu, ivyo bimaze gushinga imizi ibindi bigakurikira. Abantu bacigenza nk’inyamaswa ivyo wubaka bindi vyose bashobora kubisenyura mukanya gato naho woba wavyubatse imyaka myinshi.

Ico ubutegetsi bugitahuye niho bgubaka iterambere rirama mu gihugu.

Umugambge w’ abapfuye ni imvugo iguma itangaza benshi.

Ibintu vy’imigambge umuntu asanga bigoye. Ibivugirwayo n’ibikorerwayo haraho umuntu asanga yuko naho bitwara uburyo bginshi n’umwanya munini w’abantu ari ukubatesha umwanya gusa. Umuntu akubitiye ku manyanga akorerwayo, imyereka, ububeshi n’ububisha ac’abona neza yuko atakamaro imigambge ifitiye igihugu c’Uburundi uretse ukugicuvya. Ehe akarorero kamwe k’umunyamuhambge yavuze ayo bamukoreye.

Muzosanga abanjiye muri CNDD-FDD bajanwe no kuyisambura aribo basigaye bafata ingingo

  1. Muri 2019, harabaye inama zibiri nagiyemwo ntumiwe nk’umugumyabanga yaronse akazi agenwe n’Umukuru w’igihugu.

Umwe mubayitugirishije, yarihanukiriye avuga ati: jewe banyagirizako atawuronka akazi atamfumbatishije, barabesha kuko benshi mubari aha barakaronka atanumwe aciye mubiro vyanje Yaciye antangako akarorero, ampamagara mwizina ambaza ati wewe ko wagenwe harayo wampaye? Nanje nti ntayo naguhaye.

Nabifashe ibisanzwe, riko inama iheze, umwe mubagenzi banje, yambariye ati: burya watahuye neza ico wabgiwe? Nanje nti Ego, ariko munyuma ndamwituye nagize ingorane, nkaraba amajambo yambgiye naciye ntahurako ntigeze ntahura ikintu nakimwe

Muriyo nama, aba cadres bategetswe kuja kwumviriza ibibazo vy’abagumyabanga kumitumba bavukako.

  1. Kundwi yakurikiye, naragiye k’umutumba mvukako, mpuriraho naba ndi, abagumyabanka baratubgira uko babona umugambge nivyo bawusaba…muri rusangi barashima, kiretse utuntu dutoduto basaba…naciye mbgira abari aho, ko utuntu nkutwo batokwirigwa baradusaba ubuserukizi bukuru bg’umugambge, ncandabemerera ko arije bazokwishuza… sinibazako ivyo vyari kubabaza abo twari kumwe, ahubgo baciye bapanga kungirira nabi
  2. Tuvuyeyo, basubiyeyo munyuma, bakoranya abantu, bababgirako ndi inkotanyi yo kwa Kagame Abantu bo kumutumba bari banzi neza, kandi bari baziko abavyeyi bampunganye kubera ihonyabgoko rya 1972 abahigwa nabo ntizari inkotanyi Bo bibazako bagomba kunyankisha abenegihugu, basanga ahubgo bangiriye publicité
  3. Izo nama zose, ntamakuru ahagije, narindazifiseko, nagiye numva, munyuma ko hagomba kuba amatora y’abizigigwa k’umutumba…numvise gusa ngo nabizigigwa, ncandagenda kwitoza…umwe yakoranya abantu abagirako ndi inkotanyi namusumbije amajwi 900, namake yaronse nuko yagerageje kurondera abamutora akarenze rimwe.
  4. Jewe sinarinzi ico abo batowe, bazokora, ariko naranejerejwe nuko mfise abanyizigiye bankunda….munyuma wawundi nabagenzi biwe batangura guturubika abenegihugu, ngo naho mwamutoye nta liste azojako. Ivyo vy’ama liste ntanivyo narinzi, ntanuwo nari nabisavye…
  5. Nagiye kubonako bikomeye, mbonye intumwa ivuye mubuserukizi mu ntara, insaba ngo ngire icegeranyo civyo nakoze vyatumye ntogwa nabenshi k’umutumba. Uwanzaniye ubutumwa namubgiyeko bogenda bakabaza abo bantoye…
  6. Ibintu vyahavuye bikomera cane, abatwara anti-corruption bagenda kugira amatohoza, ngo nimvuge iyo nakuye amahera yo kwubakira amazi ya rusengo abenegihugu baho kumutumba. Ngo nimvuge iyo nakuye mahera yokugurira ama mutuelles ba ntahonikora bo kumutumba mvukako…ivyo babigira bazi nezako akazi nakora ka Reta, ataho nahurira nifaranga rya Reta…kwari ukurementanya ngo banyegeze inyuma.
  7. Ntibagarukirije ngaho, bakoze ibishoboka vyose, kandi nasanze bari mumugwi munini, baruhutse bankuje mu kazi.
  8. Kunkuza mu nazi, babonyeko bidakwiye, banyimye n’uburenganzira bgose mpbga n’amategeko….none ivyo nari nakoreye k’umutumba ko vya nezereje abasanzwe baha amajwi CNDD-FDD wumva nari kubizira?
  9. Bankoreye ibibi vyinshi, bambujije nogusubira k’umutumba mvukako. Barazi neza ko ndamutse nduze, abantu baca bashwabaduka kundaba, baca bapangako boca bamfata bakanyagiriza gukoresha inama zitarekuwe, mubabipanze, umwe yaravuyemwo aramburira.

Aha twokwegeranya abantu bakorewe ibibi mu migambge itandukanye twosanga abidoga aribo benshi. None kubera iki abantu baticara ngo batorere umuti ibibazo vyabo! Kubera iki Abarundi batokwigira inama yo kwubaka igihugu cabo bakirengagiza imigambge!

Ubusuma butandukanye bgimonogoje mu gihugu c’Uburundi

Ejo wumva ngo bamenye inzu biba urukombamazi ibiri munzu vyose, hanyuma ukumva ngo imirima, imiduga, amasakoshi n’ibindi vyibge. Uyu munsi naho bahaye abantu lift n’imiduga ngo babanyaga urukombamazi, ubu naho ngo biganye igikumu c’umukuru w’igihugu, hanyuma naho ngo biganye ijwi ry’umushikiranganji w’umutekano, umukuru w’igisagara n’abandi bibga ama miliyaridi y’amafaranga n’abahagarariye ubutungane. Ibiriko biraba ubu bitara ikintu kidasanzwe.

Abarundi barakwiriye kwigishwa inyigisho kugira ngo bose bac’ ubgenge kandi babone kure.

Mwirinde abigira abakozi b’Imana kandi ari amabingira

« Iruhande ya Bibiliya, bari bafise inkoho niyo banyibishije »

👤 « Nitwa G.N, mvuka muri Province Gitega muri komine ya Bugendana. Mperuka kwibwa n’abantu biyise ngo n’abakozi b’Imana. Haraheze nk’imishamvu ibiri ivyo bimbayeko.

Muri ino misi hari ubukene bw’igitoro, nari nduze iwacu ku gatumba kubera imvo z’akazi nshika kw’isoko kuri Cotebu ahari igituro c’imiduga iduga. Hari nk’isaha icenda zirenga. Za modoka z’amashirahamwe yo gutwara abantu zari zaheze bugica.

Niho rero natumbera harya imbere ya Cotebu ahasanzwe hahagarara imodoka ziduga z’abigenga kandi nazo nyene zari ku rushi. Erega nza mbona umugabo asa neza, yambaye « costume » n’ikaruvate afise na Bibiliya mu ntoke ambwira ngo « woba ugiye Gitega uze tudugane twe ko tugiyeyo mw’ivugabutumwa ? ».

Ca ndamubaza nanje nti : « Ni « lift » ushaka kumpa ? ». Niko kunyishura ko ndiha amahera 8 000 nkayo nari kuriha kuri « agence ». Mu mutima nibwiye ko ntomboye kandi ko njanye n’abakozi b’Imana.

Nkicinjira mu modoka, nasanzeyo abandi bagabo babiri bambaye ama « costumes » bagenda barasoma bibiliya babwirana ijambo ry’Imana. Bagakoresha n’amajwi umenga n’abapasiteri.

Mu muduga mwiza wo mu bwoko bwa Prado, nicaye neza akayaga gaca irya n’ino, amajambo y’Imana ari urutavanako nari niyumva neza cane. Ariko tugeze hepfo gato y’ahakorera ishirahamwe OBR, umwe aca avuga ko igitoro kitabashikana babanza kuja kwongeramwo ikiri mw’ikurudumu muhira.

Erega sinigeze ndanabikeka kubera amajambo y’Imana yabavamwo. Twaciye tugenda gushiramwo ico gitoro, twinjira mu rupangu runini ariko ata bantu ndahabona agatima gaca karakubita. Ndakebwa.

Burya iruhande ya Bibiliya basomamwo amajambo y’Imana hari inkoho yo mu bwoko bwa « pistolet » mbona bayikuyeyo bayinshira ku mutwe bati : « Zana ivyo ufise vyose utadyogoye na gato ».

Narihagazeko gato, ndabibarisha utuntu mba ntanguye gukubitwa, inca ndabaha amahera yose nari mfise (yari 250 000 BIF) na terefone zibiri n’ibindi bintu nari nduganye. Babonye ko ataco nkisigaranye baciye bamburuta banta hanze. Sinanavuze n’ibimbayeko kubera ubwoba. Naciye ndaba uwo ntira terefone mpamagara umugore ndamubwira antegurire itike, ko ngira ndabe ukundi nduga.

Erega yabanje kwibaza ko naciye mu bandi bagore bantwara amahera yose. Gusa mu nyuma yarantahuye.

Emwe kuva ico gihe, nta modoka itari « agence » ndugamwo canke ngo nemere « lift » y’umuntu ntazi. Kuko abo naziga ko ari abakozi b’Imana, bari ibisuma vy’ibisha Bibiliya »