Abantu benshi baguma bahanahana utureresi tw’amajambo yavuzwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi kuvyerekeye guhindura ibikaratasi ababitse amafaranga menshi mu mazu yabo. Impande yo gusakaka mu mazu y’abategetsi bamwe bamwe bakoranye cane na Président Nkurunziza ngo barondera gufata ayo mafaranga babitse mu mazu hanyuma iryo saka rikaba rishobora kuba ritatoye ayo mafaranga, Ibanki Nkuru y’igihugu yatangaje yuko ihinduye inoti z’ibihumbi icumi n’izibihumbi bitanu.
Bikaboneka yuko izo ngingo zifatwa ari inyinyurana ry’abafise uburyo bginshi batazwi neza hamwe na leta y’Uburundi. Umuntu arahava akobaza ati ni nde ahungukira ni nde ahahombera. Benshi bavuga yuko ingingo nk’izo abenegihugu batazungukiramwo abandi bati dutegereze turabe iyo bigarukira.
Abagore baturuka mu Kamenge bivye muri bus ku mutanga
Haraciye iminsi hibonekeza ubusuma mu mirima, mu mazu, mu butare, ku mabarabara no mu miduga. Kenshi na kenshi turumva abantu bibge amasakoshi n’ibiyagenderamwo vyose co kimwe n’abantu banyuruzwa kugira ngo bibge urukombamazi.
Ubusuma mu gihugu cacu bgatanguye kwibonekerewa mu bategetsi batandukanye nko mu buyobozi, mu mashirahamwe, mu bushikiranganji no ubu naho ngo bugeze mu biro vy’Umukuru w’igihugu aho umuriyaridi w’amarundi waraye ugiye amazimayongo.
Igihugu kirakwiriye gutunganywa kundi gusha kugira ngo ivyo bintu bituzwe.
Muri ino misi hari ubukene bw’igitoro, nari nduze iwacu ku gatumba kubera imvo z’akazi nshika kw’isoko kuri Cotebu ahari igituro c’imiduga iduga. Hari nk’isaha icenda zirenga. Za modoka z’amashirahamwe yo gutwara abantu zari zaheze bugica.
Niho rero natumbera harya imbere ya Cotebu ahasanzwe hahagarara imodoka ziduga z’abigenga kandi nazo nyene zari ku rushi. Erega nza mbona umugabo asa neza, yambaye « costume » n’ikaruvate afise na Bibiliya mu ntoke ambwira ngo « woba ugiye Gitega uze tudugane twe ko tugiyeyo mw’ivugabutumwa ? ».
Ca ndamubaza nanje nti : « Ni « lift » ushaka kumpa ? ». Niko kunyishura ko ndiha amahera 8 000 nkayo nari kuriha kuri « agence ». Mu mutima nibwiye ko ntomboye kandi ko njanye n’abakozi b’Imana.
Burya iruhande ya Bibiliya basomamwo amajambo y’Imana hari inkoho yo mu bwoko bwa « pistolet » mbona bayikuyeyo bayinshira ku mutwe bati : « Zana ivyo ufise vyose utadyogoye na gato ».