Umutumiro w’Amasengesho y’Abarundi bose.

AMASENGESHO Y’ABARUNDI BOSE: IHANGA RYERA RYATUNGANIJE
AMASENGESHO YO KWIYEZA NO GUSENGERA AMASEZERANO
Y’IGIHUGU KUVA KW’IGENEKEREZO RYA 14 GUSHIKA KW’IGENEKEREZO
RYA 20 /06/2026.
Aya masengesho ni ayo
kwitanga mugusengera
imitwaro y’Abarundi
n’amasezerano y’igihugu
c’ Uburundi. Twahawe
ububasha bgo
gukandagira inzoka na
sikoropiyo [Luka 10:19]
Amashengero yitirirwa
Umwami wacu Yesu Kristo
ntazokwama yiziziwe
n’abarongozi
b’abanyavyaha:
Indyadya, ingunge,
abanyamangetengete,
n’inkozi z’ikibi. Bitegerezwa
guhinduka abagororotsi
abe aribo baragira ubgoko
bg’Imana.
Abarundi ntibokwihanganira kuguma bakubagurwa n’abarozi,
n’impwemu zihumanye vyibonekeza mu gihugu cose;
Abarundi ntibazohora barara ubusa babuze ivyo kurya vyiza bikwiriye
kandi ku giciro giciriritse;
Abarundi ntibazohora barwara bagapfapfana kuko babuze
ibikoresho n’imiti ikwiriye yo kwivuza ngo bagire amagara meza;
Abarundi ntibazohora bama buzuye amahanga, bamwe bahunze
igihugu cabo kubera umutekano, abandi bataye barahunga kubera
ubukene n’inzara bituma bomokera kurondera ubuzima mu
mahanga;
Abarundi ntibazokwama barenganywa, amabohero yuzuye
inzirakarengane n’abandi bamana intuntu n’akabonge kubera
igikenye n’akarenganyo;
Abarundi ntibazokwama bagenda n’amaguru babuze igitoro
n’imiduga yo kwiyunguruza, bama bijogota kubera babuze uko baja
ku kazi, kwivuza, mbere n’uburyo bg’itumatumanako bugoyagoya;
Hariho imitwaro y’abantu itandukanye kandi myinshi yo mw’ibanga,
mu ngo n’imiryango, ingwara zo mu mubiri nibitero vyo mu mpwemu,
imitwaro y’akazi, amashure amatati, imanza,n’ibindi vyinshi.
Uhoraho Imana yaduhaye ububasha bgo guhindura ibintu tubicishije
mu gusenga no gukora. Dushobora no guhamagara ibitariho
bikabaho. Twahawe n’ububasha bgo gutegeka maze Imana
igahindura ivyanse guhinduka. Kubera Imana ntakidashoboka [Luka
1:37].
Uhoraho Imana yadutegetse gukora aya masengesho kugira
dutembagaze ikibuye cazibiye amasezerano y’Uburundi n’Abarundi
maze duhabge urupfunguzo rwo kwinjira muvyo twasezeraniwe.
Umwe wese n’arengere amajambo mabi y’ibiteshaguza n’aho
yibaza yuko yegamiye kuko aratumiriwe kwifatanya n’abera bose
aho bari kw’isi mur’aka kamo k’ijuru.
Abazomara iyo minsi bisonzesheje bariyizi, abandi bazohora biyiriza
bafungure mw’ijoro nk’uko Mpwemu Yera azobarongora. Twese
tuzokwezwa maze duhamagare Uhoraho Imana itabare. Umwami
Yesu yamamare!

Laisser un commentaire