Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo ritivanga n’imigirwa y’amadini n’amashengero agendera mu mico n’imigenzo yasutswe mu vyizerwa vy’abantu. Twahamagariwe kuzigama ukuri kwose kw’Ijambo ry’Imana, tugera ikirenge muca Yesu Kristo, tukagenda nk’intumwa ziwe. Duteramiye amasezerano y’ijuru n’isezerano ryo gutwara umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose. Twahawe amabanga yo mur’urubu buzima n’ubuzozo, nico gituma duhamagarira abantu bose kwihana n’ukwezwa kugira ngo ikanguro rya nyuma ritangure maze Umwami Yesu Kristo ace agaruka. Umuntu wese agomba agakiza kuzuye, ukubohoka kuri vyose no kugira amahoro n’umunezero n’aze kwifatanya n’abera. Turonderere ku bicaniro n’amasengero y’Abera.🙏🏾