Umutumiro w’amasengesho yo kuwa 01/03/2023 yo gusambura imbaraga z’amangetengete mu gihugu cacu c’Uburundi.

UMUTUMIRO W’UMUNSI WO GUSENGERA IGIHUGU C’UBURUNDI NGO INKOTA Y’UHORAHO YURURUKE KU BAROZI

Hariho ibintu biteye isoni mu gihugu cacu. Ivyo navyo n’ingene abarozi bari mu ntara zose, ama komine yose n’amazone yose agize igihugu cacu kandi bakirirwa bariha inkumbi mu bana, mu rwaruka no mu bahumure.
Abaganza bo mu gihugu no mw’ishengero ataco babikozeko, abera b’Imana dutegerezwa guhagurukira ico kibazo kuko twahawe ububasha bgo gukandagira inzoka na sikoropiyo no kucikisha ubusa ubushobozi bg’abarozi.
Mu barozi harimwo abakuru n’abato, aboroshe n’abahambaye. Harimwo abanyamigambge n’abanyepolitike, abanyamadini n’abanyamashengero buzuye impwemu ya satani yo gukoresha amangetengete kugira ngo baganzishe umwijima abo barongoye; n’abandi bafise ububisha bgo kwica abana, urwaruka n’abandi.
Nico gituma duhamagarira Abizera Umwami n’Umukiza Yesu Kristo bose guhaguruka kur’iri genekerezo rya 1/03/2023, gusenga tudodora mw’ijuru kugira ngo ya nkota y’Uhoraho yururukire kur’abo bantu bose basibije igihugu cacu ciza c’Uburundi. Ukuboko kw’Inkomezi kw’Imana Nzima kwururuke gukura icumu ry’abanyakibi mu mugabane w’abagororotsi. Abasenzi bo bazomara iminsi 5 mur’ayo masengesho. Ni murabe ivyo tuzosengera n’imirongo tuzokwishimikiza kuri ayo mashusho.
Kaze mwese dusengere ubgoko bg’Imana.

Korera Uhoraho Imana wejejwe ntukorere ubusa.

DUKORA IMIRIMO IMWE MUGABO NTIDUFISE INGERO IMWE. UTAMEZE UKO IMANA IGOMBA ATAMIRA UBUSA.

Mwirinde ibintu bisayangana kuko vyose si inzahabu. Kandi mwirinde kwama mwihuta gucira imanza aba na bariya. Ubgo ni ubgenge buva k’Uhoraho Imana.
Hariho umunyeshengero yagiye mu masengesho afise ikibazo kimwe gusa. Yasaba Imana ayibaza igituma hariho abakorera Imana kandi badatunganye.
Hariho benshi bavuga ubutumwa, abaririmvyi, abasenzi mbere n’abavugishwa mugabo ari abanyavyaha. Abagabo b’ababeshi, abasambanyi, abasuma, abishira hejuru, abanyeshari,…Hariho abakenyezi bifata nk’abo mw’isi n’imigenzo yabo ari iyabanyavyaha ariko abo bose bagakorera Imana kandi nayo ikabareka.
Imana yamwishuye iti: « Mwana wanje, wewe ubonye abantu bitumira bakaza bazanye amasuka kukurimira kuri gusa bagaca bitahira, wobatesha? Urabareka bagakora kuko atampembo bagusaba. Nabo ubona bakorana ivyaha, bihoze kuko bakorera ubusa. »
Muntu uri mumurimo w’Imana waritumiye, ukorera amaronko yawe, naho woba usengera abantu bagakira, naho woba uvuga ubutumwa abantu bagakizwa, naho woba uvugishwa bigaca bisohora ; utihanye ivyaha vyawe, ngo uhonduke wezwe maze ngo umere uko Abera b’Imana bameze; uriko uratamira ubusa kandi umugabane wawe ni ukuranduka.
Mwisuzume, umwe wese yezwe kuko Umwami Yesu araje gushitsa ico yasezeranye.

Ni dukunde kandi dusengere Uburundi bg’Isezerano dutunganye.

UGUKUNDA UBURUNDI BG’ISEZERANO NO KUBUSENGERA NI IGIKORWA C’ABEJEJWE.

Abantu benshi biyumvira ngo kuvuga canke ukwizera Uburundi bg’Isezerano ni ukwifatatanya n’ivya politike canke ivyo kurwanya ubutegetsi bg’igihugu. Haba namba, abo ni abantu bihenda canke bahendwa n’uturwiturwi twagomvye kwiyitirira canke gufatira kw’Ijambo Uhoraho Imana yavuze ku gihugu c’Uburundi kugira ngo ducuvye canke dutirure umugambi w’Imana wo kugirira neza igihugu cacu.
Turetse ivyo igihugu, ijambo ry’Imana ryo nyene rigizwe n’Isezerano rya kera n’Isezerano rishasha. Ubgo bguzure bgose uko ari bubiri bugize igitabo kimwe c’Ijambo ry’Imana citwa Bibiliya Yera. Ico gitabo cose gikubiyemwo amasezerano 8.810 kandi muriyo 7.487 yiviriye mu kanwa k’Uhoraho Imana. Hariho n’ayandi masezerano menshi Imana isezeranira umuntu ku giti ciwe canke ku gihugu iyo abantu bagororokeye Uhoraho Imana.
Bagenzi, umuntu wese yihane icaha cose, yezwe hanyuma tubone guteramira Uburundi bg’Isezerano nk’uko duteramiye ukuja mw’ijuru kubana n’Imana.

Burya turakeneye Uhoraho Imana gusumba ibindi vyose kugira ngo ibanze iduhindure.

IHANGA RYACU RY’ABARUNDI RIKENEYE UHORAHO IMANA KUGIRA NGO RIKIRE.

Hari benshi uvuze yuko dukeneye Imana bakwishura yuko Imana tuyifise ahubgo tubuze amafaranga. Aho baba biyumvira buhoro. Kugira Uhoraho Imana mu gihugu ni uguhinduka mu mitima yacu no mu ngeso bigatuma dukunda abandi, dufashanya, duteza imbere igihugu cane tukanakiraga kazoza keza.
Tuvuze Imana ca uja mu madini n’amashengero urabe ibihakorerwa, uje mu banyepolitike n’abarongozi b’igihugu urabe imico n’imigenzo yabo ibonekera muvyo bakora. Uca usanga bose hamwe naho boba bavuga yuko bashize Imana imbere ahubgo yuko bayirukanye mu gihugu.
Kuzana Uhoraho Imana mu gihugu si ku karimi kandi si mu masengero, ni uguhinduka mu mitima, mu ngeso no mu vyiyumviro maze tugasanga twese twubahiriza amabgirizwa y’Imana n’ay’abantu mu mwidegemvyo.
Birashoboka yuko tuba Ihanga ritagira amacakubiri y’imigambge, y’amoko, y’ amadini n’intara maze tugashira ivyiyumviro ku biteza imbere umuryango uwariwo wose kandi tugatumbereza ibikorwa vyose ku guhindura igihugu cacu. Mu myaka mike cane Uburundi buzoca bucika igihugu gihurumbirwa ku buryo atawuzosubira kwipfuza kuja kuba mu bihugu vyo hanze, mu mahanga. Dukeneye Uhoraho Imana kugira ngo duhinduke.

Umwe wese arakwiriye kugira intumbero, urwerekezo, umuvyeyi n’umufasha.

BURYA ABANTU BENSHI MU BUZIMA BICIRWA NO KUTAGIRA INTUMBERO CANKE KUTAGIRA UBEREKEZA KU NTUMBERO NZIZA.

Kugira ngo ugire kazoza keza utegerezwa kugira ukwerekeza kur’ako kazoza. Ukubera akarorero, umuvyeyi, umwigisha n’uwugufasha kugagishikako. Iyo ubuze ico citegererezo ubuzima bgawe buca bubura intumbero. Ivyo nivyo vyashikiye abantu benshi mu gihugu cacu muri kahise no muri kubu.
N’igihugu iyo kibuze indongozi nzinza kiguma mu ndyane, mu bukene, mu macakubiri n‘abenegihugu bakabura ayo bacira n’ayo bamira. Umuntu wese ugasanga aguma akwega yikwegerako aho kuraba kazoza ka bose. Impanuro nziza tuzokura ngaha zizofasha benshi kugira intumbero y’ubuzima no kuronka uwukwerekerekeza kur’iyo ntumbero mu kumenagura umunyororo iboshe abantu.

Uburundi bg’Isezerano ni isezerano rimwe ihanga ry’Abarundi bahawe n’Uhoraho Imana.

Abakunzi b’Uburundi bg’Isezerano niho duserurira ivyiyumviro vyo gukunda igihugu ciza cacu c’Uburundi, ururimi rwacu rwiza rw’Ikirundi, Abarundi benewacu no kugarukana Imana y’ubushobozi mu mitima y’Abarundi. Hari vyinshi vyo kwigishwa ku dusozi indwi tugize amabanga y’igihugu uwariwe wese anezerererwa:
(1) Kwubakira igihugu guhera ku muryango, (2) Intwaro ihumuriza bose (3) Ubutunzi n’iterambere (4) ukwemera Imana ikora (5) Indero y’ ubuntu, ubuhinga n’ubumenyi, (6) Kumenya no kumenyesha amakuru adasanzwe, (7) Ibirori n’kkwidagadura.
Igihugu cacu c’Uburundi kirikwije ku buryo ata kindi gihugu canke irindi hanga kw’isi ryogiciye imbere mu butunzi, amahoro n’imibano.

Umutumiro w’amasengesho yo kwitanga y’iminsi 3 igenekerezo rya 1,2,3-02-2023

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IMINSI ITATU: 1,2,3/02/2023

Mukunzi w’Uhoraho Imana, utaravye idini canke Ishengero winjiriramwo, uratumiriwe mu masengesho adasanzwe y’Abera. N’ayo kwitanga kugira ngo wihane, wezwe, wisabire uburinzi hanyuma wigine intsinzi y’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo mu gihugu c’Uburundi.
Urufatiro rw’amasengesho:Iyo umugeni yiteguriye umukwe, ariyoga, akisiga, akambara neza maze itara ryiwe akaryuzuza amavuta.
( Ivyahishuriwe Yohana 19:7, Yesaya 41:10, 1Petero 1:16 na 5:1-10)
Abazokoranira hamwe bazohora basoma iyi mirongo baheze bibukanye ivyo Uhoraho yavuganye nabo. N’uwuzoba ari wenyene azobigenza uko nyene.
Iminsi itatu yo kwitanga no gusenga: Ayo masengesho azomara iminsi itatu ku magenekerezo ya 1 (Binyenyeri-Mercredi), 2 (Biguruka-Jeudi) na 3 (Bantu-Vendredi) ukwezi kwa 2/2023; twese tuzohora twiyiriza dufungura mw’ijoro gusa.
Imitwaro yo gusengera: (1)Ukwezwa no gutunganywa gose;
(2)Gusengera ukwongerwa inkomezi, uburinzi kuri twebge n’umuryango wacu;
(3)Ukwigina intsinzi y’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yuko aje kwima ingoma mu Burundi mu gushitsa amasezerano.
Ibibanza vyo gusengeramwo: (1) Ku bicaniro ngendanwa,
(2)Mu vyumba vy’amasengesho,
(3)Mu nsengero aho dusanzwe dukoranira,
(4)Ku mpinga z’imisozi miremire y’Amasengesho.

Umwami Yesu Kristo Yamamare hose!

NINZIZA Elysé (Karenzo) yataramuwe mw’ishengero kubera uguhemukira Imana n’abantu.

ITANGAZO RY’ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RYERA RY’IMANA RITARAMURA MU MABANGA UWAHEMUKIYE IMANA N’ABANTU
KARENZO Elyse yari yataziriwe NINZIZA Elyse igihe yahabga amabanga yo kuba umwungere mw’Ihanga Ryera ry’Imana, yataye ivyizerwa vy’Abera akoreshwa n’impwemu zihumanye aca ata mukaga abizera ari navyo vyamuviriyemwo gutaramurwa mw’Ihanga Ryera ry’Imana.
Ihanga Ryera ry’Imana rigendera kw’Ijambo ryahumetswe n’Uhoraho Imana y’Abera kandi rikarongorwa na Mpwemu Yera ibihe vyose ridaciye iruhande. Uwukoze icaha arahanurwa agatumwako intumwa, agahabga n’umwanya wo kwihanura gushika aho we nyene ahitamwo. N’uko nyene vyagenze no kuri KARENZO Elyse we yahisemwo kwibera intumwa ya Satani.
“Abakoraivyahaubahaniremumasoyabose,kugirangoabandinabobatinye.”
1 Timoteyo 5:20
Uyo KARENZO Elyse yakorera mu ntara ya Gitega, ataramuwe mw’Ihanga Ryera ry’Imana yarahanuwe kenshi, aragishwa inama kenshi araheza arenga ku mabgirizwa y’Imana n’ayishengero.
I. IBIREGWA KARENZO ELYSÉ.
1.Gukura abanyeshure mu mashure akabahebesha kwiga abesha ko Ihanga Ryera ry’Imana ritemerera abantu ko biga bagaheza amashure mugihe n’abataye amashure ku mvo zitandukanye Ihanga Ryera ry’Imana ahubgo ribasubiza kwiga mbere rikanabafasha. Nawe nyene yafashijwe mu bandi vyaramwinaniriye.
2.Gukuza abantu ku buzi ngo uwinjiye mw’Ihanga Ryera ry’Imana wese ntasubira kubandanya imirimo yariko. Ico n’icaha c’ubuhemu yakoreye abantu benshi kidashobora kwihanganirwa kuko Ihanga Ryera ry’Imana ribandanira ahubgo kuronderera akazi n’abatagafise.
Uturorero
a) Yatesheje abadandaza kubandanya imirimo yabo ya minsi yose ababesha ngo kudandaza ni ibikorwa vy’abadayimoni. Abenshi yarababujije kudandaza amavuta, ivyuma vy’imodoka, ibinyobga bitaboreza n’ibindi ataco bitwara ku bizera.
b) Yabujije aborozi kworora ibitungwa bisanzwe bitunze ingo n’imiryango atako abategeka kubigurisha bagasigara bipfumbereje.
c) Yatesheje abantu kurima no gufungura ibiterwa nsanganya mubiri harimwo imboga zisanzwe zitunze Abarundi bose muri rusangi.

Inyigisho nk’izo zibinyoma ntizibuze ingo zasambuye n’abubakanye bakahukana. Ubukene bgatewe n’iyo nkozi y’ikibi yabujije abantu kwiyungunganya. Hariho n’abandi benshi imitima yabo yakomeretse kubera yabikorana igitsure c’umwungere w’intama abesha yuko ari amategeko y’Ihanga Ryera ry’Imana.
II. UBUNDI BUBESHI KARENZO ELYSE YAGIRIZWA.
1.Yabesha Abizera bose, abo bakorana umurimo w’Imana yuko ataco igicaniro
gifashwa na kimwe n’uburongozi bukuru kugira ngo arye ibinure vy’intama.

  • Yagenda aravuga yuko batagira aho baba n’ivyo bafungura kandi uburongozi bgarabarihiye uburaro n’ibindi vya nkenerwa aho bagiye kuba hose. Ubgo n’ubuntu budasanzwe yagiriwe kuko n’abandi barongozi ntibafise ayo mahirwe.
  • Uburyo bg’amafaranga bahabga yarayanyonora akabesha abo bari kumwe mu murimo yuko ataco yaronse ukamengo ni umupagani atigeze amenya Uhoraho Imana.
  1. Yasumiwe n’impwemu ihumanye yo kubesha abantu, iyo uburongozi bgarishe amafaranga y’inzu n’ibindi vya nkenerwa akabesha abantu ngo Uhoraho Imana yururutse iratunganya ikibazo ku buryo bg’ibitangaza.
    -Iyo yahawe amafaranga yo kuriha naho ntayatange ngo arihe ideni akabesha abantu ngo Imana yararishe kugirango ayanyuruze. Ivyo bigatera kwama bishuzwa.
    -Abo yakuje mu mashure, abo yatesheje ubuzi nibo yahindukira akabera urusyo kw’izosi kuko nibo bahava bariha amadeni yanse kwishura abesha ngo Imana yarayarishe.
    3.Yaguma iterabgoba kubo arongoye kugira ntihagire ico bamubaza canke ico bamuhanura muvyo yariko arakora vyose, ngo bose inkota y’Uwiteka irabarandura kubera bamubgiye.
    -Ku gicaniro yarubahuka akarwana, agashishagura abo bakorana imirimo y’Imana mu bakenyezi bafise ibibondo n’abandi bakuze basanzwe bakorana imirimo y’Imana. Ivyo ni ibiteye isoni mu ngoro y’Imana no mu kibano ca minsi yose. Ihanga Ryera ry’Imana ntirishobora kwihanganira ubgo bubisha.
    -Yarata imirimo y’Imana akigira ikigirwamana kitabonwa mu kwiyugarana mu nzu iminsi myinshi abesha abantu ngo ariko aravugana n’Imana.
  2. Yaranzwe n’amacakubiri y’amoko n’intara bigatuma yama ariko aracanishamwo abizera Uhoraho Imana.
  3. Yararahiye ararengwa yuko adashobora guharira abo bavukana munda kuri se bamugiriye nabi kandi no mw’ishengero yaranse kuja inama n’abo bakorana imirimo, abamusavye imbabazi ngo bacitanire bugufi abigiza kure. Ivyo bokaba biteye kubiri n’amabgirizwa y’Imana n’ayishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana.
    Kubg’izo mvo zose dushize ahabona n’izindi yamenyeshejwe ubgiwe mu rwandiko, Ishengero rya Yesu Kristo – Ihanga Ryera ry’Imana ririrukanye burundu Elyse KARENZO mu bikorwa no mw’Ihanga Ryera ry’imana kandi riboneyeho n’akanya ko gusaba imbabazi umuntu wese umutima wiwe wakomerekejwe n’inyifatozuwomubisha, ibinyomayabeshera Ihanga,ibikorwavyasambuyeingo n’imiryango, abateshejwe amashure n’ubuzi bgabo, bose batubabarire. Baze tubandanye urugendo satani n’abadayimoni biwe ntibaduteshaguze inzira Uhoraho Imana yaduciriye. Ico kivume cijane iyo cagenewe.
    Uwufise ico ashikiriza, ico abaza ashikire umurongozi wo mw ’ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana maze aheze aronke umuco ukwiriye.
    Umwami Yesu yamamare!

Teramira amasezerano musoma amajambo twahawe.

TERAMIRA AMASEZERANO UHORAHO IMANA YAGUHAYE, AYO YAHAYE ABERA N’AYO YAHAYE IGIHUGU C’UBURUNDI

Icumu ry’abanyakibi ryarakwikurutse riva mu mugabane w’abagororotsi. Amakurudumu y’imikogote ya Farawo yararumurutse afata hasi. Baramenye yuko Uhoraho Imana aturwanira ariwe abarwanya. Uwutarabimenya yaracerewe kuko ibimenyetso biragaragara.
Mur’iyi minsi 7 y’amasengesho tugeze ku munsi ugira 3 wo kwinginga Imana twiyegereje ivyacu kandi twihishije. Komeza munyegere mu senga kuko tugira tugabane ca kimenyetso c’ishitswa ry’amasezerano nk’uko Uhoraho yabidusezeraniye.
Iminsi yose musenga mukomeze gusoma mwibukanya aya majambo yanditse mu GUSUBIRA MUVYAGEZWE. Soma kur’ico gicapo.
Umwami n’Umukiza Yesu Kristo yamamare!

Twisuganye, tunyegere dusenge iy’indwi 09-16/01/2023

DUTANGUYE INDWI YO KWEGERANYA IVYACU, KWIHISHA MURI KRISTO YESU NO GUSENGERA AHIHEREREYE

Nk’uko Umwami n’Umukiza wacu yabidutangarije mu vyanditswe vyera, iyo dusenga tuje ahiherereye kandi dusenge mu majambo atomiye y’abana b’Imana bazi ico bariko barabgira Uhoraho Imana, nawe azobishura abantu bose babibone. [MATAYO 6:6-7]
Ikindi umuntu wese yizeye Uhoraho Imana yomenya n’uko ata kintu na kimwe iyo Mana y’Ihanga Ryera izokora itabanje kurya akara abayisenga mu Kuri no mu Mpwemu bose. Ni naco gituma iduhamagarira kwisuganya, kwiherera no gusenga urudaca. [ ZABURI 25:14, ABIKOLOSAYI 1:26, AMOS 3:7-8]
Igihe ngiki rero kirageze co gusenga nk’uko tubitegekwa na Mpwemu w’Imana kugira ngo dukingirwe, twibirwe amabanga kandi twishurwe.
Igihe ngiki kirageze co guhabga ikimenyetso co gusanganira Umwami wacu Yesu Kristo.
Uwufise amatwi ni yumve ico Mpwemu Yera abgira amashengero. Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare, Amen!