
AMAZINA Y’IMINSI IGIZE INDWI
Mu ndimi zose ziri kw’isi umunsi wose ufise izina wintwa, ntiwitirirwa igiharuro. Ngo kuwa mbere, kuwa kabiri. Burya izina ni kirumara. Iyumvire nawe umuntu yobaho adafise izina. Nta karangamuntu yogira, ntahantu na hamwe yoja kuko ntaco yoba ari. Abavyeyi ba kera iyo barengerwa, bumiwe bakabura n’izina bakwita bapfuma bakwita “NTAZINA”.
Mu Kirundi, umwaka wose urafise igiharuro cawo n’ico witirirwa kandi ntawusa n’uwundi. Amezi nayo nyene arafise igiharuro n’amazina yayo. Ariko iminsi igize indwi, twari tubayeho iyi myaka yose atamazina ifise. Ayandi mahanga arafise amazina yita umunsi wose. Izindi ndimi zikoresha amazina abakera bitirira Imana zabo, aha twovuga nk’ibinyenyeri biri kw’ijuru.
Twebge nk’abari mu gihugu c’abemera Uhoraho Imana, ntitwokoresha amazina y’imana nyenyeri zabo, ahubgo Uhoraho Imana yacu yaraduhaye ivyo yakoze kira munsi ugize indwi dushobora kwitirira umunsi wose.
1. Dimanche (igifaransa) Sunday (icongereza) basenga izuba (sun) Uhoraho Imana yaremye umuco, uwo munsi tuwitakuwa Muco. [Itanguriro 1:3]
2. Lundi (igifaransa) Monday (icongereza) basenga ukwezi (Moon) Uhoraho Imana yaremye injuru, uwo munsi tuwita kuwa Juru. [Itanguriro 1:8]
3. Mardi (igifaransa), Tuesday (icongereza) basenga inyenyeri yitwa (Mars) Uhoraho Imana yaremye ibimera, uwo munsi tuwita kuwa Bimera. [Itanguriro 1:12]
4. Mercredi (igifaransa), Wensday (icongereza) basenga inyenyeri yitwa (Mercure) Imana yaremye izuba, ukwezi n’inyenyeri; uwo munsi tuwita kuwa Binyenyeri. [Itanguriro 1:16]
5. Jeudi(igifaransa) Thursday (icongereza) basenga inyenyeri yitwa (Jupiter) Uhoraho Imana yaremye amafi mu kiyaga n’ibiguruka mu kirere ni kuwa Biguruka. [Itanguriro 1:20-22]
6. Vendredi (igifaransa) Friday (icongereza) basenga inyenyeri yitwa (Venus) Uhoraho Imana yaremye ibikoko biba kw’isi n’umuntu mw’ishusho yayo ni kuwa Bantu. [Itanguriro 1: 27]
7. Samedi (Igifaransa) Saturday (icongereza) basenga inyeneri yitwa (Saturne. Uwo munsi ugira indwi Uhoraho Imana yarawuruhutse, iraweza, iwuha umugisha ni kuwa Karuhuko. [Itanguriro 2:2]
Turahejeje kuronka amazina y’ukuri y’iminsi igize indwi, tuyakoreshe.
Umwami Yesu yamamare!