
Umuvugabutumwa Chris NDIKUMANA akundwa n’abantu benshi ariko abasenga mukuri no mu mpwemu bamwagiriza yuko ataho atandukaniye n’abandi bavugabutumwa bakoreshwa ibitangaza bitavuye k’Uhoraho Imana ariko bivuye kumbaraga z’umwijima kugira ngo babe ba rurangiranwa. Abantu bagapfira aho bari biteze gukirira
Ubgambere: Ivyo babivuga babikuye ku gikorane yakoresheje mu mwaka urangiye co gusengera Uburundi, cabereye mu Kinindo, abafise amaso y’impwemu bavuze yuko babonye imizimu yicaye imbere hafi y’ibendera mu gihe yariko arasenga. Hari uwagize ati: «Nabonye umuzimu usa n’uwuvuye mu kaburi usa n’igikankara c’umuntu yapfuye. Wariko ivu rikiri ribisi wicane wagerekeranije amaguru ku ntebe yari imbere ahari hamanitse ibendera ry’igihugu. Uwo muzimu waciye uhaguruka urisohokere Chris ahejeje gusenga. » Ico gihe hari n’abandi banyacubahiro bari bitavye ayo masengesho
Ubgakabiri: Ikindi gituma bemeza yuko atari umuvugabutumwa akoresha ububasha bgo mw’ijuru, ni amasinzi y’abantu bitaba ibikorane vyiwe bavuye impande zose z’igihugu c’Uburundi no mu mahanga basa n’abakwegwa n’URWABAGIZA, bakaba bavuga yuko yanatanze ikimazi c’amaraso y’abantu, 8 bapfuye n’abandi 9 bakomerekeye mu gusozera ico gikorane ciwe. Bagira bati abantu baje aho Mpwemu w’Imana akora ibitangaza bahakura urukiza bose, bakahakura ubuzima nta rupfu ruhaba. [Ivyakozwe n’intumwa 20:7-12].
Ubugira gatatu: Abantu bakoreye satani hanyuma bakihana bakabivamwo, baremeza yuko hariho abavugabutumwa benshi bakorera satani kuko aba yabahaye ububasha bgo kwegeranya abantu benshi mu bikorane, bakibaza yuko bihaye Imana kandi baboshwe na satani. Kimwe mu bimenyetso bibagaragarako baba basezeranye yuko batazokwakira imperezwa canke ikigiracumi c’abitabira ibikorane vyabo kuko vyozamwo ubushobozi bg’Imana, canke iyo vyemerewe gutangwa ngo babishira hasi kuri arutari akabihakura abitwara ku ruzi canke ku kaburi bivana n’amasezerano bagiraniye n’uwamuhaye ubushobozi
Mur’iyi myaka biragoye kumenya uwukorera Uhoraho Imana mu kuri no mu mpwemu utamuhishuriwe n’Imana canke utamusuzumishije ijambo ry’Uhoraho Imana. Amasinzi y’abantu arashobora guhendwa abona bagakimbukira ibikorwa vy’umwiza bavyita ivy’Imana, bikanashika abantu bagashobora no kubeshera umukozi w’Imana kubera ishari ngo akoresha imbara z’ikuzimu kandi atari ukuri. Ariko impera n’imperuka ukuri kuramenyekana. [Luka 12:2].