« Ubwoko ntibuba bubi abantu nibo baba babi « 

Mbanje kuramutsa mwese mukurikirana iyi site yab’isezerano. Amahoro y’Imana abane namwe mwese. Twagomba dufashe bene data bahuba ariko ntibabimenye ko bahuvye nkuko nama mfasha abandi benshi mu biganiro kuma radio yamamaza ubutumwa bwiza. Jewe nk’umwungere nakira abafise imitwaro n’ibindi bibazo, nabahahamutse muri counselling. Nagomba menyeshe ko hari nkomezi mu maraso ya Yesu. Tuvuze ko atacaha dufise tuba twizimiza kandi n’Imana twoba tuyise umubeshi. 1Yohana 1:5-10. Mubari mw’isi ntawugororotse atarabogejejwe n’amaraso ya Yesu gusa. Mwibuke uko Yesu yaciye umugani wumufarisayo n’umutozakori rero umufarisayo yirase ko yisonzesha kabiri mundwi atanga ibigiracumi ariko umutozakori wewe yaciye yishishitira atahura icaha ciwe arihana vyukuri bituma aharirwa. Nagomba menyenshe abarundi n’amakungu yuko satani adakwiye kubahenda abereka ko ubwoko kanaka ari bubi. 

MN: Abantu nibo babi kuko bahaye satani ikibanza bigatuma umwiza ubuzura. Abari muri Kristo Yesu baba ari ivyaremwe bisha kuko ya amacakubiri y’amoko, intara, idini, imiryango, n’ikibazo cabize n’abatize, abatunzi bakanena abakene n’ibindi kwirata no kwishira hejuru vyose biba bishize ukaba icaremwe gisha, umunyu n’umuco w’isi (2Ab’Ikorinto 5:17) tukaba icitegerezo nkuko intumwa Paulo yavuze ko duca tuba ivyete bisomeka. Abakijijwe mu bahutu, abatutsi, abatwa, abaganwa, imvange aribo (abahutsi n’abatsihu) twese abakijijwe twacitse abana b’Imana na niryo hanga ryayo Isirayeli ya kabiri tugiye kw’injira muri Yerusalemu nshasha ubwoko bw’Imana ( 1Petero 1:9).

Nagomba mbaze? Ninde yasavye Imana ko yomugira ubu bwoko canke buriya? Ntimwihende ntabwoko bubi buriho ariko har’abantu babi kuko bahaye satani ikibanza.

Twagomba gukebura abasoma bose kuri site tubibutsa ko Imana ibakunda kandi itubwira tubamenyesha ivyo ivuga iti: Ni mwiyeze kuko hariho Urutaro, akayungiro, umukubuzo n’umunzane imbere yanyu rero umwe wese yirabe ukwameze (2Ab’Ikorinto 13:5) usuzume ingeso zawe ugihumeka ntuzuhave uvuga iyomenya nari kwihana kandi bitagishoboka. 

Imana ibafashe kugira mugendane nayo mu kwiyeza no kugororoka. Yari mwene so abibukije ivyo

Pasteur FidèleNkeshimana.