Ibanga ry’intambara ntambaray’Uburundi/ The war of Burundi/La guerre du Burundi

Ibanga riri muri iyi ntambra :
Eric ShimaYohani 12: 24 : “N’ukuri n’ukuri ndababwire: iyo agatete kataguye mw’ivu ngo gapfe, kaguma uko kari konyene; ariko iyo gapfuye, gahunda impeke nyinshi.”

Ibanga riri muri iyi ntambra riri mw’ijambo mumaze gusoma muri Amos 3 :1-4 :

“Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yaduganye, awukuye mu gihugu ca Egiputa, 2ati Nimwebwe gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw’isi : nico gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose. 3Mbega babiri bojana bataraganye ? 4Canke intambwe yokwivuga mu kibira ataco yishe ? Umugunza w’intambwe wotontomera mw’isenga ryawo ataco wafashe ?” Amos 3 :1-4

Iyi ntambara si igisida canke icaduka. Ni intambara y’Imana. N’inzira yayo yafashe kugira Uburundi bwogorore. Aha nyene niho turiko turacishwa, tutabishaka. Kandi niryo banga. Mbega vyokoroha gute ? Umuntu yokwemera guca mu mahwa, n’ibisuti, n’ibinogo ? Guca mu ntambara vyokwerekanwa gutyo. Ariko no kuvyumva twonavyumva kuko Ijambo ry’Imana risanzwe rivuga ko inzira ija mw’ijuru ari inzira yaga. Mat 7 :13-14 « Muce mw’irembo ripfunganye… ». Ntuturi mu ntambara kuko turi babi mw’isi yose rero, ariko si n’uko turi beza mw’isi yose namba, ahubwo, n’uko twahiswemwo, mu mahanga yose, nk’uko na Isirayeli yari yarahiswemwo ataco yarusha ibindi bihugu. Mbere ahubwo n’ububi dufise bwotumye tutohitwamwo ni bwinshi, burenze n’urugero, nico gituma turiko ducishwa aho kubuhanirwa, mu ntumbero yo kwezwa, no gutunganywa gose. Bi muvyumve neza rero, muri ino ntambara, Abarundi bavyifatamwo neza bariko baratunganwa. Bagereranijwe n’izahabu. Ikiva mu kinogo kiba cari ikibuye. Kugira ihinduke impeta yo ku rutoke umugeni ayambare, ibanza gukurwa inkamba. Inkamba nazo izikurirwako mu muriro. Emera kuwinjiramwo, muhanirwe ibigabitanyo vyanyu vyose nk’uko ijambo ryayo rivuga, maze muterekwe aho Imana yavuze : kwezwa mugakoreshwa ibikomeye vy’impwemu vy’Imana mu mahanga hamwe n’iterambere ry’umubiri rizozanana n’uko kugororoka. Turagwana cane ngo dutere imbere, ariko hari aho tutashobora gushika, mbere dusa nk’abatava aho turi kubera inkamba zitaratuvamwo : nazo ni ubusuma, ububeshi bukabije, ubusambanyi, ubwicanyi, ubugunge bwo mu buryo butandukanye, n’ibindi. Ubusuma n’ububeshi n’ubwicanyi n’ubugunge bwaranze intwaro zakurikiranye ntivyari gukundira abarundi ngo bimbe ipeteroli n’izahabu, na nikeli n’ayandi mabuye y’agaciro bufise, vyotumye butunga ku rugero rumwe n’igihugu c’Ubuswise. Ivyo ni ivyo namwe muzi. Ariko ntimutangazwe ko abapfa bapfa. Mu ntambara abantu barapfa, ababi n’abagororotsi. Kuva na kera bibiriya yerekana ko amasezerano ku gihugu ari ay’amasigarira. Abapfa rero bari mu buryo bubiri : aba mbere, ababi bakurwa mu nzira kugira ntibabere intambamyi umugambi w’Imana, kandi banahanirwe ibigabitanyo vyabo, aba kabiri abagororotsi, igihe cabo co gutaha, ku mvo z’Imana, kiba kigeze. Ariko rero no mu masigarira habo iyo mice ibiri : Aba mbere barasigazwa kugira mu bugarariji bwabo babone ko Imana itariko irabesha igihe yavugisha abavugishwa bayo. Abo baca baja muri ba bandi bavugwa ngo muzobirabisha amaso ariko ntimuzobirya. Usanga basigaye ari ibimuga, abasazi, canke abatagira umugisha wo gutambukira mu vyiza kanaka. Aba kabiri nabo binjira umwe umwe muvyo yabwiwe. Ihane neza utangure kumva ijwi ry’Imana kuvyo uzobamwo. Imvo y’intanmbara ni iyo, bene Data.

Nico gituma abasenga bisabira ngo duhe amahoro badategera ivyo arivyo babwiwe ko bariko basenga nabi. Ntibashobora kumenya igituma bariko basenga nabi kuko ntibazi umugambi w’Imana. No kutamenya umugambi w’Imana ntibibakingira ivyago, kuko hari igituma ivyo bibaguma kure ntibabimenye naho Mpwemu yigisha ibibereye atarenganya agaca munzira zose harimwo ihishurirwa ritumbera umuntu umwumwe, no gutuma abavugishwa, abariko baraterwa ivyatsi kino gihe, nk’uko vyamye kuva na kera.Bisabira amahera kuko niyo banezwe ngo bironkere ivy’uyu musi mu rudandaza, mu mirima, no mu bundi buzi. Kubera kubura ihishurirwa kw’abizeye ubwenge bwabo bwa teolojiya no kuba mu buzimire bw’uburyo bwinshi butandukanye cane cane kwigishwa umugisha wo muri buno bugingo gusa udasaba kwihana, barondera ivya hafi vyihuta bakidoga ngo ivy’Imana bizanana n’umugambi wayo birateba kandi ni ivy’ab’impwemu bihinguza, ngo twese turi abana b’Imana. Ariko barazi ko Bibiriya atariko yandika. Yoyo ivuga ko abana b’Imana ari abarongorwa na Mpwemu w’Imana gusa (Yohani1:12, Roma 8:14). Abatari abana b’Imana ni aba ya nzoka, Satani, naho bibishe kuvuga, ariko twihangane kuko ariko Bibiriya ibivuga. Yohani Batisa yavugishwa n’Imana n’iko yabise. Abanse kwitwa gutyo, bakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza, maze akabaha kuzinukwa icaha kuko ari we kuguroroka muri bo, hama akabagwatiriza Mpwemu wiwe ngo abarongore. Kuko Yesu niwe yavuze ko azoturungikira Mpwemu Yera muri aya majambo bibiriya itubwira:

Yohani 14: 16-18 : “Nimwankunda, muzokwitondera ivyagezwe nanje , 16 nanje nzosaba Data, nawe azobaha uwundi Mwitsa, ngo aze abane namwe ibihe bidashira, 17 ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’isi badashobora kwakira kuko batamubona kandi batamuzi;…18 Sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwebwe”
Muti none uyo Mpwemu ni uw’iki? Yoreka kuza naho, bitwaye iki? Twaretse ivyaha, tumukeneyeko iki? N’aha nyene bibiriya irishura:

“8Uwo niyaza, azohinyuza ab’isi, abemeze ivy’icaha, n’ivy’ukugororoka, n’ivy’amateka; 9 ivy’icaha kuko batanyizeye, 10 ivy’ukugororoka, kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona, 11 ivy’amateka, kuko umwami w’iyi si yaciriweko iteka. (…)13 Ariko uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kuko atazovuga ivyo yigeneye, ariko ivyo azokumva vyose nivyo azovuga, kandi azobamenyesha ibigira bize. 14 Uwo azoshimagiza jewe, kuko azokwabira ku vyanje, akabibamenyesha. ” Yohani 16: 8-14

Bene Data, menya neza ko uwemeye kurungika Mpwemu w’Imana akanabishitsa (Ivyak.2:1-18) atari Aburahamu, sekuruza w’abizera, si Mose yakuye Abisirayeli muri Egiputa, si Mariya nyina wa Yesu, si Petero yahawe infunguruzo, sin a Papa kanaka yemeza ko naka na naka babaye aberanda, Yesu abigenewe (ivyak.17:31) ataraca urubanza, si Mohamedi ayobokwa n’abantu isinzi mw’isi basenga baraba mu ruhande rumwe, uwemereye isi Mpwemu Yera ni Yesu Kristo. Uyo aganziriza hose, mu buseruko no mu burengero, mu bumanuko, no muburaruko. N’abamusenga baraba mu mpande zose.

Abarongorwa n’uyo Mpwemu Yera yarungitswe n’uwuvugwako ari inzira n’ukuri n’ubugingo (yoh.14:6), nib o bana b’Imana. Abo nibo basoma imburi mu buryo bwa mpwemu, bayironderamwo ico Uhoraho ashaka kandi yemeje kuva kera abavugishwa tutaravuka, agasobanura ivyo ab’ubu tubamwo. Abo ntibanezwe n’uko naka banka apfa n’uko adapfa, ikibaneze cane cane n’umugambi w’Imana uri mu gupfa kwa kanaka canke mu kubaho kwiwe. Ico tuzi n’uko Imana atawe itokoresha ico ishaka gukora, yaba uwemewe n’abantu canke atemewe. Dawidi yemewe mu maso y’abamurusha ubutoni. Bene abo iyo basoma imburi babanza gusenga kugira ng obo ubwabo bemezwe n’Imana, banarangije bagasenga. Barisengera bagasengera uwavugishijwe, bakanasengera ivyavuzwe. Abo nib o Imana inishura, abandi nabo ikabarekera mu mpari n’ubwenge n’ubuzimire vyabo kuko arivyo bizeye. Aho niho ijambo ry’Imana rivuga riti: Nzobaha amazi y’umururazi abe ariyo munwa. Bisobanura ngo nzobarekurira mu buzimire buva mu bwenge bupfuye bw’abanyabwenge b’isi n’abarozi muvy’impwemu, muvyizere bibatsideyo. Tuzi ko Mpwemu Year ari amazi meza ava mu gitandara arico Yesu.

Benshi bariko bapinga uku kuvugishwa n’Imana, bavuga bati Imana ni inyabuntu ntiyokwemera intambara ku bana bayo, bakibagira ko ubwa mbere Imana yitayeho imitima yacu kuyirutisha imibiri kuko ariyo izoyibona. Bakavira ngaho bavuma bati : Ivyo beretswe biragasubira ku mitwe yabo. Some neza Yeremiya 26 yose. Abandi bakaja ku bintu vyerekanwe ku muntu umwumwe , bamaze kubona ibisa n’ibitandukanye bakavuga ngo naka ni umubeshi. Nk’akarorero abantu bahitiye baharira bavuga ngo Damaseni, umukozi w’Imana w’Umunyarwanda yaburiye Uburundi ngo yarabeshe kuko yavuze ngo Jenerali Adolphe azokwica Perezida Nkurunzi Petero, hama agaca apfa imbere yiwe. Yemwe, simfise intumbero yo kumusigura cane, kandi ivyo si jewe navyeretswe, ariko ico nzi, n’uko urupfu isi ivuga atarirwo Imana ivuga mu bihe vyose. Mbere biranashika mu buryo kanaka akaba yaranamwishe atarapfa mu mubiri, mu mikorere kanaka ituma kwemerwa nk’umukuru w’igihugu bipfa, canke kuguma mu bwizigirwa bw’Imana, bitsitara canke bigapfa. Kubera Imana yitaho imitima, ivyo iyo bibaye, navyo Imana yovyita gupfa. Biranashika mbere na Damaseni ubwiwe abwirwa ivyo ntategere ivyo abwiwe, ubu nawe nyene akaba yatangaye mu bandi. Ntibisigura ko aba abaye umubeshi. Kuko Imana itanga uko ishaka, hari abahawe ingabire yo kuvugishwa, abandi gusigura, abandi vyompi, abandi bahabwa ibindi. Kandi ijambo ry’Imana rivuga ko ivy’Imana ivuze umuntu atobisigura uko ashatse:

“Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirako umutima, ni nk’itara ryakira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza aho ikinyenyeri co mugaturuturu kizobandurira mumitima yanyu: 20 irya mbere mukwiye kumenya, nuko ata jambo ry’abavugishwa n’Imana ryo muvyanditswe rishobora gusobanurwa nk’uko umuntu avyigombera, 21 kuko ata jambo ry’abavugishwa n’Imana ryazanwe no kugomba kw’umuntu, ariko abantu bavuga ivyava ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera”. 2 Petero1:19-21

Kubw’ivyo vya Damaseni rero no kubindi, musomane ubwenge, mwitondere ivyo Imana ivuga, bene Data, ntimushaye ngo mutegwe n’ubwenge bwanyu ubwanyu. Kuko ku bagaraririji banse kuba mu kuri kwa Yesu Kristo, Uhoraho yavuze ati bazovyihweza ariko ntibazobibona.

  1. Intumbero amagume y’Uburundi ariko arafata

Ububeshi buranga abarundi. Ari mu madini canke mu banye politike. Ivyo vyababaje Imana cane mu Bayuda bibazanira ivyago, vyihutira kugeseza ababeshi b’Abarundi bariko barateka ibinyoma bazobeshera mu biganiro vyabo. Uko ivyo vyababaje Imana muri Edeni ya nzoka ihenze Eva, Eva nawe akadomeka umugabo wiwe Adamu bagahindirwa hanze mu muruho bakamenya ko bambaye ubusa, uko niko vyayibabaje mu Bayuda mu gihe c’umuhanuzi Yeremiya. Kandi uko nyene niko n’ibinyoma Abarundi bagiye bubakirako mu biganiro bitandukanye vyanatumye ivyo bagiye barubaka bitarama bibabaje Imana. Uko yagiye yururuka guhana, n’ubu niko igiye kugira ku Barundi bakibikimiriza mu mjitima yabo bakanka kuvyihana ariko bakibaza ko ari imikenyuro yobashikana ku ntsinzi itsinda hasi uwo basangiye igihugu.

Yemwe bahinga b’imikenyuro, sindabaremesheje, igihe canyu co kuzirwa n’inkota y’Uhoraho kibagezeko. Umuhinga yirate ko yamenye Uhoraho. Uwukenyura akenyure Satani n’abadayimoni biwe ati : “narabahinyuye, Yesu niwe bwenge bwanje”. Erega iyo aba ata Mana iriho wokomeje ugakenyura. None ko iyitanga ubwenge kuri ba kamenyi idugije ikiganza, uyihungira he? Erega ba bapfumu wari wizeye bagiye bagufasha mu busuma, mu bwicanyi, mu matora n’ibindi si Imana nya Mana. Naho wabahongeye imitwe y’abarundi, n’amafaranga yawe, ucirwako iteka babona. Kandi nabo ubwabo barashikirwa. Imana mu kweza igihugu izobanza kyeyura igisenge ca ba kamenyi b’abarozi n’abapfumu n’abakonikoni n’abavugishwa b’ibinyoma, imbaraga bakoresha zigirwe ubusa abari musi y’ububasha bwabo muburyo bw’ubugarariji bagesezwe, abari baboshwe nabo mu kutamenya babohoke, baciriye bugufi Yesu. Reka ububeshi rero, bagenzi. Umve uko Abayuda bahanuwe na Yeremiya umuhanuzi:
“ Ururimi rwabo ni umwami wica; ruvuga ibinyoma; umuntu wese avugana n’umubanyi wiwe ivy’amahoro mu kanwa kiwe, ariko mu mutima wiwe aba amuryamuye. 9 Mbega ivyo ntibizotuma nisidukira ? ni jewe Uhorarho mbibajije; mbega umutima wanje ntuzobihora ubwoko bumeze gutyo?” Yeremiya 9:8-9
Isuzume, mugenzi urabe ko atariko umeze. Ariko uriko uraba ko umwansi wawe kanaka atariko ameze aho kwiraba wewe. Erega intsinzi izoza itumbereye wewe kuko utsinze ikinyoma. Ntabwo izozanwa n’uko umukenyuye. Ivyo bitaye agaciro kuko ugira ubibone. Ehe igihano c’ababeshi:
“15 n’uko rero, uku niko Uhoraho Nyene ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati : ‘Raba, aba bantu nzobagaburira ivy’umururazi, mbahe amazi y’ubumara ngo bayanywe,16 kandi nzobasabagiriza mu mahanga batigeze kumenya canke ba sekuruza babo: kandi nzorungika inkota ndayibakurikize gushika mbamaze.” Yeremiya 9:15-16

Erega abizeye ibinyoma bahanishwa amazi y’umururazi, n’abanse kwizera ukuri, kandi ukuri ni Yesu, banka kwakira amazi yu mu gitandara yakijije Abisirayeli bagira bahere mu bugaragwa, kandi ico gitandara ni Yesu. Ayo mazi ubu ni Mpwemu Yera, uwo, uwo Yesu nyene yemereye intumwa, ati sinzobasiga mwenyene, nzobarungikira Mpwemu Yera, niwe azobashitsa ku kuri. Amazi arura nayo n’ibinyoma biva mu kanwa ka wa mubeshi Satani, biciye kuri ba kamenyi b’abapfumu n’abavugishwa ibinyoma. Ubwa mbere guhanishwa amazi arura rero bisigura kurekerwa mu minwe y’abapfumu ukama wizera ivyabo, bakakumarako ivyawe n’abawe utangako ibimazi mu nyuma ugashikirwa, ukarekurirwa ku nkota ya Satani mu buryo bw’umubiri n’ubw’impwemu nyene. Ubwa kabiri, guhanishwa amazi arura ni kurekerwa mu minwe y’abavugishwa b’ibinyoma banse kukubwiza ukuri ko uri umusuma, uri umusambanyi, uri umwicanyi, uri umubeshi, bakakwizeresha ivyiza Imana itanga cane cane vyo mw’isi kuko bazi ko arivyo unezwe, ukavyizera nabo bakagukurako amaronko n’ivyubahiro bakuye mu bubeshi. Ayo ni amazi arura, bene Data. Abanyama shengero bahitiye batanga ayo mazi, ubu bariko barayerera mu bihugu vyo hanze atari uko babikunze, ariko bari mu gihano c’Imana. N’abandi bose bakora ivy’ubwo buyobe bariko barondera gutungira kw’izina ry’Imana mu buryo bubi, igihano cabo kije cihuta. Ihane imbere y’ishengero mwitature n’abo mwahenze n’Imana, muharirwe. Imana ni Rukundo, kira kwemanga icaha cawe gusa, niko ivuga. Maze ihindure amateka.

Abizeye imbabazi zayo baratura. Umve neza, baratura. Ni mutatura ubwo buyobe bumaze imisi buzingamishije amashengero y’I Burundi cane cane I Bujumbura, urumuri rwanyu ruzozimwa. Isomere namwe Yobu 18: 5 “N’ukuri urumuri rw’umunyakibi ruzozima, kandi urubeya rw’umuriro wiwe ntiruzokwaka. 6Umuco uzocura umwiza mu nzu yiwe, n’itara rimanitse hejuru y’inzu yiwe rizozima. 7 Intambuko ziwe z’inkomezi zizopfunywa, imigabo yiwe ubwiwe niyo izomutsinda hasi.”

Ivyo nivyo birindiriye amashengero n’abakozi b’Imana bari muri ubwo bubeshi, bariko baratuma abakuru bamwe bamwe n’bato bahenzwe badandabagirana n’akaborerwe kubera ivyo bemerewe batazobona. Bene abo bakozi iyo bagiye hanze kubera guta umutwe bavuga ko bagiye gusengera igihugu, ariko ukazobarindira ko bagaruka ukababura, ububeshi bakaba babugwijije kabiri. Ndabahanuye, bene Data, mwihane gusa, mureke kudendekanya, mureke kuroga ishengero n’abakuru, muereke gutanga amazi arura. Atura, mwemerwe n’Imana, ivyo nivyo vyogira ikimazi. Imana ni inyembabazi n’aho ivyo vyanagukuye mu gihugu ca kure iwanyu uje kubeshera mu Burundi. Erega “itara ry’abanyakibi ni icaha” (Imigani 21:4).

  • Itariki 09/05/15 nabonye abantu benshi bashangashiwe kubera umugabo yitwa Karenga Ramadhani yigeze kuba ari umushikiranganji wo kumenyekanisha amakuru mu kiringo ca mbere ca Perezida Nkurunziza Petero;
    • Itariki 27/06/2015 hasigaye imisi ibiri ngo amatora ya mbere abe, Imana yereka umwe mubo twariko turasengera hamwe igiti kirekire kiriko idarapo kirya gitenge ca CNDD-FDD gitukura cane. Yesu bagira bamwice, nk’uko vyanditswe muri Matayo27:28, bamwambuye impuzu ziwe, bamwambika umutamana w’agahama, batsiba igitsibo c’amahwa,…bamuvuma amate, bamukubita irenga mu mutwe. Ico giti kiboneka nk’idarapo cerekana ububasha bw’umugambwe mugihugu. Gihinduwe ic’agahama kikerekana urubnza umugambwe uciriwe wokora amatora canke ukareka. Damascene Gakwaya we yeretswe ko ata matora azobaho, nanje mumburi ya mbere nanditse ingene nabonye habaye umukuru w’igihugu intambara iheze ata matora ahabaye. Ku birabishwa amaso harabaye amatora koko, kandi biboneka ko anariko arabandanya. Ariko Bibiriya yo yandika iti: Imana ifata ibiriho nk’ibitariho, ibitariho navyo ikabifata nk’ibiriho. N’ukuvuga Imana ivuze iti nta matora ariho, ivyo uba ubonye bishobora kwitwa amatora kuri wewe ubibonye ariko ijuru rikavyita ukundi kuko muri porogarame yaryo yanse amatora. Ego niko Imana ivuze ikintu twonakibonesha n’amaso, ariko mwibuke ko Bibiriya yandika ko Imana yakuye intoke kuri Sauli akaguma ayobora igihugu iyindi myaka myinshi. Ico gihe yanishe abantu benshi cane. Dawidi yahavuye amusubirira yari yarobanujwe amavuta na Samuweli atumwe n’Uhoraho, ariko ntivyamibujije kuguma inyuma y’intama iyindi myaka myinshi ijuru rimwita umukuru w’igihugu. Iryo niryo banga riri mu mvugo y’Imana, Mugabe rero bene Data. Bibiriya irongera ikana vuga iti: kuko ivy’Imana ntawoshobora kubisigura uko yigombeye. Si ivyo gusa, ivy’impwemu bitegrewa n’abanyempwemu. Bibiriya ivuga iti :

“ Ni nde mu bantu azi ibiri mu muntu, atari impwemu yiwe, iri muri we ? Ni ko n’ivy’Imana biri, ntawubizi, atari Mpwemu w’Imana. 12 Ariko tweho ntitwahawe impwemu y’iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivy’Imana yatugabiye. 13 Navyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mumajambo yigishwa n’ubgenge bg’abantu ariko tubivuga muyigishwa na Mpwemu, tugereranya ivy’impwemu n’ivy’impwemu bindi. 14 Ariko umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kuko ari ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bw’impwemu. 15 Ariko umuntu w’impwemu asesa vyose, kandi ubwiwe ntawumusesa.” 1 Kor.2:11-15

  • Itariki 9/07/2015: Ndiko nsoma Zaburi 81:8-16

“ 8 Bantu banje, nimwumve, ndabihanikirize, yemwe bantu ba Isirayeli, icompa mukantega amatwi. 9 Ntihakabe ikigirwamana c’abanyamahanga muri mwebwe, kandi ntimukagire ikigirwamana c’abanyamahanga musenga. 10 Ni jewe Uhoraho, Imana yanyu, nabakuye mu gihugu ca Egiputa : Asama cane nduzuza akanwa kanyu. 11 Ariko abantu banje ntibanyamviye; Abisirayeri baranyikunkumura. 12 Nanje ndabareka, ngo bakurikire ugukomantara kw’imitima yabo, ngo bagendere mu migabo bigeneye. 13 Icompa abantu banje bakanyumvira, icompa Abisirayeli bakagendera mu nzira zanje! Notsinda abansi babo vuba, nohindurira ukuboko kwanje ku barwanizi babo. 15 Abansi b’Uhoraho bakamwunamira bamuhema »

numva ijwi rimbwira riti : “Erega umuriro ugenewe gukorokera mu gihugu c’Uburundi ni umuriro uzoba urekuwe n’Imana yo mw’ijuru; uzokorokera kubo ijuru ryawugeneye.” : Ni ukuvuga iki? Bene Data, ivyago birimwo ubwicanyi no kugambaniranira vyateye Uburundi kuva mu kwezi kwa gatatu nkuko yari yaravyivugiye mu mburi ya mbere nabandikiye.

  • Mu kwezi kw’indwi, numvise Umushingantahe Agathon Rwasa ambwira ati : « Erega Eric, ni wewe avocat wacu » bisigura ngo « Erega Eric ni wewe wo kutuvugira ». Ubu abanya politike baboneka mu mpwemu nk’abugaraniwe ahantu. Kandi niko biri, kuko Imana yarekuye imigambwe kugira mu gihe kiza umugambwe wayo ariryo shengero ryayo ryera abe ariryo rirongora igihugu nko mu gihe ca Dawidi, umwami w’umugororotsi. Ico nico kiriko kiratuma abakuru bamenye ubukuru buri mu mukuru w’umuntu buntu bataka bati : yemwe basenzi reka kuryamira, vyuka mutuvugire i Bwami kwa Yesu, umwe yambika inkinzo abami akazibambura. Birashoboka ko n’ubundi buryo bwo kuba avocat buzohishurwa n’Imana ikindi gihe.
  • 7/07/2015 : Numvise ijwi rimbwira riti : « Akaborerwe kishe Petero n’abana biwe batanu (bisigura abantu batanu bamuyoboka kandi bafashanya mu gufata ingingo » nk’uko mwabisomye. Maze nsenze mpishurirwa aya majambo akurikira : Yer.18: 1-17: Yeremiya yigishwa ivy’umubumvyi. Iri jambo rivuga riti : « Turi ibumba gusa mu minwe y’Uhoraho ». Yodukoramwo ico yigombeye. Ce bugufi rero Bene Data. Iryo jambo rirahambaye. Ve mu kaborerwe. Ibi si ivy’abo bavuzwe gusa. Ni ivyawe nawe uborejwe n’mafaranga yuzuye kuri konte wibaza ngo amagume ntaco azogukorako, ngo uzoca ugura pasiporo na visa wigire mu Bubirigi, muri Amerika, n’ahandi. Mbega ko mwamaze kumenye ko iyi ntambara ari iy’Imana atawoyihunga, mu Bubirigi, muri Amerika, n’ahandi hose mwinyegeje (mu bwenge bwanyu, mu bapfumu banyu, mu bakuru babakingira ibibaba, …), nta nkoni y’Imana iriyo ? Vayo rero uze wihane ahubwo, utarahanirwayo. Igihe cakurikiye (mu kwezi kw’icenda 2015) Imana imbwira ko abantu benshi bashizwe hejuru bariko bararaguza bakobeje. Vayo, bene Data, nta yindi Mana iriho. Abari ku bapfumu, bakizanira ivyago vyo kuvugana n’inzoka imbona nkubone, abarundanya amahera ya reta n’amashirahamwe n’amashengero barundaniriza ibitari ivyabo mu mabanki yo hanze ngo bitegurire kwikingira ubukene n’ugukurikiranwa bizanana n’amagume, mwese muriko mararaguza. Ihane. Abo Imana ibabwira uku muri ano majambo naciye mpabwa kandi : « Injira mw’isenga, wihishe mu mukungugu, uhunge ubukare bg’Uhoraho, n’ubwiza bw’icubahiro ciwe. » Yer.2 :10
    Ku bantu bari mu kaborerwe, bagira bati ubwabo barashoboye ngo iyo Mana ni ize tuyirabe, bakaba bariko biyanduza n’imana z’inyamahanga aribo bapfumu, no kwambaza aberanda n’ibindi bitari Imana, nahawe kandi kubasomera 1 Abami 18: 1-40 : batandukanye Iman aya Eliya n’izo mana zindi. Bahabwe kumenya ivyo iyo, niyo yukubahwa, ivyo igira ikore vuba, aho inzige zituruka mu Rwanda zigira zubire igihugu giturumbuka nk’uko nabihawe itariki 3/10/2015 ngira nfate urugendo ruja mu Rumonge mu nama ya BLTP, nkagenda ubwanwa bwapfutse umunwa kuvyo nari naraye numvise. SOme Ezekieyi 21 mwiyumvire namwe. Mwongereko Ez.25 :8-11 na Yesaya 5 : 8-30. Muri kino gisomwa, muhamenyere igituma, intambwe yo mu kibira kinini itotangirwa igira ibubire giturumbuka bivuye kuvyaha, kugamika izosi, kutumvira ubuhanzi bikazotuma ubigwamwo, ariko abumvira, batagira inkoho n’amafaranga, n’abapfumu, n’uwo kubarinda w’umutegetsi, bakarindwa n’Imana yo mw’ijuru. Iyiriko iravuga, ni iyi dusoma kandi muri Zaburi: 111.
    Ce bugufi rero, kuko niyo yatandukanije amazi n’isi, imanaika izuba, ukwezi n’inyenyeri mu kirere. Iruta cane abo bapfumu banyu, bagenzi. Ivyo ko mubizi cane, ariko mugahendwa n’abavugishwa b’ibinyoma ngo nta vyago bizozabako, mwarozwe na nde ? Erega ivyo Imana navyo yarabihishuye, mugenzi. Ko yambwiye ngo murigamba ngo ivyo tweretswe biri he ko tutarapfa mbere twica tukabaho. Erega umugabane w’ababi n’ukubanza kugendera mw’isi ari ibiziga vyo mu mpwemu. Uvuga uti: ndiho kandi ndarongoye uku na kuriya kandi uzi ko uraguza, ubwami bwa Satani nabwo bukaba ari ubw’umwiza, kandi buciriweko iteka? Ukanashira n’amazinda ukinjira mw’ishengero naho, ukavuga ngo :Imana yambwiye uku n’uku? Iraje. Ibihinyuze. Umvira inkuru nziza ya Yesu.
    • Itariki 13-14 /8/15 nabonye ukwezi n’izuba bifatanye, bisigura ubwirakabiri (ku Burundi) , mpabwa aya majambo, Yoh.15 :8-10, Ezekiyeli14, Yeremiya 18, Habakuki 2 : 10-15 na Yesaya 21 : 11-12 : Bugira buce bgongere bgire. Ndababwiye abagenzi banje baransetse, ariko murazi ko ivyo bihe ariho abatera uburundi bigaragara mu makaritiye ariho batanguye kuboneka. Mwiyubare.
  • Ku musi w’Imana ushira ku wa mbere, itariko 10 /28/15 Imana imbwira ko imbonerakure zigabuyemwo imigwi ibiri ishamiranye mu vyiyumviro. Vyaboneka ko umugwi umwe ufitiye ishavu Reta mu buryo bw’uko babishoboye bonayihagarika. Nsenze mpabwa aya majabo:
    Zaburi 72: 4-16 , 4: Azocira imanza abagorwa bo mu bantu,
    Yeremiya 12: 4-13 : benewanyu n’inzu ya so nibo bakuryarutse
    Imigani 23:6: Ntukarye ivyakurya vy’umunya jisho ribi, ntugire umutima muke mu binoboye vyiwe…
    Yesaya 66:4 : None nanje nzobatoraniriza amagorwa, mbateze ibibatera ubgoba..
    Ezekiyeli 6:2-14 : Iteka Abisirayeli bazocirwa kubw’ibigirwamana vyabo
  • Itariki 13/05/15 : Nabonye Nyangoma Leonard, umukuru w’umurwi wa politique wahavuye uvuka wiyita CNARED, yaje mu Burundi bitamenyekanye mpabwa aya majambo :
    Matayo 12 : 8 (1-15: Yesu n’Umwami w’isabato, Umugani waciriwe abafarisayo bumuye ku migenzo, ata kuri kuri muri bo, ata Mana iri muvyo bakora),
    Zaburi 47 :1-9 : Dawidi ashima Imana icisha bugufi ig ihugu akagishira mu biganza vy’uwo yigombeye,
    Yohani 8: 14-19: urubanza Yesu aca ni urw’ukuri. Umwe afata ingingo itarenganya yo gucira ko iteka kanaka, akaduza uwundi. Uyo, uwutamuzi, ngo ntiyihende ngo arazi Data wo mw’ijuru. Kuko Yesu niwe nzira.
    Imigani 13 :9-12: Muntu ushaka ingoma y’Uburundi, Uhoraho yafashe ingingo yo kuzimya amatara y’abanyakibi, n’amatara atakije. Ivyo bigiye kuba mu mashengero no mu ntwaro. Reka kuvuga ngo jewe sintwara ntibindaba, kuko twakiriza henshi, mu mashengero, mu migambwe, mu mashirahamwe, mu burongozi bw’igihugu, n’ahandi. Ico uri cose, menya ko itara ry’umunyakibi rigira rizime, amazina wiyise amenyekane. Menya kandi ko ubwenge n’ubwitonzi, nimba warasezeraniwe, ni bwo buzokujabutsa umugezi. Umvira rero impanuro, indongozi zidahanurwa zigiye kwibonerako. Abashaka kurongora emera guhanurwa. Munamenye ko Uhoraho atagishoboye kwihanganira abasuma. Ushaka kurongora mu Burundi, yirinde kurondera gutunga ku mus iwa mbere. Usoma yiyubare, Nyangoma nawe amenye ivyo yagirizwa n’Imana n’ivyo yemererwa nayo. Asenge amenye. Ahamagare Yesu, apfukamye, nimba yahora ahamagara abandi yibaza ko bomushikiriza Uhoraho, akanguke. Yesu yavuze ati : ndi inzira. Inzira ni iyo gucamwo. N’abikora amatwi yiwe y’impwemu azokumva ico Mpwemu ariko avugana nawe. Erega iryo zina « Yesu » hari abaryirinze kurwenge, abandi barisukiranya n’ibindi. Abo bompi amatara yabo arazima, vuba.
    1 Korinto5 :9-13: wewe ushaka gukuzwa n’iyo mw’ijuru, ivangure n’abanya kibi, n’aho boba ari abagenzi canke incuti, canke abo mwasangiye urugamba. Kuko ikibi ni ikibi naho coba gikozwe n’umwana wanje. Abagiye birundanirizako abahinga mu kibi ngo bibongereze inguvu, ahubwo barabahohosheje. Ntibabimenya. Gira ubwenge rero. Hari abanya kibi bameze nk’intozi ziri mu mpuzu, bigoye kubikura, ihane, usenge, Imana ikore.
  • Itariki 2/8/2015: Nabonye mu ma karitiye y’igisagara abantu bariko barirukana abanyamahanga muribo. Mpabwa aya majambo :
    Yeremiya 15 : 8 (6-9)
    Yoweli 2 :5-10
    Ivyo vyerekanwe, bimaze imisi biriko biraba, aho abanya Rwanda bahizwe bagasubizwa i wabo nuri iyo misi.
    • Itariki 2/3/2015 : nabonye abapolisi bashika nko ku mirongo ibiri biteguye cane ariko nkabona atari muburyo bwiza canke ku mvo nziza. Nsengeye ivyo mbonye mbabwa aya majambo :
    Matayo 11 : 6-18
    Umusiguzi 5colonthree emoticon
    Imigani 1 :10-16
    Mu ntango y’ukwicumi, 2015, uko nahawe iv’abapolisi, nuko naciye mpabwa ivy’abasoda nabo. Abo ndababona bari mu myiteguro idasanzwe. Yemwe, nimba mwarabonye ibihe abapolisi bahitiyemwo, mbega ntaco mwumvise kubiri imbere igisoda gihagurutse? Ico ntazi ni ingene izo mpuzu z’ubururu n’iz’amabara avanze, tache-tache, zizokorana ku rubuga. Ivy’ugusengera vyo biragaragara. Biranagaragara cane kuko mu ntango y’ukw’icumi nabonye inzoka ibaciyemwo bagaca basanzara. Inzoka ni gateranya, n’impwemu y’ububeshi. Igihe itemberera Adamu na Eva muri Edeni, baciye batangura kubona, babonesha amaso y’umubiri, baca bamenya ko bari gusa. Ivyakurikiye murabizi. Baciye bambara amababi y’ibiti. Ayo nayo murazi ko yuma. Ubambika bari bamugararijiye, ntibashobora kubara hejuru. Abizeye ubwenge bwabo bwite, bw’umubiri, ubwo Satani yaterereye canke yakoresheje muri Edeni, ubu baraba hasi. Abaraba hasi nabo bazosanzara. Adamu yarondera utubabi twiwe, Eva nawe akirwanako. Rangamiza hejuru bigishoboka, ibiri hasi birahenda.
    19/10/2015 : le parti au pouvoir izana mw’ishure abantu batazi irregulierement ngo bakire mupfe kabsiramwo. Hari muri internat
  • 2/08/2015 : Niho General Adolphe Nshimirimana yicwa bunyamaswa, arashwe n’abantu bataramenyekanishwa n’igihugu. Bukeye bwaho niho nabona ndi mw’iyerekwa Abarundi bariko birukana abanyamahanga mu ma karitiye. Mpabwa aya majambo :

Yeremiya 15 :8
Yoweli 2 :9
1 Co 15 :6
• 1/08/2015 : Nabonye, ndiko ndasenga, Jenerali Ndabaneze Zenon ari mwiza cane agororotse, birantangaza kuko ndamuzi yugaranywe muri gereza. Ivyo bifise insiguro y’ivy’impwemu. Birashoboka ko aho ari yahawe kwisuzuma ivyo ahitiyemwo, agwana, aranira ibimenyekana n’ibitamenyekana, uko niko biri no ku bandi bagwanyi bose, ababaza Imana nk’uko natwe ntuyibabaza mu ngero zitandukanye. Ivyo rero, apfira mu gasho canke areka, ashobora gukirizwayo, aciriye bugufi Imana, akemerwa n’ijuru, n’aho abamuzi benshi atarivyo kumbure bomwitegako. Ariko nzi ko na Sauli yemewe, agakoreshwa ibihambaye. Ndabwira abanyavyaha bose, uko muri kose, namwe mwabaye rurangiranwa mu kwica, mukiyubakira mazu n’ibindi, amaraso ntagume abaremera ku busa, hari uwaducunguye. Ni Yesu Kristo. Irindi zina ryiwe ni Rukundo. Musabwe kuvyatura gusa mugaharirwa n’Imana, n’aho abantu batobaharira. Iyabikoreye Sauli, ntirapfa, nta n’ivyo yiteze, ihoraho ibihe bidashira, kandi ntihinduka. Umwe mu bakukuruke yakoze ihonya bwoko ryo muri 1972, haheze imyaka ibiri, namubonye ari kuri ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, hari abantu benshi cane, nawe yatura ivyaha vyiwe vy’ubwicanyi, yaturira igihugu. Ivyo ndabibabwira kugira ngo abicanyi, n’abandi mwese mwibaza ko ivyanyu ari birerebire, mushire amazinda. Isi naho yobacira ivomo, mwemerwe n’Imana. Imana hari ico igira yikorere mu Burundi, kandi iragikora, ntibuzwa n’abapfumu banyu, ntibuzwa n’ibicira umuriro, ntibuzwa n’itera bwoba rya bamwe, n’ubugizi bwa nabi bw’abandi, ntinabuzwa n’abakuru b’amadini bironderera ivyicaro n’amafaranga. Oya. Iragikora. Uwuzi ibanga ryo kucitega yakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza akamwoza icaha ciwe kimubuza kumva ijwi ry’iyi iriko iranyemeza. Nta bundi buhinga, ntibaziguhende. Kira kuva mu bigirwamana gusa. Ivyakuganjije wibaza ko uutokira izobigukiza.
• Mbabjwe n’uko uyo musi nyene Mpwemu yambwiye ko hari abantu batanezwe imbabazi, anyeretze uruzi rw’amaraso ngo bisukemwo bakire. Hamwe n’iyo mburi y’imbabazi, nahishuriwe itariki 7/07/2015 ko abana batanu b’umukuru w’igihugu buzuye akaborerwe, atawobagonda. Bisigura ko bahagaze aho kuvuga bati : turashoboye, ntawogira ico atugize, n’ibindi vyo kuduza ibitugu. Jewe sinari nzi abana bose Perezida Nkurunziza afise, ariko, mpabwa ko abana biwe batanu ari abakuru batanu bari imbere y’abandi mu kumuyoboka no kuba bategera ibintu nk’uko avyumva mu kurongora igihugu. Naratangajwe no kumva ko Umupfasoni w’umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza, yahishuriwe abantu batanu nyene…akabona umwe abavuyemwo. Hari ukuntu yasiguye, kumbure birabafasha, ariko mbasavye gusenga, mwumvirize Mpwemu w’ukuri, muhezagirwe.
• Itariki 3/04/2015 : Mbona Leta zunze ubumwe za Amerika zishangashiwe, ziteze guhinduza ku nguvu uburyo ibintu vyifashe mu Burundi. Ivyo navyemejwe ibihe vyinshi.
• 11 Juillet 2015 : Imana irambwira iti Umumuntu yagawe vy’agashinyaguro muri kino gihugu agira yibukwe. Ivyo ni ivyo kwizerwa cane. N’uwahonyoye abandi kumutwe nawe agira acokezwe i kuzimu. Nari naraye nsomye Yesaya 66 : 10-16 numva ndavyibutse, nshima Imana. Ukwo kwezi n’ibihe vyakurikiye ivyabaye murabizi. N’ibindi biri imbere. Mwuve neza ko umuntu yakengerewe akaba aba mu kuri, igihe ciwe co kuduzwa kirageze. Reka gukurikira ibihuha, n’imvugo c’icavutu. Reka gutinya ibituragurika, si wewe birondera. Kira kuba uba mukuri gusa kuko Yakobo yavugishijwe ko ibigabitanyo atari Imana ibigerageresha abantu kuko itagabitanya. Abaguhagaze ku mutwe, nimba aribo bagabitanya, ntutinye ijunja ryabo, bagira bacokezwe hasi, batihanye. Nfise ivyanshikiye vyo muri ubwo buryo ntovugira aha kugira ngo nubake impande zompi.

 

  1. UBUTUMWA KU BANTU N’IMIRWI YIHARIJE :
  2. Ubutumwa kuri Ferdinand Mberamihigo
    Yesaya 42 :6 na Yeremiya 42 :
    Numva ijwi rimbwira kumubwira : « Jewe Uhoraho nguhamagaye mu bugororotsi. Nzogufata, nkuzigame, ngutange ngo ubere abantu isezerano. Reka gukekeranya wita amahinyu ivyo wahanuwe ukwiye guhindura mu mizerere arimwo amahinyu mw’idini ryawe ry’abaventusi »
    ? Itariki 15/10/2015 ntegekwa n’Imana kwandika imburi kuri Ferdinand Mberamihigo muri iyi mburi nyene, irinze kuntumako intumwa, ntangazwa n’ubuntu bw’Imana bw’isinzi kuri we, nca nibaza n’igituma abandi barundi bakwiye kumenya ivyiwe twavuganye kenshi turi babiri. Naragwanye cane n’ijwi ry’Imana kugira nemere kwandika ibiraba umuntu umwe mu biraba igihugu cose. Ndamukeje muri mpwemu. Mwisomere ivyo ahanurwa akwiye kwitandukanya navyo mw’idini ry’aba ventusi mu mburi ya mbere. Mubisoma ku rubuga interineti, Facebook ya Eric Shima, umugwi Dignity Ministry, Imburi ya mbere ku Burundi, Ikigabane c’ivyahanuwe aba ventusi. Muri rusangi Mpwemu yansiguriye ingene abantu badakwiye kuruhishwa n’umusi kanaka, woba umusi w’indwi canke umusi wiswe n’isi ngo umusi wa Mungu Yesu atarimwo bikubahirizwa mw’isi yose, woba umusi wa gatanu canke iyindi amadini yemera. Kuvy’uwo musi w’indwi wo, mu bwuzure bwa kera handitswemwo ko ari icagezwe Mose yahawe n’Imana ngo ube umusi w’uburuhukiro bawuhimbazemwo Imana, Mpwemu yansiguriye ibisanzwe vyanditswe mu bwuzure bushasha abantu badashaka kwakira bivugako Yesu ariwe buruhukiro twaronse. Gutyo abanyavyagezwe bagumiza ikiremo ku mpuzu nshasha. Basigura ko Yesu yavuze ko yavuze ko Yesu ataje gukura ivya mbere yaje kubishitsa, ariko bagaca bayoberwa gushitsa ico gisigura, bakacitiranya no gushira mu ngiro. Oya. Gushitsa gisobanura guhingura. Ivyo Uhoraho yashikirije ishengero rya kera ritari bwaronke umwana w’Imana Yesu, vyahinguriwe muri we. Amen. Kandi Amen. Ivya mbere ntivyari amakosa, ariko vyari ivyijiji vy’ibishitse Yesu yazanye. Tugumye ku vyambere uko vyari bikiri, Yesu yoba yaziye ubusa, kandi ariwe nzira n’ukuri, n’ubugingo. Ivya mbere vyarabirwa mu mubiri, ivya kabiri bizanywe n’uwuvuye mw’ijuru, birabirwa mu mpwemu, nico gituma isi itavyakira kuko iri mu mubiri ntibibone. Iyakirire kubona mu mpwemu, bene Data, murengane igihe c’umwijima amadini arimwo, agakomeza yiyemera kubera ubwinshi bw’abantu n’iterambere rirabirwa mu mumubiri. Imana ni iy’impwemu. Niyo mpamvu ubwiye amadini ya katolika n’ayo abakizwa ko ari ubuzimire kwibaza ko bari mu kuri mu gufata ko umusi wa mbere w’indwi bise umusi wa Mungu bakawurutishi uw’aba ventusi n’iyindi misi, bokwita utaye ubwenge. Ariko si aba mbere, si aba kabiri, bose bari mu buzimire kuri ico kintu. Bose bari mu migenzo gusa. Ubupfu bw’aba ventusi n’ukwibaza ko uyo musi wejejwe. Oya, icejejwe kurusha carabonetse, ni Yesu, umwana w’Imana. Alleluya. Uyo niwe yivugiye ko ari Umwami w’isabato kandi ari we buruhukiro, akama na ntaryo aharira agwana mu majambo n’abafarisayo n’abasadukayo bari barananiranye muvy’imigenzo basigura uyo musi nk’uko n’ab’ubu bakineteza kuko batumvise ico Yesu yabishuye. Ntibanibaze bati, mbega ni kuki Umwana w’Imana yaguma apfa isabato nabo, bayishira imbere, nawe yishira mu gishingo cayo ? Erega uwumvira ivyo uyo yapfuye akazuka yategetse, ni we mwana w’Imana gusa. « Gushitsa » ni kimwe abavuga igifaransa bita « parfaire » canke « accomplir ». Murumva ko ikidastse muri kristo kiri « imparfait » canke « non accompli ». Humuka rero. Ntawubujijwe gusenga umusi n’umwe kanaka, ariko reka kuvuga ko hari uwejejwe kurusha iyindi. Ku wumvira Uyo mwana w’Imana yatwitangiye, akagendera mu bugombe bwiwe, ntamurakishe gusenga ibigirwamana, vyoba amasanamu, ibibumbano, ibibabazano, imisi, amafaranga, ivyubahiro, n’ibindi twemera, ariko apfukamye agahamagara izina riri hejuru y’ayandi mazina, ari naryo twahawe, Yesu (Ivyak.4 :11-12), ahabwa Mpwemu Yera, uyo akazana ukugororokera ivyo Imana ishaka, akamwoza icaha, akamuha gushira hejuru Imana muri vyose na hose, Imisi yose, mu buryo bwose. Kuri uyo, gusa, imisi yose irejejwe. Gushinga umusi wo guhurirako ni vyiza kuko bibiriya ivuga ngo, uko wa musi utera itwegereza, murushirize gukorana ; ariko uwo musi wisunga imyanya y’abantu gusa. Ni uwo kumvikanwako, nta miziro. Oya. Mu gifaransa bawita umusi « conventionnel ». Amen.
    Uyo mukundwa Ferdinand Mberamihigo, yagumye yerekanwa nk’umuntu arondera Imana cane, anezerezwa no kwubaha ivyo ishaka, naho yari akigowe n’ivyo, Imana imuteguriye kumweza kuvy’imigenzo y’abafarisayo, imweresheje amaraso yayo, imukoreshe ibikomeye mu Burundi no mu mahanga, cane cane imuhe kurya kuri ca giti c’ubugingo co mw’ijuru. Mu biringo bitandukanye yerekanywe nk’uwo kuja imbere y’abandi afasha, agaragara nk’uwukunda abakene n’uwitaho abakengeretse, mbere nza ndamuhabwa nk’umuhirwe. Atarashikira ivyo Imana imushakako arasabwa gukomeza ingwano yo kwitandukanya gose n’ubwenge bw’isi abohewemwo n’idini n’ibikorwa vya misi yose, akamenya neza ivyirato vya Paulo, intumway’Imana, n’ubuzima bwiwe akwiye gusoma ashimitse muri bibiriya, akanamenya ko imyitwarariko y’ivy’ubu bugingo itwara mu mahonero amurikiwe n’umusiguzi 2 na 6. Yongere anzerererwe kwemera guca mw’irembo ripfunganye kuko iryagutse rija muri Mahonero (Mat.7 :13-14).
    Umwami Yesu ashitse isezerano kuri we, kandi aroranye inzira ziwe.
  3. Abakuru b’imigambwe

Itariki 1/08/2015 : Nariko ndasenga umva ijwi rimbwira riti : « Abakuru b’imigambwe bagwanira inyungu zabo bwite gusa » mpabwa n’akarorero k’umukuru w’umwe muri iyo migambwe ari imbere mu kwigwanira. Uyo nkwiye kwivuganira nawe mw’ibanga. Abandi namwe mwese mwakire ubutumwa, kuko mbere yaho Imana yari imaze kumbwira ingene abari inyuma y’abakuru b’imigambwe bazohitikirana inyuma y’abo. Ivyo ntimuvymvire mu mubiri gusa nk’aho umengo n’ukwicwa n’imyampi n’ibisasu, oya. Ivyo navyo nyene ntibibuze kuko biriko biranaba, ariko mwiteho cane cane kumva ugupfa mu mpwemu. Kubera kuba inyuma y’abantu bapfa nkawe bakwemerera ivy’indenzarugero badafise ngo ubayoboke, kandi ubwabo nabo babizeye ku Mana, mbere, nk’uko numva Mpwemu anyemeza, bamwe muri bo bakaba banaraguza biteye ubwoba, kugira ngo ibinyoma vyabo vyemerwe, nawe ugasukwasukwa n’ibisigo baterekerera ukabiruka inyuma, ukagenda uravuga ngo hako mva inyuma ya kanaka nobura mpfa, mbega ico si icaha co gusenga ibigirwamana ? Ariko, turetse abakuru, benshi babikora batabizi, niho bagenda barasubiramwo amajambo arimwo ibanga batabwiwe, bagategekwa kugenda barasubiramwo gusa, gutyo impwemu ziri inyuma y’ico gikorwa zigaca zirangura imirimo igayitse muriko murabona mu gihugu. Burya ibindu benshi batanamenya biba mu miryango yabo. Niho uzobona abantu baviriyemwo basara utazi iyo vyavuye. Ni aho. Va inyuma y’abantu, muje inyuma ya Kristo, nta mugambwe n’umwe wacunguye abantu. Ntawe. Mwokwubaka ivyibutso canke mukareka, ntawe. Imana yarambwiye ko ivyo vyibutso vyose ari ugusenga ibigirwamana nk’uko mwabisomye mu majambo yagutse mu mburi ya mbere. Buca haba umusi mukuru w’ukwikukira kw’uburundi muri 2013, niho Mpwemu w’Imana yambaza mw’ijoro ati : Eric Mwana wanje, Uburundi bwarikukiye ? Nanje nti : Egome. Mwami. Arakomeza ati kwikukira ni ukuvuga iki. Ndishura nti ni ukwirukana abanyamahanga bari baduhagaze ku gakanu, tukishira tukizana, tugashira igihugu ku murongo uko tuvyumva. Mpwemu aranyishura ati : « Mwana wanje, warikukiye nimba warakiriye Umwami Yesu mu bugingo bwawe, ukemera kurongorwa nawe, kuko abarongorwa n’abantu gusa nkabo, boba ababo canke abanyamahanga, bose baja i Mahonero ». Nca nibuka ingene Imana yabwiye ab anya Isirayeli iti muri ubwoko bwanje bw’indobanurwa, nije nzobarongora, jewe Uhoraho ; abaha abacanmanza babahanura ibiva kuri Mpwemu. Nabo baragarariza baranka, bati : Dushaka abami bacu bo muri twebwe bo ku tuganza. Batege abe aribo twumvira, tubasabe, baduhe. Kuva ico gihe basaba abantu, nabo babaha ico bafise. Benewacu ntimwitege vynshi kuri barya mwemera birengeye birya mubumvako nabirya mubabonana. Ntawutanga ico adafise. Mucuragize imitima yanyu, mwihane ivyo, Umwami Yesu agiye gutanga intumbero ku Burundi.

  1. Ubutumwa ku mugambwe FNL

Uyu mugambwe umaze imyaka myinshi mu ngwano kurusha iyindi migambwe, nawuhaweko vyinshi, kuva haraheze imyaka itatu, ariko ubu ndashimikira kubintu bibiri gusa.
Imana yarambwiye iti ufise ivyo ugaya kuri CNDD-FDD bikaba vyawutebeje kuva mw’ishamba nk’iyindi migambwe, ariko nawo ufise ivyo ugawako imbere y’Imana. Burya kwica umwana wawe wiherereye nico kimwe n’ukwica umwe mubagize umugwi w’urukino rw’amaguru ku mugaragaro, iyo yatumwe umugwi wanyu utsindwa. Umukuru w’uno mugambwe yaronse ubutumwa biciye ku rubuga rwa Facebook, nizera ko yabuciriye bugufi. Biboneka Imana yararondeye uwuca bugufi imbere yayo muri ino migambwe ibiri, ikabura. Buca FNL yinjira mu nama nshingamateka, Imana irambwira ko Agathon Rwasa arongoye uwo mugambwe yaciriye bugufi CNDD-FDD kuko iwusumvya imbaraga, kandi ivyo wifuza kushikako bitokunda kuko CNDD-FDD isokoroye ivyara birebire, maze mw’iyerekwa narimwo nca mbona Agathon Rwasa apfuye. Bukeye niho numva ngo yinjiye mu nama nshingamateka ndatangara, nca ntegera ko uko gupfa, ari ugucira bugufi umuntu nkawe kuzanye kuzimangana nk’igihangange muri politike no gushirwa hejuru n’Imana, kumbure hari ibindi yari arindirijwe n’iyamurindiye mw ‘ishamba imyaka irenga 30. Nari maze igihe congana n’ukwezi mbwiwe ko aba FNL bigira ab’i ruhandi y’abandi bantu bikabije, ijwi ryabimbwira nkumva ribigaya. Umu FNL wese ariko yumva ibi, ategere ko Yesu amukunda cane kandi ko, izina ryiwe rindi ari rukundo. Akeneye rero ko twihana twese, tukarekuriranira, tukareka kwiyugaranira mw’ishari n’inzigo, kuko ivyo bizana ihorihori. Kandi uwutarekuriye abandi nawe ntazorekurirwa ivyiwe. Nibaza ko aba FNL, nk’abandi bose, batabuze ibibagoye, vyagiye bibatandukanya n’Imana muri rino zinguzingu bamazemwo imyaka hafi 40 nk’Abisirayeli. Ikindi, ivyo mwifuza, bagenzi, mukanabona ko ari mwe mubikwiye, mutabirose Imana womengo ntikiriho, uko muvyibaza nimwe muvyibza gutyo nk’abantu, kuko umuntu yagwanye igihe kingana gutyo, nimba yagwanye intambara Imana ishaka, ivyo navyo akaba ari wewe wogusenga ukabihishurirwa, akwiriye ibirengeye cane imigisha yo mw’isi irimwo kurya akaryama no kuganza abantu. Ivyo si bibi, twese turavyifuza. Ariko nimba utama utamira ivyo gushika aho ugira uti nobura mpfa, woba utanagwanye ingwano nziza, kuko utazi ico ukwiriye. Woba ukwiriye ibingana n’ivyo abaguhahaza bafise. Ushaka gushimirwa n’abantu kandi abantu badashima ? Ivyo none biguteye kwiruka inyuma y’abantu nkawe ngo baguhangaze ! Icompa bakaguhangaza. Mbega nico gituma mbona itariki 1/11/2015 Mpwemu anyereka abantu babiri bashangashiwe bashaka gusubira mw’ishamba kumbure kugira ngo baronkeshe umuheto ivyo babuze ku neza ? Ariko se ko mumbereye nka Efurayimu nabo bakaba Yuda, abo nabo bavuzweko na Hoseya ko bazotembana! Mbagire nte? Erega nimba wagwanye ingwano nziza ukwiye kumenya ko usumba cane uwukwima. Icompa mukumva ijwi ry’Imana gusa mukihana ataco musavye. Atari uko musumvya ivyaha abandi ariko kuko Umwami Yesu ashaka kubezesha amaraso yiwe, abeze amaraso mwashsheshe, abeze ivyo mwagiye mwizera bitagira ikimazi muvyita ibiyivako kandi ibiva ku Mana vyeza umuntu, anabeze ubusambanyi bwo kwivanga ngo mwikirishe imbaraga z’abafise ibitugu bivyimvye. Erega Efurayimu yazize bene ubwo busambanyi. Nasomye ku bwanyu aya majambo Hoseya5 :8-15 yavugishijwe nja mu gatengo. Ngo Efurayimu arahahajwe koko, ngo aravungavunzwe n’iteka aciriweko kuko yahurumbiye inyuma y’ibinyoma. Imbere Hoseya aravugishwa ati « igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe » kandi ngo n’umwami w’i Ashuri Yarebu yizeye ntazoshobora kumukiza canke ngo amuvure uruguma rwiwe. Munyumvire namwe. Erega Yarebu si Imana. Isirayeli yabwiwe mu kanwa ka Yeremiya iti : Nimba ushaka kugaruka, yewe Isirayeli, nabe ari jewe ugarukako. Ntaco mwumva ga bagenzi ? Erega iyifatiye isi mu kirere kukuboko kwayo, niyo yonyene yo gutinywa. Hezagirwa rero n’aya majambo rero nasomye ngahimbarwa n’uko muri abadasanzwe, kuko muhamagawe n’Imana. Yeremiya 3 :19-22 n’Imigani 7 :12 muve mu nzira y’umusambanyikazi, kuko ngo ataho aragama : 12«Hamwe aba mu nzira, ahandi akaba ahiyaguye ; abunda ku mahwane yose y’inzira. » Si uko biri se ? Fata ingingingo vuba kuko Uhoraho aje kugumbira abahagaze mu kirengero barangamije iyo iri. Nayo ababunze mu mayira abiri bobona intambwe ibubira giturumbuka, biteze intama barya. Umwami yesu abahe gutahura iyo mburi.
4. Ubutumwa ku mugambwe CNDD-FDD

Uyu mugambwe waburiwe vyinshi mu mburi ya mbere, kandi, nk’abandi bose urabwa na vyinshi bivugwa muri runo rwandiko, ubu ndavuga gusa kuri rino hishurirwa nagize itariki 19/10/2015 aho naja mw’iyerekwa nkabona abakuru bariko barazana ahantu hari hameze nko mw’ishure abantu batahazwi, kandi bakaza biboneka ko bacishije ahabo bavuga bati : bakire, mupfe kubashiramwo. Iryo shure sinomenya iryo ariryo, ariko, abo bantu bo nibaza ko bafise ico bari baje gufasha. Mugabo kubera uburyo bajemwo budashimwa n’Imana, numva nobahanura kudakora ivyo bintu kuko ababibwirwa bob aca bumva ivyo arivyo naho jewe ntobisobanukirwa neza. Ico nzi gusa n’uko hari umuntu yitwa Gidiyoni yasabwe n’Uhoraho ati : Gabanya abasoda bawe kugeza ku majana atatu, niho ndi bukorane nawe, nkuneshereze. Imana ikeneye abayubaha gusa, ntikeneye abarundanya vyinshi ngo ibikoreremwo. Irikwiye.

  1. Ubutumwa ku ba Scouts n’iyindi mihari y’urwaruka
    “Ba bandi babagirira ishaka mu buryo butari bwiza; ariko ico bagomba ni ukubazigiriza hanze ngo namwe mubagirire ishaka.” Galatiya 4:17
    Haraheze imyaka itatu Imana impaye buno butumwa yakariyemwo cane aba scouts, mu kwezi kw’indwi 2015 ikambwira iti : semerera uvugire ku mugwa mukuru wabo, uhabwire ivy’ubuyobe bakora. Nabwiwe vyinshi kuva ico gihe, ariko reka nce kumayange ibibabase, mbwire gito canje gito c’uwundi yumvireho. Ibi mpanura aba scouts, n’iyindi mihari nk’aba xaveri, aba kiro, ingendanyi, aba shoni stati, n’abandi bafise « abavunyi » bapfuye canke bazima bakurikira, birabaraba. Twihwereze hamwe neza ibi bikurikira :
    • Gusenga ibigirwamana canke idôlatrie mu gifaransa: Bene Data b’aba scouts barazi ko mu kwa kabiri hari umusi wo guhimbaza no kwigina umuvunyi wabo yafonze umuhari, umusirikare w’umwongereza Baden Powel. Tureste ivy’ubuhizi vyiwe mu gisirikare no mu rwaruka, nta nyandiko n’imwe, nta n’ihishurirwa na rimwe canke intahe iyo ariyo yose bivugwa kuri uyo muhisi mu bijanye n’ubugororotsi bibiriya ivuga. Bisigura ko ubweranda bwiwe, nimba buriho buzwi n’Imana, ariko twebwe ntitubuzi. Mu buryo bw’impwemu rero, gukurikira umuntu nk’uyo ushobora kwikwegera ivyago vyiinshi bica ku muzimu wiwe uriko urahamagara mu buryo butandukanye muri ayo ma celebrations canke muri ukwo kumuhimbaza. Ico caha kingana neza n’ibindi vyaha dukora imisi yose mukutamenya iyo dukorera ivyo nyene, abanya politike, abanditsi n’abandi bantu twemera bapfuye, mbere rimwe na rimwe tunabemerera ibibi bakoresheje ubuhizi umugwi umwe w’abantu wita « ivyiza » naho kubandi vyoba ari ububisha burura. Mbega nta bantu bababereye ibigirwamana muri ubwo buryo muciye mubona. Imana yarivuze ko ari « Imana ifuha ». ntabwo ari kurwanya igihugu canke kurwanya imigwi imwimwe y’abantu mbabwiye ko ivyo vyose bigenewe Imana mubikorera Rudoviko Rwagasore, Ndadaye Merikiyoro, Ernest Manirumva, Tche Guevala, Jomo Kenyata, Adolphe Nshimirimana, Musenyeri Ruhuna Yohakimu, Bob Marley n’abandi, mukagenda mukora imigirwa ku mpafu zabo. Ushaka kwinjira mu masezerano y’Uburundi bushasha, Isirayeli ya kabiri ave muri ivyo. Ntaho bitaniye na bagenzi bacu baja guterera akabuye kuruhafu rwa wa muntu yapfuye adakijijwe agafubwa i Maka. Ababikora nimba batuzura Mpwemu yera murazi ivyo buzura ivyo arivyo.
    • “Mouvement multiconfessionnel” : Murazi ko umuhari w’aba scouts wemera ko abawugize baba ari abemera Imana, bagaturuka mu madini yose yemera Imana. Nico bita mouvement multiconfessionnel mu gifaransa. Ariko rero iyo mana ntivugwa iyo ariyo, kuko jewe iyiriko irampa iyi mburi ni imwe yarungika Yesu Kristo, umwana w’ikinege w’Imana Nzima akaba Imana nka Se ngo aducungure. Iyo yatanze ijambo ryayo riri muri bibiriya yera kugira twironkere itara ritumurikira ku birenge ngo ntidutsitare, niko Dawidi, umwami w’umugororotsi yavuze avugishwa n’Imana muri zaburi 119 : 105. Udasoma rino jambo mu ntumbero yo kurongorwa naryo, yoba umuvugishwa ameze ate, yoba umukuru w’idini rihambaye ryagasaye mw’isi, aratemba akavunagurika. Kuko adadambagirana muvyo yemera we ubwiwe na système akagwikiwe kashizeho, ivyo bikamutega. Nico gituma isi ihuzenze, kuko amadini menshi ahambaye yibereyeho gutyo muvyayo ubwayo. None ko bibiriya ivuga ngo « Ntimwifatanye n’abatizera kandi ataco musangiye : ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite ? canke umuco n’umwiza bifatana bite ? » (2 korinto6 :14-18) aba scouts bitwa ko bakijijwe bagasangira ivy’impwemu n’aba pagani benshi cane bo mu madini atagira ijambo rishinze rya yesu atanamwemera ariko yemera imana itazwi, babibanamwo gute. Erega abantu batemera kumwe, bosangira ibijumbu, bagasenyana inkwi, bakaragirana impene, ariko nta sengesho ryobahuza ribaho. Kuko twebwe abizera duhamagara Kristo abandi bagahamagara ibindi. None ko yesu ari we yivugiye muri Yohani 8 :19 ko abatamuzi na Data batamuzi ! None ni umubeshi ? Nimba atari umubeshi – kandi siwe – abakorana muri ubwo buryo ngo basangiye ibisabisho vy’irementanya bita priere oeucumenique, ni ababeshi. Mvuge iki ? Umva neza, bene Data, abari muri iryo rementanya rya oeucumenisme bari mu buhumvyi gusa. Yesu yadusavye gukwira amahanga tukayigisha tukayahindura abigishwa biwe. Ntiyadusavye guteranya ibidaterana, duhumba ngo ni ubuvukunyi, geza aho uburyarya, araje guca imanza. Reka kwubaka ubwami bwanyu ubwanyu mugaca mubumwitirira mumaze kwegeranya ivyo imibiri ishaka. Mu kwaka abakene amashikanwa n’intererano, mukisemba aba pagani batunze mubasaba « financements ». Ninde yababwiye ko ishengero rya Kristo risaba financement kwa Antikristo? Yesu araje. Garuka bigikunda. Idahe ivya Antikristo urye ijambo rya Mesiya. Murategereye uburyarya bw’amasengesho y’irementanya bita priere oeucumenique. Urihangana ugasenga uvuga ivyemerwa na bose, n’ukuvuga ivyo Kristo atemera kugira wemerwe n’abantu bapfa bakoraniye aho, bazogutore mu madini yose barimwo. Haha! Hunga, araje! Inyegeze mu gitandara nico Kristo. Paulo arangiza abwira abo bivanze ati: “17N’uko muve hagati ya ba bandi. Mubitandukanyeko, niko Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; nanje nzobakira. 18 Nzobabera So, na mwe muzombera abahungu n’abakobwa, niko Uhoraho ashobora vyose agize.” (2 Kor.6:17-18) Imihari yishwe n’ivyo, ama korale, ama shengero, ama minisiteri,…benshi ubu bariko begeranirizwa hamwe na Antikristo mu mashirahamwe yagutse bace bagirwa abaja. Muragabe. Mubwiwe ngo “Ve hagati ya babandi”.
    • Umugenzo wo kwatirwa ubera mw’ishamba bita mu gifaransa totemisation, uri hejuru kw’isonga ry’icaha. Ni umugenzo w’umubiri ukanaba uw’impwemu. None ko bizwi ko hari impwemu zibiri gusa abntu bumvira, impwemu y’Imana n’iya Satani, ko uyo mugenzo ubera mw’ishamba, rimwe na rimwe hagati mu bikoko (ku bindaba niko vyagenze), ntubere muri Kristo namba, none mwumva urongowe n’iyihe mpwemu. Mpwemu arambwira ati: hunga vuba none aha, mucumva itangazo ryiwe.
    • Imana irampishurira ko aba scouts bagwiza ibikorwa vyinshi bigaragaza ubwiza bw’inyuma bakizera ko ariko kugororoka. Ariko, bene Data ukugororoka ntitwokugua ibikorwa canke amahera n’ubundi buhizi bwacu ubwacu, Yesu niwe kugoroka kwacu. Utamufise nta kugororoka yoshobora gushikira namba. Bibiriya mbere ivuga ko uzokwanjanjwa kuri ubwo buntu buhebuje akafata amaraso yamuviriye ya Yesu ko ata kirimwo ari igihumane kugira ngo yimunurishe ivyo yigeneye we nyene azobihanirwa birenze. Tubisoma mu ba Heburayo 10:29. Soma ivya Simoni umunyamareba maze uce wihana ubu nyene: Ivyakozwe n’intumwa8 :9-25 : Ivya Simone umunyamareba
    “19…Nanje ni mumpe ubwo bushobozi kugira ngo uwo nzorambikako ibiganza, kugira uwo nzorambikako ibiganza aze ahabwe Mpwemu Yera. 20 Petero aramubwira ati ifeza zawe ziragapfana nawe, kuko ugira ngo ingabire y’Imana woyironkesha amahera”. Nawe mugenzi, icokuronkesha Mpwemu, ni ukwihana gusa ukezwa mu maraso ya Yesu, umugororotsi. Igihe cawe ni iki, wa mu scout, n’uwundi wese atsinzwe n’aya majambo y’Imana.

Mbega urwaruka rugoswe n’ivyo vyose, rworeka guhereza mu buhumvyi, mu busambanyi. Mu bubeshi, mu busuma, mbere no mu bundi bugizi bwa nabi umuntu akora yakuye impuzu zimuranga? Erega Satani nta handi agarukiriza umuntu Atari iyo! None ivyo ga rwaruka ntimubizi, canecane abareze abandi nanje nkaba ndiumwe muri bo? Ntimukundire rero abo bakozi ba Satani bo mw’ibanga babazigiriza hanze nk’uko ijambo ryambwiye kuri mwebwe: “Ba bandi babagirira ishaka mu buryo butari bwiza; ariko ico bagomba ni ukubazigiriza hanze ngo namwe mubagirire ishaka.” Galatiya 4:17. Abagenzi banje nkunda cane, twateruranye muri vyinshi, bankundire mbavuge mu mazina, kubwo kugoberwa mu mutima wanje, no kubwo kubitswa vyinshi vyanyu mu mutima wanje: Lazare Nzeyimana, Chrysanthe Sahabo, Umupfasoni w’umuhisi Alphonse Ntisinzira, Petero B. Bihizi, Danyeli Kagimbi, Licius Karenzo na Mathias Sabubwa, Imana nsenga ibishure ivy’urukundo rwanyu, n’ubwira bwinshi mwagize mufdasha urwaruka, abatahuze ivy’iyi mburi musabwe kumva imbere y’abandi, kugira mwenbwe ubwanyu mwihane, hama mukwiragize aho mwageze hose ivyo mumenye. Mpwemu arambwira ati ntimukomeze kwitaho ibitagira ikimazi, ibikorewe muriwe gusa nivyo bizoharurwa, ibindi vyose ni ukuruhira ubusa. Kuko ijambo ry’Imana, Paulo avugishwa n’Imana, rivuga koi bi bikorwa dukora bizihishuranwa n’umuriro, bigapimwa ikirimwo. Hari ibizoca bisha, n’aho abantu babidutuma babibona bisayangana. Umwami Yesu abiyereke uko yiyereste Sauli, agahinduka Paulo. Amen
6. Ubutumwa ku basirikare

Ndateye akamo aba sirikare n’aba polisi bihane ubutagisubira icaha c’ubusambanyi kuko Satani yiteguriye kugikoresha kurwego runini cane muri uyu muriro ugira utibukire mu gihugu. Kuko Mpwemu ariko abanyereka mu myiteguro ikomeye nk’uko yari yanyeretse imyiteguro ikomeye y’aba polisi imbere y’uko tubabona muvyo bahitiyemwo. Yemwe, muzi kundusha ko intambara atari umusi mukuru, mwirinde kuko mbona n’inzoka ibabundiye. Igikorwa cayon aco kirazwi. Narategetswe cane n’Uhoraho kuburira inzego zizejwe umutekano kubw’ibisanzwe biriho, no kubw’umugambi Satani afise kubwoko bwayo muri kino kiza. Bene Data, ni ku neza yanyu guhindukirira mukava mubibi. Akazi mukora nk’abajejwe umutekano mugakore mubugororotsi. Ndabibabwiye bitaraba, vyonashika, mwebge canke urwaruka rwisutse muri iyi ntambara mugategekwa n’ababarongora gusambanya benshi bashoboka kumvo kanaka z’ubwononyi. Ariko mumenye bikiri uyu musi ko bizobazanira akarambaraye.

Ivyo ntibizonabura gushika kugira ngo abategerezwa kibihanishwa babihanishwe kubw’ubumaraya n’ugukorora inda bakoze ariko uzobikoreshwa kubwabo agakora icaha abwiwe uyu musi ntazobura kubihanirwa birengeje. Benshi mubakora bene ivyo mu ntambara bahora bapfa basara. Be maso rero. Muzi neza ingene ico caha kibabaza Imana kuko mwanasomye intandaro y’ishavu ry’Imana igihe irekurira umwuzure mw’isi yose igasigaza Nowa, hamwe n’igihe yatikiza ab’I Sodomu na Gomora igasigaza Loti umugororotsi. Aho hompi yababajwe n’ubusambanyi, bene Data, ico kiri muvyaha bitumye isiduka nk’uko twavyanditse mu mburi ya mbere.
Zaburi: 16:6 « Ibigabitanyo bikurwaho n’imbabazi n’ukuri »

 

III. UKO DUKWIYE GUSENGERA IGIHUGU NO KUKIREMESHA:
Imigani 24 :17 « Umwansi wawe niyagwa ntuze unezerwe, umutima wawe woye guhimbarwa niyatsitara »

Uhoraho aravuga aya majambo dusoma muri Yeremiya 29 :11 ati : « Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, ni jewe Uhoraho mbivuze, ko ari ivyiyumvviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mw’iherezo ryanyu. »
Ku mvo zose mwumvise, senge muti : « Ubugombe bwawe bube, Mana » kuko Imana ifise umugambi mwiza ku Barundi. Ikindi uko bigenda uko ariko kose, nta mahoro ku munyavya, niko Yesaya yavugishijwe n’Imana. Urufunguruzo rwawe mukujabuka, n’ugukora ivyo iyiriko irakuburira igushakako : Zaburi 81
« 16 Ni mwiyuhagire mwitunganye, mukureho ibibi vyo mubikorwa vyanyu bive munyonga zanje ; mureke gukora ibibi, 17 mwige gukora neza ; mushimikire imanza zibereye, mutabare abahahazwa, mucire urubanza impfuvyi, muburanire abapfakazi. 18 Enda nimuze, twitature, niko Uhoraho agize; naho ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi, naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero. 19 Nimwemera mukumvira muzorya ivyiza vyo mu gihugu. 20 Naho nimwanka mukagarariza, inkota izobarya: kuko akanwa kanje Uhoraho ariko kabivuze. » Yes. 1 : 16-20
Ndakebura abasenga nabi bereka Imana abakwiye gupfa, no kwangazwa no guhanwa, mbere muri abo bakanashiramwo n’umukuru w’igihugu. Mugabe, kuko nta muntu asenga abanje guca urubanza. Bene Data, Imana ntiraba nk’uko abantu baraba, niko yo nyene yivugiye iriko itoranya Dawidi. Hari ibintu bitatu vyo kwitonderwa : ubwa mbere, abakuru abantu bitoranirije bashobora gukundwa canke bakankwa n’Imana. Igihe Samweli yatumwa kurobanuzavuta Dawidi, abari bashimwe ubwa mbere kubera ubutoni, sibo bemewe n’Imana. Ubugira kabiri, abantu bashobora guhora umuntu ivyo arivyo vyose Imana ikamwemera. Ico gihe nyene ca Samweli, Dawidi ntiyari akwiye no kuba mu bakira umukozi w’Imana, kuko ni we wenyene yari yagumijwe inyuma y’ibitungwa aragiye. Barinze kumutumako kuko ariwe Imana yari yagomwe, iyidatora ku butoni, ihitamwo uwari yanswe, yimikishwa amavuta. Ubugira gatatu, Imana ishobora kwemera umuntu ko atwara atari uko imugomwe ukundi, ariko ari uko ishaka kumukoresha ibintu kanaka vyoshoboka bikozwe n’uwufise ububi bukwiye. Kandi ico gihe, naho aba mubi aba ariko akorera Imana, mbere no kubihanirwa akazobihanirwa. Iyo uyo muntu akoze ico Imana ishaka, naho mu maso y’abantu coba ari kibi, Imana ishirwa hejuru, kuko ikibereye, ni ukuvuga ico Imana ishaka kibaye. Akarorero, Farao yabaye umukozi w’Imana mu rugero rudasanzwe, ariko ivyo yakoreshejwe, vyari ivyankwa mu nyonga z’Imana. Kuko vyari ivy’umugararizo gusa. Ariko vyari ibibereye mu nyonga z’Imana, mbere niyo yari yabigomvye, kuko ijambo ry’Imana ritubwira ko Imana yakomantaje umutima wiwe. Iwukomantaza kugira afate nabi umukozi w’Imana Mose, amugararize, kugira arinde guterwa ivyago cumi na bibiri vyose abone kurekura abisirayeli ngo bajabuke. Kugora Mose kuri urwo rwego nivyo vyatumye bimenyekana ko Mose atariwe yariko arakora, ariko yari Imana yikorera muri Mose. Iyo Farao akora nk’umugororotsi, ivyo Imana yashatse muri we ntibibe, ubu Mose baba bamusenga nk’Imana, bamwitirira ivy’ubuhizi vyabaye muri Egiputa no ku kiyaga gitukura. Mbega ko mbona Migurumiko abayoboke biwe bamwita Imana ataco yakoze, mubona Mose we yari kwitwa iki, iyo agenda ategeka rimwe rizima Farao agaca ahinda umushitsi akemera kurekura Abisirayeli ngo bajabuke ? Mbega ivyabaye, nimba vyatumye Imana nzima uyu musi ariyo yitwa Imana, ntivyari vyiza ko uwutwara Egiputa aba Farao gusumba intwari y’ico gihe mwokwemera ? Ariko ivyo ni ivy’impwemu, birumvikana ko bitsitaza abanyamubiri, n’abahinga bakoresha ubwenge bwabo n’ubwa teologiya mu guhingura ibi. Ariko naho biri uko, abakoreshwa ibibi bazobihanirwa. Naho Farao yakoze ivyo Imana yashaka ku banya Isirayeli bakiri inyagano, n’abandi bami bakica nabi abo Imana yari yarateguye guhanira hano mw’isi, sinibaza ko bazobironkera impera ihwanye n’iy’umugororotsi Eliya, canke Daniyeli.Oya, bazoshikanwa iyo bashikanye abandi, kuko ingero y’icaha ari urupfu (Rom.6 :23). Abo yashatse gukiza, yabahaye akaryo ko kwihana. Ariko uwupfuye akiraguza, agapfa acica, agapfa aciba, atavyihanye yoja mw’ijuru Bibiriya ibanje guhinduka. Kuri ico na co Imana yarirahiye, ngo « ijuru n’isi bizorangira ariko amajambo yanje ntaco azoba » (Luka 21 :13)
Nico ngituma mbahanura nti, ni mwasengera igihugu n’abakirongora, ntimwisabire gutwarwa n’umugororotsi kanaka ngo mutange izina, canke n’umubi kanaka ngo mutange izina kuko aho ho mwoba mwiyahuye, kandi ntimukombore uwutwara ngo mumufutishe mu nyonga z’Imana kiretse mwabihaweko umutwaro na Mpwemu Yera.
Ariko musabe muti : « Mana y’ubushobozi bwose, uri hejuru y’ivyiyita imana, ukaba umwami aheta abami bo mw’isi, udukizer ibibi vy’ababi, kandi ubugombe bwawe abe ari bwo buba mu gihugu cacu. Kuko nzi ko ivy’ushaka vyose ari vyiza. Uduhe abategetsi igihugu cacu kibereye muri kino gihe, abazoshita imigambi yawe igihugu kikinjira mu masezerano wakigeneye. Ucishe bugufi abadutegeka iki gihe kugira bakoreshwe ivyo wewe, Mwami w’abami ushaka, kandi ibinyuranye n’ubugombe bwawe Satani yinjiza mu mikorere yabo biburizwemwo mw’izina rya Yesu Kristo, umukiza wacu, Amen. »
Erega iyo Imana iba iduha ivyo tuyisavye vyose, kandi ikaduha ivyo tuyisavye gusa tuba tugowe kuko bibiriya isanzwe ivuga ko tutazi gusenga, dusengerwa na Mpwemu Yera. Mbega nta bantu, mbere n’abitwa abakozi b’Imana barimwo, bamara amezi cumi n’abiri basaba gutunga no gutunganirwa no kuvyara abahungu n’abakorwa, ntibigere basaba kwezwa na Mpwemu ? None Imana niyumvira amasengesho yabo, ku musi w’imperuka bazoja he? Ko isi basavye kugasariramwo izoba isabijwe n’umubabaro utovugwa kandi izogirwa ubusa impera n’imperuka? Bene Data, saba ngo ivy’Imana igomba abe arivyo biba. Kuko yeremiya yavugishijwe neza ivyo Uhoraho ashaka ati: “Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, nijewe Uhoraho mbivuze, ko ari ivyiyumviro vy’amahoro, Atari ivy’ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mw’iherezo ryanyu.” Yeremiya 29:11.
Igisumba vyose musenge musaba kuzura Mpwemu Yera, kuko Bibiriya ivuga ngo abarongorwa na Mpwemu nibo bana b’Imana, kandi abasengera mu Mpwemu no mu kuri, barongorwa n’Imana yo nyene, gutryo bakabona gasaba ibijanye n’ubugombe bw’ibingingira gusenga. Abarongorwa na Mpwemu, kuko na ntaryo bahabwa imitwaro n’Imana yo mw’ijuru, turetse kudasengera nabi abansi, ntibanasengera abakunzi gusa, kuko basengera mu rutonde bahabwa n’ijuru, bakisanga bariko banasengera amazina y’abantu batazi canke badasanganywe, bashobora kuba abakunzi canke ababahiga. Abo rero ntibagira neza kuko basenze gusa, bagira neza kuko basengera mu bugombe bw’iyidutuma gusenga. Bene Data, musenge Imana ivuga, kugira mumenye ko muriko muyisenga uko ishaka. Imana yo mu giti n’iyo mw’ibumba, zifise imitwe nk’iy’abantu bapfa, ariko ntizizi ibibabaje isi. Abantu bapfuye twita aberanda muvy’ukuri no mu binyoma vyenyuje kuko bagenywe n’abantu nkabo urubanza rutaraba, kubahamagara abo, ntaco bitanga uretse kwikwegera imizimu gusa. Akazi k’imizimu nako kakaba kazwi; niko kazi ka Satani: kwica no gusambura no gutikiza, niko bibirioya itubwira.

Ivyo kurindwa
“5Hamwe nari mu mubabaro, nambaje Uhoraho: Uhoraho aranyitaba, anshira ahantu hagutse. 6Uhoraho ari mu ruhnande rwanje sinzotinya: none umuntu yoshobora kungira iki? 7Uhoraho ari mu ruhande rwanje arantabara: Nico gituma nzokwibonera abanyanka. 8Kugira Uhoraho ubuhungiro kuri n’ikimazi kuruta kwizigira abantu: 9Kugira Uhoraho ubuhungiro kuri n’ikimazi kuruta kwizigira abahambaye” Zab 118; 5-9
14-15/09/2015: Imana irambwira iti: Iyo umuntu yubaha Imana, abansi bamuteye, Uhoraho arungika abamarayika bakamugwanira. Ivyo ntimubiyobewe. Ari naco gituma mudakwiye kwamana intekera ku mutwe mutabibwiwe n’Imana. Mutari mu mpwemu, womenga ndabahenze ngo mwigumire aho muri babacume. Abibaza gutyo ni bikorere utwabo hakiri kare, kuko ntibafise ikibarinda. Erega si jewe mvugishijwe nzobarinda. Ugisoma ibi, uri uwurondera Imana canke uwuyumvira, uca wemezwa mu mutima wawe n’iyizi kurinda. Kano si akamo ku murwego rwa politiki, bantu mwashegeshwe! Ni imburi, iyi nayo iri mu rwego rw’impwemu. Ibi mvuga rero ni ivy’ab’impwemu bemereye Yesu ko ababera umwami n’umucunguzi. Mbega umucunguzi si umurinzi? Imana ntikangwa n’ibituragaye. Ukiriko urasoma ibi, ni wibuke ingene umaze kurindwa wewe ubwawe muri ya karitiye ivugwamwo ibisasu vyinshi, kandi ari wewe mukene, atawukuzi anaguterefona ngo akubaze uko bimeze, ata n’urwembe rwo kwirarira ufise, mbere kenshi unarara ubusa. Ariko wa mubanyi afise ibitayega n’imbwa zo kubicunga n’ibisanira vy’aba jenerali, yarapfuye canke yarangaye. Ikitavuzwe n’abafise ibisasu bahitanywe navyo. Iyi Mana irazi kurinda abayo. Vyemere ni vyo. Imana yarahishuye kenshi, ihishurira benshi, harimwo umukenyezi wo muri zone Cibitoke yashingiye intahe umupfasoni wanje, ko abahunga kino gihe, naho biryani mu matwi kuvyumva mu bihe duteyemwo, ahanini bahunga ibiri muribo. Ibi ntibiduteranye, si imvugo y’umubiri. Ndagukangura, mugenzi ngo wihane urindwe. Binyankiye munda ko mpora ivy’umugenzi arangije amashure yiwe mu gihugu c’Ubufaransa, umuce wa gatatu wa dogitora mubuvuzi aba mu Ngagara. Uyu yaraza muburuhuko agashikira mu bisasu, nca nibwira ko atazogaruka. Ab’iwabo baramuhagurukiye bati guma mu bufaransa natwe ukire ibitumaze, kumbure natwe tuzokuronkeko ubuhungiro, nawe ati: “Iyampaye buruse, ntinyemereye kwitwa impunzi, izondindira muri iki gihugu c’umugisha.” Intahe y’uwo mu dogiteri w’umuhinga arondera Imana nk’uwurondera urushinge, yanyemeje ukundi gusha ivy’Imana yavuganye nanje vyanditswe muri Yeremiya 42. Bibuza Abisirayeli gutinya umwami w’I Babuloni ngo bibatere guhungira muri Egiputa kuko ngo inkoni batinya muri Babuloni izobasanga muri Egiputa. Nfise jewe ubwanje abahunze nababuriye ntibumva, none batwaye inda z’inshushu, ntawuzi ko na sida itarimwo, abandi bagiye bakijijwe none ubu bava mu kabare bugira bubakereko, abandi ivyabo vyarabahezeko, abandi no gupfa barapfuye. Izo mbega ni inkoni canke sizo? Ndabaza. Bene Data, intambara irababaza cane, ntimubindusha kubimenya kuko nanje mbibamwo nfise inyama n’amaraso, nta n’ikintu canke umuntu n’umwe nishimiye kiretse Mpwemu ariko ampishurira ibi mbabwira. Abamwakiriye rema, yikorere ivyo yateguye. Uhaguruke avuze. « Ivyanditswe vyera nivyo bizigama umuntu mu mutima » 2 Tim.2:10-17. Icanjoreje, ni igihe mpabwa ayo majambo ya yeremiya 42 ubwa mbere ngo ndayasemererere mu muji I Bujumbura. Ndavyirirwamwo. Kukagoroba nca harya kw’isoko mu kabarabara badandarizamwo gatandukanya isoko n’ibanki BCB mbwira abandandaza vyabintu abigeme n’abagore harimwo n’abakijijwe b’ibipfubirane bakoresha mu kumwa ingohe no gusiga ku minwa ngo ise n’ibirato, amaso ngo ase a’agasakoshi, bagacapa utuntu ku nzara no ku matama, ibindi bakambika ku matwi n’imikondo n’maguru no ku minwa babanje kwitobora, ibindi bakavyambika ku mishatsi ngo ingane n’iy’abazungu, …Yemwe, yemwe! Ndababwira nti bakundwa hunga ivyo bintu mutazi iyo vyavuye mubisubize Satani, ibi bisasu bije ntibibasature. Nagumye nsubiramwo nti:hunga ivyo vyaha ibisasu bije ntibibasatagure, nongera ndabibwira abariko badandariza ivyamwa ku ma bisi mbasaba guhunga ivyahavyo kuraguza, urusaku, kubesheranira n’ibindi bibaboshe. Umve neza: “Guhunga ivyaha atari guhunga Bujumbura”. Yemwe aho hantu nahakuye ikirenge, ivyo bibanza bibiri nyene bica bimenekeramwo ama gerenade asanzaza ivyo nariko ndavuga Imana yanka. Nca mba nemejwe kandi ijambo ryo muri Yeremiya yavugishijwe ati: reka guhungira muri Egiputa (Kigali,Singida, Paris, Buruseli, I Goma, Bukavu, Amerika, daresalamu,…), ahubwo hunga ivyaha uhungira muri Yesu. Uyo mugoroba nyene niho naterefonwa n’umwene Data aba mu Gasenyi, ampanura ayo majambo nyene yanditse muri Yesaya, ndatangara. Uko niko Imana yagumye inyemeza ayo majambo womengo ni ayo gutambira umuntu ku muvyimba.
• Imigani.8 :17 « Nkunda abankunda, kandi abandondera ubudahumeka bazombona»
• Imigani 12 :7 : « Abanyakibi baraheneberezwa bagashira, ariko inzu y’abagororotsi ihagarara ishikamye. »
• Imigai 14 :11 « Inzu y’abanyakibi izoheneberezwa, ariko urugo rw’abagororotsi ruzogira umugisha »
• Imigani 15 :16: « Ibike birimwo kwubaha Uhoraho biruta ubutunzi bwinshi burimwo guhagarika umutima»
Kuremesha :
Nkuremeshe gute, nimba intambara ari iy’Imana? Ehe ndakuremesheje : Ihane. Umuririmvyi yavuze ati « hari ukuremeshwa mu Mwami wanje ». Mbega amajambo yanje y’ukukuremesha atagushikana muri Kristo we yatanguye intambara akaba ariwe azoyisoza, yomara iki ? Mfatanye na za ndyadya ziremesha abantu ngo Imana ni Mushobora vyose ngo bigira bihere ? Ni ibiki bihera ? Akira Yesu nk’Umwami n’mukiza w’ubugingo bwawe nyabuna, ivyaha bihere. Nayo ibindi, uyo wakiriye azokwimenya ni wabana nawe mu kuri. Erega ivyaha nivyo bikwiye guhera kuko nivyo nzanyi y’amazimwe. Abatababwiza ukuri, bakabagumiza kunamira ibishushanyo, gutanga inkuka z’imisa (heb.7), no mu migenzo ya kera yo guhimbaza ibimazi vy’intama kandi twarironkeye ikimazi kizima arico Yesu, babarondera ko amashikanwa n’ibigiracumi gusa, bakabatevya mu mpwemu no mumubiri, ntakindi muzobakurako. Ehe rondera Yesu Kristo niwe kuri, bene Data. Abakozi b’Imana b’indyadya bayambiriye isi banka kuvuga ukwo kuri bakuzi kugira bagume bemewe na bose, aho bashitse bakomerwa amashi, ngo ni abahuza ? Umuhinga wo guhuza Mpwemu Yera na Satani ni nde ? Bahisemwo kunezereza abantu, banka kuburira abantu bababwiza ukuri kugira ntibababuremwo ivy’umubiri babakenyeko, amahera n’ivy’ubahiro. Erega ntibakorera Imana bakorera isi, kandi uwo ukorera niwe aguhemba. Haha !!
Wumva uremeshejwe none ? Ushaka kwakiranwa icubahiro n’abasuma n’abicanyi kubera ikibaba ubakingira kubw’ivyo musangiye bigaragara canke ivyo mw’ibanga ; ushaka kugumbirwa n’umusambanyi n’umusambanyikazi, ukinumira ivyo uhawe kuriwe kugira ntumushayeko, ariko wamaze gushaya mu mbga ziwe zimuboshe ; uhura n’abunamira ibishushanyo n’abasenga baraba mu gihande kimwe c’isi nk’aho ariyo Imana iri, n’abapfumu n’incabaganya, mukayaga amajambo y’uburyarya ngo bose basenga Imana imwe kugira mwinywere umuvinyu mwinyegeje, mwiyongere, kandi usanzwe uzi ivyo nya Mana ivuga mw’ijambo ryayo ko Yesu ariwe nzira n’ukuri n’ubugingo, ukanyikirisha ukuri uburyarya n’ubukunzi bw’inda vyawe hama ukagaruka imbere y’abakirisito uhenda ngo urakijijwe. Wanka kugira ico upfa n’abantu bapfa nkawe ukemera kugipfa n’Imana yo mw’ijuru uzeyeko ubugingo ngo abantu bakwite umugwaneza uzonahabwe kurongora ya mirwi y’ububeshi yitirirwa amadini atavuga rumwe, Oecumenisme, mu gifaransa. Uratemvye, ihane. Yesu araje. Reka kugumbira isi ugumbire urya mwana kugira ngo ntarake (Zaburi 2 :12), niwe Mpwemu Yera.
Muri burende ntibarema, mw’idini ntibarema, mu mafaranga ntibarema, mu biti vyo mumashengero canke n’ahandi hose ntibarema. Aba pasitori, bagenzi, bahitiye mu busambanyi n’akaborerwe vyo muburyo bw’impwemu, bahitiye bavugishwa ibinyoma baremesha abicanyi n’abasuma bazobura uburagamo, bate amashengero, bayerera, ariko bo bazobisigura ukundi. Mbega ubu ho ntavyo mubona ? Iyubare rero. Hari ukuremeshwa mu Mwami wanje. Imburi ya gatatu izovuga ku mashengero. Ivyayo ni birebire ariko Mesiya araje kuroranya.

\

Indunduro: Dukore iki none ?
Yohani 5 :34 « Ariko ico mvugiye ivyo ni ukugira ngo mukizwe » Yesu abwira abigishwa biwe
Imigani 14 :16 «Umuntu w’ubwenge ariyubara agahunga ibibi, ariko igipfu cidudarika, kikiremesha »
Imigani 16 : 6 « Ibigabitanyo bikurwaho n’imbabazi n’ukuri, kandi abantu bakurwa mu bibi no kwubaha Uhoraho »
Imigani 24 :10 « Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago, inkomezi zawe zizoba zari nke »

Ikibwigwa ni icumva. Bene Data nababajwe n’ingene naburiye RPA kuvyoyishikiye ndabibwiwe na Mpwemu w’Imana nkanahabwa n’urutonde rw’ingene nosengana na bamwe muri ngafatwa uko bitabereye n’uwanyakiriye atananyemereye ko ndabibwira umuyobozi canke ngo ampe bamwe muri bon go tubiyage, ivyo nabwiwe bikaruhira gushika narwanye munyuma ngo mbone umuyobozi nasanze uwanyakiriye ubwa mbere atariho ari. Ndongorwa kubihako akarorero Musenyeri Ngoyagoye Varisito mu rwandiko ndamwinginga ngo akore ivyo Imana imushakako mu mu mburi namuhaye, maze nkabona haheze indwi avuye mw’ishengeroahunga ivyagira bimubeko. Uko naburiye abo mbahaye ko akarorero niko nawe ubwawe uriko urasoma nkuburiye. Satani ashaka kukwica vuba hashoboka utarakizwa, kugira ace agutwara mu bwami bwiwe, abasigaye basigare barasigana inkore ku maso baahendana ngo kanaka yitavye Imana. Bene Data, uwupfuye wese ntaba yitavye Imana. Kuko umuntu wese iyo apfuye yitaba iyo yakoreye. Iyo utigeze ukizwa ngo wakire Yesu nk’Umwami n’Umukiza w’ubugingo bwawe, uyo nawe akagukura muvyaha, ariko ukanka ukabipfiramwo, tuvuge ko uba witavye Imana yo mw’ijuru kandi utazobana nayo, canke uba witavye Satani kuko ariwe muzobana ? Abakomeza guhendana gutyo ni abayoboke b’abakuru b’amadini amwamwe yitwa mbere ayakomeye bariko batangaza ko Imana ari nziza cane ata muntu izoreka ngo aje i Gehinomu bigatera ingorane muri iryo dini. Abiyumva muri iyo mice muhunge mucumva iyi mburi. Abandi nabo bokomeza guhendana gutyo ni bamwe bahenzwe ko bamaze gupfa bazosomerwa misa zikabazura mw’i purugatori itavugwa na hamwe muri Bibiriya bakazoja mw’ijuru. Ariko urwenge rw’abo banyabwenge rutiturwa n’uko n’abasomerwa izo misa ari abaziriha amahera, bikumvikana ko abatunzi aribo bazobona Imana naho Bibiriya yo ivuga iti ijuru ku mutunzi ni nk’ukucisha ingamiya mu mwenge w’urushinge. Ve i buzimu muje i buntu. Ve i buzimu muje i buntu, Yesu araje. Mwomenya uburyo nagabishijwe n’Imana kwandika ino mburi biagateba, ku buryo nanje vyanteye kugira amakenga kw’iherezo ryanje, bivanye n’uko nariko ndajarajara mu kwironderera ibimbesha hakwitaho imburi, niho mwoca mutegera ivyo muriko murabwirwa. Kanguka rero, bene Data. Ni mwumvira ibiri imbere ni vyiza cane. Ndangije mbasaba kunsengera kubw’amageragezwa ajanye n’ibikorwa nk’ibi. Satani ararwanya cane imburi, nco gituma, mu madini zitemerwa. Ariko jewe nzi ko nababaje Imana mu rugero mwebwe mutokwibaza kubwo kuyitevya. Abemezwa na Mpwemu munsengere musabira imbabazi n’ubwenge buva mw’ijuru kugira nshitse ivyo inshakako mu gihe gikwiriye kandi nanje ubwanje nirinde ivyo mburira abandi. Mu gihe kiza iyi ndirimbo tuzoyiririmbira hamwe, intambara yararangiye, abasirikare n’aba sivire twese turi mu mpwemu. Ndizera koi co gihe kitarenza imyaka ibiri. Ndiko ndabona tugandagaje mumuji I ruhande ya Gallerie Le Parisien abasirikare bari mu musi mukuru, natwe tuvyihweza tunezerewe. Abizera muyiririmbe ubu. Shirako.

Umve indirimbo mperuka guhabwa n’Imana ku Burundi Isirayeli ya kabiri, muhezagirwe na Mesiya.
Umukama Yezu abeze cane. Ihema ryiwe ribe ku miryango yanyu no ku gihugu cose.
Amen. Kandi Amen.
Eric SHIMA (Daniel
Indirimbo y’intsinzi ku Burundi nahawe itariki 25 Aout 2015

  1. Urukundo rw’Imana ntaco rwogereranywa namba
    Urkundo rw’Imana ni nk’amazi ahinda cane
    Iyo ruje gukora ntaworuzibira namba
    Ni amazi asendanisha ni inkuba yo mw’ijuru (2)
  2. Yarasezeraniye igihugu c’Uburundi
    Ati Humura ndaje, Isirayeli wanje
    Sinari bwumve ijwi nk’iryo ry’ingene twakunzwe cane
    Igahitamwo Uburundi Isirayeli ya kabiri (2)
  3. None ubu nuzuye ishimwe ry’ivy’Imana yadukoreye
    Ikatwambika umutamana kandi tutari tubikwiye
    N’ukuri ivyo twari twakoze tukiyanduza n’ubwicanyi
    Busambanyi, macakubiri, Mana tugirire ikingongwe(2)
  4. Ubu ndavuga ngumbiriwe nu’ubushobozi bw’Imana yanje
    Data wa twese wo mw’ijuru, Yesu Kristo yitanze mw’isi
    Uwo benshi banse kwakira, bakigumira mu mwiza w’isi
    Turabasize turambutse, mu bwiza twasezeraniwe. (2)

 

A propos de « Imburi ya Gatutu ku gihugu c’Uburundi » : pour les details de ce document publie sur Facebook/Dignity Ministry
Bujumbura le 17/12/2015
A propos du troisième avertissement
Mes Chers frères et sœurs en Christ,
Voici le troisième avertissement sur le Burundi qui parait avant qu’une grande pluie ne s’abatte sur le Burundi pour (que celui qui lit apprête son parapluie, Jésus). Vous comprenez en lisant l’empressement dans lequel j’écris pour terminer avant ce déluge. Les églises, en priorité et les chrétiens doivent adopter un comportement spécial, propre à ceux qui accueillent le Roi des rois, Jésus. Ne vous mêlez pas dans les discours ethniques et partisans en vogue dans les périodes de détresse. Conduisez-vous en modèles. Vous n’êtes ni Hutu, ni Tutsi, ni Twa, ni « DD », ni Frodebu, ni MSD, ou quoique ce soit. Vous êtes les gens de la cite sainte « Abo mw’Ihanga ryera ». Qu’en lisant vos messages sur WatsApp on puisse deviner que vous êtes de cette cite. Moi je viens de me sacrifier en dénonçant tous les maux qui, jusqu’à présent étaient des secrets dans l’Eglise. Je ne le fais pas pour condamner, je me suis soumis à la volonté de Dieu. Autrement, moi-même je suis condamnable.
Diffuser ce document dans les milieux des décideurs politiques et des religieux. Faites en sorte que toutes les églises aient des copies. Si quelqu’un peut s’investir financièrement pour que les églises au Burundi aient des copies papier (hard copies), Dieu l’élèverait. Que Dieu exhausse les prières de ceux qui ont fait des copies papier aux pasteurs qui ne peuvent pas aller sur internet pour les Avertissements I et II. Faites de même aujourd’hui. C’est plus que nécessaire. Visez surtout ceux qui sont nommément mentionnes. Je prie pour que quelqu’un s’investisse a informer tous les évêques.
Merci et que Dieu vous benisse/ Eric Shima.  Eric Shima