BARUNDI BARUNDIKAZI RWARUKA MURIZWA N’IKI ? Uno musi tugiye kuvugana kw’ijambo rivuga ngo « urizwa n’iki? »
Har’impamvu zitatu(3) zituma umuntu arira rero turabe izarizo. n’ikibintu kibituma bishika ukarira?
1. Umuntu arashobora kurira kubera umubabaro.
2. Umuntu arashobora kurira kubera umunezero.
3. Umuntu arashobora kurira atazi igituma arira.
Twagomba tuvugane ku cambere, umuntu arira kubera umubabaro.
a. Umupfashoni yitwa Hana yarize kubera umubabaro yari ingumba Imana yari yazivye inda yiwe.
2. Umugore yitwa Rakeli aririra abana biwe kuko bari bishwe n’umwami Herode igihe yagomba guhitanisha Umwami Yesu Kristo akiri uruyoya.
3. Petero ararira kubera yari yiyemeje ko atihakana Yesu ariko inkoko ibitse aca yibuka ivyo Yesu yamubwiye aricuza ararira.
4. Nehemiya yari umukevyi mw’ibwami hama bamuzanira inkuru yagaca vutu yuko iYerusalemu hahiye habaye umusaka bituma Nehemiya arira.
– Nagomba twigire kuri Nehemiya bidufashe natwe kuririra Imana kugira iturabishe ijisho ry’imbabazi ikize igihugu cacu c’Uburundi.
None twobikora gute?
Tubanze dusome igitabo ca kabiri ci Ngoma 7:14 (2Chron 7:14). Imana ikeneye abantu bintwari baserukira abandi bakicisha bugufi barondera m’unyonga z’Imana bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nayo izokumva iri mw’ijuru iharire ivyaha vy’abarundi ikize n’Uburundi.
Ikibazo gihagaze aha: Uno musi abakozi bimana boba baragiye hehe?
Usanga abakozi benshi badahagaze kumazamu yabo nkabakozi b’Imana? Umusi umwe numvise umuntu avuga ati: Ifi mukubora ihera mu mutwe. Igihugu kuva kera hose caserukirwa imbere y’Imana n’abakozi bayo bayegera k’umurango n’ijoro ariko uno musi abakozi benshi niba ntirumveko abandi buzuye amacakubiri y’uburyo bwose abandi barivanze kubera amaronko bigatuma habura uhaguruka kugira akangurire abandi bibuke kwarabo bakozi nyene bafise imfunguzo.
Nehemiya wewe amaze kumva inkuru z’ivyago vyateye iYerusalemu aricara ararira, amara imisi ababaye yisonzesheje hama mubindi bitabo n’ivyigwa bavuga ko yamaze amezane (4) asengera imbere y’Imana nyen’ijuru (Nehemiya 1:4-7) yatura ivyaha abisirayeli bacumuye ku Mana; mbere hamwe n’ivyiwe vyaha n’abinzu yase.
Nagomba gukebura abarundi birashoboka waravyumvise canke bikaba ari ubwambere uvyumvise. Twebwe twakuze twumva twigishwa ko kera kubami bi Burundi hari ingoma ya Karyenda none womenya yagiye hehe? Sinshaka kubivugako kanini ariko haribanga Imana yaduhishuriye kuriyo.
Mbega warunziko yariko imihamuro?
Mbega womenya ko ariyo soko ituma amaraso ya bene burundi aguma aseseka?
Bakozi b’Imana bagenzi banje namwe barundi barundikazi rwaruka mukunda Imana kandi mukayizera, Duhaguruke rero nka Nehemiya, twature ivyaha vyabasogokuruza bagize indagano n’ibigirwamana bituma igihugu kijamwo uyo muvumo utuma abonserimwe bamarana rero duhaguruke kubw’ububasha twahawe na Yesu Kristo duhamagaze amaraso yiwe kuko afise inkomezi ahumanure igihugu cacu.(Luka 10:19) mwibuke yuko ico tuzokugurura mw’isi no mw’ijuru kizoba cukurutse. Vyose bishobokera abizera. Rero turateye akamo abantu bose bizera Imana ko ishoboye bahagurutse ibicaniro vy’amasengesho aho mubihugu muherereyemwo kugira tubohoze igihugu cacu ntikibe ikirimbiro vy’amadayimoni ariko Yesu Mwami w’Uburundi aganze asabwe.
Mugihe abisirayeli bari muri Egiputa bararize barataka, umuniho wabo ushika ku Mana ( Kuvayo 8:7-8) Imana imanukanwa no kubatabara. Mukurangiza nagomba ndabibutse yuko atamwana w’umuntu, umugambwe, umuhari canke ishirahamwe iryariryo ryose mw’isi rizoshobora guhindura ikintu mu gihugu kuko handitse ngo haravumwe uwizigira umwana w’umuntu, ariko bene burundi turondeye mu nyonga z’Imana.
Ntitwibagire gusaba imbabazi zigihe Imana yaduhezagije maze ibijumbu mu gihugu tukavyita ingorane, iduha ibitoke navyo ngo wahora he? Iduha ibigori ngo namatelefone nkendanwa, Ibiharage bakavyita taramusini, amateke ngo namakusa pantalon, uburobe ngo pfuka nabonye musitanteri rero tumenye ko vyababaje Imana kuko hako tuyikengurukira twabonetse ko turi intashima nico gituma ubu ibintu vyabaye ndanse mu mirima. Twigarure tugaruke ku Mana n’imitima yacu yose n’ubwenge bwacu bwose aho rero ntakabuza yuko igihugu kizoba kivuyeko Imirimo gicike c’amata n’ubuki.
Imana Yehova el Shaddai n’Imana y’imbabazi kandi Ishobora vyose.
Ntuzi igituma Imana yakuzigamye irakurinda uca mubihe bigoye kandi uno musi ikagomba kumenya ibi ndiko ndakumenyesha rero uyumwanya ntuwupfishe ubusa ahubwo rondera abandi muzohore mufata amazamu y’amasengesho yo gusengera igihugu muri hamwe m’ubihugu murimwo canke mu Burundi. Ico mugomba ko twobafasha mu gutunganya ayo mazamu y’amasengesho mwo hamagara canke mukandikira.
Bene data bene mama, Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’imitima yanyu. Amen amen.
Pasteur Fidèle Nkeshimana.
