Uburundi ni ihanga ry’Imana

Ubutumwa Barundi hanga r’Imana haguruke mutegure inzira y’Uhoraho abashikirize isezerano yabasezeraniye. Uhoraho Imana yavuze kw’ihanga ry’abarundi ati yemwe hanga ryanje ry’abarundi nimuntege amatwi… /Daniel Ndayishimiye

UMUHAMAGARO W’UGUSENGA  N’UKWISONZESHA.

  1. INDAMUKANYO

Mpwemu w’Uhoraho Imana y’Ubutatu Bwera mw’izina  ry’Umwami

Yesu  Kristo, umwe  yarahira ko atazokwama ariko aranyinyurana n’umwana w’umuntu ibihe vyose ( Itanguriro  6:3 ), araje ari mu  bwiza  bw’Imana y’intambara  kugira akorere  igitangaza umwana  wiwe  w’imfura Isirayeli  ya  Kabiri amukure mu  buja ( Kuvayo 4:22 – 23, 15: 3). Ni  kubw’’ivyo, Uhoraho aserutse  mu  gaturuturu  keza; agaturuturu  gatara agatondo  keza k’umusi mushasha w’umwaka  mushasha ari   na  wo  mwaka  wa  mbere  w’ihanga  ryiwe Isirayeli  ya  Kabiri ( Kuvayo  12: 1-2).  Uhoraho  aserutse  avugana n’ingabo zo mw’ihanga rya  Isirayeli ya  Kabiri; za  ngabo  zo mu mirwi no mu mararo  anyuranye aho ziri  hose be na zimwe  zo mu  bwoko  bwa Isirayeli  ya  Kabiri  ziri  mu  ngaji  ya  Kanani (Uburundi)  ati  ni muhaguruke mutege amatwi ijambo ndababarira  kuko igihe co guca imigani caheze.

 

  1. IC’UHORAHO AVUZE

 

Uhoraho  avuze  ku ngabo  zo mw’ihanga  ryiwe  ziri  mu mirwi  inyuranye  aho iri  hose  be n’izo mw’ihanga  ziri  mu  nganji  y’uburundi  ati « Ubuntu  nabagiriye  bugatuma nirengagiza  imyanda ibariko  nkavugana  namwe mu buvugishwa  buherutse narungitse mw’ihanga bwo  kwitegurira  ivyo   ngira  nkore,  nibwo butumye n’ubu  mvugana  namwe  kuko  namwe  muri  ab’agaciro  mu  nteguro  mfise  kubwa  Isirayeli  ya  Kabiri. Mbere   ubu  hoho  simpagurutse  mvugana  n’abantu bose bo  mw’ihanga nk’uko   nahora  ndabigenza, ahubwo mpagurutse mvugana  na  mwe  ingabo ubwanyu  gusa.  Uhoraho  avuga  ati:« Nk’uko  nabibabwiye,  ngira  nshitse ivyo  nasezeranye nkure  ihanga ryanje mu  buja  no mw’isabagire, ndabakoranirize  ku  murwa  wanje  Isirayeli  ya  Kabiri,  ndabakuye  iyo  basanzariye hose.  Impwemu  yanje ihimbawe  n’abo mw’ihanga ryanje Isirayeli  ya  Kabiri bo  mu  ngabo  ziri  mu  mararo n’imirwi inyuranye  aho  bari bose bumviye  ivyo  mperutse  guhamagarira  ihanga  mu  kwitegurira  ivyo  ngira nkore  bakabikora uko  jewe  Uhoraho  nabitegetse,  buri  ruhande  uko  rwategetswe             ( abari   hanze   y’igihugu =  gutegura  inahuri  kubw’imiryango  yabo;  abari  mu  Burundi =  gutegura  ishikanwa  ryo  kwakiriza  abagiye  gutahuka ).  Ariko  hamwe  n’uko  sindabona   ibikorwa  vyanyu  mwebwe  ingabo  zo  muri  Isirayeli  ya  Kabiri  ko  biboneka  imbere  yanje Uhoraho; sindabona  ingeso  zanyu n’ivyiyumviro vyanyu, n’ibikorwa vyanyu  ko  bitunganye imbere  yanje ( Ivyahishuriwe Yohana 3:1-3).  Nico gituma ndababwiye  nti :«  Kubera  ko  ndababonamwo  urupfu rw’ubugingo, ukwanjanjwa,  ugusinzira, ugusamara, ukugamika amazosi, ukuraramanga,  umwete  utavuye  kuri  jewe Uhoraho  be n’ukwihenda  mu  vyo mukora mwibaza  ko muri  kunkorera  ariko  mukabikora  mwambaye inkofero ziriko amagagwe aranga impwemu za  kuzimu  n’ubwami  bwa Satani;  ni  co gituma  ndababwiye  nti  inzu  murimwo   irugaye  hose  mbere nta  nzugi  canke  amadirisha  ifise».  Nico  gituma  ibikorwa  vyanyu  ata  guhumeka kw’Uhoraho  kurimwo  kandi  nta  ngero muzobironkera  kuko  mubikoreshwa n’umwete  usunitswe  n’impwemu y’umurwanizi.  Ni co gituma  jewe  Uhoraho ndabahamagariye  umusi mukuru uhambaye, mwebwe  mwa  ngabo  zo mw’ihanga  ryanje; abari  mu  mirwi  inyuranye  aho  muri  hose, n’abari musi y’inganji y’abansi  banyu;  ndabahamagariye  umusi  mukuru  wo  kubahumanura  no  kubakurako  umwambaro washwabaguritse  mwambaye,  kugira muhabwe  icete co  kuba  ingabo  z’inganji  yanje  jewe  Uhoraho ngira nshinge  mu  gihugu  c’Uburundi.

 

  • UMUSI  MUKURU   UHORAHO AHAMAGARIYE   INGABO  ZO MW’IHANGA RYA  ISIRAYELI  YA  KABIRI:  GUSENGA N’UKWISONZESHA.

 

Uhoraho  Imana  ya  Isirayeli  ya  Kabiri, Imana y’Ubutatu  Bwera  muri Kristo  Yesu  avuze   ati: « Mwa   ngabo  zo  mw’ihanga rya  Isirayeli  ya  Kabiri, baba  abari  mu  nganji ya  Kanani ( Uburundi ) canke abatari  muri  yo aho bari hose mu  mirwi inyuranye, ni mwumvirize:  Uhoraho   ni  jewe  Imana  y’ingabo:  Ndabahamagariye   umusi  mukuru  wo kubeza kugira  ngo ndabashiremwo  Impwemu y’ubugingo,  gurtyo ihanga  ryanje ngira  nshikirize  ukwikukira  ntiribeho ritagira  ingabo».

 

Guhera  ku  musi  w’icumi  na gatandatu (16) kugeza  kuw’icumi  n’umunani (18) z’uku  kwezi kw’icenda (9), uyu  mwaka  w’2014 (16 – 18 / 09 / 2014),   ni  imisi  itatu (3) y’ugusenga n’ukwisonzesha jewe Uhoraho  ntanze  ku  ngabo  zose zo mw’ihanga  aho  ziri  hose kugira  ndazihezagire.

Rero  ni  mwumve  kandi mwitabe  ako  kamo ndabateye,  mwubahirize  ico gikorwa  ndabahamagariye  kuko ngomba  kubashira  ku  gicaniro  canje kugira  ndabahe  umugisha  wa  Isaka,  mube  inzira  y’umugisha  kw’ihanga  ryanje, mube abashibamyi  bemewe  imbere  yanje  Uhoraho  bo  kuzigama  ihanga ryanje ngira  nkure  mu  buja ( Itanguriro 22:2, 9, 10-13 , 17: 21 – 22; 1Ngoma  12: 22) .

Nico  gituma  mbabwiye nti  buri muntu  wese  aho ari  hose, azi ko  yitanze kuba ingabo uhereye  mu  gihe giheze  kugeza  ubu,  yaba  uwuri  mu  ngabo  ziri mu  nganji  ya  Kanani  canke  uwutari  muri yo ( Uwuri  muri ya mirwi  inyuranye  ) ahamagariwe ugusenga   n’ukwisonzesha  muri  iyo misi  itatu (3) , itariki 16, 17  na  18, uku  kwezi  kwa 9  uyu  mwaka w’ 2014.  Ivyo  muhamagariwe  gukora  muri  iyo  musi  ni  ibi:

  1. Ukwihana , ukwiyeza no  guheba  ivyaha.  Ivyaha  mutegerezwa kwihana   no  guheba  ni  vyaha  vy’uburyo  bwose,  ariko  mwibuke  kandi kwihana  ibi  bikurikira:
  2. Uwagiye muvy’ubupfumu, ibigirwamana  n’amangetengete  wese  mu  gihe  cose abayeho  no mu  nzira  zose yaciyemwo, uwo  ni  yihane; atihanye  agiye  gupfa.
  3. Uwasambaye wese mu  buryo ubwo ari bwo bwose, uwo ni  yihane kandi ahebe ahinduke, atihanye  agiye gupfa.

iii.        Uwahirahiye  akica  mugenziwe   ( haba  mu  ngabo   canke  mu banyagihugu)  wo  mu  bwoko bwiwe ( mw’ihanga rya  Isirayeli ya  Kabiri ) ni  yihane  atihanye  agiye gupfa.  Kandi  nturabe  ngo ni  uko haheze  igihe kirekire warabikoze ukibaza  ngo jewe  Uhoraho  naravyibagiye.

  1. Uwumviye inyosha  canke  itegeko  ry’abansi  banyu  babaganza  mu nganji  y’uburundi  canke  iry’ababarongoye  mu  mirwi  murimwo, akica mugenziwe  wo  mwihanga  rya  Isirayeli  ya  Kabiri, yaba uwo  mu  ngabo  mu  mirwi  inyuranye,  yabo  uwo   mu  murwi   arimwo  canke  uwo  mu  wundi murwi  atarimwo , akamwica  amuhoye  ko batari  mu murwi  umwe, uwo ni  yihane   kandi atihanye ntakabuza  agihe gupfa,  kuko  ngiye  guhora  ayo  maraso.
  2. Uwakoze nk’ivyo  kandi,  akica umunyagihugu  wo  mw’ihanga  ryiwe ( mu  bwoko  bwiwe ) uwo  ni  yihane , atihanye  ngiye  kubimuhora  ndamwice.
  3. Uwakoze ivy’amacakubiri  y’intara  n’imitumba n’izindi  nzankano, akayakora  kuri  benewabo   bo  mu bwoko  bwa Isirayeli  ya  Kabiri, haba  mu  ngabo  canke mu banyagihugu, akamwanka  mu  mutima  wiwe  canke akamugirira  nabi, uwo  ni  yihane,  atihanye  ngiye  kubimuhora, ndamwice.

vii.       Uwivye  wese  akambura  abo  mw’ihanga  ryiwe, abitumwe  n’ishaka  ry’ubugarariji, ubusuma, ubwononyi n’ubwambuzi, uwo  ni  yihane;  atihanye agiye  gupfa ntakabuza.

 

  1. Ugusenga no  kwisonzesha:

–           Iyo  misi  itatu (3)  ize  ibe  iyo  gusenga  n’ukwisonzesha  kandi  muze  museruke  imbere   yanje mu  gutakamba kwinshi rwose kugira ikibanza canyu  giseruke  imbere yanje Uhoraho,  sinze  nshikirize  abantu  banje igihuhu  kitagira  ingabo.  Narababwiye  ko ubwanje  ari  je  ngiye kwihesha  icubahiro  ku  gihugu c’uburundi nikorere  igitangaza kugira  mare  igabo  inganji   yimonogoje  mu bugarariji  kandi  mpane n’amahanga yafatanije  nayo mu kugora  abantu banje. Rero  igikorwa  co  gutabara  Isirayeli  ya  Kabiri umwana  wanje w’imfura  mu  mahanga  yose ya  none  ni  icanje;  kandi  namwe  ni yo namara kukirangiza  nzobaha  kuzigama igihugu  muri rya sezerano  ngiye gusezerana  namwe yemwe  mwa ntama zo  mu  bwoko bwanje.

–           Ugusenga  ni  ukwo ku murango  gusa, amasaha  icumi n’abiri  buri   musi;  kandi  muze  musabe uguharirwa, ukwezwa  be  n’inkomeza  kugira  ndabahe ingabire  zanje  zizobashoboza  kuzigama  ihanga  ryera  ry’Uhoraho  ( 1 Ngo  12: 18 ).

  1. Kubw’uwo muhamagaro w’ugusenga  n’ukwisonzesha  mbahamagariye  mwa  ngabo  zo  mu  bwoko  bwanje, jewe  Uhoraho  ntangaje  ko  uwuzogabitanya  wese akanka  kuwitaba  azoba  ajimije  itara  ryanje n’iryiwe  kandi nta kibanza azoba agifise  mu  ngabo  ngiye  kuragiza ihanga  ryanje Isirayeli  ya  Kabiri   kandi  abafise  ubwibone  muri  mwebwe bakishimira  ubuhizi  bwabo,  ngiye  kubahonda  ku rutare,  ndabakure  mu  bo ngiye kuragiza  igihugu. Ni co gituma uw’ariwe  wese  wo mu  ngabo  zo  mw’ihanga, yaba  uwuri  mu  ngaji y’abansi  banyu (y’Uburundi)  canke  uwuri  mu  mirwi inyuranye,  niyo   yumva  aka  kamo ndabateye, akanka kubibwira  mwene  wabo  wo   mw’ihanga  rya  Isirayeli ya  Kabiri  yaba  uwuri mu  nganji y’uburundi  canke  uwutari  muri  yo, abitumwe  n’urwanko, ifuhwe, igono, inzigo, ubugunge, ukwigungirako, ukwikunda  n’ukwironderera  inyungu, akanka kumubarira  kukw’atar’uwo  bari  kumwe  mu  murwi  umwe, uburake  bwanje buzoca bumuziriringira  kandi  ugusenga  kwiwe  sinzoba nkikwumva, mbere  nzobimuhora,  kuko  ndi  Imana  Yera,  itajana  n’abagabitanya  ( Imigani 18: 1).

 

  1. Kuk’ukw’arik’Uhoraho avuze  ati, uwu  muhamagaro ntanze ku ngabo  zo mw’ihanga  w’ugusenga  n’ukwisonzesha ndawushizeho  nk’urutaro  rugosora kugira nironkere  ingabo zimpimbara (Abacamanza 7:4 ) . Hanyuma,  niyo  mwaheza  gukora ivyo mbategetse nk’uko ndabibabwiye, muze  mwirabire  ivyo  ngiye  gukorera  mu maso  yanyu   n’ay’abo mw’ihanga ryanje ryose Isirayeli  ya  Kabiri, baba  abari mu  gihugu c’uburundi  canke abari  hanze  y’igihugu; ni  jewe  Uhoraho nyen’ ingabo ndabivuze,  Amen ( Kuvayo  19: 10 – 11).

 

IV        GUSOZERA.

 

  1. Ncuti mwenedata  uri  mw’ihanga  ry’Uhoraho Isirayeli  ya  Kabiri; ihanga  Uhoraho  yitoreye akarigira iryiwe  ryera  mu  yandi  mahanga yose ariho  ubu; nawe ukaba watewe   iteka  ryo   kuba  umwe mu  ngabo z’ihanga ryera, ntaco mfise nokwuhira ku rivuye mu kanwa k’Uhoraho. Ariko  ico noguhanura   n’uko  woca  bugufi ukumvira ic’Uhoraho avuze, na burya imbere yawe hakiri umunzane w’Uhoraho  wagerewe  kukugera kugira  ushobore kwitwa  koko  ingabo y’Uhoraho  nimba  uzoba  utsinze  ico kibazo.

 

  1. Ikindi naco, n’uko wewe umenye ivy’uwu muhamagaro  uri  ingabo, wogerageza vyihuta ukabibarira  uwundi  wese asa  nawe  yaba uwo mu  nganji y’Uburundi      ( ariko  asanzwe ari  mubo mw’ihanga  ry’Imana )  canke  uwo mu mirwi iri  mw’ihanga aho  iri  hose, nk’uko  Uhoraho abivuze;  utaravye  ko  wewe  woba  uri  muri  reta  uwundi nawe  akaba  ari mw’ishamba  canke utaravye  ko  wewe  woba  uri  mu  mirwi  itari  muri reta  uwundi nawe  ari   muri  reta; kuko  mwese  muri abavukana; abana  ba Isirayeli  ya  Niyo wavyitaho                      ukabimenyesha abandi mu  nzira  zose  ushobojwe  kandi  wihuse  nk’uko  uwu muhamagaro wihuta,  uzoba  wikijije.

 

  1. Ubwa nyuma,  ndangije  mbarira  wewe  woba  ku  gihamana  kibi  canke   ciza  uronse  ubu  buvugishwa  ariko  utari  ingabo, ko wogerageza   ugac’ubuha  uwo woba  uzi  buraba  ntubufate  nk’ubwawe  kuko ntiburaba  abantu  bose ahubwo  buraba ingabo gusa;  naho  nyene  si zose ahubwo ni  barya  biyizi  ko  ari  abo mw’ihanga  rya Isirayeli  ya  Kabiri  baba  abari  musi y’inganji  y’uburundi  canke abari mu mirwi inyuranye  itari  muri    Ivyo bitegetswe  n’Uhoraho,  si  umwana  w’umuntu abitegetse; kuk’Uhoraho  ariwe  afise  ububasha  bwose  kubo  yaremye.

 

IMANA  IDUHEZAGIRE  TWESE.    AMEN.

( Zaburi  150: 1-6)