Ikimenyetso c’ibihe: Ingabo mvamakungu mubutasi i Burundi 

Ibimenyetso vy’ibihe  
Abarundi benshi basigaye bameze nkumupfumu apfanywe n’umuntu. Iyo babonye yuko bahinyutse bakora ibi bagakora biriya bakaba ba ntahonfatwa.

Twarabonye abahora arabategetsi bishira kuntonde iyo bari mubuhungiro ngo bapanze amareta, ngo uyu ajejwe iki ngo urya nawe ajewe biririya ukumengo abarundi n’abana bo gukinisha. Ahubwo abo banyepolitike nyene nibo bimaramaza mukwerekana yuko akenge ko kurongora igihugu c’Uburundi kabadegeranye.

Abandi nabo bata umwanya batuka kandi batukisha igihugu cabibarutse ukumengo abo banyamahanga babwira baca barara babazanye kubutegetsi. Mbere hariho nabirirwa batazambaye ngo harivyo nabo bariko barakora bifitiye akamaro uburundi mukwerekana yuko umuvyeyi yibarutse Petero nkurunziza ngo yoba akiriho. Ivyo vyose vyerekana yuko ahubwo bakeneye umuganganga w’idwara zo mumutwe kuko si ubuhumvyi bisanzwe. Aho hose babigira ngo bakingire ikibaba abantu bazwi neza yuko aribo bamugandaguye kuko batigezwe bacirirwa urubanza kuko bagandaguye nabandi barundi isinzi. Mbega mugushaka kwerekana yuko umuvyeyi wiwe yoba akiriho vyokwungura iki abarundi n’uburundi? Ahubwo barondera kwitamba kumivyimba yabahekuwe 1965, 1969, 1972, 1988, 1993 gushika nubu uburundi bukiriko burahekurwa.

Abo bose tuvuze aho hejuru, Nibo babo nyene baguma bashaka gusamaza abarundi kugirango ibara rirwe.

Uti vyifashe gute? Nkuko vyerekanywe kuva kera, abarundi bonyene nibo bisamburirako nkimpene abari kubutegezi, ababwirukanyweko nababuhahamiye. Amakungu nayo azokwikika mukiza yitwe yuko aje gutabara maze isezerano rizoca rishitswa. Kugirango mubitahure rebe namwe uko biriko biragenda aho n’ingabo z’urwanda zatojwe n’abasirikare ba koreya yepfo, igihugu umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aturukamwo, arizo ziza gutata kugirango batere uburundi. Hamwe ivyo vyora ari inkuru y ukuri, (Irabire nawe uyo foto y’ingabo y’Urwanda yafatiwe i muyinga batazira Vandame Jean Claude akaba yitwa Cyprien Rucyahintare) Yaje gutata ngo batere uburundi, kandi aremeza yuko hari nabandi benshi bakoze ico gukora. Ce mwibuka bwabuvugishwa buvugako umutegetsi mukuru w’urwanda azoza kurwa i Burundi yaje gutera ngo aje gutabara ubwoko bwiwe coba ari ikimenyetso ciyongera mubindi.

Hari abasirikare burwanda, jewe ku giti canje ndanabatahira, batwibwiriye bati: « Twebwe abatutsi b’Urwanda twumva dufitiye ideni (une dette morale) abatutsi b’iburundi kuko aho twahungira i Burundi muri 1959 abahutu b’urwanda bafashe ubutegetsi; abatutsi b’iburundi badufashe neza baturutisha abahutu benewabo. Baduhaye amazi, baduha amatongo, turiga, turadandaza maze dutera imbere. Nico gituma tuzobafasha muburyo bwose ngo bagaruke ku butegetsi. »

Burya abarundi bataretse amohe yabo banyamahanga abaribo bose,bazomarana hasigare iwo Imana yashizeko ikiganza gusa. Abadadaraye imitima aho gutahura bazovuga ngo ni irementanya ariko benevyo bazobonamwo ibimenyetso vyukuri.

Twebwe nkabisezerano, turi kwizamu ryamasengengesho, eka mbere turateramanye umuheto kugirango tuzobanguranye hageze. 

Imana ibahe gutahura ibimenyetso vy’ibihe!

Khoro Murihano 

 www.abisezerano.com