Yesu ashimwe mukunzi nawe musomyi wa site yacu abisezerano.com. Tubanje kubashimira kuvyiyumviro vyanyu mwama na ntaryo mudahengeshanya guterera kugirango ibikorwa site yanyu abisezerano.com yiyemeje birusheho kugenda neza. Nkuko twabibamenyesheje, imigambi yacu niyo kubashikiriza no kubibutsa ivyo Uhoraho Imana yatugeze, ubuvugishwa butandukanye bwaciye mubakozi bayo eka mbere n’ijambo ry’Imana rishikirizwa n’abavugabutumwa butandukanye. Hambavu yivyo rero, turabashikiriza amakuru avurwa hirya no hino mugihugu kugira ngo mwebwe nyene mwirabire uko ibimenyetso vy’ibihe bigenda birashika. Ivyo tubikora kandi muntumbero yo kubereka neza yuko ivyo Imana yacu yadusezeraniye vyose izobishitsa. Mwame mugavye rero kandi ntimuranduke imitima kubera amakuru adahumuriza kandi atera urujiji mwama mwunva. Ntimuzotsitazwe nivyo musomye canke mwumva, ahubwo bizorusheho kubaha ingoga zo kubohoza amasezerano yanyu. Kandi ntimezotinye kwandika munsi yivyo mwasomye ico mwiyumvira.
Imana ibazigame
