Amakuru yiriwe arasamirana kuvyerekeye uburundi nuko ishirahamwe rya bulaya ryahagaritse infashanyo ryahora rihereza leta y’Uburundi.Ivyo rero bigatera umunezero ntangere abasanzwe barwanya Leta irongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kuberako bibaza yuko ubukene buzoca bumutuma ata akomoka. Abandi bati hazoca haba ibintu bihambaye kugirango barabe yuko ico gihano cokworoshwe. Burya ukuri gutegerezwa kuja
ahabona. Bamwe bibaza yuko bazokenyura muguhindura umukuru w’igihugu kugirango bashireho uwuzorosha ibiganiro abandi bakibaza yuko ubutegetsi buzohirikwa kunguvu zihambaye ababuyoya bakagaruka kubutegetsi kugirango amakungu asubire yizere uburundi.
Twebwe abisezerano Turazi ko ivyo vyose bishoboka kuko vyaraciye mu buhanuzi. Ico mwomenya coco mugihugu hafi inzara mbi cane muri iki gihe, kandiko ishobora kwiyongera ikaba mbi gusumba. Twarabwiwe yuko hazoba inzara iteye ubwoba, indwara n’ubukene vyinshi, imvura nyinshi n’ibisita (accidents), abantu bazihebura bate ivyizigiro vyabo, baraba hirya no hino babura ubukiriro; ariko aho nyene niho bazobona Imana iseruka bikangure kuko hazoba habonetse intsinzi y’abisezerano.
