AMASENGESHO
Mercredi le 16/03/2016 de 6h à 18h.
Mbanje kubaramutsa ndabifuriza amahoro y’Imana Data wa twese Umwami w’ijuru n’isi abane namwe.
Nkuko twiyemeje kwitanga mu gikorwa co guserukira abarundi n’Uburundi.
Tugomba tubamenyeshe ko dufise amasengesho dusabwa kwinginga uhoraho ngo atwambukane adushitse mumasezerano yaduhaye.
Soma kuvayo 3 :13-22
THEME:
-Wibuke isezerano riva k’uhoraho ko ridahera ugumane ukwizera kandi witunganye uko bukeye uko bwije.
-Twibuke abanyamasezerano bose bari mungoyi tubafashe muvy’umubiri ukenera twongere tubabohoze kubw’amasengesho yacu.( ivyakozwe n’intumwa12:1-19)
-Turasangangura amareba yubupfumu faraoni ariko akoresha kubanyamasezerano. (Luc 17:1.)
-Twibuke gusengera no gushika ku mpfuvyi, abapfakazi, impunzi n’abana bo mwibarabara. (Matayo 25:35-40)
Amahoro y’Imana abane namwe.
