Isezerano riritangirwa

  

AMAHORO Y’IMANA N’UMUGISHA BIBANE NAWE MWESE!Izi ni imburi n’impanuro vyawe!

Kumbure ugize imisi urindiriye isezerano ry’ugutabarwa kwawe n’ukwigihugu cawe ariko 

Urashobora kuba ubona ko amasezerano wari witeze yatevye mbere hamwe ukihebura uti vyoba atarivyo ukaja mugukekeranya kuvyo wari wizeye canke wari waremeye, ahandi naho ukibaza uti kumbure ryarasohoye kubandi sinabimenya!

Nagomba ngushikirize aya majambo Mpwemu w’lmana agize imisi antegeka kukumenyesha:

Ntanguriye ku kitubazo ukwiye kwibaza wewe ubwawe muriryo rindira ry’amasezerano witeze.

– Akabazo kambere:

Woba witeze ivy’ugutabarwa witwa ko urinde? Uhagaze gute?Ico kibazo ndazi ko umutima wawe wokwiyishurira bivanye n’ibiwubamwo!

Akabazo kakabiri:

 Woba uzi icatumye igugu ry’abisirayeri bambere batashoboye gushika bose muri cagihugu c’isezerano bari bahagurutse ngo bajemwo?

Akabazo kagatatu:

Woba uzi ko iri sezerano ry’ugutabarwa kw’igihugu cacu risa nka rirya ry’abisirayeri bambere ry’ukwinjira i kanani?

Akabazo ka kane :

Woba uziko lmana yatebeje abisirayeli bambere mu bugaragwa kugira ibanze kuvanamwo (ubusaza) mbere no kwica abo bose batari babereye kwinjira mu gihugu c’isezerano ?

Akabazo ka gatanu:

Urutaro rw’lmana ruguma rutanga inyishu kubanka kubitahura! Raba natwe biratebaganye mbe urwo rutaro rw’lmana ruzogusiga n’udatunganya?

Mwene Data ndaziko

Uburyo abantu barindiriyemwo aya masezerano butandukanye ariko nagomba twese dufate akanya twisuzume tutazohava dusanga tutabaye mubazojabukira mu Burundi bw’amata n’ubuki lmana yadusezeraniye .

lMPANURO IKOMEYE NAHAWE KUBASHIKIRIZA :

Kubera ko aya masezerano y’ugutabarwa kw’igihugu cacu ataho ataniye n’isezerano ry’ukujabukira i kanani y’abisirayeri bambere,

Umuntu wese yibaza ko arindiriye isezerano n’abe maso Kuko hari ibintu vyinshi bigiye gutuma atazojabuja!

Iri sezerano twiteze benshi baririndiriye mukwipfuza kw’umubiri abandi mukiryoha abandi babifata cokumwe na politike nk’izindi!

Abavyiteze uko mvuze bose barihenda kandi bazomaramara Kuko intwaro lmana iriko iragomba ko tujabukiramwo s’iyabibone s’iyabasuma s’iyabasambanyi s’iyabanyagasuzuguro s’iyabikunda gusa s’iyabanebwe s’iyabanyamacakubiri 

Y’ubwoko canke y’intara s’iyabikakisha!

Suzuma umutima wawe Kuko n’utigira kuvyabaye kubisirayeli bambere uzosanga ivyo wibaza vyose nguzobamwo utabibayemwo kuko lmana yacu ntakinya irazi ibibunze muri buri mutima!

Jewe ndiko mbabwira ibi nareretswe n’lmana muburyo busobanutse ivy’ubwo Burundi twiteze kujabukiramwo kandi mpabwa n’aya majambo ngo nzoyahe abarindiriye bose ico gihugu gishasha, ntako ndanabwirwa yuko uwutazoyigako ngw’akore ivyayo wese atazoba ari mugitigiri c’ab’isezerano!

Ayo majambo ni :

Ivyakozwe n’intumwa 4:32-37

Aha lmana isaba abantu gukundana, kugiriranira ubumwe, gufashanya bimwe binoneka umuntu ntarabe ivy’u rugo rwiwe gusa ahubwo arabe n’ivy’abandi kandi abashigikire atari ukwikurayo kuko ivyo witwa ko utunze ntibifise agaciro gusumba ibiri mugihugu twiteze!

Mbere ivyo wita ko ufise umenye neza ko atakibanza bifise muri ico gihugu gishasha ureka gukora ibikorwa vyo gufasha ukishinga ivyo wita gutegurira kazoza kawe. Iyuba waruzi ibigiye kuba n’ibizoba nyuma yo gukubura kw’lmana ntiwota amaboko yawe mubintu buca bicika ubusa!

Imana idusaba kwitanaho no kwitaho igikorwa nk’uko ab’igihe c’intumwa babikoze!

Yaba intererano uyitangane umutima nk’uwabo kandi kurugero rw’ubwitange bukomeye !

Nayubundi ivyo abantu b’ingunge canke abatizera canke abahemu canke indyadya nka ba Yuda na Ananiya na Safira ntakibanza bafise muri iyo ntwaro lmana yatweretse buca izana mu Burundi!

Iki gikorwa c’ab’isezerano ndaziko hariho abagifata nk’ubuzimire! Ihibambewe, barihenda; ibi twabibwiwe n’lmana tukiri bato gushika dukure kandi lmana ntishobora gutegura guhindura igihugu ngw’ibure gushiraho abantu bazokirongora.

Abo izoza iha urutonde rwo kurongoreramwo abantu bayo!

Kira noneneho abo bantu yarabatoranije kandi n’urutonde rwo gukorerako guhera ubu gushika twinjire muri ico gihugu yararutanze !

Kandi ntantwaro n’imwe ijaho atari lmana iyishizeho iyo arimbi iyishiriraho gusangangura no guhamagarira abantu bayo guhinduka. Ishiraho intwari nziza nayo kugirang igukize kandi itunganirize abayo.

Iyi ntwaro yihanga ryayo lmana buca ishiraho n’intwaro lmana ubwayo izoba ariyo irongoye nk’uko yabitweretse !

Yaratubwiye ko ihisemwo u Burundi mw’isi yose muri iki gihe c’iherezo ngo kibe igihugu yirongorera kitarongowe n’ubugombe bwa Satani kandi ice itako ihagurutse umuvyuro w’igikorwa cayo mu Burundi maze amahanga yose abone kuvoma mu Burundi ubutumwa bukangura isi!

Iki gikorwa rero c’ab’isezerano lmana niyo yagitunganije s’abadayimoni nk’uko abazimiye bigira abakristo bavyita!

Akabazo ka nyuma:

Mbega hoho ivyo vyo gusenga urimwo bitariko birazana ukugororoka vyoba ari ivyande ko « kuminsi y’Imana » usanga amasengero yuzuye abantu mugabo ububisha, urwanko n’ugusesa amaraso mugihugu bikaguma burira? Ntiwumva ko satani ariwe yiziziye amadini!

Nico gituma kuriyo ngoma y’abisezerano lmana yasezeranye gukura ubwo buzimire bwose bwo muvyo gusenga bitazana ukugororoka kugirango hazoba ikanguro ritarakaboneka!

Isubireko ahubwo upfume usenga ubisiguze lmana hama ushigikire umugambi wayo wo gutabara igihugu!

Wewe nawe witwa ko ushigikiye ariko ubikora ukutabereye hindura kuko raba iyo utanze umengo n’igiturire utanze!

Wasubira kugira ico utanze canke ufashishije abantu mub’isezerano umengo n’inkivyabona utanze vy’ivyo uzoburanisha ngo warakoze!

Mwene wacu kugira ngo utange ufashe canke uterere banza wiyumvire kuri ibi :

-Banza urabe ayo tugowe ubone ko ufashije ngo twese n’umuryango wawe tuve muraya magorwa.

-Banza kandi wibuke ko lmana iraba imigabo yose iri mumutima w’umuntu.

-Banza wibuke ko lmana yadushize umunzane imbere kugira ngo izodukorere ibitangaza iravye uburemerezi abo igiye kubikorera baha ico gikorwa co gutabarwa!

-Niwavyirengagiza nawe izokwirengagizwa

-Niwabifata ibisanzwe nawe izokugira uwusanzwe n’ubwo ivyipfuzo vyawe ar’ivyo kuzoba igihangange!!

-Niwabituka nawe izokugira akabarore nka barya bishe nabi iki gihugu cacu kuko buca ibivuna bikomeye!

-Niwagira icukoze mukwikurayo utabikoranye umutima nk’uwa yosuwa na Karebu naho nyene uzohabwa ibisigazwa nk’uko nawe watanze ibisigazwa! Ubundi ibisigazwa babiba abantu bakengeretse nawe niwaba ubona ko ikigikorwa co guhabuza isezerano ry’igihugu gikengeretse nawe lmana izokugira uwukengetetse mugihugu !

Kandi abo usuzugura uyu musi bazokugirana icubahiro utaribwabonane n’umwe ngaha mu Burundi!

Niwige kuri ayo majambo uhindure ukore mukuri utazomaramara! Kuko isezerano rirakorerwa.

Iri sezerano n’iry’abubaha lmana bagaharanira ubugororotsi! Ibi ubizirikane ko lmana yatumye abisirayeli bambere bamara imyaka 40 mubugaragwa kugira ibanze yice abo bose batabereye kujabukira muri ca gihugu c’amata n’ubuki!

Bamwe bari bazi ko buca bajabukana yamitima mibi yabo bwa busuma bwabo bwa bwibone bwabo kagasuzuro kabo bose baramaramaye babona biratevye maze iki barimwo batangura kugiserurira Mose indongozi yabo!!

Imana yarabona neza ko abantu nkabo ibaretse bakajabuka ko nayo ubwayo yokwicuza ico yabashikaniye muriko gihugu Kuko yobaye ishimangiye ububi bwari bubuzuyemwo!!

Natwe uyu musi nuko vyatugendekeye !

-Hari abari baziko mukw’icenda kw’umwaka wa 2015 bazoba bajabukiye muri bwa Burundi twasezeranirwa. Babonye harenze baciye bidohora batangura gutuka ivy’abavugishwa n’uwahora agira ico aterera yaciye abihagarika abandi nabo bacitse intege barakekeranya bati sivyo twizeye ibitarivyo bibagira yuko isaha y’Imana itandukanye niyabana babantu.

-Hari n’abandi bari bafoye ngo bazoba ibi canke biriya bazicara muntebe izi canke ziriya ! Abo bose ndababwiye ntanumwe yatahuye iki gikorwa c’ugutabarwa haba namba!

MENYA NEZA yuko isezerano rikorerwa. Ni mwitange mutiziganya rero.
Bujumbura, le 17/03/2016

Nehemiya Bigirimana 

http://www.abisezerano.com