Abarundi barabuze ihero ry’imiti.

  
Abantu barabuze ihero ry’imiti. Ubu rero hadutse abantu bariko bacuruza ubuzima bw’Abanyagihugu ngo bariko barabarwanirira. Bamwe barasa bikinze ijoro kugira hanze baronke ivyo birira hanyuma bukeye abapolisi n’abasirikare bazinduka bayora inzirakarengane ata camira. Ivyo rero baronse n’amajambo bavyita ngo ni UKWANDIKISHA. Hariho akarorero k’umurongozi umwe kandi w’umunyepolitike yasutse abana bo ku mutakura, cibitoke, nyakabiga, ngagara na musaga ngo nibarase kubera New York hariko habera inama y’umutekano ko leta iriko ivuga ngo hari umutekano mu gihugu. None murumva ako kabi ico bakoze baraye bararasa bukeye barazimangana. Urwaruka rw’inzirakarengane rwafashwe ntituzi irengero ryarwo. Ariko tubibutse ko hariho abavyanse kuko batumva impamvu, abo barakuwe mu rutonde rw’abandi.Abandi nabo biyitirira imirwi irwanya leta bagakoresha amareresi bafashe bakoranye n’abarongozi b’ibinyamakuru bimwe bimwe bikorera k’ubuhinga ngurukanabumenyi kugira bironkere amahela. Twebwe hariho umwe tuzi adasiba Campala yibonanisha n’abakuru mu gisirikare mu Buganda, na Kigali yarashitseyo, na Tanzania ntatangwayo. Yirirwa arayerera ariko aho hantu avuga afise ntaho, akivugisha ngo hari abariko bariyunga ngo bamutere, naho shwiii.

Hari n’abandi birirwa barayebayeba iburaya. Tumaze kumenya mu bwongereza n’ubu hollande. Biyitirira imirwi itabaho kandi ntiberekane aho ayo mahela bayatwaye. Ubu ho havutse abandi muri Mozambique ngo ni Force de Libération de la Démocratie Nationale (FLDN). Abo bose umugambi wabo ni ukwirira amahela.

Ivyo bintu birababaje kandi birateye agahinda. Ico bizovyara ni uguta ukwizerana ku basangiye urugendo, aba barongoye iyi leta iriko iratoteza Abarundi batavuga rumwe nayo, bagaca bashira agati mu ryinyo bitwengera.

Hari ibindi navyo vyatanguye kwibonekeza nk’ingaruka z’uburongozi bubi muri iyi ntambara. Ubu abantu bahawe inkoho zo kurasa mu kirere, niko twovyita, kuko aho barasiye ntaco turabona cavuyemwo, atari inzira karengane zahahoneye. Muri iki gihe abo barasa batagihembwa biharaje kwiba abihitira bakoresheje ivyo bigwanisho. Abandi nabo bakishikana bagaheza bagakoreshwa mu kugurisha abo bari kumwe n’inzirakarengane atvyo zizi, aho nyene ku dufaranga ataco tumaze, umwanya ba shebuja baza bariyitirira ibikorwa batakoze bikabaviramwo no gucanamwo baterana amajambo adahumuriza, kuko baba bahuriye ku bikorwa baba batazi niyo vyakorewe n’ababikoze. Imbonerakure nazo zikihereza ama quartiers yiyamirije ikiringo ca gatatu ca leta aya Nkurunziza, bakabiba urukombamazi,

Ivyo bintu nukuri biratuntuje abarundi. Ubu abantu babuze ayo bacira nayo bamira.

Barundi Barundikazi, tuve ibuzimu tuje ibuntu. Birababaje kubona abantu nkabo badakunda igihugu ntibakunde n’abavandimwe babo.

Ni duhindukire tumenye ko Uburundi ni twabutabagura, tukangara ari twebwe tuzoba abayererezi hirya no hino atawuturaba. Murabaza Abayahudi bamaze ibinjana batagira igihugu uko bibabaza. Canke muzobaze ababanyi bacu b’Ababanyarwanda.

Iyi leta y’Abononyi n’Ibisambo itunaniye kwegura kubera duta umwanya mu bitaja ntibize. Aya makungu twirirwa turambambira ntadukunda nkuko twikunda. Iyo baje baba bafise ico barondera aha kandi gisumba ico bazanye. Abo rero basaba uwimye kandi bakorana n’uwufise inguvu. Ni babahuwufise.

Jewe ngira ndabahe intahe nahawe n’umuntu yari akomeye kandi w’incabwenge, duhuriye Nairobi muri Kenya, ariko Imana Yaramuhamagaye. Uyo nawe ni Padiri KANA Aster. Yarambwiye ati: « igihe niga mu Butaliyano, guca Doctorat muri Philosophie, hari akagendo k’amaguru mva aho naba gushika aho niga.

Ku nzira nacamwo hari inzu y’umutama (w’umuzungu) w’umutaliyano yakora imikate n’amagato. Hanyuma igihe cose ndahaciye namusanga kw’ibarabara ariko atumura agatabi, agaca anyitegereza. Nanje kubera ingene twarezwe iwacu mu kirundi umuntu akuravye yaba akubwiye kwikwiza. Nanje naca ndamuha indamutso y’amahoro (naramupepera), nawe ntanyishure na gato. Imisi iragenda,mu gitondo, isaha zitandatu ntashe, isaha umunani nsubiyeyo no ku mugoroba ntashe, ata gihinduka.

Amayinga abiri aheze, ku musi wa mbere utangura iyinga ya gatatu, mu gitondo ndahaciye ngira kwakundi mbona ampaye ukuboko. Ndagenda. Ntashe isaha zitandatu arandamutsa aca ampa karibu munzu iwe. Ninjiye ansaba kwicara arugara umuryango, mu nyuma anzanira igato yakoze turayisangira. Duhejeje araheza ambaza ati : « Mbega mwibaza ko Abirabure tubanka ? » Nanje n’ishavu n’akantu nti : «Iyaba atari uko bimeze wari kumara indwi zibiri utandamutsa ? Mbega wagira ngo ndanuka ? »

Wa Mutaliyano aratwenga cane, nawe ati : «Burya ntitubanka ahubwo turabatinya. Igihe twaza kubakoloniza twavuga ko tuje kubagira Abantu. Twabita inyamaswa z’abantu (les hommes-animaux). Dushitse dusanga ahubwo nimwe mwubatse neza, dusanga turiko turiga ingene uburongozi bwanyu bumeze. Butonze neza.

Hanyuma dufashe abana banyu ngo tubazane kubigisha, igihe cose hageze kuvuga amanota, Abazungu bashikirwa ari uko Abirabure baheze.

Kadundura ka vyose, bagarutse iwabo nibo batwirukanye mu kwikukira. Ivyo rero birakwiye kugira tubatinye.

Ibindi navyo bigoye:

➢ America mwibaza ko yarikuba uko iri iyo ataba Abirabure bagiye kuyiteza imbere?

➢ Uburaya bwari kuba uko buri iyo ataba ubutare n’ibindi vyinshi biva muri Afirica, hamwe n’amahela yavuye mu gucuruza Abanyafirica muri America?

➢ Mbega Aziya yobaye uko iri iyaba Atari amasoko bafise muri Afirica?

Ariko mwebwe murikwiye, mufise abashobora gukora ibijanye n’ubuhinga bwo guhingura ivyo mutunze kubera Abanyabwengeni ni benshi, mukongera mukavyigurira.

Ica gatatu, ari co gihambaye. Nuko ibiyaga vy’amabarafu biri hejuru y’Uburaya turavye uko isi iguma yongera ubushuhe uko imyaka igenda, mu myaka mirongo itanu (50ans) bizoyonga, Uburaya bwose bumirwe, kuko buri hasi y’amabahari. Muri Afirica rero niho dutez ubuhungiro kuko niyo iri hejuru.

Arongera ati ntubona, turi mu myaka ya mirongo umunani,mu myaka cumi iza uzoraba nta gihugu na kimwe co muri Afirica kizosigara kitari mu ngwano.

Dutegerezwa kuza turi abategetsi, mudufukamira nka kare. Aha hariho Abantu batagoheka, baguma biga uko bateranya Abanyafirica, kandi n’uburyo bukenewe babushiraho. »

Murakoze gushikiriza impanuro abo mushikira

Mr. Ariel SAburonka