Aha iwacu I Burundi, uko iminsi urengana niko ibihe biha ibindi. Ubukene buguma bwiyongera, inzara ikazura inzara, ubushomeri bukaba bwinshi, ubwicanyi bukarwira ndetse n’ibihuha vyoguhirika ubutegetsi bikaba vyinshi.Hambavu yivyo haravurwa impuha zintambara zitera ubwoba abantu mbere n’abari inyuma yabo bazotera bakaba bazwi neza. Ivyo bigatuma abarundi tujuragirika tukibaza duti:
-hagati ya Petero Nkurunziza na Petero Karaveri Mponimpa ninde mvugakuri!
-hagati ya Petero Nkurunziza na Musenyeri Ngoyagoye ninde asenga Imana y’ukuri.
-hagati ya Petero Nkurunziza na Petero Buyoya ninde mubisha!
-hagati ya Petero Nkurunziza na Lehonaludo Nyangoma ninde munyabwoba!
-hagati ya Petero Nkurunziza na Alexi Sinduhije ninde murwanyi!
-hagati ya Petero nkurunziza na Pawulo Kagame ninde azotsinda uwundi!
Abarundi bamwe mukuvyorosha baca baca umugani ngo « Mwene imbugita ni uwuyifashe ikirindi » abandi nabo bati murahumba ahubwo « uwuhagarikiwe ningwe aravoma » Twebwe natwe Abisezerano tugira tuti mwese muranguha nyabuna kuko Uhoraho rararivumereye yuko kazoza ku Burundi kari muminwe yiwe. None wewe murizo mpande zitatu uhagaze hehe?
Uko bukeye uko bwije nikwo twebwe abarundi tuguma tubona urukurikirane rwamakuba n’amagorwa. Abantu baguma bakubagurwa, bagatabwa mumvuto abandi bakicwa. Invura irarwa imirima n’abantu bigatwarwa. Imiyaga kwokwukwo. Imiduga yiha inkumbi kumunsi kumunsi uko bidasanzwe maze ibihano amakungu afatira igihugu cacu bikaza bisongera isibe. Aho rero ngo na « bado » kuko akari inyuma karahinda. None wewe witeguriye gute ayo mageragezwa?
Umwami Yesu yavuze ati : »Ni musenge ntimurwe mumosha » kandi ni nawe yavuze ati: »Hahirwa uwihangana gushika kwiherezo. » Dusenga tugira duti Imana yo mwijuru niyirure imbabare, iremeshe abahahamutse, igoboke abapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi. Ndetse ifashe uburundi n’abarundi bose. Muhezagirwe!
