Imana ikomeje kubwira abasenzi batandukanye ibigiye kuba kugihugu c’Uburundi

Bene data bakundwa b’Imana muragahezagirwa n’Imana data watwese kwiteka yabateye ryokuba abakozi bayo.Ububuhanuzi mutwandikira mutwibutsa ivy’Imana yavuze k’Uburundi burimwo ukuri kwinshi. Benhsi barabwumvise ariko bukaba bwaciye inyuma yamatwi. Mbega uyumusi mwene,data wewe,wigeze kwumva ubuhanuzi ugakekeranya, kuri iyi isaha amakenga ufite ntarahera?nimb’atarahera hoba,habuze iki muvy’Imana yavuze k’Uburundi?Reka tubandanye kwibukanya ivy’Imana yavuze k’Uburundi:

-Mumwaka wibihumbi2 nacumi (2010) Imana yatanze icirwa kidasanzwe iravugango mbega imodoka irashobora gutwarwa numushoferi umwe gusa kuva ikozwe gushika isaze? Benshi mubari kumusozi w’Imana ntibatahuye ic’Imana yagomvye kuvuga. kuri uwo musozi nyene kandi kuriyo saha yahavugiye amajambo akomeye cane nayo naya, Imana yaratanze inyishu ivuga iti: « imodoka ntishobora gutwarwa numushofiri umwe oya. Arapfa canke akagenda hakazuwundi nuwundi nawe nyene akayivako hakazuwundi. Gutyo gutyo. Mugabo rero inyuma yaho hakaz’uwuyitwara kugeza kwiherezo ryayo. Mwene data,ncuti yumusalaba mukundwa utwo dufindo twubwenge Imana yabwiye ubwoko bwayo harico tukwigisha kuvyabaye mw’ihanga ry’Imana? Hari ikindi kidasanzwe Imana yerekanye naconiki: » herekanywe umuriro mwinsi utwarwa numuyaga ukwir’igihugu cose mukiringo cumwanya muto. » Benedata nimba twemera yuko ubwo buvugishwa kobuva k’Umana icokimenyetso kirakubwir’iki? Kuruyo mwanya nyene habaye iyerekwa ridasanzwe habonekanye indege nyinsi mukirere c’igihugu cacu zitikiza abantu bakuze abana bato,zikabareka. Kandi abantu bagerageza kwinyegeza zikabanyegurura. Nabagerageza guhunga ngobahungire hakurya yigihugu mumahanga, ntawabishoboye kuko barubura kigongwe baciye batangirira kumbibe zigihugu bica kandi batongora. Uwo Imana yakoresheje muri iryo yerekwa yaciye imutuma kugenda kubwire abarongozi bigihugu c’Uburundi. Uwomukozi w’Imana yaragiye ajanye ubwo butumwa akibushikiriza uwo bugenewe, uyo yaciye ararika ingabo ziwe gufata uyo mukozi w’Imana. Hanyuma amaze kubona kwamaramaje kugomba kumugirira nabi icoyakoze yasengeye mumutima akokanya nyene ijuru riravyumva rica riramutabara. Niho wamutegetsi yaciye amuhamagara akubaza ati: »None Imana yakubwiye ngo dukoriki kugirango ivyovyago vyoye kudushikira ? » Yamwishuye yuko bakwiriye kwihana vyukuri, bakagororoka maze bakarongora nkuko Imana ibigomba, mugabo ntiyumviwe. Uyo mukozi w’Imana yaciye asaba Imana ngo imuhe kuvugira mumasengero yayo yose. Uhoraho yaciye amubwira ati: » ihute ujane ayamajambo mugihugu cose kuko ntihobura nabakeya bayumvira nkabakiza inkota ngiye guteza mugihugu. » Ncuti yanje birashoboka ukaba warumvise ubu butumwa. Bubwire abandi bafashwe muri runo rugendo.

Ibuka kandi yuko Imana yabajije iti : »Mbega wohitamwo gutangura kuba munzu nziza hama ugaherukira kub’amunzu yubwatsi kuva hejuru gusika hasi canke wohitamwo guhera mumushonge mugabo ugahereza kuba mwigorofa? » Ico wohitamwo kiragaragara. Rema rero murayo magorwa urimwo y’ubukene, inzara, uruhungo, uguhamwa, ubushomeri, umutekano muke, ugutotezwa, ugupfungwa, intuntu,… Kuko ugiye kwirurwa bidatinze. Birashika ukaba wafase minenerwe ubu buhanuzi, Ehe ikangure wibuke ic’Imana yavuze kugihugu c’Uburundi ureke kuba muri ba benshi bizeye inguvu zabana babantu, ariko weho wizere ugutabarwa kwawe ku Mana Yehova yaremye ijuru n’isi.Amen! 

 Désiré Irakoze.