Abantu biteguriye kurya Pasika. None, Pasika iraribwa ? Injira mu bwato Yesu araje. Ubwo bwato ni Yesu, si umugambwe si idini si umupfumu si amafaranga, si Maraya, si inzu nziza, si Noël si Pasika si pentekoti. Jijuka. Abapagani ba kera ni bo bakora pasika uko umwaka utashe kuko ibimazi vyabo vyariamapfizi, n’inyoni n’ibindi « ngo » bitagira agasembwa, n’aho nyene ataco mw’isi kitagira agasembwa. Ivyo kuko bitera ntibineze, nico gituma pasika yabo bayikora uko umwaka utashe ngo batinde bere, « bajabuke ». Ariko barajabuka ? Oya. Yesu yinjiye mu masinagoga yabo muri iyo misi mikuru yabita »mwa ndyadya mwe », kubw’uyo musi mukuru, akababwira ati : umusi wanje nturagera. Mbega uyo musi yavuga ni uyuhe ? Si umusi yacunguriye ko abantu, umusi yatangiyeko ikimazi kizima cemewe n’Imana, ari co We nyene ? Siwo musi wo gusubiriza vya bimazi bitera ikimazi cera kimwe ari co Yesu nyene? Pasika ko gisigura kujabuka, uyo musi si wo abakiriye Kristo bajabukiye ? Uwemeye ico gikorwa c’urukundo c’uwo yakuwe mw’ijuru n’ukwitanga ngo adukure mu buja bwa Satani, akatura ivyaha akabatizwa mu mazi menshi nk’uko Yesu yabikoze, kuva ubwo akemera kurongorwa n’ijambo ry’Imana ryanditse muri bibiriya yera, aba ajabutse. Uyo aba agize Pasika, bene Data, ntimwongere kuzimizwa. Nimba ubu ari ikibazo co kwibuka muzanye, mugize neza. Ariko ndabaza: ivyo wumvise ubona wovyibuka rimwe mu mwaka ? Ico si ikinyoma c’abakunzi b’inda canke abanyamareba batwinyegejemwo barondera inyendamuvano yo gucumita intama canke kuvishiriza wa Mubi ikindi kimazi ku rwenge ? Kuko ikizwi co n’uko ivyo vy’imisi mikuri atari Yesu canke intumwa babikoze canke ngo babitwigishe. Nimba ari umusi mukuru wa Yesu, ni kuki Satani aca aronka benshi baborerwa, Barbara mu ma boites de nuit canke mu bunywero no mu gahinga bagasambana, bakiba, bakica bakanicwa, n’ibindi nk’ivyo ? Mbega ku musi wabaye kubw’inguvu zivuye mw’ijuru, imbaraga z’ijuru n’ivyamwa vyazo si vyo twari tworushirije kubona kurusha kwishira hejuru kw’abadayimoni? Ntitwobonye abantu bakira ingwara, impwemu mbi zigahunga, abantu bakava mu mabohero agaragara canke atagaragara. Garuka, bana bato ? Uhoraho yaraye abwiye umutima wanje ngo mwemere kwinjira mu bwato. Ayo mato y’amadini abantu bikoreye niyo abkomeza ubwo bugarariji bw’aba Nikolayiti. Yesu yashizeho ishengero rimwe arishirishaho gusanza amaboko ku musaraba kugira abamwizera bose bizere ukuri bakire. Kugira uhebe idini rigarariza kandi wariwararyitanzemwo muri vyinshi, ibuka uyu yitanze wese ata caha yari afise kugira yubahe urutonde rwa Se wo mw’ijuru. None wewe uhisemwo urutonde rwa Data wo mw’ijuru canke urw’idini? Ibuka ikiganiro Yesu yagiriraniye n’urya munyasamariyakazi: Uyo yemera Irina rya Yakobo ryatunze ba sekuruza n’inka zabo, yanka Iriba ry’amazi atanga ubugingo rya Yesu. Nawe uhisemwo iriba ba sogokuruza babatirijwemwo, iryo wimikiwemwo ukaba Pasitori Imana itarimwo, iryo watanzemwo amahera menshi ngo uryubakire,… Uyo mugore we yahavuye amubaza ivy’ayo mazi. Aca azana ikibazo c’aho kwinjirira nk’ivyo namwe mukimagiza mu mitima yanyu mukanka kwinjira mu kuri kw’ijambo ry’Imana. Uwo ndiko ndavugira yamubwiye ATI: si ku musozi canke i Jérusalem ho gusengera, ariko ngo ni mu kuri no mu Mpwemu. None aho ni mw’idini irihe abantu biyubakiye? Ni mw’ikaritiye iyihe? Garuka mw’ijambo, Yesu araje. Imvura nyinshi ikuvye izobatwarana n’ibimazi vyanyu vy’impfizi mutihanye. Kandi iraje. Umve mbabwire uko mukwiye guhimbaza pasika : atura icaha cawe watinye kwatura, witatura n’umuryango n’abagenzi n’ishengero, hama ufate ibihete vyawe, amahereni, impeta, ivyo mwambara ku maboko no ku maguru arivyo gourmetes na chevilleres, utore mpuzu z’ubuyonga n’izindi mpuzu nzizanziza n’ibirato wari waribagiye ubigurishe, ikivuyemwo ugihe impfuvyi n’abapfakazi n’ibimuga n’abarwaye. Mw’ijuru hazoba umusi mukuru, ivyago n’ivyaha bihunge inzu yawe. Amen. Ivyo simbibwiye abo twita abapagani tubacira imanza, mbibwiye abitwa abakozi b’Imana bakavyerekana mu mpuzu zibaranga n’amazina y’agahebuza ya ba Nyakubahwa, y’abungere n’abavyeyi n’abasenyeri na ba Nyenubwerand, n’iminara n’amajambo y’Imana yanditswe mu ndome nini ku mambe . soma Yohani 4:7-26; Mat.23: 1-12; 2Kor.6:14-18 Itanguriro 6 na 7. Umwami Yesu abakire mu bwato bwiwe, Amen. Eric Shima