Akabazo kabasomyi b’isezerano

MBE KUNYWA INZOGA NI VYIZA? NI IBISANZWE CANKE NI BIBI? 

 Mwaramutse neza. Uyu musi twaramutse dushima Imana.Nawe fata akanya ushime.

 Namye nibaza kuri iki kibazo. 

Mbajije bamwe bambwira ngo inzoga ni nziza zihuza imiryango, abagenzi, zimara akanyota, zimara imanza kandi imibiri irazikeneye. 

Mbajije abandi bati kunywa inzoga ni ibisanzwe kuko ntakija mu nda gihumanya ariko ibiva mu muntu nivyo bimuhumanya baciye bansomera muri Mark. 7:14. Baca bambwira kandi ko na Paulo yahanuye Timoteyo kwadakwiye kunywa amazi gusa mugabo ko akwiye kunywa utuvino dukeya atababaje, bati natwe tunywa dukeya gusa, baca bansomera muri 1tim. 5:23. Baciye bambwira bati abatazinywa barenga ku mategeko kuko Imana yategetse kunywa inzoga muri Gusubira mu vyagenzwe 14:24-26. Barangiza bambwira ko na Yesu ari kw’isi ko yanywa, baca bansomera muri Yoh.2 igihe yataha ubukwe bw’i Kana agahindura amazi imvinyu, bansomera kandi muri Mat.11:18-19 aho yivugiye we nyene ko yanywa.

Mbajije abandi bambwira ko kunywa ari icaha kandi n’ugukora kw’icupa ry’inzoga bati ni icaha. Bansomeye uburyo inzoga zikura agashambara umuntu, bansomera inkuru ya Nowa ingene yanyoye akaborerwa impuzu zikamuvako ( Ita.9:18-27), banyereka kandi ingene Loti yanyoye akaborerwa agasambana n’abakobwa biwe ( Ita.19:30-38). Aha muri iyi mirongo natahuye ki Ijambo ry’Imana ryariko ryerekana ingaruka mbi z’ukunywa inzoga ukaborerwa.

Maze gutahukirwa ivyo, naciye ndababaza yuko kunywa dukeya ntuborerwe vyoba ataco bitwaye. Kurico kibazo bambwiye ko kunywa ari bibi caane. Bansomeye imirongo ikurikira, muri Hoseya 4:11 havuga ngo ubusambanyi na vino n’umubira wayo bimara ubwenge. Uwuborewe aradanyangwa ubwenge bwagiye ari ikiyingiyingi ( 1sam.25:36). Babandanije bansomera amajambo y’Imana yanditswe muri 1Tes. 5:6 havuga yuko dukwiye kwirinda ibiboreza, bongerako ijambo ryanditswe mu Migani 23:29-35, banyereka ingaruka mbi zinzoga: imitongano, imyidodombo, amaso atukuye, ubusambanyi n’abagore b’ivyigenze, kuvuga ibidadi, kurara mu kanivo, kurwana n’ibindi. Bongeyeko ijambo riri mu Migani 23:11 aho ijambo ryerekana ko inzoga ituma abantu bafutana.

Mu nyuma imbere y’uko dutandukana nababajije igituma jewe nk’umukristo akorera Imana bavugako ntarekuriwe kunywa na dukeya kandi Paulo yarabwiye Timoteyo kunywa utuvino dukeya. Umuntu umwe muribo yanyishuye ati iyo inzoga zikaba zari zirekuwe Timoteyo ntiyari kubanza gukenera uruhusha rw’umurongozi wiwe w’ivyo impwemu kugira ngo anywe utuvino dukeya kubw’ingwara yo mu nda yarafise. Ico gihe bibazako vino ivura ingwara y’umushishito. Urumvako abakristo batanywa nimba hari hakenewe uruhusha, niko nishuwe.

Uyundi yaciye ambwira ingene Imana yabwiye abavyeyi ba Yohani umubatizi. Yansomeye muri Luk.2:13-17 havuga ngo  » kuko Yohani azoba mukuru mu nyonga z’Umwami Mana, ntazonywa vino canke ikiboreza na kimwe azokwuzura Mpwemu…. », yongeyeko ijambo ryanditswe mw’ikete yandikiwe abanyefeso 5:18 havuga ngo »‘ ntimukaborerwe vino irimwo ubuhumbu ariko mwuzure Mpwemu. Yarangije ansomera mu gitabo c’abacamanza inkuru ya Samusoni ingene Imana itakundako abavyeyi bafise imbanyi y’umunaziri babuzwa kunywa vino n’ikiboreza ico arico cose ( abacamanza 13:1-5). UBWO NYENE NACIYE NTAHA MFISE IKIBAZO CO KUMENYA UKURI AHO KURI. MFASHA NAWE UZOBA UKOZE.