Murakomeye? Ndashimiye abagize ico bavuze kuvyerekeye kunywa inzoga ku bakristo. Nanje nshigikiye kutanywa kubera imvo zikurikira:1. Nkuko vyabaye kuri Nowa inzoga zirakwambura agahuzu. Nico gituma utokwigerezako ngo nzonywa nkeya. Umubiri uko uwumenyereza kunywa, utera ugusaba ibirenze ivyo wahora ufata buhorobuhoro ukazosanga waramaze kuba kabetero. Kubarongozi b’ivyo impwemu, igihe bobwira abantu ngo genda munywe dukeya bica biparangana hakaba ikibazo, benshi bakaba imborerwa kubwabo barongozi.Soma Ita 9:18-28
2. Kubera nipfuza kuba mukuru mu nyonga z’Uhoraho sinzonywa inzoga. Yohani umubatizi niryo tegeko yahawe n’Imana. None wewe ugomba kuba ukengeretse mu maso y’Imana kubera inzoga, biragahera. Soma Luk. 1:15
3. Kubera Paulo ahumekewe na Mpwemu yera yandikiye abanya Tesalonika ko bakwiye kwirinda ibiboreza. Soma 1Tes. 5:6. Kuki? Yerekanye ko irimwo ubuhumbu kandi siwe wenyene abivuga ( Soma ibi bice bikurikira Efeso 5:6, Hoseya 4:11, imigani 23:29-33).
3. Kuko bibiriya yemeza ko inzoga zihomvya abantu bagafutana, nico gituma atari vyiza kuzinywa. Kuki wokwikwegera akarambaraye? Soma imigani 23:21.
4. Kubera Bibiriya ibuza abami kunywa inzoga (Imigani 31:4-5), ikabuza abarongozi b’amashengero kunywa inzoga ( Tit. 1:7), ikabuza abanaziri kunywa inzoga ( Abacamanza 13:1-5, 14). Abanaziri ni abantu Imana yatora ngo bayikorere. Ko nanje nahamagawe ngo nkorere Imana sinzonywa inzoga. Natwe turi abami n’abaherezi nico gituma tutanywa inzoga.
5. Hari uwavuzeko inzoga ari se w’ivyaha vyose kandi ni ukuri. Nico gituma twozireka. Ikindi no mw’ishengero rya mbere ntanzoga banywa nico gituma Timoteyo yarakeneye uruhusha rwo gufata utuvinyu dukeya kubwo mu nda yiwe harwaye.
6. Kubera Mpwemu yera atuzura uwanyoye nozijwera iki? Ikintu cose Mpwemu yera yanka nogikunda kubera iki? Efeso 5:18.
Wewe unywa Yesu arakeneyeko uhinduka kugira ngo azosange witeguye. Yesu ntiyanywa inzoga ariko yanywa umutobe w’umuzabibu. Reka tugere ikirenge muciwe.
