Inyishu ku biraba Isabato, amabwirizwa n’ibindi vyinshi abantu bandika/ Kibasha Muhoho

MUVUKANYI, SOMA UTAHURE, WIRINDE GUCA IMANZA !

IJAMBO RY’INTANGAMARARA
Basomyi mwese ba runo rubuga, ntanguye kubasaba imbabazi kuko sinari umwanditsi, kandi sinari umwigisha canke umusiguzi. Nashatse gusa kwishura abandika inyandiko zitunga agatoke Ekleziya Gatolika n’indongozi zayo – aba-Papa- bakabagiriza kuba barahinduye « ivyagezwe vy’Imana », ngo bahinduye amabwirizwa n’isabato, ngo basenga imizimu mu kuninahaza Aberanda na Bikira Mariya, ngo bambara ibiheko mu mashapule n’ibindi, …, ngo nibo umuhero w’isi uzovako, n’ibndi n’ibindi. Birababaje cane.
Uru rwandiko ndarushikirije cane cane abantu babiri : uwanditse ku vyerekeye « inkomoko y’amadini – imbono y’Umuntu muzima» hamwe n’uwanditse « ibimenyetso vy’umuhero w’isi ».
Nsubiye gusaba imbabazi abazosoma uru rwandiko ntibarwiyumvemwo, ni ibisanzwe ko dushobora kudahuza. Ariko intumbero yanje si iyo gurtyoza canke kubabaza uyu canke uwundi, ihi bambewe, ni nyabuna iyo guha umuco, mu vyo nshobora, abasoma Igitabo Ceranda ca Bibiliya kandi bakifuza ko ivyo basoma vyobaroresha ku gusenga mu kuri ya Mana Imwe Rudende Itabangikanywa ari Yo Se w’Umukama w’Ijuru n’Isi Yezu Kristu.
Nsavye kandi imbabazi Ekleziya Gatolika nemera kandi nakuriyemwo, kuko – ndavyemeje ngaha – ntiyantumye iki gikorwa, bisigura ko ivyiyumviro ntanga ngaha ari ivy’iwanje gusa. Nsavye ko hamwe nohuba – kuko bishoboka cane – bampubure nka Mawe nemera kandi nubaha.
Imbere yo kwinjira mw’ido n’ido ry’inyishu nagomba guha abo navuze aha hejuru, nagomba nibutse abantu ivya nkenerwa vyo kumenya ari vyo bikurikira:
1. Bibiliya Nyeranda niho abemera Kristu bose bavoma amajambo y’Ubuzima.

Bibiliya Nyeranda, ni vyiza ko abantu bamenya ko atari zimwe kuko ibitabo bizigize atari bimwe, mbere n’ibice bimwe bimwe vy’ibitabo vyitwa ko biri muri zose, hari aho usanga bidasa.
– Hari Bibiliya y’Ikiyahudi ari na yo bita TaNaK (Version hébraïque de la Bible) igizwe n’ibitabo mirongo ibiri na bine (24 livres).
– Hari Bibiliya y’Ikigreki ari na yo bita Septante (Version grecque de la Bible) igizwe n’ibitabo mirongo itandatu na bitandatu (66 livres).
– Hari Bibiliya y’Abakristu (Version chrétienne de la Bible) igizwe n’ibitabo mirongo indwi na bitatu (73 livres).
Abemera Kristu benshi bari mu Mashengero y’Abaporotisanti (Eglises Protestantes) bakoresha iyo Bibiliya y’Ikigreki yari yagenewe Abayahudi bashwiragiye (Les juifs de la Diaspora). Abandi Bakristu na cane cane abari muri Ekleziya Gatolika, bakoresha iyo Bibiliya igizwe n’ibitabo 73, n’ukuvuga 46 vyo mu Bwuzure bwa Kera (Isezerano rya Kera – Ancien Testament) na 27 vyo mu Bwuzure Bushasha (Isezerano Rishasha – Nouveau Testament).
Kuva mu kinjana ca cumi na gatandatu (depuis le XVIème siecle), umuporotisanti wa mbere mu bemewe ari we Luther, yaciye ategeka abiwe ko mw’isezerano rya kera bokwemera gusa ibitabo abayahudi bemera. Abo bayahudi nabo bakoresha Bibiliya y’Ikigreki bemera ko Isezerano rya kera rigizwe n’ibice bitatu ari vyo bise :
• La Loi (Itegeko)
• Les Prophètes (Abahanuzi)
• Les autres Ecrits (Izindi Nyandiko)
Muri ico bita « izindi Nyandiko » niho Abakristu barimwo abo muri Ekleziya Gatolika badahuriza ko n’abo baporotisanti bisunga ibitabo vyemewe n’Abayahudi gusa. Ibitabo indwi vyiswe « deutérocanoniques » ari vyo :
– Yudita (Judith )
– Tobi (Tobie )
– Igitabu ca mbere c’abapfiriye Israëli (Premier livre des Maccabées)
– Igitabu ca kabiri c’abapfiriye Israëli (Deuxième livre des Maccabées)
– Igitabu c’Ubwitonzi (Livre de la Sagesse)
– Igitabu ca Mwene Siraki (Le Siracide – Ecclesiastique ou Livre de Ben Sirac le sage)
– Igitabu c’Umuhanuzi Baruki (Livre de Baruch)
Nivyo bitabu Abayahudi batemeye ko bija mu nyandiko nyeranda bisunga mu Bwuzure bwa kera ari naco catumye Luther ategeka abiwe kutavyemera. Amashengero menshi yisunga izo nyigisho ari nabo benshi bita mu gifaransa les Judéo-chrétiens canke Eglises Judéo-chrétiennes.
Igihambaye rero ni uko Bibiliya uko iba kwose kandi n’aho igizwe n’ibitabo vyinshi, ivuga Imigenderanire iri, kandi yamye, hagati y’Imana n’Abantu yaremye. Iyo migenderanire nayo yamye igizwe n’ubugamburutsi buvanze ubugambarazi bw’abantu (fidelité et reniement), kuva Imana yimenyesha ubwa mbere Abayahudi iciye kuri Musa n’Abahanuzi (ni ryo Sezerano rya Kera – Ancienne Alliance) gushika yiyerekane kandi yimenyeshe amakungu yose muri Yezu Kristu Umwana Wayo (ni ryo Sezerano Rishasha – Nouvelle alliance).
Bibiliya ni igitabo kivuga urugendo rurerure cane Kiremwa muntu yagize kandi akiriko agana Urukundo Ruzima n’Umwidegemvyo Muzima (C’est un long cheminement vers la liberté et l’amour).
Igihambaye kandi ni ukumenya ko muri Bibiliya kuva ku ntango gushika ku mutwe w’ico Gitabo Ceranda Ijambo ry’Imana ari rimwe ridahinduka kandi ridahinyuka : ni uko Imana yakunze abantu bose, baracumuye ikabemerera gucungurwa, gushika irungike Umwana wayo Yezu Kristu yigure bose mu rupfu rubi rwo ku musalaba, kugira ngo abamwemeye bose ntibapfe, baronke riho mw’izuka ryiwe ubuzima budahera.
Urwo rugendo rero rurimwo ibice nyamukuru bibiri ari vyo twita Isezerano rya kera (Ancienne Alliance) ari ryo Imana yagiranye n’uruvyaro rwa Yakobo mwene Izahaki umwuzukuru wa Abrahamu, n’Isezerano Rishasha ( Nouvelle Alliance) Imana yagiranye n’abantu bose muri Yezu Kristu.
2. Ntihakagire uwitiranya Amabwirizwa Cumi (Le Décalogue) n’icitwa « Itegeko rya Musa » (La Loi canke La Loi Mosaïque)

Birabereye ko abantu bamenya itandukaniro rihambaye riri hagati y’Amabwirizwa Cumi (Le Décalogue) Imana yahaye Musa Ikayandika n’Ikiganza CaYo bwite ku bisate bibiri vy’Amabuye, hamwe n’icitwa « Itegeko rya Musa » (La Loi) Imana yabwira Musa ngo abwire Abany-Israëli itarinze kwandika.
Icitwa Itegeko rya Musa – La Loi, cari kigizwe n’icegeranyo c’imigirwa, indinganizo, imigenzo n’amategeko y’imibano vyarenga amajana atandatu (600), hari n’abavuga ko vyababa igihumbi n’amajana atanu (1500). (Ndemeje ntahigima ko jewe ubwanje ntayaharuye). Iryo Tegeko niryo ryarimwo ibintu vyinshi Isezerano Rishasha ryakuye burundu kuko ata kamaro vyari bigifise mu rukiza rw’abantu. Muri vyo harimwo ivy’uguhereza inkuka z’imbagwa (sacrifices), abaherezankuka, amategeko y’imibano, imiziro, iminsi mikuru n’ibindi vyinshi. Harimwo rero n’ibijanye n’Isabato nk’uburebure bw’ingendo batabwirizwa kurenga ku munsi(…)
Ariko Amabwirizwa Cumi – Le Décalogue, ntiyarenga aho, kuko Musa yayakiriye nk’uko Imana yayanditse ku bisate bibiri vy’amabuye ngo bibe Icabona c’Isezerano Iyo Mana Yagiranye na bene Yakobo mu nzira barimwo bagana igihugu c’umwidegemvyo.
Exode 31, 18 Quand il eut fini de parler avec Moïse sur le mont Sinaï, Il lui remit les deux tables du Témoignage, tables de pierre écrites du doigt de Dieu.

Ayo Mabwirizwa Cumi kandi yari imice kubiri :
Igice ca mbere cerekeye Kwubaha Imana yo Nyene (Itabangikanywa), Kwubaha Izina Ryayo Ryeranda rwose no kwubaha Umunsi wayo – ISABATO – wo kuninahazwa no gushemezwa na bose. Muri ico gice hongerwako Ukwubaha Abavyeyi Imana yaduhaye – Sonera So na Nyoko.
Igice ca Kabiri cerekeye Kwubaha abandi, ubuzima bwabo, ubutunzi bwabo n’ubuntu bwabo: Ntiwice, ntiwibe, ntubeshe ntusambane, ntiwifuze ivy’abandi babiriye akuya, ntiwifuze n’umugore atari rwawe.
Ivyo bice uko ari bibiri – Gukunda Imana no Gukunda Abantu – nivyo Yezu yegeranije mu mabwirizwa abiri asumba yose: Gukunda Imana Kuruta vyose, no Gukunda abantu nk’uko twikunda twebwe nyene.
Matthieu 22, 36-40 : « 36 « Maître, quel est le plus grand commandement de la Loi? »
37 Jésus lui dit: « Tu aimeras le Seigneur ton Dieu de tout ton cœur, de toute ton âme et de tout ton esprit: 38 voilà le plus grand et le premier commandement. 39 Le second lui est semblable: Tu aimeras ton prochain comme toi-même. 40 A ces deux commandements se rattache toute la Loi, ainsi que les Prophètes. »

Birahambaye kumenya ko Isezerano rya Kera rero ryagengwa n’ukwubaha iryo Tegeko rya Musa (Obéissance à La Loi) nayo Isezerano rishasha rikagengwa n’Ukwemera Yezu Kristu (La Foi en Jésus-Christ). Isezerano Rishasha kandi, n’aho ritaje gukuraho burundu irya kera, ariko ryararirangije rigirako rirarirangura.
Hébreux 7:18-22 : « Il y a ainsi abolition d’une ordonnance antérieure, à cause de son impuissance et de son inutilité, car la loi n’a rien amené à la perfection, et introduction d’une meilleure espérance, par laquelle nous nous approchons de Dieu. Et cela n’a pas eu lieu sans serment; car les Lévites sont devenus sacrificateurs sans serment, mais Jésus l’est devenu avec serment par celui qui lui a dit: Le Seigneur a juré, et il ne se repentira pas, Tu es sacrificateur pour toujours, selon l’ordre de Melchisédek; Jésus est par cela même le garant d’une alliance plus excellente »
Bibiliya Nyeranda kandi iratwereka neza ko Iryo Sezerano rya Kera ryari integuza y’Isezerano Rishasha ari naryo ryabwirizwa kurangukiramwo. Tubimenye neza rero kandi tuvyibukanye : ntitukigengwa n’Itegeko, ahubwo nyabuna tugengwa n’Ukwemera.

Galates 3, 23-26 : « Avant la venue de la foi, nous étions enfermés sous la garde de la Loi, réservés à la foi qui devait se révéler.
Ainsi la Loi nous servit-elle de pédagogue jusqu’au Christ, pour que nous obtenions de la foi notre justification.
Mais la foi venue, nous ne sommes plus sous un pédagogue.
Car vous êtes tous fils de Dieu, par la foi, dans Christ Jésus ».

Abatumva ururimi rw’igifaransa barantunga kuko ntaronse Bibiliya y’Ikirundi hafi yanje, ariko barashobora kwisomera ivyo bisomwa ndabarungitseko. (Abagalati 2, 15-16; 3, 6-14 na 23-26)

Galates 2, 15 -16 : »Nous sommes, nous, des Juifs de naissance et non de ces pécheurs de païens; et cependant, sachant que l’homme n’est pas justifié par la pratique de la loi, mais seulement par la foi en Jésus Christ, nous avons cru, nous aussi, au Christ Jésus, afin d’obtenir la justification par la foi au Christ et non par la pratique de la loi, puisque par la pratique de la loi personne ne sera justifié.

Abayahudi bo nyene bariyemerera ko ata n’umwe muri bo yashobora gukurikiza iryo tegeko uko riri kuko bose bama baciye kubiri naryo. Ni naco gituma bari bashinze ko uko umwaka utashe bagira imigirwa y’ukwiyeza (Fête annuelle d’Expiation) basaba ikigongwe kuri aho hose bo canke abana babo baba barenze itegeko mu gace canke mu duce twaryo dutandukanye. Yezu We nyene ubwiWe yaragirije Abayahudi ko ata n’umwe yubashe itegeko :Jean 7, 19 : « Moïse ne vous a-t-il pas donné la Loi? Et aucun de vous ne la pratique, la Loi! Pourquoi cherchez-vous à me tuer? »
Iryo tegeko rero n’aho ryari rigizwe n’ingingo canke uduce birenga amajana atandatu, ryari urunani rumwe ku buryo uwarenga kamwe muri ryo yaba ayarenze yose akaba yikwegeye umuvumo kubera Itegeko, gurtyo rikaba ribaye umuvumo ku Bayahudi bose kuko bama barirenga nk’uko tubisoma mw’ikete ry’Umutumwa Yakobo ( Jacques 2, 10 : Aurait-on observé la Loi tout entière, si l’on commet un écart sur un seul point, c’est du tout qu’on devient justiciable).

Iryo tegeko rya kera ryagenga Isezerano rya kera ryari ryabaye umuvumo ku bantu kubera ko ata washobora kuryubahiriza uko bisabwa, niryo amaza ya Yezu Kristu yaje kuremurura abantu ngo babone kwidegemvya kuko yikorereye imitwaro yacu yose.

Galates 3, 6-14 : « Ainsi Abraham crut-il en Dieu, et ce lui fut compté comme justice.
Comprenez-le donc: ceux qui se réclament de la foi, ce sont eux les fils d’Abraham.
Et l’Ecriture, prévoyant que Dieu justifierait les païens par la foi, annonça d’avance à Abraham cette bonne nouvelle: En toi seront bénies toutes les nations.
Si bien que ceux qui se réclament de la foi sont bénis avec Abraham le croyant. Tous ceux en effet qui se réclament de la pratique de la loi encourent une malédiction. Car il est écrit: Maudit soit quiconque ne s’attache pas à tous les préceptes écrits dans le livre de la Loi pour les pratiquer.

Que d’ailleurs la Loi ne puisse justifier personne devant Dieu, c’est l’évidence, puisque le juste vivra par la foi; or la Loi, elle, ne procède pas de la foi: mais c’est en pratiquant ces préceptes que l’homme vivra par eux. —
Le Christ nous a rachetés de cette malédiction de la Loi, devenu lui-même malédiction pour nous, car il est écrit: Maudit quiconque pend au gibet, afin qu’aux païens passe dans le Christ Jésus la bénédiction d’Abraham et que par la foi nous recevions l’Esprit de la promesse ».

Actes 13, 37-39 : « Celui que Dieu a ressuscité, lui, n’a pas vu la corruption. « Sachez-le donc, frères, c’est par lui que la rémission des péchés vous est annoncée. L’entière justification que vous n’avez pu obtenir par la Loi de Moïse, c’est par lui que quiconque croit l’obtient.
Romains 9, 30-33 : « 30 Que conclure? Que des païens qui ne poursuivaient pas de justice ont atteint une justice, la justice de la foi, 31 tandis qu’Israël qui poursuivait une loi de justice, n’a pas atteint la Loi.
32 Pourquoi? Parce que, au lieu de recourir à la foi, ils comptaient sur les oeuvres. Ils ont buté contre la pierre d’achoppement, 33 comme il est écrit: Voici que je pose en Sion une pierre d’achoppement et un rocher qui fait tomber; mais qui croit en lui ne sera pas confondu. »
—-
Romains 10, 3-4 : « 3 Méconnaissant la justice de Dieu et cherchant à établir la leur propre, ils ont refusé de se soumettre à la justice de Dieu.
4 Car la fin de la Loi, c’est le Christ pour la justification de tout croyant. »
Nagira rero ngaruke kwishura ba bavukanyi bacu ku vyo bibeshe ko mu nyandiko zabo.

KU VYEREKEYE AMABWIRIZWA CUMI – DECALOGUE.

Amabwirizwa cumi – Le décalogue nk’uko tuyasoma mu gitabu c’ihunguka (Exode 20, 1-17) tugasubira kubisoma kandi mu gitabu c’amategeko ( Kuvugurura Amategeko) (Deuteronome 5, 1-22)

Uko bigaragara mu gitabu c’ihunguka – Exode ng’uku uko bimeze :

Ibwirizwa rya mbere ritegeka gusenga Imana Yonyene utayibangikanije riva ku karongo ka 2 gushika ku ka 6.

Exode 20, 2-6 : « 2 « Je suis Yahvé, ton Dieu, qui t’a fait sortir du pays d’Egypte, de la maison de servitude. 3 Tu n’auras pas d’autres dieux devant moi. 4 Tu ne te feras aucune image sculptée, rien qui ressemble à ce qui est dans les cieux, là-haut, ou sur la terre, ici-bas, ou dans les eaux, au-dessous de la terre. 5 Tu ne te prosterneras pas devant ces dieux et tu ne les serviras pas, car moi Yahvé, ton Dieu, je suis un Dieu jaloux qui punis la faute des pères sur les enfants, les petits-enfants et les arrière-petits-enfants pour ceux qui me haïssent,
6 mais qui fais grâce à des milliers pour ceux qui m’aiment et gardent mes commandements. »

Iryo bwirizwa bene wacu bene kwandika bita ngo ni irya kabiri bakanagiriza abo muri Ekleziya Gatolika ko barikuyemwo, naryo rikabuza kubaza canke kubumba ico ari co cose kiboneka kw’ijuru, kw’isi canke mu mazi, eka ikigereranyo cose gishobora gusubirira Imana, ni igice c’insiguro Imana itanga ngo ibwirizwa ryayo rya mbere rirushirizeho kwumvikana. Ntirishobora na gato kuba ibwirizwa ryigenga, ahandi ho tubifashe nk’uko abo bene wacu bavyumva, amabwirizwa ntiyoba akibaye cumi gusa kuko ryo nyene ubwaryo ryoba ririmwo abiri nk’uko twacaciyeko imirongo.

Ibwirizwa rya kabiri ritegeka kwubaha izina ry’Imana no kwirinda kurikoresha mu bitari vyo, riri ku karongo ka 7.

Exode 20, 7 « Tu ne prononceras pas le nom de Yahvé ton Dieu à faux, car Yahvé ne laisse pas impuni celui qui prononce son nom à faux. »

Ibwirizwa rya gatatu ritegeka kwibuka umunsi w’isabato ngo utagatifuzwe, riva ku karongo ka 8 gushika ku ka 11.

Exode 20, 8-11 : « 8 Tu te souviendras du jour du sabbat pour le sanctifier.
9 Pendant six jours tu travailleras et tu feras tout ton ouvrage;
10 mais le septième jour est un sabbat pour Yahvé ton Dieu. Tu ne feras aucun ouvrage, toi, ni ton fils, ni ta fille, ni ton serviteur, ni ta servante, ni tes bêtes, ni l’étranger qui est dans tes portes.
11 Car en six jours Yahvé a fait le ciel, la terre, la mer et tout ce qu’ils contiennent, mais il s’est reposé le septième jour, c’est pourquoi Yahvé a béni le jour du sabbat et l’a consacré. »

Ibwirizwa rya kane ritegeka Kwubaha Abavyeyi (So na Nyoko), riri ku karongo ka 12.

Exode 20, 12 Honore ton père et ta mère, afin que se prolongent tes jours sur la terre que te donne Yahvé ton Dieu.

Ibwirizwa rya gatanu ryihaniza kwica, riri ku karongo ka 13.

Exode 20, 13 Tu ne tueras pas.
Ibwirizwa rya gatandatu ryihaniza gukora ubusambanyi, riri ku karongo ka 14.

Exode 20, 14 Tu ne commettras pas d’adultère.

Ibwirizwa ry’indwi ryihaniza kwiba, riri ku karongo ka 15.

Exode 20, 15 Tu ne voleras pas.

Ibwirizwa ry’umunani ryihaniza kubesha, riri ku karongo ka 16.

Exode 20, 16 Tu ne porteras pas de témoignage mensonger contre ton prochain.

Amabwirizwa abiri ya nyuma – iry’icenda n’iry’icumi yihaniza kwifuza kwiba canke kwifuza gusambana, yose akoraniye ku karongo ka 17. ( les péchés de convoitise)

Exode 20, 17 Tu ne convoiteras pas la maison de ton prochain. Tu ne convoiteras pas la femme de ton prochain, ni son serviteur, ni sa servante, ni son boeuf, ni son âne, rien de ce qui est à ton prochain. »

Aho rero benshi barahihendera ari na co gituma Yezu We nyene yitangiye umuco aho yemeza ko uwuravye umugore akamwifuza gusa aba yamaze kumusambanya mu mutima wiwe. Matthieu 5, 27-28 : « Vous avez entendu qu’il a été dit: Tu ne commettras pas l’adultère. Eh bien! moi je vous dis: Quiconque regarde une femme pour la désirer a déjà commis, dans son cœur, l’adultère avec elle ». Bica bisigura kandi ko n’uwuravye itunga rya murundi akaryifuza aba yamaze kuryiba mu mutima wiwe.

Eka no mu gitabu c’Ivugurura-mategeko – Deuteronome, ayo mabwirizwa akurikirana uko nyene. Sinumva rero ayoba yaravuyemwo iyo bene wacu bayakura, murabona ko ata karongo na kamwe nasimvye.

KU VYEREKEYE ISABATO – SABAT; hamwe n’ UMUNSI W’IMANA – JOUR DU SEIGNEUR.
Isabato ikomoka kw’Itegeko rya Musa nk’uko twabivuze aho hejuru. Iryo Tegeko naryo rigakomoka kw’Isezerano Imana yagiranye na bene Yakobo ari wo Muryango wa Israel ku musozi wa Horeb. Icabona c’iryo Sezerano cabaye ya Mabwirizwa icumi Imana yiyandikiye n’Ikiganza caYo ku bisate bibiri vy’amabuye ikayaha Musa ngo ayashikirize Israel nk’ikimenyetso c’Isezerano ryamaho.

Exode 31, 12-17 : « 12Yahvé dit à Moïse:
13 « Toi, parle aux Israélites et dis-leur: vous garderez bien mes sabbats, car c’est un signe entre moi et vous pour vos générations, afin qu’on sache que je suis Yahvé, celui qui vous sanctifie. 14 Vous garderez le sabbat car il est saint pour vous. Qui le profanera sera mis à mort; quiconque fera ce jour-là quelque ouvrage sera retranché du milieu de son peuple.
15 Pendant six jours on fera l’ouvrage à faire, mais le septième jour sera jour de repos complet, consacré à Yahvé. Quiconque travaillera le jour du sabbat sera mis à mort.16Les Israélites garderont le sabbat, en observant le sabbat dans leurs générations, c’est une alliance éternelle. 17Entre moi et les Israélites c’est un signe à perpétuité, car en six jours Yahvé a fait les cieux et la terre, mais le septième jour il a chômé et repris haleine. »
Isabato rero ntiyari bwabe itegeko imbere y’uko Bene Israeli Imana ibahungisha ibakura mu Misri, igihugu c’ubuja, ikabajabukana ikiyaga ku bubasha buhanitse, maze ikabategeka kwama bibuka iyo bavuye. Iryo Tegeko ryagiriwe abariho igihe c’ijabuka kugirango n’abazokurikira bame bibuka kwubaha Imana yabakijije.

Deutéronome 5, 2-4 : « 2Yahvé notre Dieu a conclu avec nous une alliance à l’Horeb.
3Ce n’est pas avec nos pères que Yahvé a conclu cette alliance mais avec nous, nous-mêmes qui sommes ici aujourd’hui tous vivants. 4Sur la montagne, au milieu du feu, Yahvé vous a parlé face à face »

Yamara rero, UKWEMERA –La Foi- kwo kwamye ari urukiza ku bemera bose n’ikinezero c’Imana kuva isi iremwa. Nta kindi Paulo Mweranda avuga aho yandikira Abaheburayo mu kigabane ca 11 cose mbere n’imbere y’aho. Soma Hebreux 11, 1-40

Hébreux 11, 1-40 : « 1 Or la foi est la garantie des biens que l’on espère, la preuve des réalités qu’on ne voit pas. 2 C’est elle qui a valu aux anciens un bon témoignage.
3 Par la foi, nous comprenons que les mondes ont été formés par une parole de Dieu, de sorte que ce que l’on voit provient de ce qui n’est pas apparent.
4 Par la foi, Abel offrit à Dieu un sacrifice de plus grande valeur que celui de Caïn; aussi fut-il proclamé juste, Dieu ayant rendu témoignage à ses dons, et par elle aussi, bien que mort, il parle encore.
5 Par la foi, Hénoch fut enlevé, en sorte qu’il ne vit pas la mort, et on ne le trouva plus, parce que Dieu l’avait enlevé. Avant son enlèvement, en effet, il lui est rendu témoignage qu’il avait plu à Dieu.
6 Or sans la foi il est impossible de lui plaire. Car celui qui s’approche de Dieu doit croire qu’il existe et qu’il se fait le rémunérateur de ceux qui le cherchent.
7 Par la foi, Noé, divinement averti de ce qui n’était pas encore visible, saisi d’une crainte religieuse, construisit une arche pour sauver sa famille. Par la foi, il condamna le monde et il devint héritier de la justice qui s’obtient par la foi.
8 Par la foi, Abraham obéit à l’appel de partir vers un pays qu’il devait recevoir en héritage, et il partit ne sachant où il allait.
9 Par la foi, il vint séjourner dans la Terre promise comme en un pays étranger, y vivant sous des tentes, ainsi qu’Isaac et Jacob, héritiers avec lui de la même promesse.
10 C’est qu’il attendait la ville pourvue de fondations dont Dieu est l’architecte et le constructeur.
11 Par la foi, Sara, elle aussi, reçut la vertu de concevoir, et cela en dépit de son âge avancé, parce qu’elle estima fidèle celui qui avait promis. … »..( Bandanya gushika ku karongo ka 40 nta kindi kivugwamwo ndetse ukwemera kwamye gukiza).
…..

Ikindi co kumenya n’uko Ibwirizwa ryo kwubaha Isabato ryari rifise intumbero zibiri nyamukuru, kandi gushika uyu munsi izo ntumbero ntizirigera zihinduka :

Ubwa mbere : Ryari itegeko ryo kuruhuka kugira ngo umuntu amaze imisi itandatu mu mirimo itandukanye aronke akaryo ko kureka umubiri ngo uruhuke, usubirane, uronke inguvu n’ireme bishasha vyo kubandanya imirimo ikurikira. Ako karuhuko Imana yakagize ngo abantu basanzwe biziziwe n’ubugunge n’ukwikunda birenze ntibasubire gukoresha abandi akavunamafyigo katagira akaruhuko. Ivyo barabikora badatinyiriye n’abana babo, abakozi, ibikoko canke abanyamahanga. Kwari rero kugira cane cane ngo bame bibuka ko bakoreshejwe akavunamafyigo mu buja bwa Misri vyatumye Imana ihana cane ubutakibabarira ico gihugu, kugirango bitwararike kutagwa muri ico caha co kutitaho amagara y’abandi canke ay’ibikoko ngo babihanirwe.

Deutéronome 5,12-15 « 12 « Observe le jour du sabbat pour le sanctifier, comme te l’a commandé Yahvé, ton Dieu. 13Pendant six jours tu travailleras et tu feras tout ton ouvrage,
14mais le septième jour est un sabbat pour Yahvé ton Dieu. Tu n’y feras aucun ouvrage, toi, ni ton fils, ni ta fille, ni ton serviteur, ni ta servante, ni ton boeuf, ni ton âne ni aucune de tes bêtes, ni l’étranger qui est dans tes portes. Ainsi, comme toi-même, ton serviteur et ta servante pourront se reposer.
15 Tu te souviendras que tu as été en servitude au pays d’Egypte et que Yahvé ton Dieu t’en a fait sortir d’une main forte et d’un bras étendu; c’est pourquoi Yahvé ton Dieu t’a commandé de garder le jour du sabbat ».

Ubwa kabiri : Ryari kandi Itegeko ryo kwibuka Imana, kuyisenga no kuyininahaza mu buryo bwiyaguye ata myitwarariko y’ibikorwa ibafatira.

Iryo Bwirizwa rihambaye ryo kuruhuka ku munsi w’Isabato no gutagatifuza uwo munsi mu kuninahaza Imana Rudasumbwa Bene Israeli ntibigeze batarirenga nk’uko bama barenze ayandi yose yo mw’Itegeko rya Musa. Ni naco gituma Iyo Mana yama ituma Abahanuzi kwibutsa ko babwirizwa kugaruka kwubahiriza amabwirizwa yose y’Itegeko ariko bikabananira. Ivyo turabibona cane cane nko :

Muri Jérémie 17,21-27 ; « 21Ainsi parle Yahvé: Soyez bien sur vos gardes et ne transportez pas de fardeau le jour du sabbat; n’en faites pas entrer par les portes de Jérusalem.
22Ne faites sortir aucun fardeau de vos maisons le jour du sabbat et ne faites aucun travail. Sanctifiez le jour du sabbat comme je l’ai ordonné à vos pères. 23Eux n’ont pas écouté, ils n’ont pas prêté l’oreille; ils ont raidi leur nuque pour ne pas entendre et ne pas accueillir l’instruction. 24Si vous m’écoutez bien – oracle de Yahvé – ne faites entrer, le jour du sabbat, aucun fardeau par les portes de cette ville; si vous sanctifiez le jour du sabbat en n’y faisant aucun travail, 25alors, par les portes de cette ville, des rois et des princes, siégeant sur le trône de David, feront leur entrée en équipage de chars et de chevaux, eux et leurs princes, les gens de Juda et les habitants de Jérusalem. Et cette ville restera habitée pour toujours.
26On viendra des villes de Juda et des environs de Jérusalem, du pays de Benjamin et du Bas-Pays, de la Montagne et du Négeb, offrir holocaustes, sacrifices, oblations et encens, offrir des actions de grâces dans le Temple de Yahvé. 27Mais si vous ne m’écoutez pas pour sanctifier le jour du sabbat, pour ne porter aucun fardeau et ne pas entrer par les portes de Jérusalem le jour du sabbat, alors je mettrai le feu à ses portes: il dévorera les palais de Jérusalem et ne s’éteindra plus ».
Muri Néhémie 13, 14-22, « 14 Pour cela, souviens-toi de moi, mon Dieu: n’efface pas les actes de piété que j’ai accomplis pour le Temple de mon Dieu et ses observances.
15En ces jours-là, je vis en Juda des gens qui foulaient au pressoir, le jour du sabbat; d’autres apportaient des gerbes de blé, les chargeaient sur des ânes, avec du vin, des raisins, des figues et toutes sortes de fardeaux, qu’ils voulaient introduire à Jérusalem le jour du sabbat: je les avertis de ne point vendre de denrées. 16A Jérusalem même, des Tyriens, qui habitaient là, apportaient du poisson et des marchandises de tout genre pour les vendre aux Judéens le jour du sabbat. 17Aussi tançai-je les grands de Juda, leur déclarant: « Quelle chose exécrable vous faites là, en profanant le jour du sabbat! 18N’est-ce pas ainsi qu’ont agi vos pères? Alors notre Dieu fit venir tout ce malheur sur nous et sur cette ville. Et vous, vous accroissez la Colère contre Israël en profanant le sabbat. » 19Aussi, dès que l’ombre eut gagné les portes de Jérusalem, juste avant le sabbat, j’ordonnai la fermeture des battants et je dis qu’on ne les rouvre qu’après le sabbat. Je postai quelques-uns de mes gens aux portes pour qu’aucun fardeau n’entrât le jour du sabbat. 20Une fois ou deux, des marchands, des trafiquants en tous genres de marchandises passèrent la nuit hors de Jérusalem, 21mais je les avertis, leur déclarant: « Pourquoi passer la nuit aux abords du mur? Si vous recommencez, je mettrai la main sur vous! » Depuis ce moment, ils ne sont plus venus le jour du sabbat. 22J’ordonnai aux lévites de se purifier et de venir surveiller les portes, pour qu’on observât saintement le jour du sabbat. Pour cela aussi souviens-toi de moi, mon Dieu, et prends-moi en pitié, selon ta grande miséricorde! »

Muri Isaïe 56, 2-7 : « 2 Heureux l’homme qui agit ainsi, le fils d’homme qui s’y tient fermement, qui observe le sabbat sans le profaner et s’abstient de toute action mauvaise.
3 Que le fils de l’étranger, qui s’est attaché à Yahvé, ne dise pas: « Sûrement Yahvé va m’exclure de son peuple. » Que l’eunuque ne dise pas: « Voici, je suis un arbre sec. »
4 Car ainsi parle Yahvé aux eunuques qui observent mes sabbats et choisissent de faire ce qui m’est agréable, fermement attachés à mon alliance: 5 Je leur donnerai dans ma maison et dans mes remparts un monument et un nom meilleurs que des fils et des filles; je leur donnerai un nom éternel qui jamais ne sera effacé.
6 Quant aux fils d’étrangers, attachés à Yahvé pour le servir, pour aimer le nom de Yahvé, devenir ses serviteurs, tous ceux qui observent le sabbat sans le profaner, fermement attachés à mon alliance, 7 je les mènerai à ma sainte montagne, je les comblerai de joie dans ma maison de prière. Leurs holocaustes et leurs sacrifices seront agréés sur mon autel, car ma maison sera appelée maison de prière pour tous les peuples ».

Muri Isaïe 58, 13-14 : « 13 Et si tu t’abstiens de violer le sabbat, de vaquer à tes affaires en mon jour saint, si tu appelles le sabbat « délices » et « vénérable » le jour saint de Yahvé, si tu l’honores en t’abstenant de voyager, de traiter tes affaires et de tenir des discours, 14 alors tu trouveras tes délices en Yahvé, je te conduirai en triomphe sur les hauteurs du pays; je te
nourrirai de l’héritage de ton père Jacob, car la bouche de Yahvé a parlé ».

Muri Ezéchiel 20, 10-24 : « 10 Aussi je les fis sortir du pays d’Egypte et je les menai au désert. 11 Je leur donnai mes lois et je leur fis connaître mes coutumes, que l’homme doit pratiquer pour en vivre. 12 Et j’allai jusqu’à leur donner mes sabbats comme signe entre moi et eux, afin qu’ils sachent que c’est moi, Yahvé, qui les sanctifie.
13 Mais la maison d’Israël se rebella contre moi au désert; ils ne se conduisirent pas selon mes lois, ils rejetèrent mes coutumes, que l’homme doit pratiquer pour en vivre, et ils ne firent que profaner mes sabbats. Alors j’eus la pensée de déverser ma fureur sur eux au désert, pour les exterminer.
14 Mais j’eus égard à mon nom et je fis en sorte qu’il ne fût pas profané devant les nations, aux yeux desquelles je les avais fait sortir.
15 Encore une fois je levai la main vers eux, au désert, pour jurer que je ne les mènerais pas au pays que je leur avais donné, qui ruisselle de lait et de miel: c’est le plus beau de tous les pays.
16 Car ils avaient rejeté mes coutumes, ne s’étaient pas conduits selon mes lois et avaient profané mes sabbats, car leur coeur suivait les ordures.
17 Mais j’eus pour eux un regard de pitié, pour ne pas les exterminer, et je ne les anéantis pas.
18 Et je dis à leurs enfants au désert: Ne vous conduisez pas selon les lois de vos pères, n’observez pas leurs coutumes, ne vous souillez pas avec leurs ordures.
19 Je suis Yahvé, votre Dieu. Conduisez-vous selon mes lois, observez mes coutumes et pratiquez-les.
20 Sanctifiez mes sabbats; qu’ils soient un signe entre moi et vous pour qu’on sache que je suis Yahvé votre Dieu.
21 Mais les fils se rebellèrent contre moi, ne se conduisirent pas selon mes lois, n’observèrent pas et ne pratiquèrent pas mes coutumes, que l’homme doit pratiquer pour en vivre, et ils profanèrent mes sabbats. Alors j’eus la pensée de déverser ma fureur sur eux et d’assouvir contre eux ma colère, au désert.
22 Mais je retirai ma main et j’eus égard à mon nom, et je fis en sorte qu’il ne fût pas profané devant les nations aux yeux desquelles je les avais fait sortir.
23 Mais encore une fois, je levai la main vers eux, au désert, pour jurer de les disséminer parmi les nations et de les disperser dans les pays étrangers.
24 Car ils n’avaient pas pratiqué mes coutumes, ils avaient rejeté mes lois, profané mes sabbats, et leurs regards s’étaient attachés aux ordures de leurs pères ».

Muri Ezéchiel 22, 8 : 8Tu as été sans respect pour mes sanctuaires, tu as profané mes sabbats.

Muri Ezéchiel 22, 26-31 : « 26 Ses prêtres ont violé ma loi et profané mes sanctuaires; entre le saint et le profane, ils n’ont pas fait de différence et ils n’ont pas enseigné à distinguer l’impur et le pur. Ils ont détourné les yeux de mes sabbats et j’ai été déshonoré parmi eux.
27 Ses chefs, au milieu d’elle, sont comme des loups qui déchirent leur proie et versent le sang, faisant périr les gens pour voler leurs biens.
28 Ses prophètes ont masqué cela sous leurs visions vaines et leurs présages menteurs, disant: « Ainsi parle le Seigneur Yahvé », alors que Yahvé n’avait pas parlé.
29 Le peuple du pays a multiplié violence et brigandage, il a opprimé le pauvre et le malheureux, et fait violence à l’étranger sans aucun droit.
30 J’ai cherché parmi eux quelqu’un qui construise une enceinte et qui se tienne debout sur la brèche, devant moi, pour défendre le pays et m’empêcher de le détruire, et je n’ai trouvé personne.
31 Alors j’ai déversé sur eux ma fureur; dans le feu de mon emportement, je les ai exterminés. J’ai fait retomber leur conduite sur leur tête, oracle du Seigneur Yahvé ».

Biragaragara rero ko iryo tegeko rya Musa harimwo n’Isabato ryari ryabaye koko akaziri n’umuvumo kuri bene Israeli gushika aho Imana yiyumvira kubahonya. Vyabaye kandi vyari ngombwa ko Imana Rudasumbwa, mu Rukundo Rwayo Rutagira ingero, irungika Umwana WaYo Yezu ngo arangure iryo Tegeko mu mpande zaryo zose ata nenge namba, We musa Ntungane yuzuye kandi Nyakuri, yemera kwikorerera abanyakabi bose imivumo y’ibicumuro, ngo acungure abo bose itegeko ryabereye umuvumo n’igitsitaza, kandi ngo ishaka ry’Imana ribonereho kuranguka.

Isaïe 53, 10-12 : « 10 Yahvé a voulu l’écraser par la souffrance; s’il offre sa vie en sacrifice expiatoire, il verra une postérité, il prolongera ses jours, et par lui la volonté de Yahvé s’accomplira.
11 A la suite de l’épreuve endurée par son âme, il verra la lumière et sera comblé. Par sa connaissance, le juste, mon serviteur, justifiera les multitudes en s’accablant lui-même de leurs fautes. 12 C’est pourquoi il aura sa part parmi les multitudes, et avec les puissants il partagera le butin, parce qu’il s’est livré lui-même à la mort et qu’il a été compté parmi les criminels, alors qu’il portait le péché des multitudes et qu’il intercédait pour les criminels ».

Hébreux 9,15 : « 15Voilà pourquoi il est médiateur d’une nouvelle alliance, afin que, sa mort ayant eu lieu pour racheter les transgressions de la première alliance, ceux qui sont appelés reçoivent l’héritage éternel promis ».

Ko Iyo Ntungane Nyakuri Yezu Kristu yemeye urupfu rubi rwiwe ngo rube incungu y’abarenze Itegeko rya kera, akaba gurtyo n’Umukandizi w’Iserezano rishasha, ni We musa nyene kugaba iryo tegeko ryose n’Isabato Nyene, kuko yariranguriye abazomwemera bose, eka mbere kuva kuri Abrahamu Sekuru w’abemera.
Muri kwo kwitanga kw’intungane Nyakuri Yezu Kristu, niho Ishaka ry’Imana Se ( naryo n’uko Abantu bose bashikira urukiza rwamaho) ryarangukiye, maze ivya kera vyose biba birahindutse hatangura Umwizero mushasha.
Hébreux 10, 6-10 : « 6 Tu n’as agréé ni holocaustes ni sacrifices pour les péchés. 7 Alors j’ai dit: Voici, je viens, car c’est de moi qu’il est question dans le rouleau du livre, pour faire, ô Dieu, ta volonté. 8 Il commence par dire: Sacrifices, oblations, holocaustes, sacrifices pour les péchés, tu ne les as pas voulus ni agréés – et cependant ils sont offerts d’après la Loi –,
9 alors il déclare: Voici, je viens pour faire ta volonté. Il abroge le premier régime pour fonder le second. 10 Et c’est en vertu de cette volonté que nous sommes sanctifiés par l’oblation du corps de Jésus Christ, une fois pour toutes ».

Twibuke kandi ko Isabato yari yarabaye nk’ikigirwamana ku Bayahudi kuko aho kuyubahiriza mu rukundo n’ikigongwe biranga Imana, barayitwaza ngo ntibatabare ababikeneye, canke mbere no mu gucinyiza abandi. Ni co catumye Yezu yama ariko ararangura ibikorwa vyiza ku munsi w’Isabato ngo yibutse Abayahudi ko ukwubaha Isabato kwabo kutashimisha Imana na gatoyi, kandi ko Isabato yagiriwe umuntu (ngo amererwe neza).

Marc 2:27 Puis il leur dit: Le sabbat a été fait pour l’homme, et non l’homme pour le sabbat.

Yezu yaribukije kenshi ko kwubaha ibwirizwa canke itegeko ryose bibwirizwa kurangwa n’impuhwe, ubutungane n’ingingo.

Amos 5, 21-24: « 21Je hais, je méprise vos fêtes et je ne puis sentir vos réunions solennelles. 22Quand vous m’offrez des holocaustes… vos oblations, je ne les agrée pas, le sacrifice de vos bêtes grasses, je ne le regarde pas. 23Ecarte de moi le bruit de tes cantiques, que je n’entende pas la musique de tes harpes! 24Mais que le droit coule comme de l’eau, et la justice, comme un torrent qui ne tarit pas ».

Jean 7, 22-24 : « 22 Moïse vous a donné la circoncision – non qu’elle vienne de Moïse mais des patriarches – et, le jour du sabbat, vous la pratiquez sur un homme.
23 Alors, un homme reçoit la circoncision, le jour du sabbat, pour que ne soit pas enfreinte la Loi de Moïse, et vous vous indignez contre moi parce que j’ai guéri un homme tout entier le jour du sabbat? 24 Cessez de juger sur l’apparence; jugez selon la justice. » »

Matthieu 9, 13 « Allez donc apprendre ce que signifie: C’est la miséricorde que je veux, et non le sacrifice. En effet, je ne suis pas venu appeler les justes, mais les pécheurs ».

Matthieu 12, 7 « Et si vous aviez compris ce que signifie: C’est la miséricorde que je veux, et non le sacrifice, vous n’auriez pas condamné des gens qui sont sans faute ».
Matthieu 12, 8 « Car le Fils de l’homme est maître du sabbat ».

Uwo Yezu Nyene Kugaba Isabato niwe Citegererezo cacu, niwe Muco turabirako vyose tukamwigana muri vyose ngo tuninahaze kandi duhimbare Imana Se ari We Data Wa twese Yamaho. Ko rero yatwemeje ko ku munsi w’Isabato Se wiwe abandanya akora, gurtyo na Yezu We nyene agakora, We nyene guhindura vyose (nk’uko twavyerekanye aha hejuru) yadutanguriye akanaduha akarorero ko gukora kuri uyo munsi w’Isabato ya kera, natwe turategerezwa gukora.

Jean 5, 16-18: « 16 C’est pourquoi les Juifs persécutaient Jésus: parce qu’il faisait ces choses-là le jour du sabbat. 17Mais il leur répondit: « Mon Père est à l’œuvre jusqu’à présent et j’œuvre moi aussi. » 18 Aussi les Juifs n’en cherchaient que davantage à le tuer, puisque, non content de violer le sabbat, il appelait encore Dieu son propre Père, se faisant égal à Dieu ».

Kuko ari We Musuku Imana yatoranije Ikamukundwakaza kuruta bose Ikamutuma kwigisha amakungu INGINGO,

Matthieu 12, 18 Voici mon serviteur que j’ai choisi, mon Bien-Aimé qui a toute ma faveur. Je placerai sur lui mon Esprit et il annoncera le Droit aux nations.

Kuko ari We Muco Nyakuri umurikira zina muntu wese,

Jean 1, 9 Le Verbe était la lumière véritable, qui éclaire tout homme; il venait dans le monde.

Kuko We Muco Nyakuri atwemerera ko uwumukurikiye atazogendera mu muzimagiza ah’ubwo azoronka umuco w’ubuzima,

Jean 8, 12 De nouveau Jésus leur adressa la parole et dit: « Je suis la lumière du monde. Qui me suit ne marchera pas dans les ténèbres, mais aura la lumière de la vie. »

Kandi ko yaje mw’isi kugirango uwumwemeye wese ntagendere mu muzimagiza,

Jean 12, 46 Moi, lumière, je suis venu dans le monde, pour que quiconque croit en moi ne demeure pas dans les ténèbres.

Birabereye rero ko tumwigana tugakora kuri uyo munsi w’Isabato ya kera, nk’uko nawe akora, kandi nk’uko Se akora. Bene wacu, menya neza ko vyose vyahindutse muri Yezu Kristu Umukiza n’Imana Yacu. Tureke rero kujuragirika, vyose biranditse, kiretse tudashaka kuvyemera. Na jewe nyene Umukama yantumye kubibibutsa, ntiyantumye kubibemeza.

Muti none rya bwirizwa ryo gukora iminsi itandatu no kuruhuka tuninahaza Imana ku munsi ugira indwi ryarahindutse ? Haba namba, kuko Yezu yaje kurirangura mu buryo bunonosoye yaraduhaye umunsi mushasha.
Umviriza ingene Umwami akaba n’Umuhanuzi Dawidi awigina anawutuburira muri Zaburi 118, 13-27 : «… Nyugururira inzugi z’ubutungane, nzokwinjira nkengurukire Umukama. Ng’uru urugi rw’Umukama, intungane zizokwinjira. Ndagukengurukira Mukama kuko wanyumviye ukambera urukiza. Ibuye abubatsi bari bataye niryo ryabaye umutwe w’imfuruka ; ng’ico igikorwa c’Umukama, cabaye igitangaza mu maso yacu. Ng’uyu umunsi Umukama yagize, kuri twebwe ni agahimbare n’akanyamuneza. Dutabaze Mukama urukiza ! Dutabaze Mukama intsinzi. Uragahezagirwa wewe uje kw’Izina ry’Umukama ! Turaguhezagira mu Ngoro y’Umukama. Umukama ni We Mana, aratumurikira. Shikuka mu ngendo zanyu, n’ibisanda mu minwe, gushika ku mpande z’uruhimbi »

Psaume 118, 13-27 : 13 On m’a poussé, poussé pour m’abattre, mais Yahvé me vient en aide;
14 ma force et mon chant, c’est Yahvé, il fut pour moi le salut.
15 Clameurs de joie et de salut sous les tentes des justes: « La droite de Yahvé a fait prouesse,
16 la droite de Yahvé a le dessus, la droite de Yahvé a fait prouesse!  »
17 Non, je ne mourrai pas, je vivrai et publierai les oeuvres de Yahvé;
18 il m’a châtié et châtié, Yahvé, à la mort il ne m’a pas livré.
19 Ouvrez-moi les portes de justice, j’entrerai, je rendrai grâce à Yahvé!
20 C’est ici la porte de Yahvé, les justes entreront.
21Je te rends grâce, car tu m’as exaucé, tu fus pour moi le salut.
22 La pierre qu’ont rejetée les bâtisseurs est devenue la tête de l’angle;
23 c’est là l’oeuvre de Yahvé, ce fut merveille à nos yeux.
24 Voici le jour que fit Yahvé, pour nous allégresse et joie.
25 De grâce, Yahvé, donne le salut! De grâce, Yahvé, donne la victoire!
26 Béni soit au nom de Yahvé celui qui vient! Nous vous bénissons de la maison de Yahvé.
27 Yahvé est Dieu, il nous illumine. Serrez vos cortèges, rameaux en main, jusqu’aux cornes de l’autel.

Kuri uwo munsi w’agahimbare n’akanyamuneza, umunsi w’igitangaza mu maso yacu, niho duhamagarirwa gushikuka mu ngendo (serrez vos cortèges) nko mu minsi mikuru tuja gukikiza uruhimbi mu ngoro y’Umukama kandi tuninahaza tugahezagira Uwaje kw’Izina ry’Umukama mu ngoro yiwe, maze Umukama akaduha urukiza n’intsinzi. Nibaza ko ubutumwa bwo muri iyo zaburi butomoye bikwiye ku buryo atawovyihendako.

Kuri twebwe rero abemera Kristu, umunsi mushasha waraserutse, wa munsi w’inkuru nziza aho twigina mu kanyamuneza intinzi yacu mw’izuka ry’uwemeye kwikorera umuvumo n’ibicumuro vyacu, wa munsi yatsinda urupfu tukaboneraho ubuzima.

Uwo munsi mushasha w’akanyamuneza si umunsi w’indwi wo kw’isabato ya kera, kuko Yezu yemeye gupfa mu masaha ashira umwiteguro w’iyo sabato ya kera (vendredi soir) kw’isaha y’icenda, asiba uwo munsi w’isabato ya kera (samedi) maze azuka ku munsi ugira umunani (n’ukuvuga inyuma y’isabato) ari nawo wa mbere w’indwi (Dimanche), maze uwo munsi uhinduka gurtyo umunsi w’akanyamuneza, UMUNSI W’UMUKAMA – LE JOUR DU SEIGNEUR. (Soma Matayo 28, 1-9, canke Mariko 16, 1-9, canke Yohani 20, 19-26)

Jean 20, 19-26 : « 19 Le soir, ce même jour, le premier de la semaine, et les portes étant closes, là où se trouvaient les disciples, par peur des Juifs, Jésus vint et se tint au milieu et il leur dit: « Paix à vous! » 20 Ayant dit cela, il leur montra ses mains et son côté. Les disciples furent remplis de joie à la vue du Seigneur.
21 Il leur dit alors, de nouveau: « Paix à vous! Comme le Père m’a envoyé, moi aussi je vous envoie. » 22 Ayant dit cela, il souffla sur eux et leur dit: « Recevez l’Esprit Saint. 23 Ceux à qui vous remettrez les péchés, ils leur seront remis; ceux à qui vous les retiendrez, ils leur seront retenus. »
24 Or Thomas, l’un des Douze, appelé Didyme, n’était pas avec eux, lorsque vint Jésus.
25 Les autres disciples lui dirent donc: « Nous avons vu le Seigneur! » Mais il leur dit: « Si je ne vois pas dans ses mains la marque des clous, si je ne mets pas mon doigt dans la marque des clous, et si je ne mets pas ma main dans son côté, je ne croirai pas. »
26 Huit jours après, ses disciples étaient de nouveau à l’intérieur et Thomas avec eux. Jésus vient, les portes étant closes, et il se tint au milieu et dit: « Paix à vous » ».

Marc 16, 9 Ressuscité le matin, le premier jour de la semaine, il apparut d’abord à Marie de Magdala dont il avait chassé sept démons.

Yezu Umukama wacu yazutse kuwa mbere w’indwi,
Yiyeretse ab’iwe kuwa mbere w’indwi maze abagendanyi biwe buzura akanyamuneza,
Kuva ubwo akanyameza kacu ni kuwa mbere w’indwi,
Yezu yahushe abagendanyi biwe ngo baronke Mutima Mweranda kuwa mbere w’indwi, Yabahaye ububasha bwo kurekura ibicumuro kuwa mbere w’indwi,
Yarungitse abatumwa mw’isi kuwa mbere w’indwi,
Yiyeretse Thomas Mweranda ngo intemera zibonereho kwemera kuwa mbere w’indwi (inyuma y’iminsi umunani),
Kuva ubwo amakoraniro yacu mu mpande z’uruhimbi ni kuwa mbere w’indwi,

Uwo munsi ni Yohani Umutumwa, wa Mwigishwa Yezu yakunda, umwe yamiza umutwe ku gikiriza c’Umukama ngo yumve indihaguzi z’Urukundo rw’Umushaha Wiwe, niwe yawise umunsi w’Umukama, kuko ari kuri uwo munsi Umakama yamwereka amayobera y’ibitangaza bigiye kuba kw’isi ngo avyandike abishikirize abemera.

Apocalypse 1, 9-11 : « 9 Moi, Jean, votre frère et votre compagnon dans l’épreuve, la royauté et la constance, en Jésus. Je me trouvais dans l’île de Patmos, à cause de la Parole de Dieu et du témoignage de Jésus.
10 Je tombai en extase, le jour du Seigneur, et j’entendis derrière moi une voix clamer, comme une trompette: 11 « Ce que tu vois, écris-le dans un livre pour l’envoyer aux sept Eglises: à Ephèse, Smyrne, Pergame, Thyatire, Sardes, Philadelphie et Laodicée. » »

Ku munsi w’isabato ya kera, kubera ko Abayahudi ari ho bakoranira, abakristu ba mbere bari bawugize umunsi wo kwigisha mu ma sinagoga y’Abayahudi :
Actes 13, 14-15 : « 14 Quant à eux, poussant au-delà de Pergé, ils arrivèrent à Antioche de Pisidie. Le jour du sabbat, ils entrèrent à la synagogue et s’assirent.
15 Après la lecture de la Loi et des Prophètes, les chefs de la synagogue leur envoyèrent dire: « Frères, si vous avez quelque parole d’encouragement à dire au peuple, parlez. » »

Actes 16, 13 : « puis, le jour du sabbat, nous nous rendîmes en dehors de la porte, sur les bords de la rivière, où l’on avait l’habitude de faire la prière. Nous étant assis, nous adressâmes la parole aux femmes qui s’étaient réunies ».

Actes 18, 4 : « Chaque sabbat, il discourait à la synagogue et s’efforçait de persuader Juifs et Grecs ».

Ariko kuva mu gihe c’abatumwa, Abakristu ba mbere bamye bakorana ngo basenge, bamanyure Umukate kandi baninahaze Imana ku munsi wa mbere w’indwi.

Actes 20,7 : « Le premier jour de la semaine, nous étions réunis pour rompre le pain. Paul, qui devait partir le lendemain, s’entretenait avec les disciples, et il prolongea son discours jusqu’à minuit ».

1 Corinthiens 16, 2 : « Que chacun de vous, le premier jour de la semaine, mette à part chez lui ce qu’il pourra, selon sa prospérité, afin qu’on n’attende pas mon arrivée pour recueillir les dons ».
Nk’uko umunsi w’indwi wasozereye irema rya mbere (Le septième jour achève la première création) niko umunsi w’umunani watanguye irema rishasha (Le huitième jour commence la nouvelle création). Gurtyo rero igikorwa c’irema carangukiye mu gikorwa gisumbirije c’Icungurwa (l’oeuvre de la création culmine en l’oeuvre plus grande de la Rédemption).
Irema rya mbere rironka insiguro n’iranguka nyakuri mw’irema rishasha muri Yezu Kristu kuko iryo rema rishasha risumvya umwakaka kure n’iyo irya mbere.

Ibuka ko mw’irema rya kera ku munsi wa mbere ko Imana yaremye Umuco, itandukanya umuco n’umuzimagiza. (Génèse 1,3 Dieu dit: « Que la lumière soit » et la lumière fut.) Yezu Muco Nyakuri Umurikira abantu bose nawe nyene yatsinze urupfu aha ubuzima n’urukiza bose ku munsi wa mbere w’indwi, maze Umuco w’ubuzima bwamaho uratamanzura kuko twacunguwe.

Abapagani bari baragize uwo munsi uwo gusenga izuba. Shetani sekibi yabibatuma kuko yari izi igitangaza cagenewe uwo munsi ikagomba gurtyo kuwigarurira kuko mu bwishime bwayo ishaka kungana n’Imana ikagomba kwigarurira icubahiro c’Imana. Na twebwe abakristu turemera ko kuri uwo munsi dusenga Yezu, Zuba ry’Ubutungane ryakaka ku bakunzi b’Imana bayemera, iryo zuba ry’ubutungane rikabavuza imishwarara yaryo ikiza bagasohoka bikina amatavu nk’amashashi yuhiwe neza :

Malachie 3, 20 : « Mais pour vous qui craignez mon Nom, le soleil de justice brillera, avec la guérison dans ses rayons; vous sortirez en bondissant comme des veaux à l’engrais ».

Bantu rero mutazi ivyo muvuga, vyobabera vyiza muciye bugufi Imana Ikabiyigishiriza mu Muco waYo, hako mubandanya kwikwegera umuvumo mu gurtyoza indongozi za Ekleziya Gatolika mukoresheje ubujuju muvoma mi bitabu vyandikwa n’abihumanije bihaye kandi bakiyemeza igikorwa co gurtyoza no kurondera gucuvya mu buryo bwose Ekleziya Gatolika.

IVYEREKEYE IBISHUSHO, AMASANAMU N’UTUNDI DUKORESHWA MU MASABAMANA Y’ABARI MURI EKLEZIYA GATOLIKA.
Abantu batari bake baribaza igituma abakristu bahurikiye muri Ekleziya Gatolika bambara ishapule, imidali, udusalaba, eka n’utundi tumenyetso, kandi bakabiha icubahiro gikomeye. Baratangara kandi iyo babonye abo bakristu baca bugufi bakunama, canke bagapfukama imbere y’ibishusho n’amasanamu ya Yezu na Bikira Mariya, ay’Aberanda canke Abamalayika. Kenshi mbere bakavuga ko dusenga ibigirwamana.

None ubwo ntiboba bavuga vyo ? Ivyo bishusho n’ayo masanamu, eka n’utwo twose Abakatolika bambarana akanyamuneza kandi bagakoresha mu masabamana yabo, ko bitagira ubwenge kandi vyahinguwe n’abantu, ntivyoba ari ibigirwamana koko?

Reka turabire hamwe intumbero nziza Bibiliya Nyeranda iduha kugira ngo tureme mu kwemera kwacu, tureke kuzimagirika.

Mu nkuru nziza ya Matayo, ikigabane ca 22,37 dusoma ngo : «Urakunda Umukama Imana yawe n’umutima wawe wose, n’umushaha wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose». Iryo jambo rikibutsa iryo Musa yavuze aho yagira ati: “Umva, Israeli, Umukama Imana yacu ni imwe Rudende”. Amateg. 6,4.

Mu gitabu c’ihunguka, nk’uko twabivuze mu kigabane c’ivyerekeye Amabwirizwa, Imana yaratanze ibwirizwa ritubuza gusenga ibitari Imana vyose, na cane cane ivyabumbwe, bigahingurwa n’amaboko, canke ubundi buhinga n’ubwenge bw’abantu. Yavuze ati: Ihunguka Exode 20, 2-5“Ndi Umukama Imana yawe yagukuye mu gihugu ca Misri aho wari mu nzu y’ubuja. Ntuzokwigere ugira izindi mana ndetse Jewe. Ntuzokwigere uhingura ishusho zibaje, habe na kimwe cosa n’ikiri mu birere hariya hejuru, canke kw’isi ngaha hasi, canke mu mazi yo munsi y’isi. Ntuzokwigere ukubita ibipfukamiro imbere y’ayo mashusho ngo uyakorere”..

Eka n’ahandi henshi muri Bibiliya, nka Matayo 4, 10, aho Yezu Kristu yabwira shetani imugerageza ati: “Gwa hiyo wa shetani we, kuko handitwe ngo: uzosenga Umukama Imana yawe, uyikorere yo nsa”, Imana irihaniza rwose gusenga ibitari Imana.

Ivyo rero Imana Rurema yabigize kugirango ihamagarire zina kiremwa muntu wese, kwihatira ku ngeso nkuru zitatu:
1) Ukwemera Imana,
2) Kuyikunda rwose,
3) Kuyizigira muri vyose, mu gusenga Imana Imwe Rudende itabangikanywa.

Ivyo kandi vyihaniza zina kiremwa muntu wese, kwinjira no kurangura imigirwa iyari yose itajanye n’ukwemera nyakuri, urukundo nyakuri, n’ukwizigira nyakuri.

Muri iyo migirwa mibi, hari superstition arikwo guta umurongo mu guha ububasha ibitabufise kandi ukavyemeza, hari idolâtrie, arikwo gusubiriza Imana ivyahinguwe n’iminwe y’abantu, ukabisenga, hari Divination arikwo kwiyita canke kwigira Imana ukagomba kuyisubirira, hari kandi Magie na Sorcellerie ari bwo bwa bupfumu, bukoresha ububasha bw’amashetani ari yo ya mitima ihumanye.

Kuri ivyo, ndizigiye ko gushika aha ata n’umwe bigora gutegera.

Ariko rero, Kuva na kera na rindi, mu bihugu vyose vyo kw’isi, hamye hari uburyo bwo guha icubahiro abantu, cane cane abakomeye mu butegetsi canke mu gukora ivyiza. Kenshi na kenshi barabaha ivyibutso bibagumiza mu bwenge bw’ababakunda, eka mbere n’ababanka bakabamenyera kuri ivyo vyibutso. Muri vyo harimwo amasanamu, ibishusho vyabo, intatemwa zabo, canke amazu n’ibigo vyo kubamenyekanisha, n’ibindi, nk’ivyo bakoresheje mu butwari bwabo.
Gushika n’ubu mu bihugu vyose vyo kw’isi, eka no mu mirwi yose y’abantu iyo bava canke baba hose, hama hari ihuriro rihambaye kandi ridasanzwe hagati y’isanamu n’uwuba ayishushanijweko, hagati y’ikimenyetso n’abo ico kimenyetso gihuza, hagati y’igishusho n’uwo cibutsa, ku buryo uwurtyoje isanamu, ikimenyetso canke ikindi gishusho, n’aho, aba artyoje uwo vyibutsa, n’aho nyene tuzi ko ivyo vyose bitagira ubwenge namba kandi ata buzima bifise.
Uburorero bwemeza ivyo bintu ni bwinshi cane mu buzima bwa minsi yose:

1. Uwo umuntu akunda wese, yifuza kumugumanira akantu komumwibutsa igihe atahari. Ako kantu nako, kenshi na kenshi ni agasanamu. Umuntu rero abonye utamwubashe muri iyo sanamu, ukayirtyoza, naho nyene ari urupapuro gusa, aca amenya ko nawe nyene bwite ata cubahiro azoronka iwawe. Urtyoje mu gutabura, gucafuza, guturira isanamu y’umuntu yubahwa ho, iyo bimenyekanye, nyene kubikora hari aho bimukora. Ivyo rero bigasigura ko urwo rupapuro, canke ibumba yartyoje akaburira icubahiro, n’ubwo nyene bitagira ubuzima, bifise ihuriro rihambaye n’uwari abishushanijeko.
2. Ibendera ry’igihugu, mu bisanzwe, ni impuzu canke igitambara gisanzwe. Ariko iyo mpuzu, imaze kwitwa ibendera ry’igihugu, uyifashe nabi bakakubona, urafatwa ukabibazwa, kandi igihugu ataco wakigize kindi, ndetse ukutacubahira ibikiranga.

Kuva mu bwuzure bwa kera, Imana yo nyene yari yarashinze, iranategeka yo nyene ubwayo, gukoresha ibishusho n’amasanamu mu kuyininahaza, tugana urukiza rwa Jambo, Umwana wiwe yigize umuntu, mu ngereranyo.

Mu vyo Imana yategetse mu bwuzure bwa kera, harimwo bibiri bikuru bikuru bitwemeza ko isanamu canke ishusho, bishobora gukoreshwa mu kuninahaza Imana.
1. Igihe Abanya’Israeli bagararije Musa bagatuka Imana, Imana yararungitse inzoka zirabakomora, abenshi muri bo barapfa. Ariko, aho bamariye gusaba imbabazi, bakemera ikosa, Musa yarabasabiye ikigongwe. Imana nayo mu kumwishura, yamutegetse gucurisha inzoka isa nazo, akayimanika ku giti, maze uwakomowe, akayirangamiza, agaca akira. Igitabu c’Ibitigiri – Nombres 21, 4-9.

Nombres 21, 7-9 : « 7 Le peuple vint dire à Moïse: « Nous avons péché en parlant contre Yahvé et contre toi. Intercède auprès de Yahvé pour qu’il éloigne de nous ces serpents. » Moïse intercéda pour le peuple 8 et Yahvé lui répondit: « Façonne-toi un Brûlant que tu placeras sur un étendard. Quiconque aura été mordu et le regardera restera en vie. »
9 Moïse façonna donc un serpent d’airain qu’il plaça sur l’étendard, et si un homme était mordu par quelque serpent, il regardait le serpent d’airain et restait en vie ».

Yezu Kristu amaze gushika, yaravyemeje mu kugereranya imanikwa ry’inzoka ku giti, n’imanikwa ryiwe ku musalaba. Yohani – Jean 3, 14-15.

Jean 3, 14-15 : « 14 Comme Moïse éleva le serpent dans le désert, ainsi faut-il que soit élevé le Fils de l’homme, 15 afin que quiconque croit ait par lui la vie éternelle ».
2. Imana aho yagira isezerano n’igihugu ca Israeli, yarategetse Musa kwubaka ihema ry’ibonaniro. Muri iryo hema, yategetse ko hajamwo isandugu ry’isezerano, iryo naryo ryari ribaje mu mbaho z’igiti zisize inzahabu kandi nta kindi carimwo atari vya bisate vy’amabuye vyanditse ko amabwirizwa y’Imana. Ihunguka – Exode 25, 8-22.

Exode 25, 8-22 : « 8 Fais-moi un sanctuaire, que je puisse résider parmi eux. 9 Tu feras tout selon le modèle de la Demeure et le modèle de son mobilier que je vais te montrer….
16 Tu mettras dans l’arche le Témoignage que je te donnerai…
18 Tu feras deux chérubins d’or repoussé, tu les feras aux deux extrémités du propitiatoire.
19 Fais l’un des chérubins à une extrémité et l’autre chérubin à l’autre extrémité: tu feras les chérubins faisant corps avec le propitiatoire, à ses deux extrémités…
20 Les chérubins auront les ailes déployées vers le haut et protégeront le propitiatoire de leurs ailes en se faisant face. Les faces des chérubins seront tournées vers le propitiatoire.
21 Tu mettras le propitiatoire sur le dessus de l’arche, et tu mettras dans l’arche le Témoignage que je te donnerai.
22 C’est là que je te rencontrerai. C’est de sur le propitiatoire, d’entre les deux chérubins qui sont sur l’arche du Témoignage, que je te donnerai mes ordres pour les Israélites ».
Iryo sandugu ry’isezerano ryo mw’ihema ry’ibonaniro, Imana yarategetse ko risharizwa n’abakerubini yabaje agahingura, kandi Imana irabikenguruka Eka n’umwami Salomo yararisharije. Igit ca 1 c’abami 6, 23-28 ; 7,23-26. Abantu b’ivyo bihe rero, barasonera, bakanapfukamira imbere y’iryo hema ryeranda. Bari bazi ko iryo hema n’ibirimwo vyahinguwe n’iminwe y’abantu kw’ibwirizwa rya Rugiravyose. Urukiza n’ububasha vyashwara mu bantu ku buryo buboneka, ntivyava muri ivyo vyahinguwe, vyava nyabuna ku Mana, yo nyene kubitegeka no kubitagatifuza. Abantu nabo, eka ishengero ryose, baca babonera ho gusenga no kuninahaza Imana batabona, mu guha icubahiro ivyo bintu biciye bugufi babona. Kandi twese turazi ko Iyo Mana itaboneka, yama ibumvira muri ubwo buryo, kuko yemeye ko ari ho bazokwama babonanira na Musa, kandi ko ari ho izomuhera amategeko ashikiriza igihugu.

Muravyumva neza, abo bantu b’Israeli ntibasenga isandugu, ntibasenga imbaho canke inzahabu zigize isandugu, ntibasenga ivyo biguruka vy’abakerubini kandi ntibasenga ibisate vy’amabuye vyari mw’isandugu. Ntibasenga ihema ry’ibonaniro. Ariko icubahiro baha ivyo bikoresho bitagira ubuzima cari kirenze urugero, eka cari gikwiranye na Rudasumbwa nyene kubitegeka no kubicako ngo ahe urukiza abavyubashe.

Ko abanyisraeli mw’isezerano ryakera barangamije inzoka y’icuma bagakira, twebwe natwe mw’isezerano rishasha turangamiza umusalaba wa Kristu tugakira. S’ukuvuga rero ko dusenga igiti. Ariko, mu kwubaha igiti, twitura uwakibambweko, gurtyo tukamuninahaza, mu guha icubahiro, igikoresho yaduhereyeko urukiza.

Ekleziya Gatolika yishimikije ikinyegezwa c’ukwigira umuntu kwa Jambo w’Imana, yarashigikiye, igirako iremeza ko ishusho n’isanamu za Yezu Kristu n’Umuvyeyi wiwe Bikira Mariya, eka iz’aberanda n’abamarayika bose zohabwa icubahiro, zigakoreshwa mu masabamana. Aho hari mu nama nkuru yabereye i Nicée mu mwaka wa 780.

Yezu Kristu amaze kuza kw’isi, yarabanye natwe. Abamukunda bose, baramugumaniye ivyibutso, kuko bamuzi kandi yabanye nabo, akabana natwe.
Nico kimwe na Bikira Mariya, Mawe wacu, n’aberanda bose. Baraciye ngaha kw’isi, turabana, turabashushanya ngo twame tubibuka, tubonereho kubasonera muri ivyo bibaranga twasigaranye, imbere y’uko tubana imyaka yose mw’ijuru.

Ariko rero, hariho ikintu gihambaye cane abantu batokwibagira. Ico kintu n’umuhezagiro utuma ivyo bintu bitagatifuzwa, bikabonera ho kuronka icubahiro nyakuri. Nkako, Ihema ry’ibonaniro, inzoka Musa yamanitse mu gahinga, isandugu ry’isezerano n’ibindi twadondaguye, ntaco vyari kumara iyo Imana yo nyene itabihezagira ngo ibitagatifuze, igireko yemere kubicako mu guha urukiza abantu.

Mwese murazi ko Musa, yaramvuye inkoni yiwe ku kiyaga gitukura, ico kiyaga kigacikamwo kubiri. Ihunguka -Exode 14, 21. Iyo nkoni kandi, yarayikubise igitandara c’ibuye, kiravyara amazi abanyisraeli baranywa. Ihunguka – Exode 17, 5-7.

Ubwo bubasha twumvise, ntibwava mu nkoni, bwava riho ku Mana yo yatagatifuje Musa n’inkoni yiwe.

Umwanditsi w’igitabu c’Ubwitonzi niwe atumenyesha insiguro n’itandukaniro biri hagati y’izo nzoka zibona zakomora abantu bagapfa, n’inzoka Musa yacurishije itagira ubuzima ariko igakiza.

Avuga ati:“No mu gihe ishavu rikaze ry’ibikoko vyo mw’ishamba ryabagwako, bakayogera kubera ikomorwa ry’ibiyoka binyogomba, ishavu ryawe ntiryamaze igihe; ariko kwari ukubakebuza akanywafinywafi mu kanya gato bamaze bahagaritse umutima, baronkeraho ikimenyetso c’urukiza, mu kubibutsa itegeko ry’Amabwirizwa yawe, kuko uwahindukira akayihweza, yaca akira; ntiyakizwa n’ico abona mu maso yiwe, ariko yakizwa na wewe, Umucunguzi wa bose„. Ubwitonzi – Sagesse, 16, 5-14.

Sagesse 16, 5-7 : « 5 Et même lorsque s’abattit sur eux la fureur terrible de bêtes féroces, et qu’ils périssaient sous les morsures de serpents tortueux, ta colère ne dura pas jusqu’au bout; 6 mais c’est par manière d’avertissement et pour peu de temps qu’ils furent inquiétés, et ils avaient un signe de salut pour leur rappeler le commandement de ta Loi, 7 car celui qui se tournait vers lui était sauvé, non par ce qu’il avait sous les yeux, mais par toi, le Sauveur de tous. »

Sagesse 16, 12 Et de fait, ce n’est ni herbe ni émollient qui leur rendit la santé, mais ta parole, Seigneur, elle qui guérit tout!

Ibi bisigura ko, Imana yatanze ikimenyetso c’inzoka, uwubashe ico kimenyetso kiboneka ariko kitagira ubuzima, agakira, uwutacubashe nawe akicwa n’uko agambarariye ya Mana itaboneka gikomokako.

ISHUSHANYO Nyamukuru rya mbere ni Yezu Yigize Umuntu.

Imana yari yatanguye kurema umuntu imwishushanijeko, hanyuma umuntu aracumura, aba ahumanije gurtyo ka gashusho k’Imana Yamuremye.

Ariko ishushanyo ry’Imana rihambaye ni ukwigira umuntu kw’Imana Itaboneka mu Muntu aboneka Yezu Kristu.

Yezu Kristu Umukiza wacu, yaduhaye akarorero gahambaye mu kwigira Umuntu asa natwe. Yaremeye kuva mu Bumana bwiwe, yishushanya na twebwe, kugira ngo mu Muntu Nyawe Yezu, tubone Imana Nyayo Messiya ariwe KRISTU Umucunguzi wacu, tubonereho kuninahaza Imana Data na Mutima tutabona, mu Muntu yabonetse, akabana natwe, Yezu Kristu.

Jean 1, 1 Au commencement était le Verbe et le Verbe était avec Dieu et le Verbe était Dieu.

Jean 1, 12-14 : « 12 Mais à tous ceux qui l’ont accueilli, il a donné pouvoir de devenir enfants de Dieu, à ceux qui croient en son nom, 13 lui qui ne fut engendré ni du sang, ni d’un vouloir de chair, ni d’un vouloir d’homme, mais de Dieu.
14 Et le Verbe s’est fait chair et il a habité parmi nous, et nous avons contemplé sa gloire, gloire qu’il tient de son Père comme Fils unique, plein de grâce et de vérité ».

Yezu Umukama n’Umukiza Wacu, twaramubonye kuko yabanye natwe kandi ko Imana Se ariwe Dawe yari yamurungitse ngo tumubone, tumukunde, tumwemere kandi tumwigane. Turamuzi rero kuko «twarihweje ubuninahazwa bwiwe, bwa buninahazwa yavanye kwa Se nk’Umwana w’Ikinege yuzuye inema n’ukuri». Twaramwumvirije, twaramubonye n’amaso yacu turamwihweza turamukorakora n’iminwe yacu, turashobora rero kumushira ku masanamu ngo atubere ivyibutso vy’Uwo Mukiza Wacu dukunda.

1 Jean 1, 1-3 : « 1 Ce qui était dès le commencement, ce que nous avons entendu, ce que nous avons vu de nos yeux, ce que nous avons contemplé, ce que nos mains ont touché du Verbe de vie; –
2 car la Vie s’est manifestée: nous l’avons vue, nous en rendons témoignage et nous vous annonçons cette Vie éternelle, qui était tournée vers le Père et qui nous est apparue –
3 ce que nous avons vu et entendu, nous vous l’annonçons, afin que vous aussi soyez en communion avec nous. Quant à notre communion, elle est avec le Père et avec son Fils Jésus Christ.»

Ishushanyo Nyamukuru rya kabiri ni Yezu Yigize Umukate n’Umuvinyu.

Umukama wacu Yezu Kristu kandi, yararengeje urugero mu kwicisha bugufi. Ubumana bwiwe n’Ubuntu bwiwe yarabikonganije abishira mu bishusho vy’umukate n’umuvinyu. Uwo Mukate n’Uwo Muvinyu biboneka, ata na hamwe, ku biboneka, bitandukaniye n’iyindi mikate n’iyindi mivinyu, ndetse umuhezagiro yabihaye mu kwemera kubijamwo, mu kubihereza abiwe, ntiyabaye akivuga ngo akira uyu mukate, yavuze ati :“Akira, murye mwese, IKI, … n’ukuvuga IKI mfise mu minwe, gisa n’umukate ariko kitakiri umukate, akira, ni Umubiri Wanje „ Ntiyabaye kandi akivuga ngo akira uyu muvinyu, yavuze ati:“akira munywe mwese, iyi ni ikalisi y’Amaraso yanje. Mt 26, 26-28.

Matthieu 26, 26-28 : « 26 Or, tandis qu’ils mangeaient, Jésus prit du pain, le bénit, le rompit et le donna aux disciples en disant: « Prenez, mangez, ceci est mon corps. »
27 Puis, prenant une coupe, il rendit grâces et la leur donna en disant: « Buvez-en tous;
28 car ceci est mon sang, le sang de l’alliance, qui va être répandu pour une multitude en rémission des péchés. »

Luc 22, 17-20 : « 17 Puis, ayant reçu une coupe, il rendit grâces et dit: « Prenez ceci et partagez entre vous; 18 car, je vous le dis, je ne boirai plus désormais du produit de la vigne jusqu’à ce que le Royaume de Dieu soit venu. »
19 Puis, prenant du pain, il rendit grâces, le rompit et le leur donna, en disant: « Ceci est mon corps, donné pour vous; faites cela en mémoire de moi. »
20 Il fit de même pour la coupe après le repas, disant: « Cette coupe est la nouvelle Alliance en mon sang, versé pour vous. »

Ivyo bishusho vy’umukate n’umuvinyu, nivyo dusenga mwo Yezu Kristu, Imana yigize Umuntu, kandi yemeye kubana natwe gushika ku muhero w’isi.
Imbere y’Itabernakulo aho bishingurwa, turahapfukama, tugasenga, tukahasonera kuko hariyo Yezu Nyakuri, We Mukate Muzima Wavuye mw’Ijuru.

Jean 6, 46- 58 : « 47 En vérité, en vérité, je vous le dis, celui qui croit a la vie éternelle.
48 Je suis le pain de vie.
49 Vos pères, dans le désert, ont mangé la manne et sont morts;
50 ce pain est celui qui descend du ciel pour qu’on le mange et ne meure pas.
51 Je suis le pain vivant, descendu du ciel. Qui mangera ce pain vivra à jamais. Et même, le pain que je donnerai, c’est ma chair pour la vie du monde. »
52 Les Juifs alors se mirent à discuter fort entre eux; ils disaient: « Comment celui-là peut-il nous donner sa chair à manger? »
53 Alors Jésus leur dit: « En vérité, en vérité, je vous le dis, si vous ne mangez la chair du Fils de l’homme et ne buvez son sang, vous n’aurez pas la vie en vous.
54 Qui mange ma chair et boit mon sang a la vie éternelle et je le ressusciterai au dernier jour.
55 Car ma chair est vraiment une nourriture et mon sang vraiment une boisson.
56 Qui mange ma chair et boit mon sang demeure en moi et moi en lui.
57 De même que le Père, qui est vivant, m’a envoyé et que je vis par le Père, de même celui qui me mange, lui aussi vivra par moi.
58 Voici le pain descendu du ciel; il n’est pas comme celui qu’ont mangé les pères et ils sont morts; qui mange ce pain vivra à jamais. » »

Birabereye rero kumenya kandi tugategera ko mu mukate n’umuvinyu biherezwa nk’uko Yezu We nyene Ubwiwe yabitegetse, bihinduka koko Umubiri n’Amaraso vya Yezu ngo tubonereho kumwihereza tudatinya nk’infunguro nyakuri iduha ubuzima nk’uko yabitwemereye.

Uwovuga rero ngo dusenga canke dupfukama imbere y’imikate canke imivinyu, yoba yihenze rwose, kuko yoba ahakanye Yezu Kristu nyene, we yashimye kubiha abiwe ngo bavyubahe, kandi babironkemwo urukiza bakeneye. Yezu ko yemeye kubibamwo, wewe utavyemera wita Yezu umubeshi, nabwo ni bwa buhakanyi butagira izina, kuko Yezu We nyene agabisha abantu ati : «N’ukuri, n’ukuri, ndabibabwiye, uwemera arafise ubuzima budahera»; Hanyuma ati: «ndi umukate w’ubuzima. »

Mutima Mweranda yaraje kuri Yezu mw’ishusho y’inuma.

Yezu Amaze kubatizwa akava mu mazi yaciye abona Mutima W’Imana amanuka nk’inuma Amuzako:

Matthieu 3, 16-17 : « 16 Ayant été baptisé, Jésus aussitôt remonta de l’eau; et voici que les cieux s’ouvrirent: il vit l’Esprit de Dieu descendre comme une colombe et venir sur lui.
17 Et voici qu’une voix venue des cieux disait: « Celui-ci est mon Fils bien-aimé, qui a toute ma faveur. »

Birahimbaye kandi birahambaye cane ko Imana Mushoboravyose muri bumwe budatandukana bwayo muri Batatu Bagize Umwe (Dieu à la fois Un et Trin) bemeye kwishushanya guca mu mashushanyo aboneka ngo batwigishe tubamenye, tubakunde kandi tubasenge:

– Mana Data yubakishije Isandugu y’Ibonaniro ngo muri ryo Bene Israeli bamusabe kandi ababere Imana, abe ariho abahera amategeko atunganye yobagira beranda.
– Mana Mwana yigize Umuntu ngo abane natwe abonereho kuturera mu rukundo rw’Imana Se, yigira kandi imfungurwa n’inyobwa vyacu mu mukate n’Umuvinyo ngo uwubiriye amwakire abe muri We nk’uko na We aba muri Data.
– Mutima Mweranda yiyerekana mu gisa n’Inuma ngo yemeze ko Yezu –Mana Mwana ari Kristu Messiya w’Imana.

Uguha icubahiro amashusho n’amasanamu rero, gupfukama ugasenga imbere yavyo, ntibihushanye na gato n’ibwiririzwa rya mbere ritubuza gusenga ibigereranyo. Kuko, nk’uko twavyumvise mu gitabu c’ubwitonzi n’ahandi, icubahiro n’iteka bihabwa ivyo vyibutso bitagira ubweng canke ubuzima kandi vyahinguwe n’iminwe y‘abantu, biba vyerekana iteka n’ubwubashi bigenewe abo ayo mashusho yerekana.

Imbwa ifise Shebuja irangwa n’umuringa mw’izosi – Un chien qui a un maître est reconnu par un collier au cou.
Imbwa ifise Shebuja Mwiza ayambika umuringa mw’izosi, akayigendeza ku mushumi ufatanye n’uwo muringa mw’izosi kugirango agumye mu maboko yiwe uwo mushumi maze bibuze imbwa kwangara no guhunahuna ahatabereye. Uwo muringa mw’izosi n’uwo mushumi niwo Shebuja akoresha mu kugarura imbwa igihe cose ishatse kuja aho nyen’imbwa adashaka.
Ni nk’uko umuja afise Shebuja arangwa n’umunyororo umubuza kwangara canke guhunga iyo afashwe nabi.
Ni nk’uko uwubatse arangwa n’impeta ku rutoke.
Ni nk’uko Umwami arangwa n’urugori n’inganji.
Ni nk’uko ingabo canke inyamiramabi zirangwa n’umwambaro,
Ni nk’uko igihugu kirangwa n’ibendera,
N’ibindi, n‘ibindi

Uko niko uwemeye ko Kristu amubera Shebuja yemera kwigira umuja n’umusuku wiwe akambara n’umunyororo w’ubwo buja mw’izosi, akarangwa n’umusalaba. Umusalaba ku munyororo mw’izosi rero ni ikimenyetso kiranga ubwo buja umuntu yigira we nyene (esclavage volontaire au Christ) ngo vyame bimwibutsa Shebuja Kristu. Si na gato ikigirwamana canke igiheko, ni ah’ubwo icibutsa Imana yakibambweko ngo dukire. Ni ikimenyetso c’urukundo n’icubahiro uwucambaye aba afitiye uwabambwe ku musalaba atuzanira urukiza n’ugucungurwa.

N’Ishapule ni nk’uko nyene. Uretse ko ari igikoresho kidufasha mu kumenya intambwe tugezeko turiko turasenga mu gisabisho ca Rozali no mu vyibukiro vyayo, ni kandi akagozi keranda kadufatanya n’uwatanze ico gisabisho ca Rozali ngo kitubere ikirwanisho co guhinduka no gutsinda sekibi mu kuzirikana ubuzima bwa Yezu na Nyina Wiwe Bikira Mariya ngaha kwisi, ariyo na yo njili nyeranda.
Eka mbere n’igitabu ca Bibiliya Nyeranda abantu benshi bakunda kwitwaza nico kimwe. Ntawovuga ngo batwaye igiheko canke ikigirwamana n’aho baba bafise uruterane rw’impapuro zavuye mu giti, inyuzi mbere rimwe na rimwe n’uburembo. Bene kucitwaza ntibasenga igitabu, ntibasenga impapuro, inyuzi canke uburembo, ntibasenga n’indome canke amajambo biba vyanditswemwo, ihi bambewe. Ico gitabu n’amajambo yanditswemwo ni ivyibutso gusa bifasha umusomyi kwerekeza umutima n’ubwenge kuri Ya Mana Ihoraho ayo majambo akomokako, maze Ikaboneraho gusengwa no kuninahazwa nk’uko yabitegetse.

Utwo tumenyetso twose, tuba utw’icuma canke ibindi, utwo dusanamu, utudali, udusalaba n’ibindi vyose twita ibihezagiye nta kindi bidufasha atari kutwibutsa Imana ngo tuyisenge kandi tuyiture. Si ibigirwamana kandi si ibiheko, ni IVYIBUTSA-MANA. Nico gituma muri Ekleziya Gatolika twitwa udu sakramentali (les sacramentelles).
MU KUNINAHAZA ABERANDA NTIDUSENGA IMIZIMU
Bene wacu nkunda, nsavye nshimitse ko mu gusoma Bibiliya mwokwitonda, mukambaza Mutima Mweranda akabamurikira ngo muronke umuco wo gutahura. Twirinde se yemwe gusoma tuyeyemvya canke ducagagura mu gusimbagurika tugahava dutagaguza nk’inka irisha nabi. Nta na kimwe Umukama ataduhayeko umuco, nta na kimwe kitari mu nyandiko ziwe nyeranda muri Bibiliya.

Kuva mu ntango, Yezu yariyegereje abagendanyi biwe, aranabinjiza mu buzima bwiwe ngo basangire vyose. Yarabahishuriye ibinyegezwa vy’Ubwami bwiwe, abasangiza ubutumwa bwiwe, akanyamuneza kiwe, n’ububabare bwiwe. Yarashize ubunywanyi buhanitse hagati ya We n’abazomugendanira. Yagize ati : « Ni mube muri Jewe nk’uko nanje mba muri mwebwe ». Yongera ko ati: « Jewe ndi Umuzabibu, namwe muri amashami ». (Yohani 15, 4-5). Yezu yarategekanije agirako ararangura n’ubunywanyi bw’akayobera, burengeye kandi ari nyakuri hagati y’Umubiri wiwe n’uw’iwacu aho yagira ati : « Uwufungura umubiri wanje, akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe nanje nkaba muri We ». (Yohani 6, 56).

N’igihe avuye kw’isi akaduga mw’ijuru kwa Se, gurtyo ntihagire uwuba akimubona n’amaso y’umubiri, ntiyaretse abagendanyi biwe ngo bagume ari impfuvyi. Yarabemereye kubana nabo gushika ku muhero w’isi. Ivyo yabiranguye mu kubarungikira Mutima Mweranda wiwe. Kuva ico gihe, ubunywanyi bwa Yezu n’abagendanyi biwe bwaciye bukomera kuruta. Nkako, mu guha Mutima Mweranda wiwe abamugendanira, akabegeranya bava mu mpande zose z’isi, yabagize, mu buryo bw’akayobera, umubiri wiwe, baba umwe hamwe na We, kugira ngo basangire ubuzima We nyene atanga, kandi baze basangire n’izuka.

Yezu na Ekleziya yiwe, ni Umubiri Umwe utwarwa n’Umutima Umwe. Muri uwo mubiri, ubuzima bwa Yezu Kristu bukwiragira mu bemera bose buciye mu masakramentu kandi mu buryo bwihishije ariko butaretse kuba nyakuri. Yezu niwe mutwe w’uwo Mubiri ari wo Ekleziya, akaba n’uwa mbere muri vyose (Kolosi 1, 18), abamwemera bose nabo bakaba ingingo ziwe. Nta n’umwe aba rero agishobora kwitandukanya n’abandi atagiye kubiri n’inzira Yezu Kristu yaduciriye, kuko Ekleziya ari imwe, ikomoka ku Mana Imwe ari yo Dawe wa twese, ikagira Umukama umwe yayipfiriye ku musalaba ari We Yezu Kristu, n’Umutima Mweranda umwe uyibeshaho ukanayiyobora.

Paulo Mweranda ati: “Mwebwe mwese mwabatijwe muri Kristu, mwambaye Kristu; nta Muyahudi canke Umugreki, nta mushumba canke uwidegemvya, nta mugabo canke umugore bakiri ho, kuko mwese muri umwe muri Kristu Yezu”. (Galati 3, 27-28). Yongera ko ati: “ … shishikara kuzigama ubumwe bwa Mutima mubwungisha umugozi w’amahoro. Hari Umubiri Umwe gusa na Mutima Umwe gusa, nk’uko hari umwizero umwe mu mpera z’umuhamagaro mwaronse; hari Umukama umwe, ukwemera kumwe, ibatisimu imwe, Imana Imwe ikaba n’umuvyeyi wa bose, hejuru ya bose, agenza bose kandi akaba muri bose”. (Efezi 4, 3-6).

Romains 12, 4-5 : « 4 Car, de même que notre corps en son unité possède plus d’un membre et que ces membres n’ont pas tous la même fonction, 5 ainsi nous, à plusieurs, nous ne formons qu’un seul corps dans le Christ, étant, chacun pour sa part, membres les uns des autres. »

Twese rero tugize ingingo za Kristu, tubaho canke twarapfuye, dusangira twese kubabara, iteka n’akanyamuneza.
Ikindi kandi tutokwibagira canke ngo twirengagize, n’uko abapfuye n’abakiriho dusangiye iteka ryo kuba abana b’Imana tukagira Umubiri Umwe na Kristu, We Mukama W’Abazima n‘Abapfuye.

1 Corinthiens 12, 25-27 : « 25 pour qu’il n’y ait point de division dans le corps, mais qu’au contraire les membres se témoignent une mutuelle sollicitude.
26 Un membre souffre-t-il? Tous les membres souffrent avec lui. Un membre est-il à l’honneur? Tous les membres se réjouissent avec lui.
27 Or vous êtes, vous, le corps du Christ, et membres chacun pour sa part. »

Romains 14, 7-9 : « 7 En effet, nul d’entre nous ne vit pour soi-même, comme nul ne meurt pour soi-même; 8 si nous vivons, nous vivons pour le Seigneur, et si nous mourons, nous mourons pour le Seigneur. Donc, dans la vie comme dans la mort, nous appartenons au Seigneur. 9 Car le Christ est mort et revenu à la vie pour être le Seigneur des morts et des vivants. »

Yezu ubwiwe yarigishije Abasadukayo batemera izuka ko Imana Yacu ari Imana y’Abazima atari Imana y’abapfuye. Urwo rupfu ruvugwa ngaha ni rumwe rubi rwo gutandukana n’Imana burundu, nta ruhuriye n’itiro ry’Aberanda biyambura uyu mubiri ngo babone kwibanira n’Imana ata gifashi.

Matthieu 22, 32 Je suis le Dieu d’Abraham, le Dieu d’Isaac et le Dieu de Jacob? Ce n’est pas de morts mais de vivants qu’il est le Dieu! »

Eka n’igihe yadupfira ku musalaba amaze kwigisha Ubwami bw‘Imana abari bakiri bazima muri ico gihe, Yezu yinjiye mu rupfu aja kwigisha abari Aberanda bari basinziriye mu rupfu ngo nabo bamumenye, bamwemere babone kuronka rwa Rukiza bari baremerewe kuva kera na rindi.

1 Pierre 4, 5-6 : « 5 Ils en rendront compte à celui qui est prêt à juger vivants et morts.
6 C’est pour cela, en effet, que même aux morts a été annoncée la Bonne Nouvelle, afin que, jugés selon les hommes dans la chair, ils vivent selon Dieu dans l’esprit.»

Ni naco gituma Yezu Amaze gushikira aberanda bari basinziriye mw’itiro ry’urupfu akabimenyesha akanabamenyesha Ubwami bw’Imana bakavyemera bakanamwemera, kubera ko uwumwemeye ataba agipfuye ahubwo nyabuna azukira ubuzima budahera, Umukama We nyene ubwiwe yaritangiye ico cemezo mu kubatera iteka ryo kuzukana na We, kuri wa munsi wa mbere w’indwi, maze bava mu mva binjira mu gisagara biyereka benshi.

Matthieu 27,50-54 : « 50 Or Jésus, poussant de nouveau un grand cri, rendit l’esprit.
51 Et voilà que le voile du Sanctuaire se déchira en deux, du haut en bas; la terre trembla, les rochers se fendirent, 52 les tombeaux s’ouvrirent et de nombreux corps de saints trépassés ressuscitèrent: 53 ils sortirent des tombeaux après sa résurrection, entrèrent dans la Ville sainte et se firent voir à bien des gens.
54 Quant au centurion et aux hommes qui avec lui gardaient Jésus, à la vue du séisme et de ce qui se passait, ils furent saisis d’une grande frayeur et dirent: « Vraiment celui-ci était fils de Dieu! » »

Ntibibereye rero kwiyobagiza canke kwibagira ko twebwe bazima n’abadutanze i Bukama mw’itiro ry’urupfu kuko biyambuye umubiri, dusangiye iteka rimwe ry’ukuba abana b’Imana muri Yezu Kristu twemeye, dusangiye uwo muvukano Yezu yatwungiye, kandi tugasangira urunani rumwe rwo kuninahaza Imana no guharanira iteka ryaYo. Iryoteka rero ntirishobora gutandukanywa canke kurangizwa n’urupfu. Uwo muvukano ni umuvukano wamaho. Aberanda badutanze i Bukama bo bafise ububasha n’urukundo kurusha twebwe tukiri bazima kuko bo batagicumura. Bafise iteka ryo kwihweza Imana bayininahaza kandi baranadusabira nk’uko twebwe turi ngaha kw’isi dusabiranira. Nico gituma tubitura ngo badusabire, tukabafatirako akarorero tunakengurukira Imana yabateye iryo teka ryo kubagira beranda.

Ivyo Yezu yarabiduhayeko icemezo n’akarorero imbere y’uko apfa ku musalaba, aho yahitana bamwe mu batumwa, akihindura babona maze akinjira mu bukayangane bw’ijuru, akaganira na Musa na Eliya imbere y’abo batumwa, Petero, Yakobo na Yohani batamariwe.
Matthieu 17, 1-5 : « 1 Six jours après, Jésus prend avec lui Pierre, Jacques, et Jean son frère, et les emmène, à l’écart, sur une haute montagne.
2 Et il fut transfiguré devant eux: son visage resplendit comme le soleil, et ses vêtements devinrent blancs comme la lumière.
3 Et voici que leur apparurent Moïse et Elie, qui s’entretenaient avec lui.
4 Pierre alors, prenant la parole, dit à Jésus: « Seigneur, il est heureux que nous soyons ici; si tu le veux, je vais faire ici trois tentes, une pour toi, une pour Moïse et une pour Elie. »
5 Comme il parlait encore, voici qu’une nuée lumineuse les prit sous son ombre, et voici qu’une voix disait de la nuée: « Celui-ci est mon Fils bien-aimé, qui a toute ma faveur, écoutez-le. » »

Nguma nibutsa ntabideha ko Yezu ari We Citegererezo n’akarorero kacu muri vyose. Ko rero yaganiriye n’abapfuye, Musa na Eliya, Imana Data ikavugira mu gicu gisayangana umuco atwibutsa ati: «ni mumwumvire», bica bigaragaza ko twese tutabwirizwa guca ubwo bumwe Imana yashize hagati y’Abazima n’Abapfuye bafise ikimenyetso c’ukwemera.

Si ukubasenga rero canke guterekera imizimu, ni ukubayagira tubatuma i Bukama kandi tubatumirira kutwama hafi ngo bame badusabira kandi badufasha kuninahaza Imana bama bihweza imbonankubone. Ivyo turabigira kuko turi ingingo za Yezu tukaba gurtyo Umwe muri Kristu, vyongeye gurtyo tukaronka uburenganzira n’umwidegemvyo vyiyaguye wo gushika kwa Mana Data, kandi kuko dusangiye igihugu n’aberanda tugasangira n‘ukuba abishikira mu ngoro kwa Mana.

Ephésiens 2, 17-22 : « 17 Alors il est venu proclamer la paix, paix pour vous qui étiez loin et paix pour ceux qui étaient proches:
18 par lui nous avons en effet, tous deux en un seul Esprit, libre accès auprès du Père.
19 Ainsi donc, vous n’êtes plus des étrangers ni des hôtes; vous êtes concitoyens des saints, vous êtes de la maison de Dieu.
20 Car la construction que vous êtes a pour fondations les apôtres et prophètes, et pour pierre d’angle le Christ Jésus lui-même.
21 En lui toute construction s’ajuste et grandit en un temple saint, dans le Seigneur;
22 en lui, vous aussi, vous êtes intégrés à la construction pour devenir une demeure de Dieu, dans l’Esprit. »
IJAMBO RYO GUSOZERA

Bene wacu nkunda, ntihabura abohava bavuga ngo narogoye. Ni ukuri nivyo narogoye, ariko ku bwanje vyari ngombwa ko mfata umwanya ukwiye wo kweraka bose ko inyandiko ziraho nabonye atari zo kandi zidafise ishingiro mu Gitabu Ceranda ca Bibiliya.

Nari gushobora kubandanya nkavuga ibisumba ngaha, cane cane nkagaruka kuvyo bene wacu bavuze bijanye n’agahembe gato kavugwa mu gitabu ca Daniyeli, ariko ndabiretse n’ibigirankana. Ni nabona bikenewe nzobigarukako ikindi gihe.

Ikindi kandi, nagomba kwibutsa abantu ko bitabereye gutumana agatoke canke guciranira imanza kuko twese tutari abaziranenge. Umukama We adusaba gukunda abandi nk’uko twikunda, Umutumwa Paulo nawe akatwibutsa ko tubwirizwa kwengenana tukareka guciranira imanza kenshi na kenshi usanga atari zo. Soma Abaroma- Romains 14, 1-23.

Romains 14, 1-5 : « 1 A celui qui est faible dans la foi, soyez accueillants sans vouloir discuter des opinions.
2 Tel croit pouvoir manger de tout, tandis que le faible ne mange que des légumes:
3 que celui qui mange ne méprise pas l’abstinent et que l’abstinent ne juge pas celui qui mange; Dieu l’a bien accueilli.
4 Toi, qui es-tu pour juger un serviteur d’autrui? Qu’il reste debout ou qu’il tombe, cela ne concerne que son maître; d’ailleurs il restera debout, car le Seigneur a la force de le soutenir.
5 Celui-ci préfère un jour à un autre; celui-là les estime tous pareils: que chacun s’en tienne à son jugement. »

Romains 14, 6 : Celui qui tient compte des jours le fait pour le Seigneur; et celui qui mange le fait pour le Seigneur, puisqu’il rend grâce à Dieu. Et celui qui s’abstient le fait pour le Seigneur, et il rend grâce à Dieu.
—-
Romains 14, 10-13 : « 10 Mais toi, pourquoi juger ton frère? Et toi, pourquoi mépriser ton frère? Tous, en effet, nous comparaîtrons au tribunal de Dieu,
11 car il est écrit: Par ma vie, dit le Seigneur, tout genou devant moi fléchira, et toute langue rendra gloire à Dieu.
12 C’est donc que chacun de nous rendra compte à Dieu pour soi-même.
13 Finissons-en donc avec ces jugements les uns sur les autres: jugez plutôt qu’il ne faut rien mettre devant votre frère qui le fasse buter ou tomber. » —-

Ndakengurukiye abajejwe uru rubuga rw’Abisezerano kubera ko kuva aho ntangiye impanuro ntarasubira kubona inyandiko zirtyoza abandi, Kanatsinda nta nyungu iva mu gutungana agatoke, duhamagariwe nyabuna gukora no gutangaza ivyotuma abantu begerana.

Imana ni Ihezagirwe kandi ininahazwe hose na bose, kuko ari Yo Nsa ikwiye gusengwa no gushemezwa, Yo Nsa Nyen’Ububasha, Iteka n’Icubahiro mu myaka yose.

Amen! Alléluia!

2 réflexions sur “Inyishu ku biraba Isabato, amabwirizwa n’ibindi vyinshi abantu bandika/ Kibasha Muhoho

  1. Mbega nta kuntu vyari gushoboka ko iyo nyishu itangazwa uko yari yanditse kugira vyorohere abasoma? Uko ndabibonye nta tandukaniro rikiboneka hagati y’amajambo y’umutwe canke ama références, n’ibindi. Na jewe nyene kuvyandika mbona vyongumira cane kubisoma.
    Abajejwe urubuga muraraba muteze imbere ubuhinga kugira mworohereze ababagendera.
    Murakoze.

    J’aime

Les commentaires sont fermés.