Cibitoke: Abasirikare b’Urwanda bagirizwa urupfu rw’umurundi yatowe ikiziga.

Buramatari w’intara ya Cibitoke amenyesha ko hari umunyagihugu wo mu ntara arongoye yishwe n’abasirikare b’igihugu c’Urwanda kuri uwu wa gatatu. Ikiziga c’uwo muntu catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kane.
Joseph ITERITEKA, arongoye intara ya Cibitoke avuga ko kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 28 Ruheshi, muri komine Mabayi, ku mutumba Rutorero, intara ya cibitoke, igisoda c’Urwanda cajabutse uruzi Kaburantwa rwo Burundi kirasa amasasu atari make, n’abanyagihugu babiri bo muri ako karere batwarwa n’aba basirikare b’Urwanda.

Muri abo bafashwe, Buramatari ITERITEKA avuga ko umwe muribo yishwe n’abo basirikare b’Urwanda, akaba yatowe ikiziga kuri uwu wa kane.