Amashirahamwe atatu ategamiye leta yitwariye ibanki y’Ubufaransa BNP Paribas ku ruhara yagize muri jenoside yo 1994, niko itororokanirizo ry’amakuru AFP ryavuze.Ayo mashirahamwe yagiriza BNP « kugira uruhara muri jenoside, mu vyaha vyo mu ngwano n’ivyibasira kiremwa muntu ».
Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye, avuga ko iyo banki yatanze uburyo bwo kugura « amatoni 80 y’ibigwanisho vyafashije muri jenoside (ihonyabwoko) »yakozwe na leta y’u Rwanda, mu gihe iyo banki yari isanzwe izi « imigambi yayo ya jenoside ».
Umuvugizi w’iyo banki yabwiye AFP ko ataco bafise bobivugako, kukubura « insiguro zikwiye ».
Abantu hafi 800000 bagwiriyemwo abo mu bwoko bw’abatutsi barishwe ico gihe ca jenoside.