Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuri uno wa kane igenekerezo rya 29 Ruheshi 2017, abagabo batanu bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu babicishije mu kugihungabaniriza ubutunzi.

Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuri uno wa kane igenekerezo rya 29 Ruheshi 2017, abagabo batanu bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu babicishije mu kugihungabaniriza ubutunzi.

Abo berekanywe ni Anyande Wange na Joffaly Kevelance bava mu gihugu ca Kenya, hamwe na ZIGIYIMANA Pierre yazana abo banyakenya, BIMENYIMANA Yves akora mu gisata co kubika amafaranga mw’ishirahamwe ryo kuziganya MUTEC na NDAYITWAYEKO Augustin akora mw’ibanki Nkuru y’Igihugu, mu gisata kibika amafaranga y’agaciro.

Mu giporisi bavuga ko bafatanywe amafaranga y’amarundi yababa ibihumbi ijana, amadorare y’abanyamerika ibihumbi 23, amashiringi 70 yo mu gihugu ca Kenya, amafaranga 5000 vy’amanyarwanda, hamwe n’ibingorongoro bikoreshwa mu bihugu bitandukanye.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yavuze ko babiri mu bafashwe bava mu gihugu ca Kenya, bagirizwa ko aribo baza bakegeranya amafaranga mato mato y’amarundi, hamwe n’amafaranga y’agaciro, bakayajana mu bindi bihugu kugira umutekano w’ubutunzi bw’igihugu uhungabane.

Pierre NKURIKIYE yavuze ababibatuma n’intumbero baba bafise igihe baje kwegeranya amafaranga mato mato hamwe n’amafaranga y’agaciro.

« Ni igikorwa c’umwansi w’Uburundi kibandanya, bagarutse n’ubundi buhinga bwo guhungabanya igihugu babicishije mu gutwara amafaranga y’agaciro. Ku mafaranga mato mato ni mu ntumbero yo kugira abanyagihugu bato bato bayabure, kuko iyo amafaranga mato mato adahari bituma ibidandazwa bica biduza ibiciro. »

Umuvugizi w’igiporisi asaba abatwara amabanki gukurikirana abakozi babo, kuko hashobora kuba harimwo abansi b’igihugu.

Pierre NKURIKIYE atera akamo abanyagihugu kwama bari maso, kuko umwansi w’igihugu atari umwansi w’abategetsi gusa, agasaba umuntu wese bobona ariko yegeranya amafaranga mato mato guca abimenyesha abajejwe umutekano.

Abo bafashwe bagiye guca bakorerwa amadosiye kugira bashikirizwe ubutungane, nk’uko mu giporisi babimenyesha.