Umumenyeshamakuru wa BBC mu carabu Feras Kilani, akikujwe n’abasirikare muri ako gace, yavuze ko iyo nyubakwa itarafatwa burundu, ko abagwanyi ba IS baguma baharasa bakoresheje vya muzinga.
Abo bagwanyi barasambuye uwo musigiti wa kera hamwe n’umunara wawo mu ndwi iheze, igihe abasirikare bariko bagwana bawegera.
Ico kibanza kiguma ari ngirakamaro ku mpande zose muri iyo ngwano.
Abu Bakr al-Baghdadi yiyerekanye ubwa mbere ka mukuru w’umugwi IS aho nyene, haheze iminsi uwo mugwi w’aba jihadistes wibutse ingene wahahinduye ukahita « caliphat » mu myaka itatu iheze.
Muri kino gihe IS yomokeye hagati muri Iraki no mu gihugu kibanyi ca Siriya, aho urunani rw’inteko mpuzamakungu rurongowe na Amerika rufasha abagwanyi b’aba Curdes n’abarabu kubohoza umugwa mukuru wayo, Raqqa.
Inteko zishigikiwe n’ubutegetsi zaragavye igitero co kugarura Mosul mu kwezi kw’icumi, mu bitero vyo hasi no mu kirere vy’inteko mpuzamakungu zirongowe na Amerika.
Barashoboye kwigarurira akarere ko mu buseruko bwa Mosul mu kwezi kwa mbere, baca batangura ikindi gitero co kugarura igice co mu burengero ukwezi gukurikira.