Cibitoke: uwabaye uwambere mw’ihiganwa » umuravyo » yahawe ipikipiki

Umwigeme Francine TUYIHAYE niwe yatahukanye agashimwe ku munonotsi yabaye uwa mbere mw’ihiganwa ryo kwiruka ryabereye muri komine Buganda,intara ya Cibitoki kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30 Ruheshi 2017.
Francine TUYIHAYE yabaye uwa mbere ku metero 800 yatahukanye ipikipiki ayishikirizwa n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, yari yateye iteka iryo higanwa ari kumwe n’umushikiranganji w’indero Dr Janviere NDIRAHISHA,hamwe n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI.

Francine TUYIHAYE yari yaserukiye ishure ryisumbuye rya Komine Bukinanyana mw’ihiganwa ryitiriwe ’’Umuravyo’’, mu ntumbero yo kurondera urwaruka rufise ingabire yo kwiruka.