ICO IMANA YADUHAMAGARIYE TWEBWE ABISEZERANO NI UGUSHIKANA IHANGA RY’ABARUNDI MUGIHUGU C’ISEZARANO

Imana yaduhamagaye ngo tuyikorere dukure ihanga ryayo muburetwa bwa Farao wi Burundi.
Naho umuyaga wohuhuta, isegenya rikarwa , imivo igasuriranya ndetse nibiyaga bikavyura ingunza, ntituzosubira inyuma kuko duhagaze kurutare rutanyiganyiga kandi twishimikije isezerano ry’intahava.

Ntitwemeye kurongora ihanga ry’Imana kuko duhahamiye amaronko canke ivyicaro. Nti twaje gukora iyi mirimo kuko twabuze ikindi twokora kandi ntituri muri ibi bikorwa kubera yuko dukenye, haba namba. Turi muri ibi bikorwa kubera yuko twabihamagariwemwo n’Imana Uhoraho kandi tubikorana umutima n’ubwenge bwacu bwose, umutima wacu wose nivyo dutunze vyose.

Iyaduhamagaye ntakabuza izodukingira kandi izodushoboza. Erega ikurikirana umugambi wayo kuburundi kumunsi kumunsi. Iraraba ivyo twiyumvira, ivyo dukora, ivyo tuvuga n’ivyo twandika. Nico giyutuma kuri twebwe ego ari ego kandi oya ari oya. Ntituzokorana n’umwansi kirazira kandi ntawe tuzogirira nabi canke ngo duhemuke namba kubera yuko twubaha kandi dutinya iyaduhamagaye. Duhamagarira umurundi wese iyari yaba uwuri mugihugu, yaba uwuri mumahanga, yaba uwufise akazi akariko kose yaba utagafise kwifatanya natwe muri uru rugendo gwo kujana ihanga ry’Imana ry’abarundi mugihugu c’Isezerano-Uburundi Bushasha bw’Isezerano. Uje kwifatanya natwe ni vyiza cane turakwakirana urweze n’urukundo rushitse, utaje naho nyene ntagipfa turabandanya urugendo, ntagisivya turagenda kuko iyasezeranye niyo kwizigirwa.Ntidukundira abantu namwe bodusamaza naho boba biyita abahinga kuko twubakiye kuri Nyeninkomezi.

Yaduhaye ubwenge, iduha inguvu yongera iduha n’ugushaka twivuye inyuma. Umusozi abandi bose baduze ukabananira twebwe kubera inkomezi z’Imana tugiye kuwurangiza.