Ihanga ry’Imana ry’abisezerano ryipfurije aba adventiste b’umunsi w’indwi bose isabato nziza.

Mugenzi aho uri hose wumire kuco wabariwe, ico wahawe n’ico wizigiye guhabwa. Ntusamazwe n’ivyo ubona , ivyo wumva canke ibikugerageza.

Wibuke kwama witandukanye n’icaha icarico cose, usenga Imana yo mwijuru yonyene mw’Izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo kandi wame wumvira Ijwi rya Mpwemu Yera. Uzoshikira amasezerano.

Mugire isabato YERA nziza, Yesu Umwami w’isabato akaba n’umwami wacu abazigame mwese.