Ibirori vyo guhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi bwikukiye vyamaze gutangura ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE yiguze intahe yo kwikukira.Ibikorwa bitegekanijwe harimwo urugendo rw’abakorera mu bisata bitandukanye vy’igihugu rwamaze gutangura.
Ibirori vyatangujwe n’igikorwa c’umukuru w’igihugu co gushira urugori rw’amashurwe ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko RWAGASORE.
Ibirori vyabandanije n’igikorwa co gushira urugori rw’amashurwe mu kibanza citiriwe ukwikukira.
Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE,umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagenzuye ingabo,imbere y’uko hatangura urugendo rwa ba ‘’Burikukiye’’ bavutse mu mwaka w’1962.