Abasoma kuri site, Facebook n’iyindi mihora y’ihanga ry’Imana abisezerano baratwandikiye ari benshi badushimira amakuru yo muburundi, mu karere , Afrika no kwisi yose twama tubashikiriza kandi kugihe.Baranadukeje ku biganiro vya Radio Isezerano Internationale no kuri Radio Isezerano Fm badushimira yuko twazanye umuco w’Isezerano ry’Imana ku burundi no mukarere kugihe gikwiriye.
Muri ukwo kutwandikira hariho abahuriye kukabazo bati: « Tumenyereye kobona abantu barwanya Leta nkuko kwanyu atakindi bakora atari cane cane:
-ugutuka Petero Nkurunziza n’abamufasha gutwara igihugu, (akagwi kiwe)
-Bagatuka imbonerakure no kwerekana ububisha bwazo (ibinywamaraso)
– Bakavuga nabi uburundi no kwerekana yuko baseserewe, (ihonyabwoko)…Mwebwe kubera iki mutabikora ? »
Mukwishura utu tubazo twobanza gushimira abantu bose bandikiye umuhari w’Ihanga ry’Imana ry’abisezerano. Nkuko izina ry’umuhari wacu ariwo wanyu rivyerekana, turi ihanga ryera ry’Imana. Abakozi b’Imana n’abana bayo rero rero ntibigenza nkabandi bantu bose. Berekana ubupfasoni, uburwaneza n’ubuntu aho bari hose n’ivyo bavuga vyose. Iyo ngendo hari aboca bibaza ngo ni ugushikira uyu canke uriya mukinyegero. Oya namba. Yesu yatubariye ati: Musengere ababahama. Ntiyadutumye kwihora no gutukana mugabo kwama tuvuga ukuri gusa. Na Satani we nyene ntitumutuka turamuvuma mw’izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo gusa.
Gutuka Nkurunziza canke uwariwe wese ntaco vyotumarira atari ukwitunturiza ubusa. Dukundire tubabarire yuko ibitutsi atariyo ntambara izokwomora Petero Nkurunziza mugabo ibikogwa vy’inkomezi kandi bishigikiwe n’Imana.
Ntiwogendana n’Imana uvuga ubutumwa ubwira amabanga yose ngo wongere wandurishe akanwa kawe imikomo. Kandi amajambo menshi naho yoba mabi gute ntaterura ibuye canke ngo yicire igiti. Intambara y’amajambo rero nayo abanyantegenke. Akaba tubangurukanye sindamwice.
Muvyo twandika, tuvuga canke dukora, Imana yaratubujije nkuba nkintakebwa zitazi ukuri ngo tubeshe, dukavye, twambike iceyi uyu n’uriya kubusabusa. Niyo tuzi ububi bw’umuntu canke abantu turabukorerako kandi mwibanga, muzobona rero amatunda teams kuko turi igiti giteye kumugezi ntituri impene canke ikengeri. Akariho karavugwa abantu benshi barataye ubuntu baba ibimenabanga maze bakibaza yuko aribwo buhizi. Twebwe tugwana intambara isukuye nkuko Uhoraho abitugera.
Hariho abagerageje kuza kwifatanya natwe bibata kuwamazi kubera arintakebwa zo mumitima. Baje bafise ugutukana, agasuzuguro, akaborerwe, ubusambanyi, ubusuma, ubuhemu, ukuraguza, ishari n’inzigo, amacakubiri y’amoko, intara n’amadini n’ubundi bube gito… Muzobamenya bidatevye kuko Imana yacu ntiheranwa izobagaragaza. Abo nibo binyegeza inyuma y’ibitutu bakanyegeza amaso yabo nka yambwa ngo ntibababona maze bakagenda baravuga nabi indongozi n’ihanga ry’Imana ngo bibakundire bateke inkubarujo. Mugabo bibagira yuko ikinyoma kimara ijoro kitamara umunsi.
Inzego z’ihanga ry’Imana zikorera mw’ibanga mu gihugu cose kuva ku mitumba gushika muntara. Mubazirongoye harimwo abanyagihugu basanzwe, abakozi ba Leta, abikorera utwabo, abarongozi b’amashengero… abo bose baba mugihugu, babana n’abarundi bafise ibindi vyiyumviro vya politike n’ivyamadini bitandukanye rero ntitwotuka igihugu canke ngo dutuke ababa mu gihugu twoba turiko turituka. Ahubwo iyaba vyashoboka umutekano ukwiriye, twese n’abahunze twogiye mugihugu tukirukana ababisha twegereye ingabo zacu n’ihanga ryose.
Kuba twarashinze imizi mugihugu bituma tubona ubwicanyi bwose bukoregwa abarundi kuko bukoregwa benewacu, uguturatuza, ukwangaza, akarenganyo kose gakogwa na leta ya Petero Nkurunziza turakabona, amabisha imbonerakure, abapolisi n’abasirikare bamwe bamwe bakorera abanyagihugu turabibona vyose kandi vyaratubabaje cane ni naco gituma twatoranijwe ngo duhindure ibintu abarundi bose baruhuke imiruho y’intambara, umutekano muke, akarenganyo, inzara, ubukene n’ubundi bubisha bwakorewe abarundi kuva kera.
Ni dusangwe Imana Uburundi n’Isezerano.