Inama igira iya 29 y’abakuru b’ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika itangura kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 3 Mukakaro 2017 i Addis Ababa mu gihugu ca Ethiopia. Iyo nama izomara iminsi ibiri, Uburundi bukaba bwaserukiwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.
Muri iyo nama, abakuru b’ibihugu bo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika barabira hamwe impinduka zasabwe ko zokorwa muri iryo shirahamwe, hamwe n’ibijanye n’ugufashanya gukwiye kuranga ibihugu bigize iryo shirahamwe.
Muri iyo nama, barigira hamwe kandi ivyokosorwa mu mategeko ahari, kugira uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa rworohe muri iryo shirahamwe.