Ubwato bwa USS Stethem bwaciye iruhande y’izinga ririmwo amatati rya Triton, rimwe mu mazinga yiyitirirwa n’Ubushinwa hamwe n’ibindi bihugu.
Ubushinwa bwaciye burungika ubwato bw’intabara hamwe n’indege kuri iryo zinga.
Amerika yahaye gasopo Ubushinwa ku birwa byo mu nyanja y’amajyepfo
Amerika yagiye iragabisha Ubushinwa ku ngingo yabwo yo kwigarurira amazinga ari mu karere karimwo amatati, ariko ico gihugu kivuga ko kibikora kubera kibifitiye uburenganzira.
Ubushinwa buvuga ko buzokora uko bushoboye mu gucungera umutekano wabwo.
Ubushinwa ngo buzoguma bwikingira abasomyi b’urusaku
Bwanebaguye kandi Amerika ko isomoza mu matatati ari muri ako karere kubera ko imigenderanire iri hagati y’Ubushinwa n’ibihugu bibanyi vyo mu bumanuko yari yifashe neza.
Iryo zinga ritoyi kandi ryiyitirirwa n’igihugu ca Vietnam na Taiwan.
Ubushinwa buri mu ntambara yo kwigarurira uturere turi mumazi yabwo n’ayo ibihugu bibanyi twinshi, haraciye imyaka itari mike.