Umutekano wo mundwi irangiye mu gihugu cose.

Abantu bagera ku ndwi nibo bavugwa mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture, ko bagandaguwe mu ndwi yo kuva kuwa 24 Ruheshi gushika kuwa mbere Mukakaro 2017. Muri abo bishwe, ishirahamwe SOS-Torture rivuga umupfungwa umwe yapfuye inyuma y’aho asinzikarijwe ubuzima mu ntara ya Karusi.
Icegeranyo ca SOS-Torture kivuga ko muri ico kiringo c’indwi imwe, abantu baharurwa muri batandatu aribo bahagaritswe, muribo hakaba harimwo abanywanyi babiri b’umugambwe MSD.

Iryo shirahamwe rivuga ko ubugizi bwa nabi bugizwe n’ubwicanyi bwiyongereye mu ntara ya Cibitoke.