Ubwo busho bufise intumbero yo gufasha iryo shirahamwe ry’abanyafrika kwibako hakuguma buhanze amaso imfashanyo y’amakungu, ni ko canditse.
Ubwo busho bwatewe icamunara , prezida Mugabe akaba ashobora guha amahera AU ku musi wa mbere.
Iyo ngabire itanzwe mu gihe muri Zimbabwe hari ubukene bw’amafaranga n’ibifungurwa.
Mu mwaka uheze, abantu barenga imiliyoni bari bakeneye imfungurwa mu bihugu vyo bumanuko bw’umugabane wa Afrika kubera ibura ry’imvura.
Ariko hashobora kuboneka umwimbu mwinshi uyu mwaka, ivyo bihugu bikaba vyiteze kwihaza mu bipfungurwa ubwa mbere mu myaka myinshi iheze.
Abatavuga rumwe na reta bayagiriza kugira uruhara mw’igabanuka ry’ibifungurwa kubera politike yayo yo gusaranganya amatongo yatumye igisata c’uburimyi kibangamirwa.
Vyabaye ngombwa kandi ko Zimbabwe ikoreshe inoti nini inyuma y’aho ico gihugu kiburiye amadolari, asanzwe akoreshwa ahanini n’abantu benshi.
Kubera ita ry’agaciro k’ifaranga, reta yahevye gukoresha idolari rya Zimbabwe mu 2009.
Umushikiranganji w’imigenderanire Simbarashe Mumbengegwi yavuze ko ubwo busho bw’inka ahanini bwatanzwe n’aborozi bahawe amatongo yatswe abazungu, nk’uko vyandikwa na Herald.
Robert Mugabe w’imyaka 93 ari ku butegetsi kuva mu 1980 zimbabwe yikukiye
Ubwo busho buje kwishura akamo kari katewe na Prezida Mugabe mu 2015 ko gutanga inka zishika 300, nk’uko abandanya abivuga.
Mumbengegwi ntaragaragaza igitigiri c’izo nka catanzwe n’amahera zagurishijwe, ariko avuga ko prezida Mugabe ashobora gushikiriza iyo ngabire mu nama y’abakuru b’ibihugu ba Afrika itegekanijwe kubera i Addis Abeba muri Ethiopia.