Umukuru w’umugambwe MSD Alexis SINDUHIJE amenyesha ko mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi, hoba ibiganiro bihuza abarundi kandi bidakumira, vyokwisunga itunganywa ry’amatora ateguwe mu muco kandi yitabwe na bose.
Mu rupapuro rw’inzira umukuru w’umugambwe MSD yashize ahabona rwofasha Uburundi kuronka amahoro, amenyesha ko ibiganiro vyotunganywa vyofasha gutorera umuti ikibazo c’impunzi zahunze igihugu, amaradiyo yigenga agasubira gukora kugira abantu bose baronke aho bavugira.
Umukuru w’umugambwe MSD avuga kandi ko mu gihe hoba hakiri abapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo vya poritike bigoye gushimangira ko amahoro ashoboka mu Burundi, akavuga abicishije muri urwo rupapuro rw’inzira ko ibiganiro vyokwisunga kandi irekurwa ry’abapfungiwe ivya poritike.
Alexis SINDUHIJE arongoye umugambwe MSD avuga ko inyuma y’ingendo yakoze asigura ibiri muri urwo rwandiko rwerekana icofasha Uburundi kuva mu ndyane za poritike, aho yaciye barushimye.