Inyeshamba za Siriya zifashijwe n’abasirikare ba Amerika, zafashe agace ka kera ka Raqqa, mu gihe ziriko ziritegura kugarura igisagara cose cahora mu minwe ya « Islamic State » (IS), niko igisirikare ca Amerika cavuze.
Kivuga ko cafashije abagwanyi ba « Syrian Democratic Forces » (SDF) kurasa mu bibanza bibiri vy’uruhome Rafiqa Wall.
Aba SDF, bafashijwe n’ibitero vyo mu kirere vy’urunani rurongowe na Amerika, bamaze amezi bakikuje igisagara ca Raqqa.
Abagwanyi ba IS bafashe Raqqa in 2014, bahagira umugwa mukuru wa « caliphat ».
Uburusiya ‘bwoba bwarishe’ umukuru wa IS Baghdadi
Ico gisagara cari ikirindiro gikuru mu bikogwa vya gisirikare vy’abo ba Jihadistes.
Mu gihe aba SDF bahasatiriye, bivugwa ko abategetsi ba IS bahunze baja mu ntara ya Deir al-Zour, isa niyikiri mu minwe yabo.
Abagwanyi bashika 2500 ba IS boba bakiri muri Raqqa, nkuko amakuru ava mu runani rurongowe na Amerika avuga, abanyagihugu bashika 100000 bakaba babuze aho baca kubera ingwano iri muri ico gisagara.
Igisagara ca kera « old city » ni ngirakamaro mu vya gisirikare ku runani rw’abarabu n’aba Curdes bipfuza kuhirukana IS, kuberako hegereye igice gikuru c’igisagara.