UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI N’ABARUNDI 

Ncuti namwe bagenzi dusangiye urugendo rwo kuja mwijuru turabaramukije amahoro y’Imana tuti : Shalom!
Twagomba kubatumirira amasengesho y’inkomezi tuzokora kuri uyu wa gatatu 05/07/2017

I. ISHIMIKIRO: « KUBA IGIKORESHO CEJEJWE GIFITIYE NYENECO AKAMARO » (2TIMOTHE 2: 20-21)

II. IVYO MPWEMU YERA AHISHURIRA ABO IHANGA:

Ngo mwige kumera nka 

-Gideon (abacamanza 6:11-12);

-Nowa (itanguriro 6:8)

III. IMITWARO YO GUSENGERA:

1. Kuba uwera (kwezwa)

2.kuba umuhizi mu bikogwa Imana iduhamagarira.

3.kuba uwushimwa n’Imana

4. Gusengera abariko barenganywa muburyo bwose

5. Gusengera abafise inzara n’inyota , bugarijwe n’ubukene buri mugihugu no hanze yaco.

6. Gusengera abari mumabohero atandukanye ari mugihugu c’Uburundi no mubindi bihugu.

7. Gusengera abari mu bitaro cokimwe n’abagwariye muhira mumihana itandukanye.

8. Gusengera I mpfuvyi n’abapfakazi, abana bo mwibarabara hamwe n’ababuze ababo.

9. Gusengera ab’isezerano bari mu ngedo z’ibikorwa bitandukanye.

10. Gusengera abafashe intumbero yo guhora bari imbere y’Imana basenga.

V. IVYO GUSHIKIRIZA UBURONGOZI

1. Ivyo Mpwemu w’Imana azoba yahishuye mumasengesho.

2. Abo mwashoboye kugendera n’agashishiro mwabashiriye.

3. Abo mwashoboye kuremesha muvyo Impwemu no kubigisha umugambi w’Imana ku Burundi.

**Bibwigwa benshi bikumva benevyo**

Ni dusangwe Imana-Uburundi-Isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 04/07/2017

abisezerano @gmail.com

http://www.abisezerano.com

PS: musabwe kurungikira abagezi banyu uyu mutumiro w’amasengesho.