Benshi bariko barakora ivyo bashoboye kugira ngo Igihugu gisubire k’Umurongo. Kandi ndabona babishiramwo ubwenge n’ubuhinga. Mbaye ndabashimira cane, umwe umwe wese Mucubahiro ciwe. Ariko hari igikorwa gikomeye kibarindiriye namwe hiyo imbere. Ninayo ntandaro yivyago vyose vyugarije Uburundi.
ICO GIKORWA S’IKINDI:
Ubwambere nagomba ndabasabe ko mwoshira imbere programme yo GUHINDURA KAMEREMERE K’ABARUNDI ( Changement de mentalité ). IMPAVU: Abarundi bahuye n’abantu batandukanye ariko ntibagira ico babamarira atari ukubateramwo imigera irimwo ubumara bw’ubwoko bwose.
Ikindi cifuzo ngomba ndabature banyakubahwa, umwe umwe wese mucubahiro ciwe, mwebwe mujejwe runo rugamba rwo kugorora Igihugu kandi muri mu bice bitandukanye, n’uko urwego rw’IGIPORISI rugomba kukigirwa UMUZIRO k’umuntu wese atarangije amashure y’isumbuye . Munyuma twaratahuye ko Urwego rw’igiporisi ari NGIRAKAMARO kandi ko rugomba guhinyanyurwa muburyo bwa KIJAMBERE.
Banyakubahwa, Nagomba ndabasabe ko mworeka umuntu wese canke Umugambwe afise ico aterera mu Gihugu akaba ashaka guhiganwa mu bandi ko mwomukomorera ubwo burenganzira mu Gihe yoba yakurikije ibisabwa n’amategeko ariko umuntu wese canke umugambwe uzoba utashikanye ibice BITANU KWIJANA MUMATORA (5% ), uwo Mugambwe n’uko woca ubangira gato ibikorwa vya Poritike gushikaho dushikira AMATORA AKURIKIRA. Nimba uwo mugambwe woba waragize amahirwe yo kuronka Umushingamateka, uwo Mushingamateka NAKORE YIGENGA. Maze iyo Migambwe isubire kuronka ubwo burenganzira MUMWAKA UMWE imbere yuko amatora aba, kugira ngo uronke akanya ko kwitegura.
Banyakubahwa, mugize ubuzima bw’Igihugu , UBUTUNGANE bugomba kugira UBWIGENGE butari imvugo gusa. Ari naco gituma ndabatera akamo kugira ico kibazo mu gihe umwanya ukwiye mu BIGANIRO nyaburya tubona yuko bitabaraje ishinga cane rwose. UBUTUNGANE ni bugire UBUBASHA, buzire IGITSURE maze Igihugu Gitwarwe n’amategeko abantu baze ari ukuyahagararira gusa. Novuze vyinshi kuvyerekeye Ubutungane ariko ndazi yuko mubizi kunsumvya.
Banyakubahwa Umwe umwe wese Mucubahiro ciwe, UBUTUNGANE , GUHINDURA KAMEREMERE K’ABARUNDI ( Changement de Mentalité), hamwe n’IGIPORISI KIGIZWE N’INCABWENGE, tutibagiye PORITIKE YO GUFUTA IMIGAMBWE ISAMAZA ABANYAGIHUGU, Ivyo nivyo mbona ko bishobora kunagura Uburundi bwa Nyaburunga maze abarundi tukaja kurwego rwo guhiganwa n’ibindi Bihugu.
AKO KAMO NDAGATEYE NISUNZE KAHISE K’IGIHUGU CACU!
IMANA IBAJE IMBERE ! IVYO MUKORA VYOSE, MUBIKORANE URUKUNDO MAZE MUBIHE IMANA NTIMUBIHE INDA
Honorable Kaka Boney