CPI itegekanya gutangaza ku munsi wa kane niba Afrika Yepfo yararenze amategeko mu kudafata Prezida wa Sudani Omar al Bashir, igihe yari mu rugendo muri ico gihugu mu 2015.
Prezida Bashir akurikiranwa ku vyaha vy’ihonyabwoko (jenoside) mu ndyane zabaye i Darfur.
Leta ya Afrika Yepfo yatangaje ko ifise umugambi wo kuva muri CPI mu myaka ibiri iheze. Kandi n’ubumwe bwa Afrika busaba ibihugu kuva muri CPI
Ivyo vyakurikiye inyifato ya bimwe mu bihugu vya Afrika bidashigikiye iyo sentare, bisigura ko irenganya, igahama uwo mugabane hamwe n’indongozi zawo.
Kuva ico gihe, sentare nkuru ya Afrika Yepfo yasohoye ingingo ko ukwo gushaka kuva muri CPI bitubahirije ibwirizwa shingiro, mu kuba inama nshingamateka itagishijwe inama.
Muri kino gihe, ANC yongeye kuvuga mu nama yayo ku bijanye na politike y’umugambwe, ko itazoheba umugambi wayo wo kuvavanura na CPI.