Naho iyo ngingo yafashwe ukwo, ntibisigura ko Afrika Yepfo izoca irungikwa mu kanama kajejwe umutekano ka Onu.
Abacamanza bavuze ko bitagikenewe mu gihe urubanza rwerekanye neza ko Prezida Bashir ata budahangagwa afise bwobuza ko akurikiranwa.
Afrika Yepfo ko uruhusha rwa Sentare rutegeka ko Bashir afatwa rudashobora kurengera amategeko y’igihugu avuga ko umukuru w’igihugu ari mu mabanga aba afise ubudahangagwa.
Afrika Yepfo yaranse gufata Prezida Bashir mu 2015 isigura ko afise ubudahangagwa
Prezida Bashir yagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko n’ibikoregwa zina muntu mu ndyane zabereye mu ntara ya Darfur muri Sudani — ivyaha ahakana.