Abantu 80 bahitanywe n’impanuka y’imodoka mu centrafrika.

Impanuka y’imodoka itwara imizigomuri Centrafrique yahitanye abantu barenga 80, benshi bakaba ari abadandaza bariko baraja kw’isoko ryo mu gisagara ca Bambari.Ababonye iyo mpanuka bavuga ko iyo kamyo yari itwaye abantu benshi hamwe n’imizigo myinshi cane mu gihe yariko yiruka cane gose igihe yatembagara.

Igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara hamwe n’umutekano baranebagurwa ko batitaho igenzurwa ry’iyubahiriza amategeko mu mabarabara.