CNIDH : Agateka ka zina muntu karateye imbere mu gice ca mbere c’umwaka wa 2017 

Umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH umenyesha ko mu Burundi iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu ryateye imbere mu gice ca mbere c’umwaka wa 2017,bagereranije n’uko vyari vyifashe mu mwaka wa 2016.
Umukuru w’umurwi CNIDH Jean Baptiste BARIBONEKEZA avuga ko ibitigiri vy’abantu bishwe mu mwaka wa 2016 vyagabanutse ,kuko mu mwaka wa 2016 abantu 340 aribo bishwe,mu gihe mu gice ca mbere c’umwaka wa 2017 abantu 69 aribo bishwe.

Umukuru w’umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH Jean Baptiste BARIBONEKEZA amenyesha ko mu mwaka wa 2016,habaye ukutumvikana no kutabona ibintu kumwe hagati ya Reta,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’ibinyamakuru.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA aragaruka kandi ku ngorane zituma umurwi arongoye udakora nk’uko wategerezwa ;muri ivyo harimwo kubura uburyo bukenewe hamwe no kudatahura igikorwa c’umurwi CNIDH ku ruhande rw’abarongoye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bari mu mahanga.

Ivyo Jean Baptiste BARIBONEKEZA yabishikirije kuwa kabiri igenekerezo rya 4 Mukakaro 2017,igihe yariko ashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe mu mwaka wa 2016, n’igice ca mbere c’umwaka wa 2017.