Amerika ivuga ko izokoresha inguvu za gisirikare kuri Korea ya Ruguru « igihe bizoba ngombwa » kubera igeragezwa ry’igisase gishika kure ryakozwe n’ico gihugu.
Uwuserukira Amerika muri Onu Nikki Haley yavuze ko hari ibindi bintu bishasha bigiye gusabwa Korea ya ruguru n’ishirahamwe mpuzamakungu Onu.
Yasiguye ko iryo geragezwa ari iterabwoba rya gisirikare uretse kugabisha ibihano vy’ubudandaji.
Iryo geragezwa ry’ico gisase, riherutse kugirwa vuba ugereranije n’ayandi aheruka ryarenze ku ngingo ya Onu.
Amerika na Korea Yepfo mu myimenyerezo inyuma y’itera rya ICBM
Trump yagirije Korea ya ruguru gutwaza igikenye kubera urupfu rwa Otto Warmbier
Muri ico gihe nyene, umushikiranganji wo kwivuna abansi, James Mattis na mugenzi we w’Ubuyapani, Tomomi Inada, bavuze ko iryo geragezwa ari agasomborotso kadashobora kwihanganirwa.
Inkuru yatanzwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze ko abo bagabo babiri bavuganye kuri telefone aho uwa Amerika Gen Mattis yavuze ko igihugu ciwe kizobandanya gukingira Ubuyapani.
Umupfasoni Haley yavuze ku musi wa gatatu ko igeragezwa ry’igisase gishika kure rya Korea ya ruguru, ICBM, ribangamiye icizere co gutora inyishu iciye mu biganiro.
« »Amerika iriteguye gukoresha ubushobozi bwose bwayo mu kwitegura hamwe n’ababashigikiye ». ni ko yabwiye akanama ka Onu kajejwe umutekano, mu nama y’ikitaraganya yo kuganiriramwo ivyerekeye Korea ya ruguru.
« Bumwe mu bushobozi bwacu ni igisirikare. Tuzobukoresha « igihe vyoba ngombwa » kubikora, ariko twipfuza kutirirwa turashika hiyo hose », ni ko yavuze.
Umupfasoni Haley, avuga ko yavuganye ivyo ico kibazo na prezida, yavuze ko Amerika kandi ishobora guhagarika imigenderanire y’ubudandaji bafitaniye n’ibihugu bibandanya gukorana na Korea ya ruguru, birenze ku ngingo ya Onu.
« Tuzobangamira ibihugu bibandanya imigenderanire y’ubudandaji n’ubwo butegetsi budakurikiza amategeko », ni ko yavuze.