Niyonzima Berthe yahora ari icegera c’uwurongoye posita yo muri Ruhororo mu ntara ya Ngozi yafashwe kuri uwu wa kane, yagirizwa kwiba amafaranga ya posita arenga gato imiriyoni 6 z’amarundi. Muri Posita bamenyesha ko ayo mafaranga yayivye mu mpera z’umwaka w’2015.
Umuyobozi mukuru w’ama posita mu Burundi, NIYOKINDI Benjamin aremeza ko NIYONZIMA Bertha yanyuruje amafaranga angana imiriyoni 6.017.499 y’amarundi kuri posita yo mu Ruhororo mu ntara ya Ngozi aho yari asanzwe arangurira imirimo yiwe. NIYOKINDI Benjamin amenyesha ko NIYONZIMA Bertha ahejeje kunyuruza ayo mafaranga yaciye ahungira mu gihugu c’Urwanda.
Niyonzima Berthe aremera ko yakoresheje ayo mahera yo ku kazi ariko agasigura ko yayakoresheje kugira arondeze umugabo wiwe w’umusirikare yari yaburiwe irengero inyuma y’imisi mike avuye muri gihugu ca Somariya.
Mwomenya ko ubusuma bumaze imisi bwibonekeza mu maposita aho umuyobozi mukuru w’amaposita NIYOKINDI Benjamin yamenyesheje ko ko batanguye kugwanya abakora ubwo busuma ndetse bakaba bamaze gufata abatari bake.